Wari ubizi?
Kubera iki abantu bo mu bihe vya Bibiliya bakoresha ikaburimbo nk’ubudongo?
▪ Ku bijanye n’abubatse wa munara w’i Babeli, Bibiliya ivuga iti: “Itafari ribabera ibuye, mugabo ikaburimbo ibabera ubudongo.”—Itanguriro 11:3.
Ikaburimbo ni ikintu cihingura ubwaco. Iva mu gitoro, ikaba iboneka cane muri Mezopotamiya, aho iduga ivuye mu butaka hanyuma ikavurirana. Mu bihe vya Bibiliya abantu barabonye ko ikaburimbo ifata neza nk’uburembo. Igitabu kimwe kivuga yuko yari “ibereye gukoreshwa ku nyubakwa zubakishijwe amatafari aturiye.”
Ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru c’ivy’ubucukuzi bw’ivya kera (Archaeology) kiravuga ivy’urugendo ruheruka kugirwa rwo kuraba ibisigarira vy’inyubakwa imwe y’urusengero yo mu gisagara ca kera ca Uri muri Mezopotamiya. Uwanditse ico kiganiro avuga ati: “Ikaburimbo yakoreshejwe nk’ubudongo iracaboneka hagati y’amatafari aturiye; gukoresha ikaburimbo gutyo ni bumwe mu buryo bwa mbere abantu bakoresheje ibivuye mu bibanza amahero birimwo igitoro vyo muri Iraki yo mu bumanuko. Ico kintu cirabura kimata cahora gituma ikibano co muri ako karere kiguma cunze ubumwe, ariko ubu kikaba kiri mu bintu bituma muri ako karere haza harahungabana kandi hakarangwa ubukazi. Gukoresha ikaburimbo nk’ubudongo no kuyubakisha amabarabara vyatumye amatafari y’ivyondo kandi yoroshe yakoreshwa muri Sumeriya adashobora kwinjiramwo amazi, akaba ari co gituma inyubakwa zaho zamaze imyaka ibihumbi.”
Ni ‘impapuro’ bwoko ki zakoreshwa mu bihe vya Bibiliya?
▪ Ntibitangaje kubona ico kibazo kivyuka uravye amajambo umwanditsi wa Bibiliya Yohani yanditse agira ati: “Naho nari mfise ibintu vyinshi vyo kubandikira, sinshaka kubandikira nkoresheje urupapuro n’irangi.”—2 Yohani 12.
Ijambo ry’ikigiriki kharʹtes ryahinduwe muri ico canditswe ngo “urupapuro” ni urupapuro rukozwe mu rufunzo, kikaba ari igiterwa co mu mazi. Ng’uku ukuntu igitabu kimwe gisigura ingene inkaratasi zo kwandikako zahingurwa hakoreshejwe uduti tw’ico giterwa: “Uduti twaco, rimwe na rimwe tukaba twareha n’imetero 3, baradushishura maze bakadusatagura mu duhimba dutoduto; utwo duhimba baca batumatanya tugerekeranije, tumwe bakaturyamika dushinze utundi turambitse; izo ngerekerane baca bazikubitisha inyundo y’igiti mu nyuma bakazisenesha agaharuzo.”
Abacukuzi b’ivya kera barasubiye kwubura mu Misiri no mu karere k’Ikiyaga c’Umunyu ivyandikano vya kera vyinshi vy’urufunzo. Bimwebimwe mu vyandikano biriko igisomwa ca Bibiliya vyubuwe aho hantu ni ivyo mu gihe ca Yezu, eka n’imbere yaho. Impapuro zo mu rufunzo zishobora kuba ari zo zanditsweko amakete yo muri Bibiliya, nk’ayo intumwa zanditse.
[Abo dukesha amafoto ku rup. 11]
Spectrumphotofile/ photographersdirect.com
© FLPA/David Hosking/age fotostock