ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/4 rup. 13-15
  • Woba ureka Yehova akakubaza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ureka Yehova akakubaza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ngira nkubaze”
  • Ingene tworeka Yehova akatubaza
  • Ibibazo biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/4 rup. 13-15

Woba ureka Yehova akakubaza?

BIBILIYA irimwo ibibazo amajana binyengetera ibwina mu mutima. Nkako, Yehova Imana ubwiwe arakoresha ibibazo kugira ngo yigishe ukuri guhambaye. Nk’akarorero, Yehova yarakoresheje ibibazo nka bingahe igihe yagabisha Kayini ngo akosore ingendo yiwe mbi. (Ita. 4:6, 7) Mu bindi bihe, ikibazo kimwe gusa kivuye kuri Yehova caba gihagije kugira ngo kivyurire umuntu umutima wo kugira ico akoze. Umuhanuzi Yesaya, aho yumviye Yehova abajije ngo “Ndatuma nde, ni nde yotugīra?”, yaciye yishura ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.”​—Yes. 6:8.

Yezu wa Mwigisha ahambaye na we nyene yarakoresheje ibibazo mu buryo ngirakamaro. Mu Njili harimwo ibibazo birenga 280 Yezu yabajije. Naho hari igihe yakoresha ibibazo kugira ngo anumye abamunebagura, akenshi yaba afise intumbero yo gukora ku mutima abamwumviriza, akabavyurira umutima wo kuzirikana ku kuntu ivy’impwemu vyabo vyaba vyifashe. (Mat. 22:41-46; Yoh. 14:9, 10) Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo, uwanditse ibitabu 14 vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, yarakoresheje ibibazo mu buryo bujijura. (Rom. 10:13-15) Nk’akarorero, ikete yandikiye Abaroma ririmwo ibibazo indiri. Ibibazo vya Paulo biravyurira abasoma ivyo yanditse umutima wo guha agaciro “ubwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana.”​—Rom. 11:33.

Mu gihe ibibazo bimwebimwe bituma umuntu atanga inyishu, ibindi usanga bifise intumbero yo gutuma yiyumvira bimwe bishika kure. Mu Njili harimwo ukuntu Yezu yakoresheje cane ubwo bwoko bugira kabiri bw’ibibazo. Igihe kimwe, Yezu yagabishije abigishwa biwe ati: “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi,” akaba yashaka kuvuga ubwiyorobetsi bwabo n’inyigisho zabo z’ikinyoma. (Mrk. 8:15; Mat. 16:12) Kubera yuko abigishwa ba Yezu batatahuye ico yashaka kuvuga, baciye batangura guharira ku bijanye n’uko bari bibagiye kwitwaza imikate. Raba ingene Yezu yakoresheje ibibazo mu kiyago kigufi caciye gikurikira: “Ababwira ati: ‘Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise? Mbega n’ubu ntimutahura ngo mutegere ico bisobanura? Mbega imitima yanyu birayigora gutahura? “Naho muri n’amaso, mbega ntimubona; kandi naho muri n’amatwi, mbega ntimwumva?” . . . None n’ubu ntimutegera insobanuro?’” Ibibazo Yezu yabajije vyasaba ko abigishwa biwe bavyishura mu bwenge, bigatuma bazirikana ku nsobanuro nyakuri y’amajambo yiwe.​—Mrk. 8:16-21.

“Ngira nkubaze”

Yehova Imana yarakoresheje ibibazo kugira ngo abogore ivyiyumviro vy’umusavyi wiwe Yobu. Yehova akoresheje ibibazo bitari bike, yarigishije Yobu ivy’uko ata co amaze umugereranije n’Umuremyi wiwe. (Yobu, ikig. 38-41) Yehova yoba yari yiteze ko Yobu atanga inyishu kuri kimwekimwe cose muri ivyo bibazo? Ivyo bisa n’ibidashoboka. Ibibazo nk’iki ngo “Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’amatanguriro y’isi?”, biboneka ko vyari bifise intumbero yo gukabura ivyiyumviro vya Yobu n’inyiyumvo ziwe. Yobu amaze kubazwa bimwebimwe muri ivyo bibazo vy’urutavanako, yasigaye ari nk’ikiragi. Yivugiye gusa ati: “Nokwishura iki? Nifashe ku munwa.” (Yobu 38:4; 40:4) Yobu yaratahuye ico Yehova ashaka kuvuga maze aricisha bugufi. Ariko rero, Yehova ntiyariko yigisha gusa Yobu kwicisha bugufi. Ivyiyumviro vya Yobu na vyo nyene vyarakosowe. Mu buhe buryo?

