Niwigane Ukutarobanura kwa Yehova
1 Yehova ararajwe ishinga n’ivyerekeye abantu. Uwo wese akora ivyo agomba aramwemera ata kurobanura. (Ivyak. 10:34, 35) Igihe Yezu yamamaza inkuru nziza mu bantu, na we nyene ntiyarobanura. (Luka 20:21) Turakeneye kwigana akarorero kabo, nk’uko Paulo yabigize, we yanditse ati: “[Hari] Umwami umwe ar’Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose.”—Rom. 10:12.
2 Kumenyekanisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ku bo duhura bose birazanira ubuninahazwa Imana. Ubu butumwa bwiza igitangaza dutegerezwa kubandanya kubusangira n’abandi, tutaravye ibara ryabo ry’urukoba, ikibanza bafise mu kibano, amashure, canke ubutunzi bafise. (Rom. 10:11-13) Ivyo bisobanura kwamamaza inkuru nziza ku bantu boshobora kwumviriza—abagabo, abagore, abakiri bato, be n’abageze mu zabukuru. Dukeneye kuramutsa ku muhana uwo ari wo wose kugira ngo uwo tuhasanze wese tumuhe akaryo ko kwumva ukuri.
3 Niwitwararike Uwo Ari We Wese: Intumbero yacu ni ugushikira uwo ari we wese duhambije. Igihe bamwebamwe mu bamamaji bashira ivyo ku muzirikanyi barerewe mu gushinga intahe ku bantu bakorera mu biro vy’abaganga, mu bitaro, mu marerero, mu biro bijejwe ugufasha abatishoboye, be no mu bibanza vyo gufashirizamwo abarwaye mu mutwe. Ikigeretseko, hari abamamaji bashinze intahe ku bantu batunganya amaziko, abahagarikizi b’amashure be n’abahanuzwajambo bayo, hamwe n’abacamanza. Igihe twegereye abategetsi, birabereye ko tubashimira ku bikorwa vy’ingirakamaro barangurira abanyagihugu. Urifata rupfasoni, kandi urobanure ibiganiro bihuye n’igihe, bivuga canecane ibintu bijanye n’ubwoko bw’igikorwa bakora be n’ingorane zijanye na co.
4 Igihe kimwe umuvukanyikazi umwe yaragerageje kuganirira n’umucamanza aho akorera. Bahejeje kugiranira ikiganiro gishika ku nyota, ubwiwe yaciye yivugira ati: “Mbega urazi ikintu nkundira Ivyabona vya Yehova? Barafise ingingo zumvikana badashobora guca iruhande.” Intahe nziza yarashinzwe kuri uyo muntu akomeye.
5 Ntidushobora gusoma ibiri mu mitima y’abantu. Mugabo, tuganiriye n’uwo ari we wese duhuye, tuba twerekanye ukwizera kwacu dufitiye ubushobozi Imana ifise bwo kuyobora igikorwa cacu. Vyongeye, ivyo biraha abantu agateka ko kwumva be no kwakira ubwo butumwa bw’icizigiro. (1 Tim. 2:3, 4) Nimuze dukoreshe umwanya wacu ku bwenge kandi twihatire kwigana ukutarobanura kwa Yehova mu gushikana inkuru nziza ku bantu bose duhambije.—Rom. 2:11; Ef. 5:1, 2.