ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/05 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Udukuru twa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 2/05 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Nzero

“Amadini menshi yigisha ko abantu bakwiye gukunda bagenzi babo. [Soma Matayo 22:39.] Wibaza none ko ari kubera iki usanga amadini agira uruhara mu ntambara nyinshi be n’amatati biba mw’isi? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iraca irya n’ino iki kibazo gikurikira: Idini ryoba rishobora gutuma abantu bunga ubumwe?”.

Réveillez-vous! 8 Nzero

“Iki kibazo wewe wocishura gute? [Soma ikibazo kiri ku gipfukisho. Nuce urindira yishure.] Ubutunzi bw’isi buriko buragabanuka bimwe biteye agahinda. Yamara, raba uwu muhango uhumuriza. [Soma Zaburi 104:5.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irasigura ukuntu uwu mubumbe wacu vuba ugiye gutangura gusubirana maze ukamera neza”.

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Nzero

“Twese turipfuza kugira ubuzima burushirije kuba bwiza tukabwipfuriza n’abana bacu, mugabo abenshi babona ko badashoboye kubushikako. Ku bwawe none, twoba dushobora kuyobora kazoza kacu? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana cishimikije Bibiliya yuko tubishoboye kandi ko kazoza kacu gahagaze ku mahitamwo tugira ubu”. Soma Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Réveillez-vous! 22 Nzero

“Iyo duhanzwe n’ingorane z’amagara, twese turashima umuganga yitwararika inyiyumvo zacu. Mugabo none, woba ubona yuko abarwayi benshi usanga batitaho inyiyumvo z’abaganga babo? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ingorane usanga abaganga bagira be n’ico kazoza kabikiye ivy’ubuvuzi”. Soma Yesaya 33:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika