ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/8 rup. 3-4
  • Bigenda gute iyo dupfuye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bigenda gute iyo dupfuye?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abapfuye bamerewe gute?
  • Umuriro Udahera Urabaho Koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umuriro Udahera Uriho Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/8 rup. 3-4

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAPFUYE BOBA BAZOZUKA?

Bigenda gute iyo dupfuye?

Abana hamwe n’abakuze bari hafi y’isandugu kw’itongo ry’abapfuye

“Nahora niyumvira ko hari ibibanza bitatu abapfuye bajamwo: mw’ijuru, mu muriro, canke mw’ipurugatori. Narabona ko ntari umuntu mwiza cane ku buryo noja mw’ijuru kandi ko ntari mubi cane ku buryo noja mu muriro. Sinatahura neza ipurugatori ico ari co. Nta n’aho nigeze ndayisoma muri Bibiliya. Numva gusa abantu bayivuga.”​—Lionel.

“Nigishijwe yuko abantu bose baja mw’ijuru iyo bapfuye, ariko sinavyemera cane. Nabona ko umuntu apfuye biba biheze.”​—Fernando.

Woba umaze kwibaza uti: ‘Mu vy’ukuri bigenda gute iyo umuntu apfuye? Abacu bapfuye boba bariko barababarizwa ahantu kanaka? Twoba tuzokwongera kubabona? Twovyemezwa n’iki?’ Raba ivyo Bibiliya yigisha. Reka tubanze turabe uko Bibiliya idondora urupfu. Mu nyuma turaza kuraba icizigiro iryo Jambo ry’Imana ritanga.

Abapfuye bamerewe gute?

INYISHU BIBILIYA ITANGA: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba, eka nta n’impembo bagifise, kuko ukwibukwa kwabo kwibagiwe. Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe, kuko ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu, aho uriko uraja.”a​—Umusiguzi 9:5, 10.

Muri make mu kuzimu ni ahantu abantu baja iyo bapfuye. Abajayo nta co baba bazi kandi nta co bashobora gukora. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu, yatahura ko ukuzimu ari iki? Mu kiringo c’umusi umwe, yarabuze ivyo yari atunze vyose be n’abana biwe, mu nyuma aca afatwa umubiri wose n’ibihute bibabaza cane. Yatakambiye Imana ati: “Iyaba wompishije mu kuzimu [“mu muriro,” Bibiliya y’abagatolika yitwa Douay], ukangumiza mu mpisho.” (Yobu 1:13-19; 2:7; 14:13) Biraboneka neza ko Yobu atabona ko mu kuzimu ari mu muriro udahera. Narirya yari asanzwe yibabariye, wumva umubabaro wiwe utari guca wunyuka? Ahubwo yabona ko ari ahantu yoruhukiye.

Hariho ikindi codufasha kumenya ukuntu abapfuye bamerewe. Ni inkuru zo muri Bibiliya zerekeye abantu umunani bazutse.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abantu umunani bazutse bavugwa muri Bibiliya.”

Nta n’umwe muri bo yavuze ko yari ahantu h’umunezero canke h’ukubabarizwa. Ntibari kubivuga none iyo baza kuba baragiye ahantu nk’aho? Vyongeye, ntivyari gushirwa muri Bibiliya kugira abantu bose babimenye? Ariko nta na hamwe Bibiliya ibivuga. Bose uko ari umunani, biboneka ko ata na kimwe babivuzeko. Uti kubera iki? Kubera ko ata na kimwe bari bazi nka kurya kw’umuntu ari muri rinini. Mbere rimwe na rimwe Bibiliya igereranya urupfu n’itiro. Nk’akarorero, ivuga ko Dawidi na Sitefano ‘basinziriye mu rupfu.’​—Ivyakozwe 7:60; 13:36.

Ni icizigiro ikihe none twogira ku bacu bapfuye? Boba bazova muri iryo tiro?

a Ijambo “Ukuzimu” rikoreshwa muri Bibiliya y’isi nshasha, mu giheburayo ni “Sheoli” mu kigiriki na ho ni “Hadesi.” Bibiliya zimwezimwe zikoresha ijambo “umuriro,” mugabo inyigisho yuko hariho umuriro udahera ntishingiye kuri Bibiliya.

ABANTU UMUNANI BAZUTSE BAVUGWA MURI BIBILIYAb

Umuhungu w’umupfakazi Umumenyeshakazoza Eliya yarazuye umusore w’umupfakazi yaba i Zarefati, mu buraruko bwa Isirayeli.​—1 Abami 17:17-24.

Umuhungu w’i Shunemu Umumenyeshakazoza Elisha, akaba yasubiriye Eliya, yarazuye umuhungu wo mu gisagara ca Shunemu maze amusubiza abavyeyi biwe.​—2 Abami 4:32-37.

Umugabo bataye mu mva Hari ikiziga c’umugabo yari aherutse gupfa batereye mu mva ya Elisha. Uwo mugabo akimara gukora ku magufa ya Elisha, yaciye azuka.​—2 Abami 13:20, 21.

Umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini Yezu yarahagaritse abantu bari bagiye guhamba umusore umwe hanze y’igisagara ca Nayini aca aramuzura amusubiza nyina wiwe yari yishwe n’intuntu.​—Luka 7:11-15.

Umukobwa wa Yayiro Umukuru w’isinagogi yitwa Yayiro yaratakambiye Yezu ngo akize umukobwa wiwe yari arwaye. Yezu yaramuzuye haciye akanya gato apfuye.​—Luka 8:41, 42, 49-56.

Lazaro umugenzi wa Yezu Lazaro yari amaze imisi ine apfuye igihe Yezu yamuzura abantu barorera.​—Yohani 11:38-44.

Doruka Intumwa Petero yarazuye uwo mugore yakundwa cane kubera ibikorwa vyinshi vyiza yakorera abandi.​—Ivyakozwe 9:36-42.

Eyutiko Uwo musore yapfuye akorotse avuye hejuru kw’idirisha. Intumwa Paulo yaramuzuye.​—Ivyakozwe 20:7-12.

b Izuka rya Yezu Kristu, ari na ryo rihambaye kuruta ayandi yose, riratandukanye cane n’aya nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika