ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/6 rup. 19
  • Impumurizo ku bafise umutima umenetse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impumurizo ku bafise umutima umenetse
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arumviriza ugutabaza kw’uwuciye bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nimuze dushire hejuru izina rya Yehova turi hamwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Niwizigire Yehova, we “Mana y’uruhoza rwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/6 rup. 19

Niwiyegereze Imana

Impumurizo ku bafise umutima umenetse

‘YEHOVA ntiyokwigera ankunda.’ Ayo ni amajambo yavuzwe n’umukenyezi umwe mukirisu yamaze igihe kitari gito mu buzima bwiwe yumva yihebuye. Yibwira yuko Yehova abwirizwa kuba ari kure yiwe. Ariko none, Yehova yoba vy’ukuri ari kure y’abasavyi biwe bumva bihebuye? Inyishu ihumuriza y’ico kibazo tuyisanga mu majambo umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ahumekewe, na yo akaba ari muri Zaburi 34:18.

Dawidi yari azi inkurikizi umubabaro ukomeye ushobora kugira ku musavyi wa Yehova w’umwizigirwa. Akiri muto yabayeho aza arahunga kuko yaguma ahigwa buhongo n’Umwami Sauli yarondera kumwica kubera ishari. Dawidi yararondereye ubuhungiro ahantu ashobora kuba yariyumviriye ko Sauli atopfuye agiye kumuhiga, ni ukuvuga mu gisagara cabamwo abansi ca Gati, mu karere k’Abafilisitiya. Ariko Dawidi bamaze kumumenya, yarahatswe kuhasiga agatwe iyo adaca yigira umusazi. Ukwo kurokoka Dawidi yakwitiriye Imana, kandi afatiye kuri ico kintu camushikiye yaranditse Zaburi ya 34.

Dawidi yoba yariyumvira ko Imana iri kure y’abashikirwa n’ibintu bibabaje maze bakumva bavunitse umutima canke bakumva ko batabereye kwitabwaho n’Imana? Dawidi yandika ati: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.” (Umurongo wa 18) Reka turabe ukuntu ayo majambo ahumuriza kandi agatanga icizigiro.

“Yehova ari hafi.” Igitabu kimwe kivuga yuko ayo ari amajambo “aserura neza iciyumviro c’uko Umukama aguma arikanuye, akama yiteguriye gufasha no gutabara abantu biwe.” Birahumuriza kumenya ko Yehova yamiza ijisho ku bantu biwe. Arabona ivyo bacamwo muri ibi “bihe bitoroshe,” kandi arazi ukuntu biyumva ibwina mu mitima yabo.​—2 Timoteyo 3:1; Ivyakozwe 17:27.

“Ab’umutima umenetse.” Mu mico imwimwe, uvuze ko umuntu kanaka afise “umutima umenetse,” canke avunitse umutima, aba yarakunze uwutamukunda. Ariko incabwenge imwe ivuga ko ayo majambo y’uwo mwanditsi w’amazaburi ashaka kuvuga “agahinda n’umubabaro muri rusangi.” Egome, n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa barashobora rimwe na rimwe gushikirwa n’ingorane zikomeye zituma bavunika umutima.

“Abajanjaguritse mu mutima.” Abacitse intege barashobora kwikengera cane ku buryo bamara igihe batagira icizigiro na gitoyi. Igitabu kimwe kigenewe gufasha abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko ayo majambo ashobora guhindurwa ngo “abatiteze ikintu ciza na kimwe.”

None Yehova avyifatamwo gute abonye abafise “umutima umenetse” kandi “bajanjaguritse mu mutima”? Yoba aca aguma ari kure yabo, akabona ko batabereye ko abitwararikana urukundo? Ahubwo riho, nka kurya umuvyeyi yuzuye urukundo akikiza amaboko ikibondo ciwe kibabaye akagihoza, Yehova ari hafi y’abasavyi biwe bamutabaza. Arashashaye guhumuriza no kuremesha umutima wabo umenetse kandi ujanjaguritse. Arashobora kubaha ubukerebutsi n’inkomezi bakeneye kugira ngo bashobore kunanira ibigeragezo ivyo ari vyo vyose vyobashikira.​—2 Abakorinto 4:7; Yakobo 1:5.

Ubona gute none urondeye kumenya uburyo woshobora kurushiriza kwiyegereza Yehova? Iyo Mana yuzuye impuhwe isezerana iti: “Mba . . . kumwe . . . n’uwajanjaguwe, w’impwemu iciye bugufi, ngo ngarurire agatege impwemu y’abaciye bugufi, ngarurire agatege umutima w’abajanjagurwa.”​—Yesaya 57:15.

Aho turemeshejwe gusoma muri Ruheshi:

◼ Zaburi 26-59

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika