Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko
1 Kugira ngo duhagarare dushikamye muri iyi si idatekanye, dutegerezwa kwizigira Yehova. Dushobora gute kugaragaza ukwo kwizigira mu buzima bwacu bwa misi yose? Kwizigira Yehova bigira ico bikora gute ku buzima bwacu bwite be n’ubw’umuryango wacu? Bidufasha gute kunanira akosho k’iyi si ya Shetani? Porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo w’2003 irishura ivyo bibazo. Umutwe-shimikiro wayo ni: “Niwizigire Yehova kandi Ukore Ivyiza.”—Zab. 37:3.
2 Ntitwizigira Yehova gusa mu bihe bidasanzwe canke mu bihe ibintu bikomeye. Ukwizigira Yehova kuragira ico gukoze ku muce wose w’ubuzima bwacu bwa misi yose. Ivyo bizoshimikwako mu nsiguro itangura, ivuga iti: “Niwizigire Yehova Ibihe Vyose.” (Zab. 62:8) Ibice bine vy’uruhererekane rufise umutwe uvuga ngo “Nugaragaze ko Wizigira Yehova” ruzotwereka uburyo bwo kuronka no gushira mu ngiro amakuru ashingiye kuri Bibiliya ashobora kudufasha kwubaka umubano wo mu rugo uroranirwa, gutorera umuti ingorane zivyuka mu muryango, be n’uburyo bwo kuronka ivyo dukeneye mu vy’umubiri.
3 Isi ya Shetani igerageza kuduhatira ku kubona ibintu mu buryo bugoramye ku biraba iciza n’ikibi, maze bigatuma tutamenya igihambaye n’ikidahambaye. (Yes. 5:20) Insiguro ivuga ngo “Niwirinde Ibintu Bitagira Ikimazi mu Buzima” n’iyivuga ngo “Nituzibukire Ibibi, Tube Abakora Ivyiza,” zizokomeza umwiyemezo twafashe wo gushigikira ingingo mfatirwako za Yehova ziri hejuru.—Am. 5:14.
4 Yehova niyazana iherezo kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi, abasavyi b’Imana bazokenera kumwizigira n’umutima wabo wose. Ivyo bizoshirwa ahabona mu nsiguro y’icese ivuga ngo: “Igihe co Gukurwa mu Magorwa y’Isi Kiregereje.” Inyuma y’ivyo, tuzosabwa kwisuzuma mu gice kivuga giti: “Woba Uzobonwa ko Ubereye Ubwami bw’Imana?” Iyo porogarama isozera iduhimiriza ‘Kwizigira Imihango ya Yehova.’
5 Igihe c’agaheta c’iteraniro iryo ari ryo ryose ni insiguro y’ukubatizwa. Uwipfuza kubatizwa wese akwiye kubibwira umucungezi muhagarikizi hakiri kare bishoboka kugira ngo hashobore kugirwa indinganizo zikenewe.
6 Muri ibi bihe birangwa n’ugukekeranya, Yehova ni we wenyene soko nyakuri ry’ukwizigira n’ugutekanirwa. (Zab. 118:8, 9) Ese twese twokomeza ukumwizigira kwacu mu kuba ari ho turi kuri porogarama yose uko ingana y’iteraniro ry’umuzunguruko.