“Mwerekane ko muri abantu bashima”
1 Igihe Yezu yakiza abanyamibembe cumi, umwe gusa muri bo ni we yagarutse kumushimira. Yezu yaciye abaza ati: “Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe?” (Luka 17:11-19) Ese ukuntu bihambaye ko tuba abantu bakenguruka gutyo tugashima ingabirano nziza yose be n’impano itunganye twoba twarahawe n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ari we Yehova Imana, atanga atitangiriye itama kandi yuzuye urukundo!—Kol. 3:15; Yak. 1:17.
2 Ni ibintu bimwebimwe ibihe bikwiye gutuma dushima? Turakenguruka incungu, ikaba ari ingabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yahaye abantu. (Yoh. 3:16) Turashimira kandi Yehova kubona yaradukwegereye. (Yoh. 6:44) Iyindi mvo yotuma dushima, ni ubumwe twebwe abakirisu dufitaniye. (Zab. 133:1-3) Nta gukeka ko ushobora kwiyumvira n’izindi ngabirano nyinshi Yehova yaduhaye. Ntituzokwigera twipfuza kuba nka ba Bisirayeli b’intashima bibagiye ibikorwa Yehova yari yakoze ku bw’ineza yabo.—Zab. 106:12, 13.
3 Twerekane ko dushima: Naho ba banyamibembe bose uko ari cumi bashobora kuba barakengurutse ivyo Yezu yabakoreye, umwe gusa ni we yerekanye ko ashima. (Luka 17:15) Mu buryo nk’ubwo nyene, turagaragaza ko dushima mu kugira uruhara n’umwete mu busuku. Nimba vy’ukuri turi abantu bashima ibintu vyose Umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru yatugiriye, tuzovyurirwa umutima wo kwigana urukundo rwiwe be n’ukuntu atanga atitangiriye itama, mu kubwira abandi ibimwerekeye. (Luka 6:45) Vyongeye, nitwabwira abandi ‘ibikorwa bitangaje vya Yehova be n’ivyo yiyumvira kutugirira,’ tuzorushiriza kumukunda no kumushima.—Zab. 40:5.
4 Nuremeshe abandi kuba abantu bashima: Turakwiye kurondera ukuntu twofasha abana bacu be n’abo twigana Bibiliya gutsimbataza ugushima. Abavyeyi barafise uturyo twinshi two kubigira, nk’igihe boba bariko barihweza ivyo Yehova yaremye bari kumwe n’abana babo. (Rom. 1:20) Igihe turiko turarongora inyigisho ya Bibiliya, twoshobora kubaza uwo twigana tuti: “Ibi bitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova ameze?” Uko uwo twigana arushiriza kuba umuntu ashima, ni ko n’urukundo akunda Imana be n’umwiyemezo afise wo kuyihimbara bizorushiriza kwongerekana.
5 Muri iyi misi ya nyuma, abantu benshi ni intashima. (2 Tim. 3:1, 2) Ese ukuntu bitegerezwa kuba bihimbara Yehova kubona abasavyi biwe b’intahemuka bagaragaza ugushima, mu kugira uruhara n’umwete mu busuku!—Yak. 1:22-25.