Twibuke Abageze mu Zabukuru b’Abizerwa
1 Ana naho yari umupfakazi akaba n’umutamakazi w’imyaka 84, “ntiyava mu rusengero.” Ubwizerwe bwiwe bwatumye Yehova amuhunda umuhezagiro udasanzwe. (Luka 2:36-38) Muri kino gihe, abavukanyi n’abavukanyikazi benshi baragaragaza agatima nk’aka Ana naho bahanganye n’ingorane zitoroshe. Mu gihe abizerwa mwene abo baba bategerezwa kunyinyana n’ingorane z’amagara canke bakaba batagishoboye gukora twinshi kubera ubusaza, rimwe na rimwe boshobora kwumva bacitse intege. Reka twihweze uburyo bumwebumwe ngirakimazi twoshobora kubaremeshamwo no kubafasha kugira bagumane akamenyero keza mu vy’impwemu.
2 Amakoraniro be n’Ubusuku: Iyo hagize ababafashisha uburyo bwo kwiyunguruza babigiranye urukundo, abageze mu zabukuru b’abizerwa batari bake birashobora kurushiriza kuborohera kwitaba amakoraniro ya gikirisu badahorereza. Ivyo birakomeza mu vy’impwemu abo basuku b’abizerwa usanga babumazemwo igihe kinini, bikagira n’ico vyunguye ishengero. Woba umaze kugira uruhara muri ico gikorwa ciza?—Heb. 13:16.
3 Igihe Abakirisu b’ukuri bagira uruhara mu busuku badahorereza, birabazanira umunezero n’uguhera akanyota. Ariko rero ivyo bishobora kuba ikigoye ku basaza no ku bimuga. Vyoba bishoboka ko umwe muri abo bakundwa bacu aguherekeza ngo ‘mukorane’ mu muce n’umwe wa ca gikorwa co gushinga intahe? (Rom. 16:3, 9, 21) Kumbure womutumira mukajana kugira amasubirayo canke kuyobora inyigisho ya Bibiliya. Mu gihe uwo musaza bidakunda ko ava i muhira, hoba hari ukuntu umutohoji wa Bibiliya yoza araza kwigira i muhira iwe?
4 Kwiga no Kwifataniriza Hamwe: Rimwe na rimwe, hari abatumira umusaza canke ikimuga mu nyigisho yabo y’umuryango, mbere ikanabera i muhira iwe. Inabibondo umwe yaratwaye utwana twiwe tubiri iwabo w’umuvukanyikazi ashaje kugira ngo bigire hamwe mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, kandi bose bararemeshejwe n’ukwo kwifataniriza hamwe. Abantu mwene abo barashimishwa no gutumirwa ku bifungurwa canke ku kindi gihe c’ukunezeranwa n’abandi. Mu gihe abamugaye boba ari ba magaramake ku buryo batoshobora kugumana nawe umwanya muremure igihe ubagendeye, kumbure wobahamagara kuri telefone, canke ukahicisha akanya gatoyi kugira ngo ugire utwo ubasomera, musengere hamwe canke ubiganire agakuru k’ivyabonywe.—Rom. 1:11, 12.
5 Yehova araha agaciro abageze mu za bukuru b’abizerwa. (Heb. 6:10, 11) Turashobora kumwigana mu kubaserurira yuko tubashima no mu kubafasha kwama bafise akamenyero keza mu vy’impwemu.