ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/6 rup. 6-7
  • Ubuhinga burafise aho bugarukira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhinga burafise aho bugarukira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ico ubuhinga bukumariye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera siyansi?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?
    Be maso!—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/6 rup. 6-7
Umuhinga ariko aragira ubushakashatsi

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBUHINGA BWOBA BWARASUBIRIYE BIBILIYA?

Ubuhinga burafise aho bugarukira

Mu myaka ya vuba, harasohotse ibitabu vyinshi birimwo ivyiyumviro vy’abitwa abahakanamana ba none. Ivyo bitabu vyarasomwe n’abantu benshi, bituma abantu babiharirako cane. Ku bijanye n’ivyo bitabu, umuhinga mu vy’udutsi nsozabwenge yitwa David Eagleman yanditse ati: “Bamwebamwe mu babisoma baca biyumvira ko abahinga bazi vyose.” Yongeyeko ati: “Ariko abahinga nyabo bama ari abantu biteguriye kwakira ivyiyumviro bishasha kandi abahinga bama bariko barubura ibintu bishasha bitari vyitezwe.”

Umuhinga mu vy’imibumbe ariko ararabira mu cuma rugagamisha

Uko imyaka yagiye irarengana, abahinga bakomeye barubuye ibintu bitangaje mu bushakashatsi bagize barondera inyishu z’ibibazo bibaza ku bijanye n’ibiriho. Ariko hari abo vyashitse barihenda cane. Umwe muri bo ni umuhinga akomeye cane yitwa Isaac Newton. Yarerekanye ingene inguvu ibisyo vyo mu kirere bifise zo gukwegakwegana zituma imibumbe, inyenyeri n’ibigwibigwi vy’inyenyeri bidatana. Yaratanguje ubwoko bw’ibiharuro bikoreshwa mu gutunganya orodinateri, mu bijanye n’ingendo zo mu kirere no mu vyo gutohoza ibigize intimatima ya ka gahimba kitwa atome. Ariko rero, Newton yaranagize ubushakashatsi burimwo ibintazi n’amageza bwarondera gutuma ubutare bw’isasu n’ubundi butare bicika inzahabu.

Imyaka irenga 1.500 imbere ya Newton, umuhinga mu vy’imibumbe w’Umugiriki yitwa Ptolémée yarihweza amajuru akoresheje amaso gusa. Yaragenzura ikirere mw’ijoro araba imibumbe kandi yari umuhinga mu vyo gutunganya amakarata. Ariko yiyumvira ko ibiri mu kirere vyose bizunguruka isi. Umuhinga mu vy’imibumbe yitwa Carl Sagan yanditse ku bijanye na Ptolémée ati: “Kubona abantu baramaze imyaka 1.500 bemera iciyumviro ciwe c’uko ibiri mu kirere vyose bizunguruka isi, bitwibutsa ko naho umuntu yoba ari incabwenge gute ashobora kwihenda rwose.”

Umuhinga ariko arasoma Bibiliya

N’abahinga bo muri iki gihe birashika bakihenda. Boba bazokwigera batahura vyose ku bijanye n’ibiriho? Naho twemera iterambere ubuhinga bushitseko n’akamaro budufitiye, birahambaye ko twibuka ko bufise aho bugarukira. Umuhinga yitwa Paul Davies yavuze ati: “Ntituzopfa dushoboye gusigura ibijanye n’ibiriho vyose mu buryo bwumvikana, bukwiye kandi butagira akanenge.” Ayo majambo arashira ahabona uku kuri ntaharirizwa: Abantu ntibashobora gutahura vyose ku bijanye n’ibiriho. Igihe rero abantu bavuze ko abahinga bashobora gusigura ibiriho vyose, vyoba vyiza umuntu atihutiye kuvyemera.

Vy’ukuri, Bibiliya iraturonsa ivyo ubuhinga budashobora kuturonsa

Ku bijanye n’ibitangaza biri mu bidukikije, Bibiliya ivuga iti: “Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira [z’Imana], vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa!” (Yobu 26:14) Haracariho ibintu vyinshi abantu badashobora kubona no gutahura. Haraheze imyaka hafi 2.000 intumwa Paulo yanditse ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Abaroma 11:33) Vy’ukuri, ayo majambo aracari ay’ukuri!

Ivyo ubuhinga budashobora kuturonsa

Mu gihe abahinga basigura ibijanye n’ibiriho, Bibiliya yo iratanga impanuro zituma abantu babana mu mahoro kandi bakabaho bahimbawe. Raba ubu burorero.

  • Ikiganza cerekana ikimenyetso co guhagarara

    Kwirinda ubukozi bw’ikibi

    Ubaha ubuzima

    “Ntukice.”​—Kuvayo 20:13.

    “Umuntu wese yanka mwene wabo ni umwicanyi.”​—1 Yohani 3:15.

    Rondera amahoro kandi uyazigame

    “Nureke ikibi, ukore iciza; rondera amahoro, uyakurikirane.”​—Zaburi 34:14.

    “Urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.”​—Yakobo 3:18.

    Irinde ubukazi

    “Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.”​—Zaburi 11:5.

    “Ntiwumvire agashari umuntu w’ubukazi, canke ngo uhitemwo n’imwe mu nzira ziwe. Kuko umunyamayeri ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova.”​—Imigani 3:31, 32.

  • Umuryango

    Agahimbare mu rugo

    Gamburukira abavyeyi

    “Bana, mugamburukire abavyeyi banyu mu bumwe n’Umukama, kuko ivyo bigororotse: ‘Tera iteka so na nyoko’; ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango: ‘Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi.’”​—Abanyefeso 6:1-3.

    Igisha abana mu buryo bwiza

    “Ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.”​—Abanyefeso 6:4.

    “Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.”​—Abakolosayi 3:21.

    Kunda kandi wubahe uwo mwubakanye

    “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—Abanyefeso 5:33.

  • Igiti

    Gukingira ibidukikije

    Ku bijanye n’abantu bo muri Isirayeli ya kera bonona isi mu buryo butandukanye, Bibiliya yavuze iti: “Igihugu cahumanijwe munsi y’abakibamwo. . . . Abakibamwo baharurwako icaha.” (Yesaya 24:5, 6) Imana izotikiza abahonya ibidukikije n’ibigirankana. “[Azo]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Bazovyishura.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika