Ivuka rishasha—Riba gute?
YEZU ntiyaganiriye gusa na Nikodemu ibijanye n’uko ivuka rishasha rihambaye, ibijanye n’uwutuma rishoboka be n’intumbero yaryo, ariko kandi yaraganiriye na we ibijanye n’ukuntu bigenda ngo ribe. Yezu yavuze ati: “Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.” (Yohani 3:5) Ku bw’ivyo, umuntu yongera kuvuga biciye ku mazi be n’impwemu. None, imvugo ngo “amazi be n’impwemu” yerekeza ku ki?
“Amazi be n’impwemu,” ni ibiki?
Kubera yuko Nikodemu yari incabwenge mu vy’idini ry’Abayuda, nta gukeka ko yari amenyereye ingene Ivyanditswe vy’igiheburayo bikoresha imvugo ngo “impwemu y’Imana,” ni ukuvuga inguvu zikora z’Imana zishobora gutuma abantu bakora ibintu bitangaje. (Itanguriro 41:38; Kuvayo 31:3; 1 Samweli 10:6) Igihe rero Yezu yakoresha ijambo “impwemu,” Nikodemu ashobora kuba yaciye atahura ko ari impwemu nyeranda, ari zo nguvu zikora z’Imana.
Tuvuge iki ku bijanye n’ukuba Yezu yarerekeje ku mazi? Rimbura ibintu vyabaye vyanditswe neza na neza imbere be n’inyuma y’ico kiganiro Yezu yagiranye na Nikodemu. Ivyo bintu vyerekana ko Yohani Umubatizi be n’abigishwa ba Yezu bariko barabatiza mu mazi. (Yohani 1:19, 31; 3:22; 4:1-3) Ico kintu cahavuye kimenyekana cane i Yeruzalemu. Ni co gituma igihe Yezu yavuga ibijanye n’amazi, Nikodemu ashobora kuba yaciye atahura yuko Yezu atariko yerekeza ku mazi muri rusangi, ahubwo ko yariko yerekeza ku mazi y’ibatisimu.a
Ukubatirishwa “impwemu nyeranda”
Nimba ‘kuvyarwa n’amazi’ vyerekeza ku kubatizwa mu mazi, none ‘kuvyarwa n’impwemu’ bisobanura iki? Imbere y’uko Nikodemu aganira na Yezu, Yohani Umubatizi yari yaramenyesheje ko uretse amazi, impwemu na yo nyene yogize uruhara mu bijanye n’ibatisimu. Yavuze ati: “Jewe nababatirishije amazi, mugabo we [ni ukuvuga Yezu] azobabatirisha impwemu nyeranda.” (Mariko 1:7, 8) Umwanditsi w’Injili Mariko aravuga ingene ibatisimu mwene iyo yabaye ari bwo mbere. Yandika ati: “Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti h’i Galilaya hanyuma abatizwa na Yohani muri Yorodani. Maze buno nyene aduze avuye mu mazi abona ijuru ryuguruka, n’impwemu imanuka kuri we nk’inuma.” (Mariko 1:9, 10) Igihe Yezu yibizwa muri Yorodani, yari abatirishijwe amazi. Igihe yaronka impwemu ivuye mw’ijuru na ho, yari abatirishijwe impwemu nyeranda.
Haciye nk’imyaka itatu Yezu abatijwe, yarakuye amazinda abigishwa biwe ati: “[Muzobatizwa] mu mpwemu nyeranda mu misi mikeyi iri imbere.” (Ibikorwa 1:5) None ivyo vyabaye ryari?
Ku musi wa Pentekoti mu mwaka wa 33 G.C., abigishwa ba Yezu bashika 120 bari bakoraniye mu nzu imwe i Yeruzalemu. “Bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo. Maze babona indimi zimeze nk’iz’umuriro . . . , hanyuma bose buzuzwa impwemu nyeranda.” (Ibikorwa 2:1-4) Kuri uwo musi nyene, abandi bantu bari i Yeruzalemu barahimirijwe ngo babatizwe mu mazi. Intumwa Petero yabwiye isinzi ati: “Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa y’impwemu nyeranda.” None bavyakiriye gute? Bibiliya ivuga iti: “Abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa, hanyuma kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako.”—Ibikorwa 2:38, 41.
Ni ikintu kiba mu mice ibiri
Ayo mabatisimu ahishura iki ku bijanye n’ivuka rishasha? Yerekana ko ivuka rishasha riba mu mice ibiri. Urabona ko Yezu yabanje kubatirishwa amazi. Mu nyuma yaciye aronka impwemu nyeranda. Muri ubwo buryo nyene, abigishwa bo mu ntango babanje kubatizwa mu mazi (hakaba hari ababatijwe na Yohani Umubatizi), maze mu nyuma bararonka impwemu nyeranda. (Yohani 1:26-36) Mu buryo busa n’ubwo, ba bigishwa 3.000 bashasha babanje kubatirishwa amazi, maze mu nyuma baronka impwemu nyeranda.
None tugumije ku muzirikanyi ayo mabatisimu yabaye kuri Pentekoti mu 33 G.C., dukwiye kwitega ko ivuka rishasha riba gute muri kino gihe? Riba kurya nyene ryabaye ku ntumwa za Yezu be no ku bigishwa bo mu ntango. Umuntu arabanza akigaya ibicumuro vyiwe, agahindukira akava mu ngeso mbi, akegurira ubuzima bwiwe Yehova kugira ngo amusenge yongere amukorere, maze akerekana ku mugaragaro ukwiyegura kwiwe mu kubatizwa mu mazi. Ubukurikira, Imana imuhisemwo ngo azobe umutegetsi mu Bwami bwayo, ararobanuzwa impwemu nyeranda. Umuce wa mbere w’ico kintu kiba mu mice ibiri (ni ukuvuga ukubatirishwa amazi) umuntu ni we awutanguza; umuce ugira kabiri na wo (ni ukuvuga ukubatirishwa impwemu) Imana ni yo iwutanguza. Igihe umuntu aronse izo batisimu zompi, aba amaze kuronka ivuka rishasha.
Ariko none, ni kubera iki Yezu yakoresheje imvugo ngo “[kuvyarwa] n’amazi be n’impwemu” muri ca kiganiro yagirana na Nikodemu? Kwari ukugira ngo ashimike ku vy’uko ababatijwe mu mazi no mu mpwemu bociye bagira ihinduka ridasanzwe. Ikiganiro gikurikira kirarimbura uwo muce w’ivuka rishasha.
[Akajambo k’epfo]
a Mu buryo busa n’ubwo, igihe kimwe intumwa Petero yarigeze kuvuga ibijanye n’ibatisimu ati: “Hari uwobuza amazi?”—Ibikorwa 10:47.
[Ifoto ku rup. 9]
Yohani yarabatirisha amazi Abisirayeli baba bigaye