ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/10 rup. 17-20
  • ‘Yehova ni we nkomezi zanje’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Yehova ni we nkomezi zanje’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntangura kwiga ukuri
  • Nkora ubutsimvyi nongera ndabukuramwo imihezagiro myinshi
  • Menyerezwa mw’Ishure ry’i Gileyadi
  • “Igihugu c’abantu bakeye mu maso”
  • Ndonka uwo dukorana mushasha be n’igikebere gishasha
  • Imihezagiro naronse kubera ko nabayeho nsukura mfashijwe n’‘inkomezi za Yehova’
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/10 rup. 17-20

‘Yehova ni we nkomezi zanje’

Nk’uko vyavuzwe na Joan Coville

Navukiye i Huddersfield mu Bwongereza, muri Mukakaro 1925. Nari umwana w’ikinege kandi nari magaramake. Dawe mbere yakunda kwivugira ati: “Igihe cose umuyaga uguhuhiyeko uca urwara.” Kandi ivyo vyasa n’aho ari ko vyari bimeze!

NKIRI umwana, abakuru b’idini barasenga bakobeje basaba amahoro, ariko aho intambara ya kabiri y’isi yose yadukiye, basenga basaba intsinzi. Ivyo vyaratumye nta umutwe vyongera biratuma ngira amakenga menshi mu mutima wanje. Muri ico igihe nyene, twaragendewe n’uwitwa Annie Ratcliffe, uno akaba yari we cabona ca Yehova wenyene yaba mu karere i wacu.

Ntangura kwiga ukuri

Annie yaradusigiye igitabu Salvation maze aca atumira mawe ngo yitabe ikiyago gishingiye kuri Bibiliya cari kubera i muhira kwa Annie.a Mawe yaransavye ko twojana. N’ubu ndacibuka ico kiyago ca mbere. Cari cerekeye incungu, kandi icantangaje, ico kiyago nticandambiye na gato. Carishuye vyinshi mu bibazo nari mfise. Mu ndwi yakurikiye, twarasubiyeyo. Ico gihe, ubuhanuzi bwa Yezu bujanye na ca kimenyetso c’imisi y’iherezo bwarasiguwe. Twihweje ibintu bibabaje bibera mw’isi, jewe na mawe twaciye ubwo nyene tubona ko kwari ukuri. Uwo musi nyene, twaratumiwe kuja ku Ngoro y’Ubwami.

Mu Ngoro narahahuriye n’abigeme b’abatsimvyi bakiri bato kandi muri bo harimwo uwitwa Joyce Barber (ubu yitwa Ellis), uno akaba agisukura ari kumwe n’umunega wiwe Peter muri Beteli y’i Londres. Naciye mbona ko ubutsimvyi cari igikorwa uwo ari we wese yokora. Ku bw’ivyo, naratanguye kuza ndamara amasaha 60 namamaza buri kwezi, naho nyene nari nkiri ku ntebe y’ishure.

Haciye amezi atanu, kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 1940, jewe na mawe twarabatijwe kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryabereye i Bradford. Dawe ntiyaturwanije kubera ukwizera kwacu gushasha, ariko we ntiyigeze aba icabona ca Yehova. Gatoyi inyuma y’aho mbatirijwe, haratangujwe uburyo bwo gushinga intahe ku mabarabara. Narabigizemwo uruhara, nkagenda ntwaye isaho irimwo ibinyamakuru be n’ivyapa vyanditseko. Umusi umwe ku wa gatandatu, nararungitswe kuja guhagarara mu gice kimwe cakorerwamwo cane ivyo urudandaza. Nari ngitinya abantu, kandi kubera ubwoba bwinshi nari mfise, wamenga aho nari mpagaze niho abanyeshure bose twigana baca.

