ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 30-rup. 32 ing. 10
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yohani
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “RABA, UMWAGAZI W’INTAMA W’IMANA”
  • (Yoh. 1:1–11:54)
  • ‘SHISHIKARA KUMUKURIKIRA’
  • (Yoh. 11:55–21:25)
  • “Igihe Kirashitse!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 30-rup. 32 ing. 10

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yohani

YOHANI, “wa mwigishwa Yezu yakunda,” ni we muntu wa nyuma yanditse inkuru yahumetswe ivuga ubuzima bwa Kristu n’ubusuku bwiwe. (Yoh. 21:20) Injili ya Yohani, iyanditswe nko muri 98 G.C., isubiramwo bike cane mu bivugwa muri za zindi Njili zitatu.

Intumwa Yohani yanditse Injili yiwe afise intumbero itomoye mu muzirikanyi. Ku bijanye n’ivyo yanditse, avuga ati: “Ibi vyaranditswe ngo mwemere yuko Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana, no kugira ngo, kubera ukwizera, mugire ubuzima biciye kw’izina ryiwe.” (Yoh. 20:31) Ubutumwa buri muri iyo Njili buradufitiye akamaro kanini cane vy’ukuri.​—Heb. 4:12.

“RABA, UMWAGAZI W’INTAMA W’IMANA”

(Yoh. 1:1–11:54)

Yohani Umubatizi ariko aritegereza Yezu, atangaza adakekeranya ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” (Yoh. 1:29) Mu gihe Yezu ari ku rugendo aca i Samariya, i Galilaya, i Yudaya no mu karere ko mu Buseruko bwa Yorodani, yamamaza, yigisha yongera akora ibikorwa vy’ububasha, ‘abantu benshi baraza kuri we kandi bakamwizera.’​—Yoh. 10:41, 42.

Kimwe mu bitangaro bikomeye cane Yezu akora ni ukuzura Lazaro. Benshi barizera Yezu babonye umuntu yari amaze imisi ine apfuye asubiye kuba muzima. Ariko rero, abaherezi bakuru n’Abafarizayo baja inama yo kwica Yezu. Ku bw’ivyo rero, Yezu ava ng’aho akaja “mu gihugu co hafi y’agahinga, mu gisagara citwa Efurayimu.”​—Yoh. 11:53, 54.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:35, 40​—Uretse Andereya, uwo wundi mwigishwa yari ahagararanye na Yohani Umubatizi yari nde? Nyene kwigana iyo nkuru aguma avuga Yohani Umubatizi ko ari “Yohani” kandi ntiyigera yivuga izina muri iyo Njili yiwe. Ku bw’ivyo, biragaragara ko uwo mwigishwa atavugwa izina ari Yohani nyene kwandika iyo Njili.

2:20​—Urusengero “rwubatswe mu myaka mirongo ine n’itandatu” ni uruhe? Abo Bayuda bariko baravuga rwa rusengero rwa Zerubabeli rwasubira kwubakwa n’Umwami Herodi w’i Yudaya. Nk’uko umutohozakahise Josèphe abivuga, ico gikorwa catanguye mu mwaka ugira 18 Herodi ari ku ngoma canke mu mwaka wa 18 ushira uwa 17 B.G.C. Ahera h’urwo rusengero be n’inyubakwa nyamukuru zarwo vyubatswe mu myaka umunani. Ariko rero, igikorwa co kuri izo nyubakwa z’urusengero carabandanije gushika kuri Pasika yo mu 30 G.C. n’inyuma y’aho, igihe Abayuda bavuga yuko kurwubaka vyamaze imyaka 46.

5:14​—Gucumura vyoba ari vyo bituma umuntu arwara? Ntivyama ari ukwo biri. Uwo mugabo Yezu yakijije yari amaze imyaka 38 arwaye bivuye ku gasembwa twarazwe. (Yoh. 5:1-9) Ico Yezu yashaka kuvuga kwari uko ico gihe uwo muntu yari yagiriwe imbabazi, yategerezwa gukurikira inzira y’agakiza kandi ntiyongere gucumura n’ibigirankana, atari aho naho yoshikiwe n’ikindi kintu kibi kuruta indwara. Uwo mugabo yobaye akoze icaha kidaharirwa, ico na co kikaba gituma umuntu apfa urupfu rw’akagirire.​—Mat. 12:31, 32; Luka 12:10; Heb. 10:26, 27.

5:24, 25​—Ni bande ‘bava mu rupfu bakaja mu buzima’? Yezu ariko avuga ivyerekeye abantu bari barapfuye mu buryo bw’impwemu, ariko bamaze kwumva amajambo yiwe bagaca bamwizera maze bakareka kubandanya bakora ivyaha. ‘Bava mu rupfu bakaja mu buzima’ mu buryo bw’uko bakurwako urwo gupfa, maze bagahabwa icizigiro co kubaho ibihe bidahera kubera ko bizeye Imana.​—1 Pet. 4:3-6.

5:26; 6:53​—Bisobanura iki kugira “ubuzima muri we nyene”? Kuri Yezu Kristu, ivyo bisobanura ko yahawe n’Imana ibintu bibiri bihambaye, ari vyo vy’ibi: Ubushobozi bwo gutuma abantu baboneka neza imbere ya Yehova be n’ububasha bwo gutanga ubuzima mu kuzura abapfuye. Ku bayoboke ba Yezu, ‘kugira ubuzima muri bo’ bisobanura kuronka ubuzima bwuzuye nya kwuzura. Abakirisu basizwe binjira muri ubwo buzima igihe bazuriwe ubuzima bwo mw’ijuru. Abantu b’intahemuka bafise icizigiro co kuba kw’isi bazogira ubuzima bwuzuye nya kwuzura igihe gusa bazoba barenganye ca kigeragezo ca nyuma kizoba ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi ikimara kurangira.​—1 Kor. 15:52, 53; Ivyah. 20:5, 7-10.

6:64​—Igihe Yezu yatora Yuda Isikariyoti yoba yari azi yuko yomuhemukiye? Biboneka ko ata vyo yari azi. Ariko rero, igihe kimwe mu mwaka wa 32 G.C., Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umwe muri mwebwe ni umubesheranyi.” Birashoboka ko ico gihe Yezu yabona ko hari ingendo mbi ‘itanguye’ kuza muri Yuda Isikariyoti.​—Yoh. 6:66-71.

Ivyigwa tuhigira:

2:4. Yezu yariko yereka Mariya yuko Umwana w’Imana yarobanuwe ategerezwa gukurikiza ubuyobozi buvuye kuri Se wiwe wo mw’ijuru. Naho Yezu ari ho yari agitangura ubusuku bwiwe, yari azi neza isaha canke igihe igikorwa yashinzwe comaze, harimwo n’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka. Nta muntu n’umwe harimwo n’uwa hafi mu muryango, yaba na Mariya, yari afise uburenganzira bwo kugira uruhara mu vyo yariko arakora bijanye n’ukugomba kw’Imana. Turakwiye gukorera Yehova Imana dufise umwiyemezo nk’uwo.

3:1-9. Akarorero ka Nikodemu, umutware w’Abayuda, karatwigisha ivyigwa bibiri. Ubwa mbere, Nikodemu yaricisha bugufi, yarabona kure kandi yari azi ko hari ivyo akeneye mu vy’impwemu, yaremera yuko umwana aciye bugufi w’umubaji yari umwigisha yarungitswe n’Imana. Abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe barakeneye kwicisha bugufi. Ica kabiri, Nikodemu yaratinye kuba umwigishwa igihe Yezu yari kw’isi. Kumbure yabiterwa n’uko yatinya abantu, yumira ku giti yari afise mu Nama Nkuru canke akaba yabiterwa n’uko yakunda itunga ryiwe. Ivyo turabikuramwo icigwa co kutugabisha: Ntidukwiye kureka ngo agatima nk’ako katubuze ‘gutora igiti co gusinzikarizwako cacu imisi yose, hanyuma tugakurikira Yezu ubudahengeshanya.’​—Luka 9:23.

4:23, 24. Kugira ngo ugusenga kwacu kwemerwe n’Imana, gutegerezwa kuba guhuye n’ukuri kwahishuwe kuri muri Bibiliya, kandi kuyobowe n’impwemu nyeranda.

6:27. Gukorera “ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera” bisaba ko dukora ukwo dushoboye kwose kugira ngo twironse ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Turahimbarwa igihe tubigize.​—Mat. 5:3.

6:44. Yehova aratwitwararika umwumwe ku giti ciwe. Aradukwegera ku Mwana wiwe mu gushikira umwe wese muri twebwe biciye ku gikorwa co kwamamaza, akabigira kandi biciye ku mpwemu yiwe nyeranda mu kudufasha gutahura ukuri kwo mu muri Bibiliya no kugushira mu ngiro.

11:33-36. Guserura umubabaro dufise si ikimenyetso c’uko tugoyagoya.

‘SHISHIKARA KUMUKURIKIRA’

(Yoh. 11:55–21:25)

Pasika yo mu 33 G.C. iregereje, Yezu asubiye i Betaniya. Ku wa 9 Nisani, araza i Yeruzalemu, agendera ku mwana w’indogoba. Ku wa 10 Nisani, Yezu asubira ku rusengero. Mu kwishura kw’isengesho yari yatuye kugira ngo izina rya Se wiwe rininahazwe, ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riri: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza.”​—Yoh. 12:28.

Bariko barafungura ivya Pasika, Yezu araha abayoboke biwe impanuro zo kubasezera akongera agasenga abasabira. Inyuma y’aho afatiwe, agacirwa urubanza hanyuma akamanikwa, Yezu arazurwa.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

14:2​—Ni gute Yezu ‘yoteguye ikibanza’ mw’ijuru c’abayoboke biwe b’intahemuka? Ivyo Yezu yobigize yemeje rya sezerano rishasha mu kurenguka imbere y’Imana hanyuma akayishikiriza agaciro k’amaraso yiwe. Ukwo gutegura ikibanza vyosavye kandi ko Kristu aronka ububasha bwa cami, ivyokurikiwe n’ukuzuka kw’abayoboke biwe basizwe kugira ngo baje mw’ijuru.​—1 Tes. 4:14-17; Heb. 9:12, 24-28; 1 Pet. 1:19; Ivyah. 11:15.

19:11​—Yezu yoba yariko aravuga Yuda Isikariyoti igihe yabwira Pilato ibijanye n’uwamutanze? Aho kuvuga Yuda canke uwundi muntu kanaka, bisa n’uko Yezu yari afise mu muzirikanyi abantu bose bagize uruhara mu caha co kumwica. Muri abo harimwo Yuda, “abakuru b’abaherezi hamwe n’Inama Nkuru yose,” eka mbere n’“amasinzi” yajijuwe ngo asabe ko harekurwa Baraba.​—Mat. 26:59-65; 27:1, 2, 20-22.

20:17​—Ni kubera iki Yezu yasavye Mariya Magadalena ngo areke kumwumirako? Biboneka ko Mariya yumiye kuri Yezu kubera ko yibaza ko yagomba kuduga mw’ijuru kandi ko atosubiye kumubona. Kugira ngo Yezu amusubirize umutima mu nda yuko ataragera kugenda, yamubwiye ngo areke kumwumirako ahubwo ko yoja ku bigishwa biwe hanyuma akabamenyeshe yuko yazutse.

Ivyigwa tuhigira:

12:36. Kugira ngo ducike “abana b’umuco” canke abatwara umuco, turakeneye kugira ubumenyi butagira amakosa buri mw’Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya. Dukwiye guca dukoresha ubwo bumenyi kugira ngo dukure abandi mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu tubashire mu muco w’Imana.

14:6. Ntidushobora kwemerwa n’Imana bidaciye kuri Yezu Kristu. Kwizera Yezu no gukurikiza akarorero kiwe ni vyo vyonyene bituma dushobora kwiyegereza Yehova.​—1 Pet. 2:21.

14:15, 21, 23, 24; 15:10. Gukora ivyo Imana igomba biradufasha kuguma mu rukundo rw’Imana no mu rukundo rw’Umwana wayo.​—1 Yoh. 5:3.

14:26; 16:13. Impwemu nyeranda ya Yehova ikora nk’umwigisha ikongera igakora nk’uwutwibutsa ivyo twize. Irakora kandi mu guhishura ukuri. Ni co gituma ishobora kudufasha gukura mu bumenyi, mu bukerebutsi, mu kubona kure, mu kubona ikibereye n’ikitabereye no mu bushobozi bwo kwiyumvira. Turakwiye rero gushishikara gusenga, canecane dusaba iyo mpwemu.​—Luka 11:5-13.

21:15, 19. Petero yarabajijwe nimba akunda Yezu kuruta “izi,” ni ukuvuga ifi zari imbere yabo. Gutyo, Yezu yari ashimitse ku vy’uko bikenewe ko Petero ahitamwo kumukurikira igihe cose aho kubandanya umwuga wo kuroba. Tumaze kurimbura izo nkuru zo muri iyo Njili, ese twokomezwa mu bijanye n’umwiyemezo dufise wo gukunda Yezu kuruta ibindi bintu vyodukwegakwega! Nimuze tubandanye kumukurikira n’umutima wacu wose.

[Ifoto ku rup. 31]

Ni ibiki twigira ku karorero ka Nikodemu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika