ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/01 rup. 1
  • Niwiheke Kuri Yehova Kugira Uronke Inkomezi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiheke Kuri Yehova Kugira Uronke Inkomezi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Araha Inkomezi Uwurushe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • “Yehova azogukomeza”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 11/01 rup. 1

Niwiheke Kuri Yehova Kugira Uronke Inkomezi

1 Hari impamvu nyinshi zituma dukenera kwiheka kuri Yehova. Kwamamaza inkuru nziza “kw isi yose” ni igikorwa kitoroshe. (Mat. 24:14) Twama nantaryo turwana n’umubiri wacu w’umunyagasembwa. (Rom. 7:21-23) Vyongeye, “tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza [bafise ububasha burengeye ubw’abantu].” (Ef. 6:11, 12) Biragaragara ko dukeneye gufashwa. Dushobora gute kuronka inkomezi ziva kuri Yehova?

2 Biciye kw’Isengesho: Yehova araha bitagoranye abasavyi biwe impwemu yera yiwe y’inyabushobozi bayimusavye. (Luka 11:13) Woba utizigira ubuhanga bwawe bwo gushinga intahe inzu ku nzu, mw’ibarabara, canke ukoresheje telefone? Woba utinya gushinga intahe akaryo kizanye? Ukutabinegwa kw’abantu bo mu cibare kwoba kwaratumye umwete wawe ugabanuka? Bite hoho nimba uriko urahatwa ngo uhemuke ku kwizera kwawe? Niwiheke kuri Yehova. Nusenge kugira uronke inkomezi.—Flp. 4:13.

3 Biciye ku Kwiyigisha Ubwawe: Nka kurya turonka inkomezi biciye ku gufungura, turakomezwa mu vy’impwemu mu kwihereza ubudasiba Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 4:4; 24:45, NW) Igihe bamubaza icamuronkeje inkomezi zo kwihangana mu myaka n’iyindi yari abohewe ahantu ha wenyene mu Bushinwa, adafise na Bibiliya, Stanley Jones yavuze ati: “Turashobora guhagarara tugashikama mu kwizera. Ariko birumvikana ko dutegerezwa kubanza kwiga. Ntitugira inkomezi imbere muri twebwe tutize.”

4 Mu Kwitaba Amakoraniro: Kw’ikoraniro ry’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Yuda na Sila “ba[raremesheje] bene Data mu majambo menshi, baraba[komez]a.” (Ivyak. 15:32) Nk’uko nyene, no muri iki gihe ivyo twumva ku makoraniro biratuma ugukenguruka dufitiye Yehova kugera kure, bikwubaka ukwizera kwacu eka bikadukabura ku bijanye n’ubusuku. Amakoraniro atuma tuguma tubonana n’ “[abakozi] [du]korana . . . kubg’ubgami bg’Imana,” bakatubera “imfashanyo ikomeza.”—Kol. 4:11, NW.

5 Turakeneye imfashanyo muri ibi “bihe bigoye.” (2 Tim. 3:1) Ku vyerekeye abakura inkomezi kuri Yehova, turakurwa amazinda ngo: “Bazodūgisha amababa nk’inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.”—Yes. 40:31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika