‘Nugume utsinda ikibi’ mu gucungera ishavu
‘Ntimwihore, bakundwa, ahubwo mugume mutsindisha ikibi iciza.’—ROM. 12:19, 21.
1, 2. Ni akarorero keza akahe Ivyabona bamwe bari ku rugendo batanze?
UMUGWI w’Ivyabona vya Yehova 34 bari bafashe urugendo baja kw’iyegurwa ry’ibiro vy’ishami bimwe igihe indege barimwo yagira ingorane bigatuma itebera mu nzira. Ahantu bahagaze biteze kuhamara isaha imwe kugira ngo banyweshe igitoro, bahavuye bahamara amasaha 44 barambiwe, bari ku kibuga c’indege kiri kure cane ata bifungurwa, amazi, canke utuzu twa surwumwe bibereye bihari. Ingenzi nyinshi zarashavuye maze ziragira iterabwoba ku bakozi bo kuri ico kibuga c’indege. Ariko abo bavukanyi n’abavukanyikazi bobo bagumye batekanye.
2 Amaherezo, ivyo Vyabona barashitse iyo bariko baraja ku buryo bashoboye gukurikirana igice ca nyuma c’iyo porogarama yo kwegura nya biro vy’ishami. Naho bari barushe, bagumye ng’aho inyuma y’iyo porogarama kugira ngo bifatanye n’abavukanyi baho. Mu nyuma, baramenye ko akarorero ko kwihangana no kwigumya batanze katijanye. Umwe muri za ngenzi zindi yabwiye iyo kompanyi y’indege ati: “Iyo ataza kuba ba bakirisu 34 bari muri irya ndege, haba harabaye umugumuko ku kibuga c’indege.”
Tuba mw’isi irimwo abantu batwarwa n’ishavu
3, 4. (a) Ishavu ririmwo ubukazi rigirira nabi gute abantu, kandi ivyo bimaze igihe kingana gute? (b) Kayini yoba yari gushobora gucungera ishavu ryiwe? Sigura.
3 Imikazo yo mu buzima bwo muri iyi si mbi irashobora gutuma abantu bashavura. (Umus. 7:7) Akenshi, iryo shavu rishikana ku rwanko eka mbere no ku bukazi. Indwano zirabica bigacika hagati y’ibihugu no mu bihugu, mu gihe ukutumvikana kurangwa mu miryango gutuma haba amatati mu ngo nyinshi. Mwene iryo shavu n’ubukazi si ivy’ubu. Kayini, wa muhungu w’imfura wa Adamu na Eva, yarishe murumunawe Abeli bivuye kw’ishavu ritewe n’ishari. Kayini yakoze ako kabi kabishe naho nyene Yehova yari yamuhimirije ngo acungere ishavu ryiwe yongera amusezeranira ko niyabigira azomuhezagira.—Soma Itanguriro 4:6-8.
4 Naho Kayini yari yararazwe agasembwa, yari ashoboye kugira ico akoze. Yari gushobora gucungera ishavu ryiwe. Ni co gituma ari we yagize ico abazwa ku bw’ico gikorwa yakoze kirangwa ubukazi. Muri ubwo buryo nyene, kuba turi abanyagasembwa biratuma kwirinda ishavu be n’ibikorwa biranga ishavu birushiriza kutugora. Kandi hariho izindi ngorane zikomeye zituma turushiriza guta umutwe muri ibi “bihe bitoroshe.” (2 Tim. 3:1) Nk’akarorero, ingorane zo mu vy’ubutunzi zirashobora gutuma bitugora kwihangana. Igipolisi be n’amashirahamwe afasha imiryango bivuga ko kuba abantu barushiriza gutwarwa n’ishavu hamwe n’ubukazi bugirirwa mu ngo bifitaniye isano n’ingorane ziriho mu vy’ubutunzi.
5, 6. Ni agatima akahe isi ifise ku bijanye n’ishavu koshobora kutwandukira?
5 Vyongeye, benshi mu bantu duhura ni “abikunzi,” “abibona,” eka mbere n’“inkazi.” Biroroshe cane ko ingeso mbi nk’izo zitwandukira zikongera zikadushavuza. (2 Tim. 3:2-5) Nkako, amasenema be n’ibiganiro vyo kuri televiziyo akenshi vyerekana ko kwihora ari ikintu ciza be n’uko ubukazi ari uburyo busanzwe kandi bwumvikana bwo gutorera umuti ingorane. Ukuntu ibintu bigenda birerekanwa mu nkuru zirimwo ibintu nk’ivyo, bituma abariko barabirorera bipfuza cane kubona igihe inkozi y’ikibi ivugwamwo ironka ico bita ngo ni igihano ibereye, akenshi kukaba ari ukwicwa mu buryo burimwo ubukazi n’uwuba ari umuhizi muri iyo nkuru.
6 Ivyiyumviro nk’ivyo ntibiremesha inzira z’Imana, ahubwo biremesha “impwemu y’isi” be n’iy’umutware wayo atwarwa n’ishavu ari we Shetani. (1 Kor. 2:12; Ef. 2:2; Ivyah. 12:12) Iyo mpwemu irakorereza ivyo guhaza ivyipfuzo vy’umubiri wacu munyagasembwa kandi nta ho isa isana n’impwemu nyeranda y’Imana be n’ivyamwa vyayo. Nkako, inyigisho y’ishimikiro y’ubukirisu ni iy’uko umuntu atokwihora igihe asomborokejwe. (Soma Matayo 5:39, 44, 45.) None dushobora gute kurushiriza gushira mu ngiro inyigisho za Yezu?
Uburorero bwiza na bubi
7. Igihe Simeyoni na Lewi batacungera ishavu ryabo havuyemwo iki?
7 Bibiliya irimwo impanuro nyinshi zijanye no gucungera ishavu be n’uburorero ngirakamaro bwerekana ivyoshobora gushika igihe ducungereye ishavu be n’igihe tutaricungereye. Rimbura ivyashitse igihe abahungu ba Yakobo ari bo Simeyoni na Lewi bihora Shekemu kubera ko yari yafashe ku nguvu mushiki wabo Dina. ‘Barababaye, bararaka cane.’ (Ita. 34:7) Ubukurikira, abandi bahungu ba Yakobo barateye igisagara Shekemu yabamwo, baragisahura hanyuma batwara abagore n’abana ari inyagano. Ivyo vyose ntibabigize kubera gusa ivyashikiye Dina mugabo birashoboka kandi ko babigize kubera ubwibone, kubera ko bari basizwe iceyi. Babona ko Shekemu yari yabababaje yongera arababaza se wabo Yakobo. Ariko none Yakobo yabonye gute iyo nyifato yabo?
8. Inkuru yerekeye Simeyoni na Lewi yerekana iki ku bijanye no kwihora?
8 Ico kintu kibabaje cashikiye Dina gitegerezwa kuba caratuntuje Yakobo cane; yamara, yariyamirije ingendo y’ukwihora y’abahungu biwe. Simeyoni na Lewi bagumye bagerageza kwisigura kubera ivyo bari bakoze, bati: “Mbega vyari bibereye kw agirira mushiki wacu artyo, nk’aho yari maraya?” (Ita. 34:31) Mugabo ntivyagarukiye aho, kuko bitahimbaye Yehova. Haciye imyaka myinshi, Yakobo yarabuye yuko kubera ibikorwa biranga ubukazi n’ishavu Simeyoni na Lewi bakoze, abobakomotseko boshwiragijwe mu miryango ya Isirayeli. (Soma Itanguriro 49:5-7.) Egome, ishavu ryabo ridacungerewe ryatumye badashimwa n’Imana hamwe na se wabo.
