ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/7 rup. 4
  • Woba wokwizigira idini ku vyerekeye amahera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wokwizigira idini ku vyerekeye amahera?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
  • IVYABONA VYA YEHOVA BOBA BABIKURIKIZA?
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Gukoresha neza amahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami ava
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Amahera
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/7 rup. 4

Woba wokwizigira idini ku vyerekeye amahera?

Inabibondo umwe w’abana batari bake yitwa Estellea yarakunda kuja gusenga. Avuga ati: “Narabwiye pasitori wacu yuko nipfuza kwiga Bibiliya.” Mugabo uwo mupasitori ntiyigeze yibwiriza kwigisha Bibiliya Estelle. Uwo mukenyezi yahavuye aheba kuja gusenga. Ashishikara ati: “Abakuru b’iryo dini baranyandikiye, bambwira muri make yuko nimba bidakunda ko nja gusenga, nopfuma nza ndarungika amahera. Naciye nibwira nti: ‘Nja gusenga canke ntajayo, nta vyo banezwe; ico dupfana ni amahera gusa.’”

Angelina na we yamye akunda gusenga. Yavuze ati: “Mw’idini nahozemwo, baratembereza agaseke incuro zitatu igihe cose twaba turiko turasenga, kandi vyaba vyitezwe ko tugira ico dutanze igihe cose bagatembereje. Bama bariko baradusaba amahera. Nibwiye nti: ‘Aba bantu nta mpwemu y’Imana bafise.’”

Amadini yo ng’aho iwanyu yoba agobera abantu mu buryo bwibonekeza canke bwihishije ngo batange amahera? None ivyo vyoba bihuje na Bibiliya?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Yezu, ari na we yatanguje ubukirisu, yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Ubutumwa bwo muri Bibiliya ni ubw’agaciro kanini ku buryo ata mahera yobugura, kandi bukwiye gushikirizwa uwubwipfuza wese.

None abakirisu bo mu ntango bakura hehe amahera ishengero ryaba rikeneye?

Umwe wese mu barigize yaragira ico aterereye “nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Abakorinto 9:7) Intumwa Paulo yavuze ati: “Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye.” (1 Abatesalonika 2:9) Paulo yarajisha amahema kugira ngo aronke ikimufasha gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.​—Ivyakozwe 18:2, 3.

IVYABONA VYA YEHOVA BOBA BABIKURIKIZA?

Mu bisanzwe, Ivyabona vya Yehova bakoranira mu nyubakwa zidahanitse zitwa Ingoro z’Ubwami. None amahera bakoresha ava hehe? Ntibigera batembereza uduseke two gushiramwo amahera canke ngo barungikire abantu amabahasha yo gushiramwo intererano. Ahubwo riho, umuntu wese ashima inyigisho ihatangirwa arashobora gushira intererano mu gasandugu kabigenewe kaba kari mu Ngoro y’Ubwami, akabigira mw’ibanga.

Amahera idini rikoresha akwiye kuva hehe?

Kugira ngo iki kinyamakuru gicapurwe congere kigushikire, nta gukeka ko bisaba amahera. Ariko ntuzokwigera ugisangamwo ibijanye no gusaba abantu amahera canke ivyo kwimenyekanisha mu ntumbero yo kwinjiza amahera. Iki kinyamakuru gishira imbere ukumenyekanisha ukuri kwo muri Bibiliya.

Uvyibazako iki: Ukwo kuntu ivy’amahera bitunganijwe mu Vyabona vya Yehova, vyoba bihuje n’ivyo Yezu yavuze be n’ingene abakirisu bo mu ntango babigenza?

a Bamwebamwe mu bavugwa muri uru rukurikirane rw’ibiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika