Nuninaharishe Yehova Ibikorwa Vyiza
1 Igihe utewe n’igihuhusi gikaze, ese ukuntu biba vyiza ushoboye kuronka ubwugamo! Mu gihe nya hantu hoba hashushe, hakaba ata nkomanzi kandi abahaba bakaba ari abakiranyi, uranezererwa kuhaguma. Igikorwa co kwamamaza ivy’Ubwami cerekeza abantu kuri mwene ubwo bwugamo bakava mu runkwekwe rwa Shetani. Uburyo twigenza imisi yose bwoba bushobora gufasha abandi kubona ingene ubwo bwugamo butagiramwo inkomanzi ari bwiza? Egome, kuko Yezu yaravuze yuko abantu ‘bobonye ibikorwa vyacu vyiza maze bikaninahaza Data wo mw’ijuru.’—Mat. 5:16.
2 Dushobora kwigenza gute ku buryo ibikorwa vyacu bikwegera abandi kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe? Mu kureka amajambo ya Yezu yanditswe muri Luka 6:31 no mu 10:27 akabumbabumba ubuzima bwacu ku musi ku musi. Ivyo bizotuvyurira ingiro yo kugaragaza ko twitwararikanye urukundo bagenzi bacu, bidutandukanye n’iyi si ikanyaraye kandi ataco yitwararika.
3 Umuvukanyikazi umwe yari ku rugendo mu bwato yabonye umukenyezi umwe akiri muto yari yagize iseseme rivuye kuri urwo rugendo rwo ku mazi kugeza aho ananirwa kuraba akana kiwe. Uwo muvukanyikazi yamusavye kumugumiriza nya mwana. Igihe uwo mukenyezi yamubaza ingene yomushimira, nya muvukanyikazi yavuze ati: ‘Ico nogusaba ni uko wokwumviriza Ivyabona vya Yehova umusi bakugendeye.’ Uwo mukenyezi yarabigize, none ubu we n’umugabo wiwe ni Ivyabona. Ibikorwa vyiza vyarerekanye ubudasa mu buryo bakiriye ubutumwa bw’Ubwami.
4 Ubuzima Bwacu Bwose Burimwo: Ukuntu twigenza mu babanyi, igihe turi ku kazi canke kw’ishure, no mu bihe vy’akaruhuko kuratuma abandi bagira ico batwiyumviriyeko twebwe n’idini yacu. Kubera ico, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Abanyitegereza bambona gute jewe n’umuryango wanje? Ababanyi boba babona inzu yacu n’imbuga yacu yuko bisukuye kandi bifashwe neza? Abo dukorana ku kazi be n’abo twigana boba batubona nk’abama bari ku gihe kandi bashirutse ubute? Abandi boba babona ko twifata ruto kandi tukubaha?’ Ibikorwa vyacu vyiza birashobora kurushiriza gutuma ugusenga Yehova kuba ugukwegēra ku bandi.
5 Petero yarabuye yuko Abakirisu borementanirijwe. (1 Pet. 4:4) Dutegerezwa kuraba neza yuko ukuntu twigenza kudatuma tuvugwa nabi. (1 Pet. 2:12) Mu gihe ibikorwa vyacu vya misi yose bininahaza Imana dusenga, tuzomera rero nk’amatara ashizwe hejuru, twakure abandi baze mu bwugamo Yehova atanga butagiramwo inkomanzi.—Mat. 5:14-16.