Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Dukwiye kwambara no kwitunganya mu buryo ubuhe igihe tugendera amazu ya Beteli be n’inyubakwa z’ishami?
Igihe tugendera Beteli, haba ari kuratira ijisho inyubakwa canke kugendera abagize umuryango wa Beteli, “inyambaro yacu, ukuntu twitunganya be n’imigenzo yacu bikwiye kuba bijanye n’ivyitezwe kuri twebwe igihe twitavye amakoraniro yo gusenga ku Ngoro y’Ubwami.” (om-RU 133) Ariko rero, biramaze kuboneka yuko igihe abavukanyi n’abavukanyikazi bamwebamwe bagendera ibiro vy’ishami, basa n’abarenza urugero mu gupfa kwambara izo babonye. Ivyo ntibibereye igihe umuntu agendeye izo nyubakwa. Dukwiye kuboneka ko turi abantu bitunganya neza bimwe vy’akarorero kandi b’abapfasoni, babereye kandi biyubashe nk’uko bikwiriye abasavyi ba Yehova Imana.—1 Tim. 2:9, 10.
Ivyo birahambaye na canecane igihe tugendera amazu ya Beteli hamwe n’inyubakwa z’ishami kubera ko zikwegera amaso y’abantu benshi batwitegereza batari Ivyabona. Abo batwitegereza boshobora kugira uko biyumviriye abasavyi b’Imana be n’ishirahamwe ryayo bishimikije ivyo babona. Vyoba vyiza tuganiriye n’abigishwa ba Bibiliya hamwe n’abandi boshobora kuba bazohagendera kugira ngo tubibutse ukuntu bihambaye kwitwararika kwambara be n’ukwitunganya mu buryo bubereye. Umuryango wa Beteli uzokenguruka ivyo nimwabikora.
Kubera ko turi abasuku bakirisu, dutegerezwa kwitwararika ukuntu tuboneka kugira ngo ntidukore ikintu na kimwe gitsitaza. (2 Kor. 6:3, 4) Ahubwo, nimuze twame nantaryo “muri vyose [du]shariz[a] ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu” biciye ku nyambaro yacu no mu buryo twitunganya bibereye.—Tito 2:10.