Naho Yobu yari “umuntu atunganye w’umugororotsi,” rimwe na rimwe ivyo yavuga vyarahishura ko abona ibintu mu buryo butari bwo, ivyo na vyo Elihu akaba yarabibonye igihe yahambarira Yobu kubera ko “yīgize umugororotsi kurusha Imana.” (Yobu 1:8; 32:2; 33:8-12) Gutyo, ibibazo Yehova yabajije vyarakosoye kandi ukuntu Yobu yatahura ibintu. Igihe Imana yavugana na Yobu ibicishije mu gashururu, yavuze iti: “Uyo ni nde azimanganya inama mu magambo atarimw’ubgenge? Enda kenyera magabo! Kuko ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.” (Yobu 38:1-3) Yehova abicishije mu bibazo yaciye akwegera ivyiyumviro ku bukerebutsi n’ububasha vyiwe bitagira urugero nk’uko vyerekanwa n’ibikorwa vyiza igitangaza vyiwe. Ukwo kumurikirwa kwarafashije Yobu kwizigira kuruta uko yahora ukuntu Yehova abona ibintu be n’ukuntu akora ibintu. Mbega ikintu giteye akoba cashikiye Yobu, na co kikaba ari ukubazwa ibibazo n’Imana Mushoboravyose ubwayo!

Ingene tworeka Yehova akatubaza

Tuvuge iki ku bitwerekeye? Twoba natwe dushobora kwungukira ku bibazo vyanditswe muri Bibiliya? Cane nyene! Kureka ivyo bibazo bigatuma dufata akanya tukiyumvira birashobora kutuzanira ivyiza vyinshi vyo mu vy’impwemu. Ibibazo binyengetera biri mw’Ijambo ry’Imana biri mu bituma rigira ububasha. Nkako, ‘Ijambo ry’Imana riragira ububasha kandi rirashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.’ (Heb. 4:12) Ariko rero kugira ngo turushirize kuvyungukirako, turakeneye kwiyerekazako ivyo bibazo nk’aho Yehova yoba ariko abibaza twebwe ubwacu. (Rom. 15:4) Reka turimbure uburorero bukeyi.

“Non’Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?” (Ita. 18:25) Aburahamu yabajije Yehova ico kibazo kidasaba inyishu igihe Imana yagira ishitse urubanza kuri Sodomu na Gomora. Aburahamu yabona ko ari ibitokwiyumvirwa ko Yehova yokwigera akora ivy’akarenganyo, mu kwicana umugororotsi n’umubisha. Ico kibazo Aburahamu yabajije cerekana yuko yari yizeye ubugororotsi bwa Yehova bimwe bishika kure.

Muri iki gihe, bamwebamwe boshobora kugira impengamiro yo kwibaza ibibazo ku bijanye n’imanza Yehova azoca muri kazoza, nk’akarorero bakibaza neza na neza abazorokoka Harumagedoni abo ari bo canke abazozuka abo ari bo. Aho kureka ngo mwene ivyo vyiyumviro bitubuze amahoro, turashobora kwibuka ikibazo ca Aburahamu. Kumenya yuko Yehova ari Data wa twese wo mw’ijuru w’umutima mwiza no kwizigira duherejeko ubutungane n’imbabazi vyiwe, nk’uko Aburahamu yabigize, biraturinda gutakaza umwanya n’inguvu ku myitwarariko idakenewe, ku gukekeranya kwotuma ducika intege, no ku bihari bitagira mvura.

“Ni nde muri mwebwe mu kuganya yoshobora kwongera ku kiringo ciwe c’ukubaho intambwe imwe y’ukuboko uciriye mu nkokora?” (Mat. 6:27) Igihe Yezu yariko abwira isinzi rinini ryarimwo n’abigishwa biwe, yarakoresheje ico kibazo kugira ngo ashimike ku vy’uko bakeneye kwishira mu maboko ya Yehova ya Mana y’urukundo. Imisi ya nyuma y’ivy’iyi si ituma havyuka amaganya menshi, mugabo kuguma tuyashizeko umutima ntibizotuma turamba canke ngo bitume ubuzima bwacu burushiriza kumera neza.

Igihe cose tugize amaganya ku bitwerekeye canke ku vyerekeye abo dukunda, kwiyibutsa ico kibazo Yezu yabajije birashobora kudufasha kubona mu buryo bwiza ivyo bintu bituma tugira amaganya. Birashobora kudufasha kureka kugira imyitwarariko n’ivyiyumviro bica intege bituma turuha mu bwenge no ku mubiri kandi tukiyumva nabi. Nk’uko Yezu yadusubirije umutima mu nda, Data wa twese wo mw’ijuru, umwe agaburira inyoni zo mu kirere akongera akambika ivyatsi vyo mw’itongo, arazi neza ivyo dukeneye.​—Mat. 6:26-34.

“Har’umuntu yoshira umuriro mu gikiriza, impuzu ziwe ntizishe?” (Imig. 6:27) Ibigabane icenda vya mbere vyo mu gitabu c’Imigani birimwo insiguro ngufingufi zishikirizwa na sebibondo ariko arafasha umwana wiwe kuronka ubukerebutsi ngirakamaro. Ico kibazo kibajijwe aho haruguru cerekeza ku nkurikizi zibabaje z’ukurenga ibigo. (Imig. 6:29) Bishitse tukamenya yuko tumaze igihe dukwegana n’abo tudasangiye igitsina canke ko turiko dutsimbataza icipfuzo kibi ico ari co cose co guhuza ibitsina, ico kibazo kirakwiye kuvugira mu muzirikanyi wacu nk’inkengeri itugabisha. Muri rusangi, ico kibazo kirashobora kubazwa igihe cose umuntu yohejwe gukurikira ingendo iyo ari yo yose itaranga ubukerebutsi. Ese ukuntu gishimika mu buryo butomoye kuri iyi ngingo ngenderwako ngirakamaro yo muri Bibiliya igira iti: ‘Ushwabura ico ubivye!’​—Gal. 6:7.

“Uri nde ngo ucire urubanza umukozi wo mu nzu w’uwundi?” (Rom. 14:4) Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yaravuze ingorane zavyutse mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere. Kubera ko abakirisu bamwebamwe baturuka mu mico kama itandukanye, wasanga bafise impengamiro yo gucira urubanza abo basangiye ukwizera ku bijanye n’ingingo baba bafashe be n’ivyo baba bakoze. Ico kibazo Paulo yabajije carabibukije kwemerana no kurekera mu maboko ya Yehova ivyo guca imanza.

No muri iki gihe abasavyi ba Yehova usanga baturuka mu mice yose y’ubuzima. Yamara, Yehova yaradukoranirije hamwe atuma twunga ubumwe bw’agaciro. Twoba tugira ico duterereye kuri ubwo bumwe? Nimba dufise impengamiro yo kwihutira kwerekana ko tudashima ikintu umuvukanyi munaka yakoze yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi twibajije ico kibazo ca Paulo!

Ibibazo biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova

Ubwo burorero bukeyi burerekana ukuntu ibibazo biri mw’Ijambo ry’Imana bifise ububasha. Kurimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe kimwekimwe cose muri ivyo bibazo cabazwa birashobora kudufasha kubihuza mu buryo ngirakamaro n’uko ivyacu bwite vyifashe. Kandi uko dusoma Bibiliya tuzobona ibindi bibazo ngirakamaro.​—Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 14.

Nitwareka ibibazo binyengetera vyo mw’Ijambo ry’Imana bikadukora ku mutima cane bizodufasha gutuma imizirikanyi yacu n’imitima yacu bihura n’inzira za Yehova zigororotse. Aho Yehova amariye kubaza ibibazo Yobu, uno yiyemereye ati: “Nari narumvishije ivyawe ugutwi, ariko noneh’ijisho ryanje rirakwiboneye.” (Yobu 42:5) Egome, Yehova yari yarushirije kutaba umugani kuri Yobu, nk’aho yari neza na neza imbere y’amaso yiwe. Mu nyuma, umwigishwa Yakobo yabiseruye muri aya majambo agira ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yak. 4:8) Ese tworeka ibintu vyose biri mw’Ijambo ry’Imana, dushizemwo n’ibibazo biri muri ryo, bikadufasha gukura mu buryo bw’impwemu maze ‘tukabona’ Yehova mu buryo burushirije kuba ubutomoye!

[Uruzitiro ku rup. 14]

Kwibaza ibi bibazo bishobora gute kugufasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona?

▪ “Mbeg’Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ibindi bimazi gusumba ūmwumviye?”​—1 Sam. 15:22.

▪ “Iyabaditseh’ugutwi, yobura kwumva?”​—Zab. 94:9.

▪ ‘Igihe abantu baseranguye ubuninahazwa bwabo bwite, mbega buba ari ubuninahazwa?’​—Imig. 25:27, NW.

▪ “Mbega k’uratse urtyo, ugize neza?”​—Yona 4:4.

▪ “Mbega bizomarira iki umuntu niyunguka isi yose mugabo agaheba ubuzima bwiwe?”​—Mat. 16:26.

▪ “Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristu?”​—Rom. 8:35.

▪ “Ni igiki ufise utahawe?”​—1 Kor. 4:7.

▪ “Umuco usangiye iki n’umwiza?”​—2 Kor. 6:14.

[Ifoto ku rup. 15]

Yobu yigiye iki ku bibazo Yehova yamubajije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika