ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/10 rup. 11
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/10 rup. 11

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki Abayuda batangura guhimbaza Isabato ku mugoroba?

Igihe Yehova yaha abasavyi biwe itegeko rijanye n’Umusi w’Impongano, yavuze ati: “Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora kur’uwo musi . . . Uwo musi uz’ubabere isabato yo kuruhuka bihebuje, . . . muze mwitondere iyo sabato yanyu, muhereye ku mugoroba, . . . mushitse ku mugoroba wundi.” (Abalewi 23:28, 32) Iryo tegeko ryerekana yuko umusi uwo ari wo wose watangura ku mugoroba, izuba rirenze, ugahera izuba risubiye kurenga ku musi ukurikira. Ku Bayuda rero, umusi watangura ku mugoroba ugahera ku wundi mugoroba.

Ubwo buryo bwo guharura imisi bwakurikiza akarorero Imana ubwayo yatanze. Inkuru ivuga ibijanye n’umusi wa mbere w’ikigereranyo w’irema, igira iti: “Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere.” Iyindi misi y’ikigereranyo yakurikiye na yo nyene iharurwa muri ubwo buryo, ni ukuvuga ko yatangura ku ‘mugoroba.’​—Itanguriro 1:5, 8, 13, 19, 23, 31.

Abayuda si bo bonyene baharura imisi muri ubwo buryo. Abanyatene, Abanumide be n’Abanyafenisiya na bo nyene babigenza gutyo. Abanyababiloni bobo, bafata ko umusi uwo ari wo wose watangura izuba riserutse, mu gihe Abanyamisiri be n’Abaroma baharura imisi bahereye isaha zitandatu z’ijoro gushika isaha zitandatu z’ijoro rikurikira, nk’uko bisanzwe bigirwa muri kino gihe. Ariko rero Abayuda bo muri kino gihe, n’ubu batangura guhimbaza Isabato izuba rirenze bakayirangiza izuba rirenze ku musi ukurikira.

“Urugendo rw’umusi w’isabato” rwari nyabaki?

Abigishwa ba Yezu bamaze kwibonera ukuntu aduzwa mw’ijuru avuye ku Musozi w’Imyelayo, baciye basubira i Yeruzalemu, hakaba hari “nk’urugendo rw’umusi w’isabato.” (Ibikorwa 1:12) Umuntu yarashobora gufata nk’urugendo rw’ibilometero 30 canke birenga ku musi. Ariko rero, Umusozi w’Imyelayo uri hafi cane y’i Yeruzalemu. None iyo mvugo ngo “urugendo rw’umusi w’isabato” ishaka kuvuga iki?

Isabato wari umusi Abisirayeli bategerezwa kuruhuka ibikorwa vyabo vya misi yose. Ntibari banarekuriwe gucana umucanwa mu mazu yabo kuri uwo musi. (Kuvayo 20:10; 35:2, 3) Yehova yategetse ati: “Umuntu wese n’agume ah’ari, ntihagire [“uwusohoka ngo ave aho ari,” NW] ku musi ugira indwi.” (Kuvayo 16:29) Iryo tegeko ryoronkeje Abisirayeli akaryo ko kuruhuka ibikorwa vya misi yose maze bakarushiriza kwitwararika ibintu bijanye n’ivy’Imana mu buzima.

Kubera ko Abarabi bumira cane ku mategeko batahimbarwa n’ingingo ngenderwako zari mw’Itegeko rya Yehova, bariyumviriye ivyo gushinga ukuntu neza na neza urugendo umuntu akwiye kugira kw’Isabato rukwiye kungana, nk’akarorero igihe agiye gusenga, ivyo bakaba babigize ata ngingo n’imwe bisunze. Kuri ivyo, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature) kivuga giti: “Ivyavuye muri ayo mategeko yarimwo ugukavya mu bijanye no guhimbaza Isabato . . . , ni uko haciye hashingwa yuko ata Mwisirayeli n’umwe yari gufata urugendo kw’Isabato ngo arenge ahantu hanaka hashinzwe, urwo rukaba rwiswe urugendo rw’umusi w’Isabato.” Aho hantu hareha n’intambwe 2.000, hakaba hareha n’imetero ziri hagati ya 900 n’ikilometero kirenga gatoyi.

[Ifoto ku rup. 11]

Yeruzalemu umuntu ayirabiye ku musozi w’imyelayo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika