ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/8 rup. 16-17
  • Yezu yabaye Umwami ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yabaye Umwami ryari?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • 1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Intwaro y’Imana Itangura Kuganza
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • 1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/8 rup. 16-17

Niwige Ijambo ry’Imana

Yezu yabaye Umwami ryari?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ni ubwami ubuhe Yezu yasezeraniwe?

Imana yasezeranye ko hari uwokomotse ku Mwami Dawidi yokwicaye ku ntebe y’ubwami yayo igihe kitagira urugero. Uwo na we ni Yezu, ubu akaba aganza ari mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana.​—Soma Zaburi 89:4; Luka 1:32, 33.

Igihe Dawidi yari akiri agahungu, Imana yaramutoye ngo azobere umwami igisata cayo Isirayeli. Dawidi apfuye, Salomo, uwo Yehova yari yaratoye, yaricaye ku “ntebe y’ubwami ya Yehova” i Yeruzalemu. (1 Ngoma 28:4, 5; 29:23) Salomo amaze gupfa, abami benshi barakurikiranye ku ngoma i Yeruzalemu, ariko benshi muri bo babaye ibihemu. Amaherezo Yehova yararetse ingabo za Babiloni ziratikiza Yeruzalemu, n’umwami waho ziramukura ku ngoma. Ivyo vyabaye mu 607 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”). Kuva ico gihe, nta mwami wo mu muryango wa Dawidi yasubiye kuganza ari mu gisagara ca Yeruzalemu.​—Soma Ezekiyeli 21:27.

2. Ubwami bw’Imana bwamaze igihe kingana iki budafise uwubuserukira kw’isi?

Haciye igihe Yeruzalemu itikijwe, Yehova Imana yabwiye umuhanuzi wiwe Daniyeli yuko Imana yotoye umwami yoganje ari mw’ijuru. None ingoma yiwe yotanguye ryari?​—Soma Daniyeli 7:13, 14.

Daniyeli yarasobanuye ivyo umwami umwe yeretswe, muri iryo yerekwa Imana ikaba yarategetse ko igiti amahero cicirwa, nk’uko nyene Imana yari yarategetse ko ubwami bwari i Yeruzalemu bukurwaho bukarandurwa. Mugabo igishitsi c’ico giti cabwirizwa kurekerwa mw’ivu kugira ngo “ibihe indwi” birangiye congere gukura. Bibiliya yerekana ko “ibihe” bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260, ugaca wumva ko “ibihe indwi” bingana n’imisi 2.520. (Ivyahishuwe 12:6, 14) Mu buhanuzi bwo muri Bibiliya, imisi akenshi igereranya imyaka. (Guharūra 14:34) Rero Ubwami bw’Imana bwomaze imyaka 2.520 ata wubuserukira kw’isi.​—Soma Daniyeli 4:10-17.

3. Yezu yabaye Umwami ryari?

Imana yimitse Yezu mw’ijuru mu 1914, haheze neza na neza imyaka 2.520 Yeruzalemu itikijwe. Ikintu ca mbere Yezu yakoze ari Umwami kwabaye ukwirukana Shetani n’amadayimoni yiwe mw’ijuru. (Ivyahishuwe 12:7-10) Ico kintu cabaye abantu ntibashoboye kukibona n’amaso, mugabo catumye bashikirwa n’amagorwa yibonekeza. (Ivyahishuwe 12:12) Ibintu biba kuva mu 1914 biremeza ko Yezu yabaye Umwami muri uwo mwaka.​—Soma Matayo 24:14; Luka 21:10, 11, 31.

4. Ingoma ya Yezu izokumarira iki?

Iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye ingoma ya Yezu rirerekana ko ushobora kwizigira Ijambo ry’Imana. Vuba Yezu agiye gukoresha ububasha bwiwe bwa cami kugira akize abantu imibabaro yose.​—Soma Zaburi 72:8, 12, 13; Daniyeli 2:44.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba urupapuro rwa 215-218 rw’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Igicapo ku rup. 16, 17]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu

Gitugutu

607 B.G.C. ← Imyaka 2.520 → 1914 G.C.

1000 B.G.C. | 1 B.G.C. | 1 G.C. | 1000 G.C. | 2000 G.C.

← Imyaka 606 n’amezi 3 →← Imyaka 1.913 n’amezi 9 →

Ubwami bw’i Yeruzalemu bukurwaho

Harura:Imyaka 606 n’amezi 3 + imyaka 1.913 n’amezi 9 = 2.520

Imana yimika Yezu ngo aganze amahanga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika