Abasomyi bacu barabaza . . .
Isi yoba izokwama yimbuka ibihagije vyo kubeshaho ibiri n’ubuzima?
▪ Umubumbe wacu mwiza igitangaza w’isi, urafise ubushobozi budasanzwe bwo kubeshaho ibiri n’ubuzima. Ariko rero, kubera iyongerekana ry’abantu be n’ukuntu ubutunzi bw’isi burushiriza gukoreshwa nabi ku rugero ruteye akoba, woshobora kwibaza uti: ‘Ubwo ntihazogera igihe ibifungurwa bigahera kw’isi? Hoba hazokwama hariho ibifungurwa be n’ubutunzi bihagije?’
Igihe tuzirikanye kuri ico kibazo, turashobora gusubirizwa umutima mu nda n’iki kintu Imana yasezeraniye umuryango w’abantu hakaba haciye imyaka irenga 4.000, kino kikaba kigira giti: “Isi ikiriho, ibiba n’iyimbura, n’imbeho n’ubushuhe, n’ici n’agatāsi, n’umurango n’ijoro ntibizovaho.” (Itanguriro 8:22) Ku bw’ivyo, nk’uko tuzi ata gukeka ko izuba ryaka buri musi, turashobora gushira amazinda ko isi itazokwigera ireka kwimbuka ibikenewe kugira ngo ibifise ubuzima bibeho.
Muri raporo imwe yo mu 2004 yari ifise umutwe uvuga ngo “Umubumbe w’isi woba ushobora kuduhaza?” (mu congereza), uwitwa Alex Kirby, akaba ari umumenyeshamakuru avuga ibijanye n’ibidukikije, yagize ati: “Isi irimbuka ibikwiye ku buryo umuntu wese ashobora kuronka ibimuhagije. Mugabo ibifungurwa usanga akenshi aho bikenewe atari ho biri, canke ugasanga bizimvye cane kibure bidashobora kubikwa igihe kirekire bihagije. Ku bw’ivyo, gutuma umuntu wese aronka ivyo gufungura bihagije bijanye na politike kuruta uko bijanye na siyansi.” Hamwe isi yocungerwa mu buryo bubereye kandi ubutunzi buri kuri yo bugakoreshwa neza, nta mvo n’imwe yobaho yo gutinya ko habaho ubukene bw’ibifungurwa. Nk’akarorero, mu bihe vya Isirayeli ya kera, Imana yaratanze ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ugukoresha neza indimiro. Nk’uko vyanditswe mu Balewi 25:4, Imana yabariye Abisirayeli iti: “Umwaka ugira indwi uz’ubere igihugu nk’isabato yo kuruhuka bihebuje . . . ntimuze muwurimemwo mu ndimiro zanyu.” Naho batari gukora mu ndimiro buri mwaka ugira indwi, Imana yari yasezeranye yuko yokwitwararitse ivy’uko abantu bahimbarwa no kugira ibintu vyiza umurengera maze ntibahagarikwe umutima n’uko hashobora kuba ubukene bw’ibifungurwa.—Abalewi 26:3-5.
Naho nyene muri iki gihe hari abantu bariko baragira utwigoro ata buryarya kugira ngo bahagarike ivyo kwonona isi n’ubutunzi bwayo, abatari bake bararajwe ishinga n’uko utwo twigoro tugirwa ari duke cane be n’uko tugirwa amazi yamaze kurenga inkombe. Umuti rudende wamaho w’ingorane tuwusanga mu Vyahishuwe 11:18. Ng’aho, Bibiliya iravuga yuko Yehova “[azo]honya abariko barahonya isi.” Yehova ntazokuraho gusa abantu bonona isi n’ubutunzi buri kuri yo, ariko kandi aradukura amazinda yuko isi izokwimbuka umusesekara ku bw’abayibako. Intagondwa zose zikengera umugambi w’Imana be n’abantu bose bakoresha isi ku bw’inyungu zabo z’ubwikunzi bazokurwaho. Ariko rero, abafise umutima ukunze wo gushigikira ubutegetsi bwa Yehova bazokwibonera iranguka ry’amajambo dusanga muri Zaburi 72:16 agira ati: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.”
Yehova abitumwe n’urukundo be n’ubukerebutsi bitagira urugero afise, yarashizeho umugambi w’uko abantu bazobaho bakongera bakitwararika aho bazoba baba, ni ukuvuga mw’isi izoba yabaye iparadizo. (Itanguriro 1:28) Mu gihe c’ubutegetsi bwiwe, abantu bagamburuka bazokwiga gukoresha ubutunzi bw’isi mu buryo buranga ubukerebutsi, badasesagura ikigega c’isi kirimwo ibintu umukimba. Ese ukuntu dukengurukira bene uwo Mutanzi w’umunyarukundo, uwuzohaza icipfuzo c’ikintu cose gifise ubuzima!—Zaburi 145:16.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]
“Gutuma umuntu wese aronka ivyo gufungura bihagije bijanye na politike kuruta uko bijanye na siyansi”