9. Ni ryari Dawidi yahatswe kugira uko ishavu rigize?
9 Umwami Dawidi yari atandukanye rwose n’abo bahungu. Yararonse uturyo twinshi two kwihora, ariko ntiyabigize. (1 Sam. 24:3-7) Ariko rero, igihe kimwe yarahatswe kugira uko ishavu rigize. Umugabo umwe w’umutunzi yitwa Nabali yararandamukiye abantu ba Dawidi, naho bari barakingiye imikuku ya Nabali n’abungere biwe. Kumbure kubera ko Dawidi yari ababaye, ababajwe canecane n’ivyashikiye abantu biwe, yagira yihore bimwe bikomeye. Igihe Dawidi n’abantu biwe bariko baraja gutera Nabali be n’abo mu rugo rwiwe, hari umusore yamenyesheje ivyari vyabaye Abigayili umugore w’ubwenge wa Nabali, maze amuhimiriza kugira ico akoze. Abigayili yaciye atororokanya ingabirano igizwe n’ibintu vyinshi maze aja guhura na Dawidi. Yarasavye ikigongwe yicishije bugufi kubera ukutisonera kwa Nabali yongera aringinga Dawidi afatiye ku kuba uno yaratinya Yehova. Dawidi yarigaruye maze avuga ati: “Uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso.”—1 Sam. 25:2-35.
Inyifato iranga abakirisu
10. Abakirisu bakwiye kugaragaza inyifato iyihe ku bijanye n’ukwihora?
10 Ivyashitse ku bijanye na Simeyoni na Lewi no hagati ya Dawidi na Abigayili birerekana ata kwihenda yuko Yehova yiyamiriza ishavu ridacungerewe hamwe n’ubukazi be n’uko ahezagira utwigoro umuntu agira ngo atume haba amahoro. Intumwa Paulo yanditse ati: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’ Mugabo, ‘nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe.’ Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsindisha ikibi iciza.”—Rom. 12:18-21.a
11. Umuvukanyikazi umwe yize gute kuvyifatamwo neza igihe hari uwumushavuje?
11 Turashobora gushira mu ngiro iyo mpanuro. Nk’akarorero, hari umuvukanyikazi yabariye umukurambere yidoga ibijanye n’umukoresha wiwe mushasha. Yavuze ko uwo mukoresha amurenganya be n’uko amufata nabi. Yari amushavuriye kandi yashaka guheba akazi. Uwo mukurambere yamuhimirije kutagira ico akora gihutihuti. Yaratahuye yuko ukuntu uwo muvukanyikazi yari yavyifashemwo abigiranye ishavu igihe uwo mukoresha wiwe yamufata nabi ata kindi vyamaze atari ukwunyura ibintu. (Tito 3:1-3) Uwo mukurambere yaramweretse yuko n’igihe nyene mu nyuma yoronka akandi kazi, yobaye agikeneye guhindura ukuntu avyifatamwo igihe hari uwumufashe nabi. Yamuhanuye gufata uwo mukoresha nk’uko we ubwiwe yokwipfuza ko abandi bamufata, nk’uko Yezu yabitwigishije. (Soma Luka 6:31.) Uwo muvukanyikazi yaremeye kubigerageza. None havuyemwo iki? Haheze igihe kinaka, uwo mukoresha yarahinduye inyifato, eka mbere arashimira uwo muvukanyikazi kubera igikorwa yakora.
12. Ni kubera iki ukutumvikana hagati y’abakirisu gushobora kubabaza bimwe bidasanzwe?
12 Vyoshobora kutadutangaza igihe ingorane nk’izo zadutse hagati yacu n’umuntu atari uwo mw’ishengero rya gikirisu. Turazi ko ubuzima bwo muri iyi si ya Shetani akenshi usanga burangwamwo akarenganyo be n’uko dukeneye kurwana urugamba kugira ntitureke abakora ibibi ngo badushavuze. (Zab. 37:1-11; Umus. 8:12, 13; 12:13, 14) Ariko rero, igihe tugiraniye ingorane n’umuvukanyi canke umuvukanyikazi, birashobora kutubabaza cane kuruta. Icabona umwe yavuze ivyo yibuka ati: “Ikintu cangoye gusumba ibindi igihe naza mu kuri, kwari ukwemera ko abasavyi ba Yehova ari abantu bafise agasembwa.” Twavuye mw’isi itagira urukundo kandi ititwararikana, twizigiye yuko abo mw’ishengero bose bofashe bagenzi babo mu buryo buranga ubuntu abakirisu bagaragaza. Ku bw’ivyo, igihe umukirisu mugenzi wacu, na canecane uwufise amabanga mw’ishengero, atitayeho ivy’abandi canke agakora mu buryo butaranga umukirisu, birashobora kutubabaza canke kudushavuza. Umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Ibintu nk’ivyo bishobora gute gushika mu basavyi ba Yehova?’ Mu vy’ukuri, ibintu nk’ivyo vyarashitse mbere no mu bakirisu barobanuwe bo mu gihe c’intumwa. (Gal. 2:11-14; 5:15; Yak. 3:14, 15) None dukwiye kuvyifatamwo gute igihe bidushikiye?
13. Ni kubera iki dukwiye kwihatira gutorera umuti ukutumvikana, kandi dukwiye kubigira gute?
13 Wa muvukanyikazi twavuga yavuze ati: “Narize gusengera umuntu wese aba ambabaje. Vyama ari ngirakamaro.” Nk’uko twamaze kubisoma, Yezu yatwigishije ko dukwiye gusengera abaduhama. (Mat. 5:44) Ese ukuntu dukwiye kurushiriza gusengera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu! Nka kurya nyene sebibondo yipfuza ko abana biwe bakundana, ni ko na Yehova yipfuza ko abasavyi biwe bo kw’isi bumvikana. Si twe tuzobona turabanye mu mahoro n’agahimbare ibihe bidahera, kandi Yehova ariko aratwigisha kubigira ubu. Yipfuza ko dusenyera ku mugozi umwe mu gukora igikorwa gihambaye yadushinze. Nimuze rero dutorere umuti ingorane canke na ho ‘twirengagize’ gusa amakosa maze dutere tuja imbere twunze ubumwe. (Soma Imigani 19:11.) Aho kwitandukanya n’abavukanyi bacu igihe ingorane zadutse, tubwirizwa gufashanya kugira ngo tugume mu basavyi b’Imana, dutekaniwe mu “maboko y’ibihe vyose” ya Yehova.—Gus. 33:27.
Kuba abatekereza kuri bose birazana ivyiza
14. Dushobora gute kurwanya akosho ka Shetani ko kuducamwo ibice?
14 Kugira ngo Shetani n’amadayimoni batubuze gukwiragiza inkuru nziza, bariko baragerageza babigiranye umwete guhungabanya imiryango be n’amashengero bihimbawe. Baragerageza kubiba ukutumvikana, bazi yuko kwicamwo ibice bisambura. (Mat. 12:25) Kugira ngo turwanye akosho kabo kabi, turakwiye gukurikiza impanuro ya Paulo igira iti: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu atekereza kuri bose.” (2 Tim. 2:24) Uribuka yuko intambara yacu atari “ukunigana n’amaraso n’umubiri, mugabo [ari u]kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu bibi.” Kugira ngo dutahukane intsinzi muri iyo ntambara, turakeneye gukoresha ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, harimwo n’“inkuru nziza y’amahoro.”—Ef. 6:12-18.
15. Dukwiye kuvyifatamwo gute ku bitero biva hanze y’ishengero?
15 Abansi ba Yehova baragaba ibitero bikaze ku basavyi biwe b’abanyamahoro, bari hanze y’ishengero. Bamwe muri abo bansi baratera Ivyabona vya Yehova mu buryo bw’umubiri. Abandi na bo baradusiga iceyi mu bimenyeshamakuru canke mu masentare. Yezu yabwiye abayoboke biwe kwitega ivyo bintu. (Mat. 5:11, 12) None dukwiye kuvyifatamwo gute? Ntidukwiye kwigera “[t]wishura ikibi ku kindi,” haba mu mvugo canke mu ngiro.—Rom. 12:17; soma 1 Petero 3:16.
16, 17. Ni ikintu kitoroshe ikihe cashikiye ishengero rimwe?
16 Naho Shetani yoduteza ibiki, turashobora gushinga intahe nziza biciye ku “[g]utsindisha ikibi iciza.” Nk’akarorero, hari ishengero ryo mw’izinga rimwe ryo muri Pasifike ryakose inyubakwa kugira riyigiriremwo Icibutso. Abakuru b’idini ryo muri ako karere babimenye, baciye babwira abantu bo muri paruwasi yabo ngo bazokoranire muri iyo nyubakwa kugira bahagirire imisa ku gihe nyene urubanza rwacu rwari kuberako. Ariko rero, umukuru w’abapolisi yategetse abo bakuru b’idini ko igihe c’urwo rubanza cogera babishije Ivyabona. Yamara rero igihe hagera, iyo nyubakwa yari yuzuyemwo abantu bo muri iryo dini kandi imisa yabo yaciye itangura.
17 Igihe abapolisi bariko baritegurira gusohora abo bantu ku nguvu, umukuru w’iryo dini yaregereye umwe mu bakurambere bacu maze amubaza ati: “Hoba hari ikintu kidasanzwe mwategekanije kuri uyu mugoroba?” Uwo muvukanyi yaramubwiye ibijanye n’Icibutso, maze uwo mugabo asubizayo ati: “Yoo, ntavyo nari nzi!” Avuze ivyo, umupolisi umwe yaciye avuga atangaye ati: “None ntitwabikubwiye mu gitondo!” Nya mukuru w’idini yaciye ahindukira araba wa mukurambere aca amwenyurana agahemo avuga ati: “None ubu muza gukora iki ga ntuze? Abantu bakubise baruzura muri iyi nyubakwa. None murasaba abapolisi ngo batwirukane?” Yari yateguye ibintu n’urwenge n’akantu kugira ngo atume Ivyabona baboneka ko ari abantu bahama abandi! None abavukanyi bacu bari kuvyifatamwo gute?
18. Ba bavukanyi bavyifashemwo gute igihe basomborotswa, kandi havuyemwo iki?
18 Ivyo Vyabona baremeye kureka iryo dini ngo rigire imisa mu kiringo c’inusu y’isaha, maze bahejeje abo bavukanyi bagashobora kugira Icibutso. Iyo misa yararengeje umwanya, mugabo abantu bo muri iryo dini bamaze gusohoka, Icibutso caciye gitangura. Bukeye, Leta yarakoranije umugwi w’abantu bari bajejwe kugira itohoza ku vyabaye. Uwo mugwi umaze kwihweza ivyabaye, waciye utegeka rya dini ngo ritangaze yuko Ivyabona atari bo bateje iyo ngorane, ahubwo ko ari umukuru waryo. Uwo mugwi warakengurukiye kandi Ivyabona vya Yehova kubera ko bihanganiye ico kintu kitoroshe. Utwigoro ivyo Vyabona bagize kugira ngo ‘babane amahoro n’abantu bose’ twari twavuyemwo ivyiza.
19. Ni ikindi kintu ikihe gishobora gutuma haba imigenderanire irangwa amahoro?
19 Ikindi kintu nyamukuru kidufasha kuguma dufitaniye n’abandi imigenderanire irangwa amahoro ni ugukoresha imvugo y’igikundiro. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu imvugo y’igikundiro imeze be n’ukuntu dushobora kuyitsimbataza no kuyikoresha.
[Akajambo k’epfo]
a Imvugo ngo “amakara yaka” yerekeza ku buryo bwakoreshwa kera mu gushongesha ikibuye mu kugishusha hasi no hejuru kugira ngo bakuremwo ubutare. Igihe tugaragarije ubuntu abatabutugaragariza vyoshobora gutuma bahindura inyifato maze kamere zabo nziza zikaja ahabona.
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki abantu bo mw’isi muri iki gihe batwarwa cane n’ishavu?
• Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekana ibiva ku gucungera ishavu canke ku kutaricungera?
• Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe umukirisu mugenzi wacu atubabaje?
• Dukwiye kuvyifatamwo gute ku bitero biva hanze y’ishengero?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 16]
Simeyoni na Lewi barasubiye inyuma, ariko bamaze kwihora
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Kugaragaza ubuntu birashobora gutuma abandi bahindura inyifato