Niwige Ijambo ry’Imana
Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?
Igihe Yezu yashika i Betaniya hafi y’i Yeruzalemu, umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Yezu yaciye aja aho bamuhamvye ari kumwe na Marita be na Mariya bashiki b’uwo mugabo yari yapfuye. Kerakera isinzi ryari rimaze gukorana. Woba ushobora kwiyumvira umunezero Marita na Mariya bagize igihe Yezu yazura Lazaro agasubira kuba muzima?—Soma Yohani 11:20-24, 38-44.
Marita yarizera ko abapfuye bozutse. Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bamye kuva kera bazi neza ko muri kazoza Imana izozura abapfuye kugira basubire kuba kw’isi.—Soma Yobu 14:14, 15.
2. Abapfuye bamerewe gute?
Naho “impwemu” yo nguvu y’ubuzima ari yo ituma abantu n’ibikoko biguma ari bizima, ntituri ibiremwa vy’impwemu vyambaye umubiri w’inyama. (Umusiguzi 3:19; Itanguriro 7:21, 22) Turi ibiremwa vy’inyama n’amaraso vyaremwe mu mukungugu. (Itanguriro 2:7; 3:19) Ubwonko bwacu bupfuye, ivyiyumviro vyacu bica bihera. Ni co gituma aho Lazaro amariye kuzuka ata na kimwe yavuze ku kuntu urupfu yaciyemwo rwari rumeze kubera yuko abapfuye ata co bazi.—Soma Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 10.
Biratomoye rero ko abapfuye badashobora kubabara. Ku bw’ivyo, inyigisho y’uko ngo Imana ibabaza abapfuye ni iy’ikinyoma. Irasiga iceyi Imana. N’iciyumviro co kubabariza abantu mu muriro ubwaco kirayisesema.—Soma Yeremiya 32:35.
3. Twoba dushobora kuvugana n’abapfuye?
Abapfuye ntibashobora kuvuga. (Zaburi 115:17) Ariko igihe abamarayika b’ababisha bavuganye n’abantu, boshobora guhenda abantu bavuga yuko ngo ari umuzimu w’uwapfuye. (2 Petero 2:4) Yehova aratubuza kugerageza kuvugana n’abapfuye.—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11.
4. Ni bande bazosubira kuba bazima?
Mw’isi nshasha igiye kuza, abantu amamiliyoni bari mu mva bazosubira kuba bazima. N’abantu bamwebamwe bakoze ibintu bibi kubera ko batari bazi Yehova bazozurwa.—Soma Luka 23:43; Ivyakozwe 24:15.
Abazutse bazoshobora kwiga ukuri ku vyerekeye Imana no kwerekana ko bizera Yezu mu kumugamburukira. (Ivyahishuwe 20:11-13) Abazosubira kuba bazima maze bagakora ivyiza bazoshobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi. Ariko hari abazoba bazutse bamwebamwe bazobandanya gukora ibibi. Ku bw’ivyo, izuka ryabo rizoca ryitwa ko ari ‘ukuzukira urubanza.’—Soma Yohani 5:28, 29.
5. Izuka ritwereka iki ku bijanye na Yehova?
Kuba Imana yararungitse Umwana wayo ngo atange ubuzima bwiwe ku bwacu ni vyo bituma izuka rishoboka. Izuka rero ni icerekana urukundo rwa Yehova be n’ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe.—Soma Yohani 3:16; Abaroma 6:23.
Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 6 n’ica 7 vy’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 16]
Adamu yaremwe mu mukungugu