ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/5 rup. 6
  • Benshi bazorokoka umuhero—Nawe worokoka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Benshi bazorokoka umuhero—Nawe worokoka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Woba ufise “agatima ko kurindira”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “Mwamiz[e] hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Wewe Woba Witeguriye Umusi wa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ivyo umusi wa Yehova uzohishura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/5 rup. 6
Icabona ca Yehova ariko araganira n’umugore umwe ivyerekeye Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UMUHERO WOBA URI HAFI?

Benshi bazorokoka umuhero nawe worokoka

Bibiliya itubwira yuko ku muhero hari abazotikizwa. Ivuga iti: “Hazoba amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu. . . . Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize.” (Matayo 24:21, 22) Ariko Imana isezerana ko abantu benshi bazorokoka. Itubwira iti: “Isi iriko irahita . . . , mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”​—1 Yohani 2:17.

Ukwiye gukora iki none nimba wipfuza kurokoka umuhero w’iyi si maze ‘ukagumaho ibihe vyose’? Woba ukwiye kwitegurira uwo muhero mu kurundanya ibifungurwa canke mu gukora ibindi bintu vyo kwikingira? Oya namba. Bibiliya iduhimiriza ishimitse kwitwararika cane ibindi atari ivyo. Itubwira iti: “Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, murorera kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova!” (2 Petero 3:10-12) Uravye ibivugwa muri ico kigabane, bimwe muri “ivyo bintu vyose” bibwirizwa gushonga ni intwaro z’iyi si yononekaye hamwe n’abo bose bazishigikira aho gushigikira intwaro y’Imana. Biratomoye rero yuko kurundanya ibintu atari vyo bizodukiza ako gatikizo.

Mu vy’ukuri, kugira turokoke bisaba ko twihebera Yehova Imana kandi tukiga kugira ingeso nziza no gukora ibimuhimbara. (Zefaniya 2:3) Aho gukurikira inzira ya benshi tukirengagiza ibintu bitomoye vyerekana ko tubayeho mu gihe kidasanzwe, dukwiye nyabuna “[k]wamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova.” Ivyabona vya Yehova barashobora kukwereka bakoresheje Bibiliya ingene worokoka uwo musi wegereje.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika