Wewe wipfuza kuba umuntu ameze gute?
UMUKURU w’abapolisi wo mu gisagara kimwe co muri Filipine yarabajije umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi ati: “Wakoze iki kugira ngo urya muntu ahindure inyifato yiwe?” Uwo mukuru yaramweretse umukagato w’impapuro zari ku meza yiwe, maze aca yongerako ati: “Wari uzi yuko izi zose ari inkaratasi zanditswemwo imanza yaciriwe? Waradukuyeko umwe mu bantu badutesha umutwe muri kino gisagara.” Uwo muntu avugwa yari yahoze ari umunyamatati w’imborerwa yama atera umudugararo. None ni igiki catumye agira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe? Yabitumwe n’ubutumwa bwahumetswe bwo mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya.
Abantu benshi barafashe nka nkama impanuro intumwa Paulo yatanze ijanye no ‘kwambura kamere ya kera ihura n’ingeso zabo za kera, bakambara kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana.’ (Ef. 4:22-24) Amahinduka dukeneye kugira yaba ahambaye canke adahambaye, kwambara kamere nshasha biri mu vyerekana ko umuntu ariko araba umukirisu.
Ariko rero, amahinduka be n’iterambere tugira gushika dukwije ibisabwa tukabatizwa, biba ari intango gusa. Igihe tugiye kwibizwa mu mazi, tuba neza na neza tumeze nka kurya kw’urubaho umuhinguzi w’utugenegene aba amaze guha imero y’ishimikiro y’ico ashaka kuruhinguramwo. Urashobora kumenya ico kintu yashushanije ico ari co, ariko haba hagisigaye vyinshi vyo gukora. Uwo muhinguzi aba agikeneye kugisena neza no kukiryohora kugira ngo kibe ikibereye ijisho. Mu gihe co kubatizwa, tuba dufise kamere z’ishimikiro dusabwa kugira ngo tube abasavyi b’Imana. Yamara rero, tuba tugikeneye gutsimbataza kamere yacu nshasha. Dutegerezwa kubandanya tuyiryohora mu kugira ivyo duhinduye.
Na Paulo yarabona ko yari akeneye kugira ivyo aryohoye. Yiyemereye ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kiba kumwe nanje.” (Rom. 7:21) Nta gukeka ko Paulo yari azi neza ukuntu ubwiwe yari ameze be n’ukuntu yipfuza ko yomera. Tweho bite? Umwe wese muri twebwe na we nyene arakeneye kwibaza ati: ‘Ni igiki kiri kumwe nanje? Ndi umuntu ameze gute? Kandi nipfuza kuba umuntu ameze gute?’
Ni igiki ‘kiri kumwe nanje’?
Igihe dushaka gusanura inzu, ntivyoba bihagije dusize irangi inyuma mu gihe amatanga ayigize yoba yarabunzwe. Kwirengagiza ibijanye n’ivyononekaye ku bigize iyo nzu, nta kindi vyoshikanako atari ugukwega ingorane mu nyuma. Muri ubwo buryo nyene, kwerekana ko turi abagororotsi ntibihagije. Dutegerezwa gusuzuma neza kamere yacu, maze tukamenya ingorane dukeneye gutorera umuti. Ahandi ho, kamere ya kera yoshobora gusubira kuvyura umutwe. Dutegerezwa rero kwisuzuma. (2 Kor. 13:5) Turakeneye kumenya kamere zitabereye dufise izo ari zo, maze tukazikosora. Kugira ngo ivyo tubishikeko, hariho imfashanyo Yehova yaturonkeje.
Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri kandi rikinjira gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu, ingingo n’umusokoro wazo, kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:12) Ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana ryanditswe, ari ryo Bibiliya, burashobora kugira akosho gakomeye ku buzima bwacu. Burinjira ibwina muri twebwe, bikaba nk’aho bwinjira mu musokoro, imbere cane mu magufa. Burahishura ivyiyumviro vyacu be n’imvo dukorana ibintu, bukerekana ukuntu vy’ukuri tumeze mu mutima ugereranije n’ukuntu tuboneka inyuma canke ukuntu twiyumvira ko tumeze. Ese ukuntu Ijambo ry’Imana ridufasha tugashobora kumenya ingorane dufise!
Igihe dusanura inzu, ntivyoba bihagije dufashe gusa ibikoresho vyononekaye tukabisubiriza bishasha. Kumenya icatumye ivyo bikoresho vyononekara biradufasha gufata ingingo zizotuma izo ngorane zidasubira gushika. Muri ubwo buryo nyene, kumenya kamere mbi dufise si vyo vyonyene bishobora kudufasha kuguma ducungera ubugoyagoye bwacu, ariko canecane tuzobifashwamwo n’ukumenya icatumye tuzigira. Hariho ibintu bitari bike bigira ico bikoze kuri kamere yacu. Muri ivyo harimwo ikibanza dufise mu kibano be n’ukuntu ivyacu vyifashe mu vy’ubutunzi, aho tubaye, imico kama twakuriyemwo, abavyeyi bacu, abagenzi bacu be n’idini twakuriyemwo. Mbere n’ibiganiro vyo kuri televiziyo be n’amasenema turorera hamwe n’ubundi buryo bwo kwinezereza, biragira ico bidukozeko. Kumenya ibintu bigira akosho kabi kuri kamere yacu biradufasha kugabanya ingaruka vyotugirako.
Tumaze kwisuzuma, twoshobora gusanga tugize impengamiro yo kuvuga duti: ‘Ukwo ni ko jewe nsanzwe nimereye.’ Ukwo ni ukwiyumvira mu buryo butari bwo. Igihe Paulo yariko yerekeza ku bo mw’ishengero ry’i Korinto bari bahoze ari abasambanyi, bimarira inambu y’umubiri ku bo basangiye igitsina, imborerwa be n’abandi nk’abo, yanditse ati: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe . . . [biciye] ku mpwemu y’Imana yacu.” (1 Kor. 6:9-11) Tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda ya Yehova, na twebwe nyene turashobora kwererwa igihe tugira amahinduka akenewe.
Rimbura ivyerekeye umugabo umwe yitwa Marcos,a aba muri Filipine. Marcos aragira ico avuze kuri kahise kiwe ati: “Abavyeyi banje bama nantaryo bariko barahazuka. Ivyo ni vyo vyatumye ncika umugarariji mfise imyaka 19.” Marcos yahavuye aba rurangiranwa mu vyo gukina akamari, ubusuma be n’ukwibisha inkoho. We hamwe n’abandi baranateguye ivyo kunyuruza indege, naho nyene uwo mugambi wabo utarangutse. Marcos yabandanije akora ivyo bibi n’inyuma y’aho yubakiye urwiwe. Yahavuye amarira mu kamari ibintu vyose yari afise. Gatoyi inyuma y’aho, Marcos yarifatanije n’umugore wiwe mu nyigisho ya Bibiliya yariko aragirirwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, Marcos yumva ko atabereye kuba Icabona. Ariko rero, gushira mu ngiro ivyo yariko ariga no kwitaba amakoraniro vyaramufashije guheba inzira yahora agenderamwo. Ubu ni umukirisu yabatijwe yama agira uruhara mu kwigisha abandi ingene na bo nyene bashobora guhinduka.
Wewe wipfuza kuba umuntu ameze gute?
Kugira ngo turyohore kamere zacu za gikirisu, ni amahinduka ayahe twokenera kugira? Paulo ahanura abakirisu ati: “Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu. Ntimukabeshane. Mwambure ya kamere ya kera n’ibikorwa vyayo.” Iyo ntumwa ibandanya iti: “Mwambare kamere nshasha, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa.”—Kol. 3:8-10.
Intumbero yacu nyamukuru rero ni iyo kwambura kamere ya kera maze tukambara kamere nshasha. Twotsimbataza kamere izihe none zizodufasha kubishikako? Paulo avuga ati: “Nimwambare ikibabarwe c’impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mushishikare kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko na Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko ari umugozi utunganye wunga ubumwe.” (Kol. 3:12-14) Nitwakora dukobeje kugira ngo dutsimbataze izo kamere, bizodufasha ‘kurushiriza gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.’ (1 Sam. 2:26, NW) Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yaragaragaje bimwe biboneka kamere z’Imana. Igihe twihweje tukongera tukigana akarorero Kristu yadusigiye, turashobora kurushiriza kumera nka we uko ‘twigana Imana.’—Ef. 5:1, 2.
Ubundi buryo bwo kumenya amahinduka vyoba bikenewe ko tugira ni ukwihweza kamere abantu bavugwa muri Bibiliya bari bafise, tukarimbura kamere zabo zishimwa be n’izidashimwa. Nk’akarorero, zirikana ku vyerekeye Yozefu umuhungu w’umwe sekuruza w’imiryango Yakobo. Naho Yozefu yarenganijwe akatari gake, yagumye abona ibintu mu buryo bwiza kandi akagira ubwiza bwo mu mutima. (Ita. 45:1-15) Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi, wewe yerekana n’uburyarya n’akantu ko yitwararika cane abanyagihugu kandi yaravugangwa kubera ko yari umunyakaranga. Ariko mu vy’ukuri, yari umuhemu akaba n’umwicanyi. (2 Sam. 13:28, 29; 14:25; 15:1-12) Ukwigira umuntu ameze neza be n’ubwiza bwo ku rukoba ntibituma ushimwa vy’ukuri n’abandi.
Turashobora kuryohora kamere zacu
Kugira ngo turyohore kamere zacu maze tube ababereye ijisho mu nyonga z’Imana, turakeneye kwitwararika umuntu wacu w’imbere. (1 Pet. 3:3, 4) Kugira ivyo duhinduye muri kamere zacu bisaba kumenya kamere mbi dufise be n’ivyatumye tuzigira, tukongera tugatsimbaza kamere zishimwa n’Imana. Twoba dushobora kwemera tudakeka ko utwigoro tugira kugira ngo turyohore mwene izo kamere tuzovamwo ivyiza?
Emwe, tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kugira amahinduka akenewe! Nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, turashobora gusenga duti: “Mana, undememw’umutima utunganye: unsubizemw’umutima uhamye.” (Zab. 51:10) Turashobora gusaba impwemu y’Imana kugira ngo ikorere muri twebwe, maze ikomeze icipfuzo dufise co kurushiriza kubaho duhuza bimwe vyuzuye n’ivyo igomba. Mu vy’ukuri, turashobora kurushiriza kuba abashimwa mu nyonga za Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Si ko yitwa.
[Ifoto ku rup. 4]
Vyoba bihagije usize gusa irangi iyi nzu yasambuwe n’igihuhusi?
[Ifoto ku rup. 5]
Kamere yawe yoba yarabaye nk’iya Kristu?