ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/2 rup. 28-31
  • “Uyu musi ni rwanyu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Uyu musi ni rwanyu”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ugutwi kwumva”
  • “Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose”
  • “Niwigane abamarayika b’abizigirwa”
  • Izindi nsiguro zitatu zashikirijwe
  • Ivyabonywe be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo
  • ‘Muzotume Yehova anezerwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Abamisiyonari barungitswe “mu karere ka kure rwose k’isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi bararemeshejwe kuvuga “ibitangaza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Mubone Ibintu nk’Uko Imana Ibibona
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/2 rup. 28-31

Umugwi ugira 129 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi

“Uyu musi ni rwanyu”

KU WA 11 Nyakanga 2010, abantu hafi 8.000 bari bakoranye ku bw’urubanza rudasanzwe, ni ukuvuga ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo abanyeshure bo mu mugwi ugira 129 w’abasohoka rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi. Samuel Herd wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yabwiye abo banyeshure ati: “Uyu musi ni rwanyu. Twaje kubafasha umunezero!”

“Ugutwi kwumva”

Umuvukanyi Herd yatanguye ivyo birori mu kwerekana ko abakirisu bose bakeneye gukoresha neza “ugutwi kwumva” mu gutega yompi Ijambo ry’Imana. (Imigani 20:12) Umuvukanyi Herd yabwiye abo banyeshure ati: “Mwari mumaze aya mezi makeyi muteze ugutwi Yehova, kandi muzobandanya kubigira gushika ibihe bidahera.”

None abamisiyonari bashasha bashobora gute gukoresha amatwi yabo babigiranye ubukerebutsi? Umuvukanyi Herd yavuze ati: “Ni mu gutega yompi Ijambo ry’Imana.” Yongeyeko ati: “Mu bishikirizwa uyu musi, hari ibintu vyinshi biza kuvugwa bibafasha kwitegurira igikorwa c’ubumisiyonari mugiye kurangura muri iyi myaka iri imbere.”

“Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose”

Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi yaragize ico ashikirije abo banyeshure kuri uwo mutwe w’ijambo utuma umuntu azirikana. Yaravuze ibijanye n’ibihe bitari bike aho abasavyi b’Imana, baba aba kera canke abo mu gihe ca none, berekanye ko bizigira Yehova.

Umuvukanyi Lösch yarerekanye yuko mu buryo nk’ubwo “abamisiyonari bakeneye kwerekana ko bizigira Imana ku bijanye n’aho barungitswe gukorera.” Yavuze ati: “Nk’akarorero, mwoshobora kwibaza muti: ‘Mbega nzoshobora kwiga ururimi rwaho? Mbega nzoshobora kumenyera imico kama mishasha? Mbega nzoshobora kwihanganira ugukumbura i muhira?’” None ikizobafasha ni igiki? Umuvukanyi Lösch yahimirije abo banyeshure “kwizigira Yehova.”

Vyongeye, umuvukanyi Lösch yarasomye mu Migani 14:26, ahavuga hati: “Mu gutinya Yehova hariyo umwizero ukomeye.” Nitwazirikana ku buryo bwinshi Yehova yaduhezagiye, tuzorushiriza kumwizigira.

Bibiliya ivuga yuko umuntu yizigira Yehova “azoba vy’ukuri nk’igiti gitewe iruhande y’amazi, gishora imizi yaco iruhande y’umugende w’amazi; ubushuhe nibwaza ntazobibona, mugabo urubabi rwiwe ruzoba urutotahaye.”​—Yeremiya 17:7, 8.

Icigwa kiratomoye. Umuvukanyi Lösch yavuze ati: “Naho hoza iki, Yehova ni we mukwiye kwizigira.”

“Niwigane abamarayika b’abizigirwa”

Uwo ni wo wari umutwe w’ijambo w’insiguro yashikirijwe na Stephen Lett, akaba ari umwe mu bagize Inama Nyobozi. Abamarayika baratubera akarorero keza cane. Umuvukanyi Lett yavuze ati: “Ikintu cose Bibiliya ibavugako, birabereye ko tucigana.” Yaciye avuga ibintu bine biranga abamarayika b’abizigirwa vyoba vyiza twiganye: ukwihangana, ukwicisha bugufi, ugufashanya be n’ugutungana.