Mu 1940, vyarabaye ngombwa ko ishengero twarimwo rigaburwa. Aho rigaburiwe, abo twari mu runganwe rumwe nka bose bagiye mu rindi shengero. Naridogeye imbere y’umucungezi muhagarikizi kubera ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe. Yambwiye ati: “Nimba ushaka abagenzi bakiri bato, genda ubarondere mu ndimiro.” Emwe, nakoze kuno nyene! Hataraca n’igihe, narahuye na Elsie Noble. Yaremeye ukuri maze aca ambera umugenzi ubuzima bwiwe bwose.

Nkora ubutsimvyi nongera ndabukuramwo imihezagiro myinshi

Inyuma yaho ndangirije amashure, nararonse akazi ko gukora ndi umunyabigega. Yamara, uko nabona umunezero abari mu gikorwa c’igihe cose bari bafise, ni ko icipfuzo canje co gukorera Yehova ndi umutsimvyi cabandanya gukomera. Muri Rusama 1945, naranezerewe no gutangura gusukura ndi umutsimvyi adasanzwe. Umusi wa mbere ntangura ubutsimvyi, imvura yaraguye umusi wose. Yamara, umunezero wari wose mu gikorwa co kwamamaza, mbere n’iyo mvura ikaba itigeze inca intege. Nahora nibwira ko nomerewe nabi mbaye ndi hanze mu gihe ikirere cobaye kitameze neza, mugabo kwamamaza nkoresheje ikinga, vyaratumye ngira amagara meza. Naho ntigeze ndenza ibiro 42, nta na rimwe nigeze numva ko nohagarika umurimo wanje w’ubutsimvyi. Mu myaka n’iyindi iheze, nariboneye mu buryo butomoye ko ‘Yehova ari we nkomezi zanje.’​—Zab. 28:7.

Kubera ko ico gihe hariho umugambi wo gutanguza amashengero mashasha, nararungitswe gukora ndi umutsimvyi adasanzwe mu bisagara ata Cabona n’umwe yaharangwa. Ubwa mbere namaze imyaka itatu nsukurira mu Bwongereza maze mu nyuma mara iyindi myaka itatu muri Irilande. Igihe nariko nkorera ubutsimvyi i Lisburn muri Irilande, nariganye Bibiliya n’umugabo yari yahoze ari icegera ca pasitori mw’idini ry’abaporotisanti. Uko yiga ukuri kw’inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya, yaca abwira abari bagize ishengero ryiwe ukwo kuri yaba aherutse kuronka. Bamwebamwe mu bari bagize iryo shengero baridodombeye imbere y’abakuru b’iryo dini, maze bica biba ngombwa ko yisigura. Yavuze ko yumva ryari ibanga ryiwe rya gikirisu kumenyesha abo yari ajejwe kuragira yuko yari yabigishije ibinyoma vyinshi. Naho umuryango wiwe wamurwanije wivuye inyuma, yareguriye ubuzima bwiwe Yehova yongera aramusukurira adahemuka gushika apfuye.

Igihe nari I Larne muri Irilande aho narungitswe gusukurira ndi umutsimvyi ubugira kabiri, naramaze indwi zitandatu nkora ndi umwe, kubera ko umutsimvyi twakorana yari yitavye ihwaniro ryabereye i New York, mu 1950, rino rikaba ryari ryataziriwe ngo iyongerekana rya tewokarasi. Ico cari igihe kitoroshe kuri jewe. Naripfuje cane kuba ndi kuri iryo hwaniro. Ariko ntiwumve, muri ayo mayinga yose, nararemeshejwe mu buryo butandukanye n’ivyo niboneye mu busuku. Narahuye n’umutama hari haciye imyaka irenga 20 yakiriye kimwe mu bisohokayandikiro vyacu. Muri iyo myaka yari ihaciye, yaragisomye kenshi ku buryo yari asigaye akizi nka cose ku mutwe. Uwo mutama ari kumwe n’umuhungu wiwe be n’umukobwa wiwe, bose baremeye ukuri.

Menyerezwa mw’Ishure ry’i Gileyadi

Mu 1951, ndi kumwe n’abandi batsimvyi cumi bo mu Bwongereza, naratumiwe kwitaba Ishure ry’i Gileyadi mu mugwi ugira 17, rikaba ryabereye mu bumanuko bw’i Lansing muri New York. Mbega ukuntu nahimbawe n’inyigisho zishingiye kuri Bibiliya naharonkeye muri ayo mezi! Gushika ico gihe, abavukanyikazi ntibari bwatangure kuza barashirwa ku rutonde rwo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu mashengero baba bakukira, ariko mw’ishure ry’i Gileyadi, twebwe abavukanyikazi twarahabwa ibigabu bijanye no gushikiriza ibiganiro be n’ivyabonywe. Twarahagarika umutima bikomeye! Igihe nashikiriza ikiganiro canje ca mbere, ukuboko kwari gufashe ivyo nateguye kwarajugumiye. Umuvukanyi Maxwell Friend yatwigisha, yambwiye yiteburira ati: “Wewe ntiwahagaritse umutima mu ntango gusa nk’uko bigenda ku bashikirizansiguro bose babishoboye, ariko wawuhagaritse gushika ku nsozero.” Mu kiringo c’ivyo vyigwa, twese twararyohoye ubushobozi bwacu bwo kuvugira imbere y’abandi banyeshure. Ukumenyerezwa kwacu kwarangiye tutabishaka, maze abari barangije ivyo vyigwa twese duca turungikwa gukorera mu bihugu vyinshi vya kure. Jewe narungitswe muri Tayilande!

“Igihugu c’abantu bakeye mu maso”

Kubona Astrid Anderson yari yagenywe kuba umumisiyonari twokoranye muri Tayilande nabonye ko yari ingabirano ivuye kuri Yehova. Twamaze amayinga indwi turi mu bwato kugira ngo dushobore gushikayo. Igihe twashika i Bangkok ku murwa mukuru, twahasanze igisagara kirimwo amasoko arimwo uruja n’uruza hakaba n’imigende y’amazi myinshi yakoreshwa bwa mabarabara makurumakuru yo muri co. Mu 1952, muri Tayilande hari abamamaji b’Ubwami badashika 150.

Igihe twabona ari bwo bwa mbere Umunara w’Inderetsi mu kinyatayilande, twaribajije ‘ingene twoshoboye kuvuga urwo rurimi.’ Ntivyatworohera na canecane kwatura neza amajambo yo muri urwo rurimi. Nk’akarorero, ijambo khaù iyo ritanguye kuvugwa n’ijwi ryo hejuru maze rigaca rimanuka, riba risobanura “umuceri,” ariko iryo jambo nyene iyo rivuzwe n’ijwi ryo hasi, rica risobanura “inkuru.” Ni co gituma igihe twaba turi mu busuku bwo mu ndimiro, twasanze twari twabanje kuza turabwira abantu ngo “nari ndabazaniye umuceri mwiza” aho kubabwira ngo “nari ndabazaniye inkuru nziza”! Ariko buhorobuhoro, tumaze no gutwengwa akatari gake, twahavuye tumenya kuvuga urwo rurimi.

Abanyatayilande ni abantu bameze neza. Birabereye kubona Tayilande citwa ko ari igihugu kigizwe n’abantu bakeye mu maso. Twabanje kurungikwa gukorera mu gisagara ca Khorat (ubu citwa Nakhon Ratchasima), aho tukaba twahamaze imyaka ibiri. Mu nyuma, twarungitswe gukorera mu gisagara ca Chiang Mai. Abanyatayilande benshi ni abayoboke b’idini ry’Ababuda bakaba batamenyereye Bibiliya. Mu gisagara ca Khorat, nariganye Bibiliya n’umuyobozi w’amaposita. Twaraganiriye ku vyerekeye umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu. Kubera ko atari bwo bwa mbere uwo mugabo yumva izina Aburahamu, yarakoresheje ikimenyetso c’umutwe mu kwerekana ko aryohewe. Ariko rero, sinatevye kumenya ko tutariko tuvuga Aburahamu umwe. Uwo muyobozi w’amaposita wewe yari yifitiye ku muzirikanyi Abraham Lincoln, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika!

Twarahimbarwa no kwigisha Bibiliya Abanyatayilande b’umutima mwiza, ariko muri ico gihe nyene, Abanyatayilande baratwigisha ingene dushobora kunezererwa ubuzima bubayabaye. Ico cari icigwa gihambaye kubera ko inzu twabanje kubamwo muri Khorat ata matara canke amazi twayisanzemwo. Muri mwene ivyo bikebere, ‘muri vyose twarize akabanga ko kugira umurengera no gukena.’ Nka kumwe kw’intumwa Paulo, twaramenye ico bisobanura ‘kuronka inkomezi tubikesheje umwe aduha ububasha.’​—Flp. 4:12, 13.

Ndonka uwo dukorana mushasha be n’igikebere gishasha

Mu 1945, nari narigeze gutemberera i Londres. Muri ico kiringo, naragiye kw’iratiro ry’ivya kera ry’Ubwongereza turi kumwe n’abandi batsimvyi be n’abanyabeteli. Umwe muri abo yari Allan Coville, uno akaba yahavuye yitaba ishure ry’i Geliyadi mu mugwi ugira 11. Yararungitswe gukorera mu Bufaransa hanyuma arungikwa mu Bubiligi.b Mu nyuma, igihe nari ngisukura ndi umumisiyonari muri Tayilande, yaransavye ko twokwubakana, maze nanje ndamwemerera.

Twashinze urwacu ku wa 9 Mukakaro 1955 i Buruseli mu Bubiligi. Nari naripfuje cane ko urugendo rw’inyuma y’ubugeni tworugiriye i Paris, maze Allan aca atunganya ivy’uko twokwitaba iteraniro ryobereyeyo mu ndwi ikurikira. Yamara rero twabaye tugishikayo, Allan aca asabwa ubwo nyene gufasha mu bijanye no kuza arahindura mu rundi rurimi mu kiringo cose c’iryo teraniro. Buri musi, yategerezwa kuzinduka agenda, maze tugasubira aho twari twashikiye ijoro ryitereye. Ukwo ni ko urugendo rwanje rw’ubugeni nagiriye i Paris rwagenze, ariko ahanini nabona gusa Allan ari nka hariya ku mukiruruko! Naho vyari bimeze gutyo, narahimbawe no kubona uwo twari duherutse kwubakana ariko arakoreshwa mu gusukurira abavukanyi n’abavukanyikazi biwe, kandi nta mazinda nari mfise yuko twohimbawe vy’ukuri, asangwa Yehova yari we shimikiro ry’umubano wacu.

Vyongeye, kwubaka urwanje vyatumye ndungikwa kwamamaza mu karere gashasha, ni ukuvuga mu Bubiligi. Ahanini ivyo nari nsanzwe nzi ku bijanye n’Ububiligi vyari ivy’uko bwari bwarabaye ikibuga c’intambara nyinshi, ariko sinatevye kwibonera yuko Ababiligi batari bake ari abantu bakunda amahoro vy’ukuri. N’ikindi kandi gukorera mu Bubiligi vyasaba ko nategerezwa kwiga igifaransa, runo rukaba ari ururimi ruvugwa mu maja epfo y’igihugu.

Mu 1955, mu Bubiligi hari abamamaji hafi 4.500. Mu myaka hafi 50, twe na Allan twarasukuriye muri Beteli be no mu gikorwa co kugendera amashengero. Imyaka ibiri n’igice ya mbere twayimaze tugendera ku makinga, tuduga imisozi twongera tuyimanuka, haba mu mvura canke ku ruzuba. Mu myaka n’iyindi, twararaye mu ngo zirenga 2.000 zitandukanye z’ivyabona bagenzi bacu! Akenshi narabonanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi ba magaramake ariko basukurira Yehova babigiranye inguvu baba bafise zose. Akarorero kabo karandemesheje kudatana n’akabando mu busuku bwanje. Mu mpera z’umushamvu twaba tumaze turiko turagendera ishengero, twama nantaryo twumva yuko twubatswe. (Rom. 1:11, 12) Allan yarambereye umugenzi nyakuri. Ese ingene amajambo dusanga mu Musiguzi 4:9, 10 ari ay’ukuri, ano akaba agira ati: “Babiri baruta umwe, . . . kuko umwe ni yatemba mugenziwe azomuvyura”!

Imihezagiro naronse kubera ko nabayeho nsukura mfashijwe n’‘inkomezi za Yehova’

Mu myaka n’iyindi, jewe na Allan twariboneye ibintu vyinshi bishimishije igihe twafasha abandi ngo basukurire Yehova. Nk’akarorero, mu 1983 twaragendeye ishengero ryakoresha igifaransa ry’i Antwerp, aho twamaze igihe turi mu muryango wari wakiriye uwitwa Benjamin Bandiwila, uno akaba yari umuvukanyi akiri muto yava muri Zaïre (ubu ikaba yitwa Repubulika iharanira demokarasi ya Congo). Benjamin yari yaje mu Bubiligi kugira ngo akurikirane amashure ya kaminuza. Yatubwiye ati: “Ntababesha ndipfuza cane kubaho nk’ukwo kwanyu, nkabaho narihebeye rwose umurimo wa Yehova.” Allan yamwishuye ati: “Uvuze ko wipfuza kubaho nk’uko tubayeho; yamara uriko urakurikirana umwuga w’isi. Ntubona none ko ivyo bintu bivuguruzanya?” Ayo majambo adakikiriza yaratumye Benjamin azirikana ku buzima bwiwe. Mu nyuma asubiye muri Zaïre, yaratanguye ubutsimvyi, ubu akaba asukura ari umwe mu bagize Komite y’ishami.

Mu 1999, narabazwe ikivyimba cari mu muhogo. Kuva ico gihe, nasigaye mpima ibiro 30 gusa. Vy’ukuri, ndi ‘urwavya rw’ivu’ rworoshe. Yamara rero, ndakenguruka kubona Yehova yarampaye “ububasha burengeye ubusanzwe.” Inyuma yaho bambagiye, Yehova yaranshoboje gusubira kujana na Allan mu gikorwa co kugendera amashengero. (2 Kor. 4:7) Muri Ntwarante 2004 rero ni ho Allan yapfa ari mw’itiro. Ndi n’akabonge kenshi ko kuba naramubuze, ariko kuba nzi yuko yibukwa na Yehova birampumuriza.

Ubu ku myaka 83 mfise, ndatereza amaso inyuma nkibuka imyaka irenga 63 namaze ndi mu murimo w’igihe cose. Ndacagira uruhara mu murimo w’ubusuku n’umwete, nkarongorera i muhira inyigisho ya Bibiliya, nkongera ngakoresha uturyo ndonka buri musi kugira ngo mbwire abantu ibijanye n’umugambi w’Imana mwiza igitangaza. Birashika nkibaza nti: ‘Vyari kungendera gute mu buzima iyo ntatangura umurimo w’ubutsimvyi mu 1945?’ Ico gihe, amagara make nari mfise yasa n’aho yari imvo yumvikana yotumye ntakora ubutsimvyi. Ariko rero, ese ingene nkura ubwatsi kubona natanguye umurimo w’ubutsimvyi nkiri muto! Naratewe agateka ko kwibonera ubwanje yuko igihe dushize Yehova mu kibanza ca mbere na we aheza akatubera inkomezi.

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu Salvation cari casohowe mu 1939. Ubu ntikigicapurwa.

b Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Coville iraboneka mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1961 mu congereza.

[Ifoto ku rup. 18]

Ndi kumwe na Astrid Anderson (iburyo), umumisiyonari twakorana

[Ifoto ku rup. 18]

Jewe n’umunega wanje turi mu gikorwa co kugendera amashengero mu 1956

[Ifoto ku rup. 20]

Ndi kumwe na Allan mu 2000

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika