Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Muri iki gihe c’umwaka, abantu benshi baribuka Yezu Kirisitu, baba bamwemera canke batamwemera. Bamwe bavuga ko atari umuntu nya muntu. Wewe uvyiyumvirako iki? [Amaze kwishura, nusome Matayo 16:15, 16.] Sinkekeranya yuko uzohimbarwa no gusoma kino gihimba kivuga ivyerekeye ‘Yezu w’Ukuri’ c’iki kinyamakuru kugira wirabire ukuntu agira ico ahinduye kuri wewe muri kino gihe be no muri kazoza.”
Réveillez-vous! 22 Kig.
“Ubwo ntiwokwemera yuko kugira tugire amagara meza dukeneye ibifungurwa vyiza kandi vyama biboneka? [Nurindire inyishu.] Niwirabire ivyo Imana yari yarasezeraniye abantu bayo mu bihe vya kera vya Bibiliya. [Soma Abalewi 26:4, 5.] Iyi Réveillez-vous! iraganira ku vyerekeye imyitwarariko dufise muri iki gihe ku biraba imfungurwa. Irongera kandi ikerekana igihe Imana izoturonsa umutekano kw’isi nzima.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Woba wibaza igituma abantu bamwebamwe basa n’abafise ubuzima bworoshe mu gihe abandi na bo bagwa bavyuka kugira barabe ko bwoca? Bibiliya irafise ico ibivugako. [Soma Yobu 34:19.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu Imana igiye kuzimanganya ugusumbana kuri mu bantu mu vy’ikibano ntikube kucibukwa.”
Réveillez-vous! 8 Nzero
“Nyamugigima zirangwa kw’isi nzima ziratera urupfu kandi zikwonona ibintu bimwe bitavugwa. Abarokotse usanga kenshi basigara batagira aho bakika umusaya. Iyi Réveillez-vous! irerekana ukuntu benshi bashoboye kwihanganira ivyakurikiye nyamugigima. Irasigura kandi ukuntu vya nyamugigima ziri mu mubigize ubuhanuzi buhambaye cane bwo muri Bibiliya.”