Bibiliya itwiganira yuko umumarayika umwe yamaze imisi 21 arwana n’‘umuganwa w’Ubuperesi,’ iyo ikaba yari idayimoni ikomeye. (Daniyeli 10:13) Uwo mumarayika yaragaragaje ukwihangana. Umuvukanyi Lett yarerekanye yuko abakirisu na bo nyene “[ba]fise intambara yo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.” (Abanyefeso 6:12) Yabwiye abo banyeshure ati: “Nimurwane mwivuye inyuma kugira ngo mushishikare igikorwa mwashinzwe.”

Igihe Manowa se wa Samusoni yasaba umumarayika ngo amubwire izina ryiwe, uwo mumarayika yaranse. Uwo mumarayika yaragaragaje ukwicisha bugufi. (Abacamanza 13:17, 18) Umuvukanyi Lett yabwiye abo banyeshure ati: “Hagize uwugukeza canke uwikugura ubuhanga ufise, nuce wicisha bugufi werekane ko atari wewe vyokwitirirwa ahubwo ko vyokwitirirwa Yehova n’ishirahamwe ryiwe.”​—1 Abakorinto 4:7.

Igihe Yezu yari muri rya tongo ry’i Getsemani gatoyi imbere y’uko apfa, ‘umumarayika avuye mw’ijuru yaramubonekeye, aramukomeza.’ (Luka 22:43) Uwo mumarayika yarerekanye agatima ko gufashanya. Umuvukanyi Lett yavuze ati: “Mubicishije mw’isengesho, muze mugerageze gutahura ivyo abo mu cibare mugiye gukoreramwo ubumisiyonari bakeneye, maze mubifashijwemwo na Yehova mugerageze kubibaronsa.”

Kubera ko abamarayika bakeyi gusa ari bo bifatanije na Shetani mu bugarariji bwiwe, twoshobora kuvuga yuko benshi cane muri ivyo biremwa vyo mw’ijuru batanga akarorero keza cane mu bijanye n’ugutungana.​—Ivyahishuwe 12:4.

Umuvukanyi Lett yahimirije abo banyeshure ati: “Cokimwe n’abo bamarayika b’abizigirwa, nimunanire Shetani. Nimumurwanye, na we azohunga.”​—Yakobo 4:7.

Izindi nsiguro zitatu zashikirijwe

“Yehova niwame umugira igitandara c’umutima wawe.” Gary Breaux wo muri Komite y’ishami yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaraciye irya n’ino uwo mutwe w’ijambo ushimishije cane ushingiye kuri Zaburi 73:26, arafasha abo banyeshure gutahura ko bakeneye kwiheka kuri Yehova. Ni mu buryo ki Yehova ameze nk’igitandara? Umuvukanyi Breaux yavuze ati: “Mu gihe c’igihuhusi, igitandara kirashobora kugumya urupapuro ruri munsi yaco. Mu buryo nk’ubwo, Yehova arashobora gutuma utekana, gutyo akarinda umutima wawe.” Ariko ntiwumve, umutima urashobora kutuzimiza igihe duhanganye n’ibigerageza ukwihangana kwacu. (Yeremiya 17:9) Ikirere gishasha, imfungurwa utamenyereye, abamisiyonari mubana utari umenyereye, emwe, ico ari co cose muri ivyo kirashobora gutuma wumva wotana n’akabando. Umuvukanyi Breaux yavuze ati: “Muzohangana n’ibintu bisaba ko muzirikana ico mwohitamwo muheze mufate ingingo. Mwoba muzofata ingingo ihimbara Yehova? Nimwabigenza gutyo, Yehova azoba ‘igitandara c’umutima wanyu.’ Azoyobora intambuko zanyu.”

“Woba ufise ukwizera guhagije ngo utoteshe ibirenge vyawe?” Sam Roberson, umwigisha wo kw’ishure ry’i Gileyadi, yaraciye irya n’ino uwo mutwe w’ijambo ushingiye kuri Yosuwa ikigabane ca 3. Abisirayeli amamiliyoni bari gushobora gute kujabuka Uruzi Yorodani kandi rwari rwuzuye? Yehova yabwiye Yosuwa gutegeka abaherezi ngo ‘bahagarare muri Yorodani.’ Imana yabasezeraniye iti: “Ibirenge vy’abaherezi . . . nivyaba bigihonyora mu mazi ya Yorodani, amazi ya Yorodani azocibwamwo kubiri, . . . kandi azohagarara abe urugomero rumwe.” (Yosuwa 3:8, 13) Umuvukanyi Roberson yabwiye abo banyeshure ati: “Hazoba za Yorodani mu buzima bwanyu zizobabuza kuronka imihezagiro muramutse muzikundiye.” Nk’akarorero, hari aho bitoborohera gukorana neza n’abamisiyonari bagenzi banyu. None ikizobafasha ni igiki? Umuvukanyi Roberson yavuze ati: “Murarabe igikorwa ntimurabe abakozi.” Yaciye ahimiriza abo banyeshure ati: “Nimwerekana ukwizera mukemera gutotesha ibirenge vyanyu, Yehova azobafasha kujabuka izo Yorodani zo mu buzima bwanyu bw’ubumisiyonari.”

“Nushimangire imigambi yawe.” Uwo ni wo mutwe w’ijambo William Samuelson, umwigisha wo kw’ishure ry’i Gileyadi, yaciye irya n’ino. Insiguro yashikirije yari ishingiye ku Migani 16:3, ahavuga hati: “Nuragize ibikorwa vyawe Yehova ubwiwe, imigambi yawe izoheza ibe iyishimangiwe.” Umuvukanyi Samuelson yabajije abo banyeshure ati: “Uwo murongo woba ushaka kuvuga ko ata kindi mwokora kugira ngo imigambi yanyu ishimangirwe uretse ‘ukuragiza ibikorwa vyanyu’ Yehova?” Yarerekanye ko atari ko biri, kuko mu Migani 16:1 havuga hati: “Intondeko z’umutima ni iz’umuntu yakuwe mw’ivu.” Umuvukanyi Samuelson yavuze ati: “Yehova ntagutondekera umutima wawe ngo awugutunganirize ku gitangaro. Ahubwo nyabuna, urakeneye kwiyemeza neza ko umutima wawe ukuyobora mu nzira ibereye. Biciye ku kwiyigisha, ku gusenga no ku gusenyera ku mugozi umwe n’ibiro vy’ishami vy’aho ukorera, umutima wawe uzobandanya ukuyobora neza, Yehova na we aheze ashimangire imigambi yawe.”

Ivyabonywe be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo

Abanyeshure b’i Gileyadi barifatanya n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere barimwo mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, ico kikaba ari kimwe mu bigize ivyigwa vyabo. Uwundi mwigisha wo kw’ishure ry’i Gileyadi yitwa Mark Noumair yarabajije ibibazo abanyeshure bamwebamwe ku bijanye n’ivyo biboneye muri ico gikorwa. Icashimitsweko canecane muri ivyo vyabonywe ni uruhara rw’isengesho mu bijanye no kuronka abantu b’imitima nziraburyarya mu cibare.

Nk’akarorero, abubakanye bamwe bari mw’iresitora. Umukozi umwe ahakorera yarababonye bariko barasenga mu gacerere. Yaciye yegera arababaza nimba ari Ivyabona vya Yehova. Amaze kwumva ko ari Ivyabona vya Yehova, yaciye abasigurira ko yarezwe ari Icabona ca Yehova ariko akaba yahavuye ata ukwizera. Yari yaranakoze ikibi maze arapfungwa. Uwo mugabo akiri muto yarumva ashaka ko Yehova asubira kugira ikibanza mu buzima bwiwe. Yavuze kandi ko imbere y’uko abo bubakanye binjira muri iyo resitora, yariko arasenga Imana ayibwira ko yipfuza ko imufasha gutunganya ubuzima bwiwe. Emwe, isengesho ryiwe ryari ryishuwe!

Mu guca irya n’ino umutwe w’ijambo uvuga ngo “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe,” umuvukanyi Rudi Hartl wo mu Rwego rujejwe kwishura ibibazo bijanye na Bibiliya yarabajije ibibazo umuvukanyi Wayne Wridgway wo muri Mozambike, Jason Reed wo muri Shili na Kenji Chichii wo muri Nepale. Bose uko ari batatu ni abamisiyonari baciye mw’ishure ry’i Gileyadi. Abo bavukanyi baravuze badacisha ku ruhande ibintu bimwebimwe bitoroshe bahanganye na vyo igihe bari bakiri abamisiyonari bashasha, nko kwiga ururimi rushasha, kumenyera imico kama mishasha canke kwihanganira ugukumbura i muhira. Umuvukanyi Chichii yavuze ati: “Ikintu kimwe cadufashije twe n’umukenyezi wanje ni uko twihutiye kurondera abagenzi mw’ishengero rishasha twari turimwo. Uko twarushiriza kwiyegereza ishengero, ni ko vyarushiriza kutworohera kwihanganira ugukumbura i muhira.”

Haciye akanya abo banyeshure 56 bose baronse impapuro z’umutsindo, umwe muri bo yarasomye ikete rikora ku mutima ry’ugukenguruka aserukiye abo banyeshure bose. Ng’aya amwamwe mu majambo babwiye Inama Nyobozi: “Twese uko tugize umugwi, twariboneye ukuntu mwitanze mutiziganya kandi mubigiranye urukundo, muradutunganiriza ivyigwa, muratugendera mwongera muraturonsa inyigisho nziza cane zo mu vy’impwemu. Kubera urukundo mwatugaragarije, tuzogira uko dushoboye kwose twigane akarorero mwaduhaye k’urukundo, ukwihangana, ukwicisha bugufi n’ubwitwararitsi, nitwamara gushika iyo tugiye gukorera.”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 28]

‘Hagize uwugukeza, niwerekane ko atari wewe vyokwitirirwa’

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 29]

“Hazoba za Yorodani mu buzima bwanyu”

[Igicapo/​Ikarata ku rup. 31]

IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE

Ibihugu bavuyemwo 9

Abanyeshure 56

Abubakanye 28

Incahagati y’imyaka 33,0 y’amavuka

Incahagati y’imyaka 17,9 bamaze babatijwe

Incahagati y’imyaka 13,3 bamaze mu busuku bw’igihe cose

[Ikarata]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Abo banyeshure barungitswe mu bihugu 25 vyerekanywe aho hepfo

AHO ABO BAMISIYONARI BARUNGITSWE

BOLIVIYA

BOTSWANA

BILIGARIYA

KONGO (KINSHASA)

CÔTE D’IVOIRE

GAMBIYA

UBUDAGI

UBUHINDI

ENDONEZIYA

KENYA

LIBERIYA

MASEDUWANE

MADAGASIKARI

MALEZIYA

MOZAMBIKE

PANAMA

PERU

POLONYE

RUMANIYA

SEREBIYA

SIYERA LEWONE

SWAZILANDE

TANZANIYA

UGANDA

ZIMBABWE

[Ifoto ku rup. 30]

Abanyeshure b’i Gileyadi bariko basubiramwo mu gakino kimwe mu vyo biboneye igihe bariko baramamaza

[Ifoto ku rup. 31]

Umugwi ugira 129 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Munaretto, R.; Olofsson, Y.; Budden, K.; Najdzion, L.; Moya, G.; Treviño, G.; Dion, A.; Fleegle, A.

(2) Smith, J.; Michael Raj, J.; Smith, S.; Paramo, A.; McDonald, J.; Deans, M.; Joyal, S.; Watson, L.

(3) Joyal, C.; Crawley, T.; Hacker, D.; Shynkarenko, J.; Knapp, T.; Ayling, J.; Highley, C.; Olofsson, B.

(4) Fitzpatrick, M.; Najdzion, B.; Skallerud, L.; Harris, A.; Harris, S.; Budden, R.; Paramo, Y.; Skallerud, K.

(5) Crawley, B.; Michael Raj, J.; Lodge, A.; Lodge, R.; Herms, N.; Fitzpatrick, J.; Moya, R.; Munaretto, P.

(6) Watson, S.; Deans, M.; Hacker, J.; McDonald, J.; Treviño, J.; Harris, S.; Herms, C.; Harris, P.

(7) Shynkarenko, V.; Highley, T.; Smith, A.; Dion, J.; Ayling, R.; Smith, B.; Knapp, T.; Fleegle, B.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika