ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/99 rup. 4
  • ‘Nituduge kw’Ijambo!’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nituduge kw’Ijambo!’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Woba umaze kwereka umuntu ugendeye ubwa mbere ingene inyigisho iyoborwa?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 7/99 rup. 4

‘Nituduge kw’Ijambo!’

1 Vyoba bimaze gushika ko uwo usanze ku muhana agucira mu vyo ushikiriza wari wateguye uvyitondeye, mu kuvuga ati: “Ushaka iki? Duga kw’ijambo!” Ikintu nk’ico dushobora kucigirako iki?

2 Abantu benshi muri iki gihe ntibafise ukwihangana. Baba bashaka kumenya abo turi n’igituma turi ngaho. Igihe bamenye ko twabagendeye kugira ngo tuyage ivya Bibiliya, boshobora kwanka kwumviriza. Gusoma Bibiliya no kuyaga ivy’Imana si ibintu bihambaye mu buzima bw’abantu benshi. Abantu nk’abo tubasanze ku muhana dushobora kubajijura gute yuko bari bakwiye gufata iminuta mikeyi kugira tuyage ku kintu cerekeye Bibiliya?

3 Uburyo Bubereye Kuruta: Ikintu nyamukuru ni ukwereka uwo dusanze ku muhana yuko Bibiliya itanga umuti ngirakimazi w’ingorane zimwerekeye kandi ivyo tukabigira mu majambo make ashoboka. Inshikirizo ngirakimazi kuruta ziba zirimwo ikibazo gitomoye gituma uwo dusanze ku muhana azirikana, kigakurikirwa n’icanditswe gitanga inyishu kuri ico kibazo. Woshobora kunezerezwa no kugerageza zimwezimwe mu nama zikurikira. Zigenewe kudufasha ‘kuduga kw’ijambo’ tutarinze kurandira, mu gihe tuvyurira ugushimishwa uwo dusanze ku muhana.

4 Mu karere aho abantu bakunda kuvuga ko bitabashimisha, nuvyure ikibazo kiberekeye ubwabo:

◼ “Uko twegereza gutangura iyindi myaka igihumbi iza, woba wumva ufise ivyizigiro canke ufise amakenga? [Nureke uwo muntu yishure.] Bibiliya yari yaramenyesheje imbere y’igihe ivy’ibi bintu bitesha umutwe tubona muri iki gihe be n’ico bizovamwo.” Soma 2 Timoteyo 3:1, 2, 5 n’Imigani 2:21, 22.

◼ “Muri iki gihugu ivyerekeye ukubungabunga amagara biraraje ishinga abantu cane. Wari uzi ko Imana isezerana yuko izotorera umuti ingorane zose z’amagara rimwe rizima?” Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

◼ “Wibaza ko hano iwacu tworonka akarusho akahe umuntu wese aba ngaha ashize mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya?” Soma Matayo 22:37-39.

5 Kubera yuko ibanga ryacu ari iryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, aho bishoboka hose dukwiye gukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku vyo Ubwami buzorangura. Ushobora kuvuga uti:

◼ “Wari uzi ko ca gitabu ca kera kuruta ibindi vyose vyo kw’isi, ari co Bibiliya, cavuze imbere y’igihe yuko hazobaho intwaro imwe rudende iganza isi yose?” Soma Daniyeli 2:44.

◼ “Wibaza ko ibintu vyomera gute Yezu Kirisitu aramutse aganjije isi?” Soma Zaburi 72:7, 8.

6 Mu karere aho abantu bijukiye ivy’amadini, urashobora kugerageza amwe muri aya majambo ntanguzakiyago:

◼ “Abantu benshi barahura n’ingorane z’amacakubiri kubera igitsina cabo, idini barimwo canke ibara ry’urukoba rwabo. Wibaza ko Imana yiyumva gute ku vyerekeye umwikeko mwene uwo?” Soma Ivyakozwe 10:34, 35.

◼ “Turazi ko Yezu Kirisitu yakoze ibitangaro vyinshi mu gihe ciwe. Iyo uba womusaba gukora ikindi gitangaro, ni ikihe womusaba gukora?” Soma Zaburi 72:12-14, 16.

7 Niba uwo usanze ku muhana agonanwa kwugurura urugi, ushobora gutanguza ikiyago mu kuvuga uti:

◼ “Abantu benshi muri iki gihe bararuhijwe no kwumva ivyerekeye ingorane. Bashaka kwumva ivyerekeye umuti wazo. Nta gukeka ko na wewe ari ukwo. Mugabo, ni hehe dushobora gukura umuti nyakuri w’ingorane zacu?” Mureke yishure. Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.

8 Ni Kuki Utobigerageza? Kenshi na kenshi, ikibazo coroshe, kirashe ni co gusa usanga gikenewe kugira ngo tuvyure ugushimishwa kw’uwo dusanze ku muhana. Hari umugore yari yahoze aturwanya yahaye ikaze abavukanyikazi babiri mu nzu iwe aho umwe muri bo amariye kubaza ikibazo kigira giti: “Woba uzi bwa Bwami uhora usaba muri rya sengesho rya Dawe wa Twese?” Ico kibazo caravyuriye ugushimishwa uwo mukenyezi aca aremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Ubu ni umusavyi wa Yehova yamwiyeguriye!

9 Igihe uganiriza uwo usanze ku muhana, nuvuge ibintu uko biteye koko. Nuvuge ubikura ku mutima. Abantu bakunda kuvyakira neza igihe babonye ko tubitwararika vy’ukuri.—Ivyak. 2:46, 47.

10 Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza muri iki gihe nticoroshe. Abantu bamwebamwe baba bari ku muhana usanga bagirira amakenga abo batazi. Abandi bama bafise vyinshi bazembagiramwo mu buzima ku buryo bafise umwanya mutoyi wo kuja mu bindi. Yamara turashobora kudakeka ko hakiriho abenshi babikwiriye bakwiye kwuburwa. (Mat. 10:11) Utwigoro tugira mu kubarondera dushobora kuroranirwa nitwaguma dushikiriza ibintu muri make kandi ‘tukaduga kw’ijambo!’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika