Nube Umuntu Azi Gushikiriza Ivyiyumviro!
1 Kugira ngo dushitse igikorwa twashinzwe co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, dutegerezwa gushikiriza abandi amakuru. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Gushikiriza ivyiyumviro birashobora kuba urugamba no mu bagenzi. Ni igiki gishobora kudufasha gushikira abo tutazi tubajaniye inkuru nziza?
2 Nufashe Awutakuzi Agufate nk’Umugenzi: Nugerageze kwishira mu kibanza c’abo uganiriza mu busuku. Mw’isi ya none, birumvikana ko bamwebamwe boshobora kugirira amakenga abo batazi, canke mbere bakanabatinya. Ivyo birashobora gutuma bigora gushikiriza ivyiyumviro. Ushobora gute gutuma ubwoba abo muhura babanza kugira bubavamwo? Imbere y’uko tugira ico tuvuga, uburyo bumwe bwo gushikiriza ivyiyumviro ni ukuba duseruka twitunganije mu buryo buranga urupfasoni. Inyambaro yacu iryohoye neza n’inyifato iteye iteka, birafasha mu gusubiriza abantu umutima mu nda.—1 Tim. 2:9, 10.
3 Ikindi gifasha mu vy’ugushikiriza ivyiyumviro, ni ukuba umuntu yumva yisanze, yifashe nk’umugenzi. Ivyo biratuma abandi boroherwa bigatuma kandi barushiriza kugira umutima wo kwumviriza. Kwitegura neza birakenewe muri ivyo. Igihe mu muzirikanyi wacu tubona mu buryo butomoye ico tuza kuvuga, dukunda guca dusanga tutajugumira. Ukwo kwumva dutekaniwe gutyo mu mutima, birakwegera abandi ku butumwa dushikiriza. Hari umukenyezi umwe yavuze ibikurikira ku biraba igihe yagenderwa n’Icabona. Yagize ati: “Ico nibuka nkubitije ku kuntu yamwenyura, ni amahoro. Vyarankwegereye.” Ivyo vyarugururiye uwo mukenyezi inzira yo kwumviriza inkuru nziza.
4 Kamere Zikwegera Abantu: Turakeneye kwitwararika abandi bivuye ku mutima. (Flp. 2:4) Uburyo bumwe bwo kubigira, ni mu kutihariza ijambo. Na kare, mu gushikiriza ivyiyumviro harimwo no kwumviriza. Igihe dusavye abatwumviriza ngo na bo baserure iryo bagona, maze tukumviriza dushimishwa n’iryo baserura, barabona ko tubitwararitse. Rero, igihe abakwumviriza bariko baravuga, ntiwihutire kurondera akaryo ko kugaruka ku vyo wateguye gushikiriza. Nubakeze igihe hari icotuma ubigira bivuye ku mutima, maze ugerageze kwubakira ku vyo bavuze. Mu gihe ivyo bavuze biseruye ikintu kibaraje ishinga, nuhindure ivyo wariko urabayagira kugira ngo wibande ku bibaraje ishinga.
5 Ukwifata ruto n’ukwicisha bugufi biratuma ugushikiriza ivyiyumviro kugenda neza. (Imig. 11:2; Ivyak. 20:19) Abantu bakwegerwa kuri Yezu kubera yuko yari “umugwaneza, [y]iyoroheje mu mutima.” (Mat. 11:29) Ku rundi ruhande, inyifato yo kwishira hejuru ituma baduhunga. Ku bw’ivyo, naho twemera tudakeka yuko dufise ukuri, tubigiranye ubukerebutsi turirinda kuvuga ibintu mu buryo bwerekana ko tudashinguka kw’ijambo.
6 Twokora iki mu gihe ivyo umuntu avuga bigaragaramwo inyigisho zitajanye n’ivyo Bibiliya yigisha? Twoba dutegerezwa kumukosora? Egome, twomukosora mu gihe gikwiriye, mugabo ntidutegerezwa kubigira mu gihe tumugendeye ari bwo bwa mbere. Kenshi biraba ngirakamaro kwubakira ku vyiyumviro duhurizako n’uwutwumviriza imbere y’uko tumushikiriza inyigisho za Bibiliya yohava asanga zirushirije kugora kwemera. Ivyo bisaba ukwihangana n’ubugenge. Paulo yaratanze akarorero keza muri ivyo igihe yashinga intahe ku bacamanza bo kuri Areyopago.—Ivyak. 17:18, 22-31.
7 Ikiruta vyose, urukundo ruzira ubwikunzi ruzodufasha kuba abererwa mu gushikiriza ivyiyumviro. Nka kurya kwa Yezu, dutegerezwa kwumvira imbabazi abantu “bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Ivyo biradusunikira ku kubashira inkuru nziza no kubafasha kwinjira mu nzira ijana ku buzima. Ubutumwa dushikiriza ni ubutumwa bw’urukundo, ari co gituma twoguma tubushikiriza mu buryo buranga urukundo. Nitwabigira gutyo, tuzoba turiko turigana Yehova Imana na Yezu Kirisitu, bo barusha abandi bose bo mu vyaremwe kuba abashikiriza neza ivyiyumviro.