Twungukire ku kwiga igitabu Niwiyegereze Yehova
1 Kw’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete”, twarahimbawe no kuronka igitabu Niwiyegereze Yehova. Benshi baciye bagisoma badatebaganye. Nta gukeka ko abandi benshi bavyuriwe umutima wo kugisoma biciye ku canditswe c’umwaka wa 2003, cavuga ngo: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”.—Yak. 4:8.
2 Muri Ntwarante tuzotangura kurimbura igitabu Niwiyegereze Yehova mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero. Twokwungukira gute ku nyigisho yacu mu buryo bushitse? Kwitegura ni ntahara. Ikigabane kimwekimwe cose kizorimburwa mu ndwi zibiri, kandi ingingo zigenewe kwihwezwa mu nyigisho yo ku ndwi imwimwe yose zizoba ari nke ugereranije. Ivyo bizotuma uronka umwanya uhagije wo gushikiriza insasanuro zivuye ku mutima zishingiye ku vyo wize kuri ayo mayagwa no ku vyo wayazirikanyeko. Ikindi kandi, mu ndwi hazoba hihwezwa igice kirangiza ikigabane, hazorimburwa ingingo nkeyi kuruta, kugira haboneke umwanya wo gukoresha umuce udasanzwe w’ico gitabu.
3 Guhera ku kigabane ca 2, amaja ku mpera y’ikigabane cose hari uruzitiro ruvuga ngo: “Ibibazo vy’Ukuzirikanako”. Muhejeje kurimbura ingingo ya nyuma mu kigabane, umucungezi w’inyigisho y’igitabu azosaba uwo mugwi kuganira ku biri muri urwo ruzitiro. Azoremesha abagize uwo mugwi guserura iryo bagona, arondere ko bashira ahabona ibintu vyizavyiza bakuye ku kuzirikana ku Vyanditswe (Imig. 20:5). Hambavu y’ibibazo vyatanzwe mu ruzitiro, yoshobora kuza aracishamwo akabaza nk’utu tubazo: ‘Aya makuru akwigisha iki ku vyerekeye Yehova? Agira ico akoze gute ku buzima bwawe? Woyakoresha gute kugira ngo ufashe abandi?’ Intumbero yiwe izoba ari iyo gutuma abantu batanga insasanuro zivuye ku mutima, ntizoba ari iyo gupima ubumenyi abagize uwo mugwi bafise mu tuntu dutoduto.
4 Igitabu Niwiyegereze Yehova ntikimeze nk’ibindi. Naho ibisohokayandikiro vyose vy’ “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” bininahaza Yehova, intumbero nyamukuru y’ico gitabu ni iyo kwihweza kamere za Yehova (Mat. 24:45-47, NW). Ese ukuntu ari ikintu ceza umutima kiturindiriye! Tuzokwungukira cane ku kwiga mu buryo bugera ibwina kamere za Yehova. Ese iyo nyigisho yodufasha kurushiriza kwiyegereza Data wa twese wo mw’ijuru, kandi ese tworushiriza kuba kirumara mu gufasha abandi kumwiyegereza!