Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Vyoba bibereye ko haringanizwa ivyo kugurisha ibintu bitagikenewe canke ko hagirwa ibirori vyotuma hegeranywa amahera yo gufasha ishengero?
Mu madini biramenyerewe ko hagirwa ibirori bituma hegeranywa amahera, nk’amazimano, kugurisha ibintu, canke imisi mikuru. Naho hari abokwiyumvira ko ivyo bigirwa ku bw’imvo nziza, ahanini ni uburyo bwo gusega. Ivyabona vya Yehova ntibaronka imfashanyo y’amahera muri ubwo buryo.
Inomero igira kabiri y’Umunara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 1879 (mu congereza), yavuze ibi bikurikira ku bijanye n’ukuba tutigana amadini ngo dusabe amahera: “ ‘Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni’, nk’uko tubizi, YEHOVA ni we awufashe mu mugongo, kandi bikimeze gutyo ntuzokwigera usegerereza canke ngo wambambire abantu kugira bawufashe. Igihe Umwe avuga ati: ‘Amazahabu n’amafeza yose yo ku misozi ni ayanje’ azoba ananiwe no kuturonsa amahera akenewe, tuzoca tubona yuko hageze ko duhagarika ico kinyamakuru”.
Tuguma dukurikiza iyi ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe igira iti: “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe” (2 Kor. 9:7). Udusandugu tw’intererano twarashizwe mu Ngoro y’Ubwami kugira ngo abantu bashobore gutanga intererano babikuye ku mutima nimba bavyipfuza (2 Abm. 12:9). Intererano ntizisabwa, eka kandi umuntu ntazitanga yiteze ko hari ico asubizwa.