ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/2 rup. 26-27
  • Tugire ico twigiye ku makosa y’Abisirayeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugire ico twigiye ku makosa y’Abisirayeli
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bahereye ku gucudika n’abanyamahanga bashika ku gusenga ibigirwamana
  • Bavuye ku burimyi bashika ku gusenga Bayali
  • Imburi ikomeye kuri twebwe muri iki gihe
  • “Hahirwa abitondera ivyo yihanikirije”
  • ‘Mwiyubare ntihagire uwubigarurira nk’isahu ryiwe’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Abantu Imana yabo ari Yehova”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Tiducike Abumva Bakibagira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gusubira mu vyagezwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/2 rup. 26-27

Tugire ico twigiye ku makosa y’Abisirayeli

IGIHE Abisirayeli binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, bari bazi ico Yehova yari abitezeko. Biciye kuri Musa, Imana yari yabategetse iti: “Muze mwirukane ben’ico gihugu bose, mumenagure ibibuye vyabo vyose bikorogoshoyekw ibishushanyo, mumenagure n’ibishushanyo vyabo vyose vyavugutiwe mu nkero, mukomvomvore ibitabo vyabo vyose vyo ku mpinga z’imisozi”.​—Guh. 33:52.

Abisirayeli nta sezerano na rimwe bari bakwiye kugiranira n’ababa muri ico gihugu, kandi ntibari bakwiye guhanahana abageni (Gus. 7:2, 3). Kukaba nkako, iryo hanga ryatowe n’Imana ryaragabishijwe riti: “Muze mwirinde, ntimuze musezerane isezerano n’abari mur’ico gihugu mugiyemwo, ntibize bihave bibabera umutego hagati muri mwebge” (Kuv. 34:12). Yamara rero, Abisirayeli baragambarariye Imana, gutyo bagwa mu mutego. Ni igiki catumye batemba? Ni ibihe vyigwa vyo kutuburira dushobora gukura ku vyabashikiye?​—1 Kor. 10:11.

Bahereye ku gucudika n’abanyamahanga bashika ku gusenga ibigirwamana

Igihe Abisirayeli bariko barigarurira ca Gihugu c’Isezerano, mu ntango bagiye baratsinda abantu baba muri ico gihugu. Ariko rero, Abisirayeli barananiwe kugamburuka amabwirizwa y’Imana mu buryo bushitse. Ntibirukanye abansi babo (Abac. 1:1–2:10). Ahubwo riho, kubera ko Abisirayeli bagerereye hagati muri ayo “mahanga ndwi” yaba muri ico gihugu, ukwama babonana na bo vyatumye bagiriranira ubucuti (Gus. 7:1). Ivyo vyagize akosho akahe ku Bisirayeli? Bibiliya ivuga iti: “Barashingirana, batako basaba Imana zabo. Maz’Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bibagira Uhoraho Imana yabo, basaba za Bayali na za Ashera” (Abac. 3:5-7). Kubera Abisirayeli bacuditse n’abantu baba muri ico gihugu, vyatumye bahana abageni vyongera bituma basenga ibigirwamana. Kuva aho batanguriye guhana abageni, iciyumviro c’Abisirayeli co kwirukana abapagani muri ico gihugu carayamye. Ugusenga kw’ukuri kwarononekaye, maze Abisirayeli ubwabo batangura gukorera imana z’ikinyoma.

Igihe ababa muri ca Gihugu c’Isezerano bacika abagenzi babo, babaye ingeramizi yo mu vy’impwemu ikomeye ku Bisirayeli, kuruta uko vyari bakiri abansi babo. Raba ukundi kuntu bishobora kuba vyaragenze ngo bononekare mu bijanye no gusenga.

Bavuye ku burimyi bashika ku gusenga Bayali

Abisirayeli binjiye muri ca Gihugu c’Isezerano, baciye bareka kuza barimukanga, benshi muri bo bacika abarimyi. Uburyo bwo kurima bakoresha, kumbure bushobora kuba bwasa n’ubw’abahoze barima ayo matongo. Bigaragara yuko Abisirayeli batasubiyemwo gusa ubwo buryo bwo kurima bw’Abanyakanani. Kwifatanya n’imvukira vyarakwegakweze kandi Abisirayeli baremera ibintu bifitaniye isano n’uburimyi Abanyakanani bizera.

Abanyakanani basenga za Bayali nyinshi, zikaba zari imana biyumvira ko zituma isi yimbuka cane. Uretse kurima amatongo no kwimbura ivyera muri yo, mu nyuma Abisirayeli barisutse mu vyo gusenga imana z’i Kanani, ngo ni zo zitanga ugutunganirwa. Gutyo, abantu benshi muri isirayeli bivugisha ko basenga Yehova, mugabo ku bwa ngingo bisuka mu buhuni bweruye.

Imburi ikomeye kuri twebwe muri iki gihe

Birashoboka ko Abisirayeli bagitangura kwifatanya n’abantu bo muri ca Gihugu c’Isezerano, ata ntumbero bari bafise yo kwisuka mu vyo gusenga Bayali be no mu buhumbu vyajana. Yamara rero, aho nyene ni ho ukwifatanya na bo kwabashikanye. None, ntitwokwitega ingaruka mbi nk’izo mu gihe twocudika n’abantu bifata kigenzi, mugabo bakaba batemera inyigisho, inyifato runtu n’ingingo ngenderwako bigenga Abakirisu? Ego ni ko, vyoshobora gukenerwa ko hagira ivyo dukorana n’abatizera ku kazi, kw’ishure canke kumbure i muhira. Ariko rero, ivyashikiye Abisirayeli ni imburi kuri twebwe yuko kurondera kwifatanya n’abantu nk’abo bishobora gukwega akarambaraye. Bibiliya iravuga iki kintu gishika ata kabuza, iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza”.​—1 Kor. 15:33.

Muri iki gihe, duhangana n’ingorane nyinshi zisa n’izo Abisirayeli bari bafise. Ikibano ca none kirafise ibigirwamana vyinshi gisenga. Harimwo amahera, ba rurangiranwa mu vyo kunezereza abantu, mu vy’inkino, politike, abakuru b’amadini bamwebamwe, eka mbere n’abo mu bagize umuryango. Ico ari co cose muri ivyo coshobora kuba ico twibandako mu buzima. Gutsimbataza ubucuti bwa somambike n’abantu badakunda Yehova birashobora kudushikana ku gutemba mu vy’impwemu.

Ubushegabo ni wo muce nyamukuru ujanye no gusenga Bayali wakwegakweze Abisirayeli benshi. Imitego isa n’iyo hari abo yirahira mu basavyi b’Imana. Nk’akarorero, umuntu yinjiye mu muhora kanaka wa internet, akabigira yibereye ahiherereye mu nzu iwe, ico conyene kirashobora kuba gihagije kugira ngo yonone ijwi ryiwe ryo mu mutima, kubera yakwezwe n’urusaku canke atiyubaye. Ese ukuntu vyoba bibabaje mu gihe umukirisu yokwegakwegwa n’amashusho yo kuri internet yerekana ubushegabo!

“Hahirwa abitondera ivyo yihanikirije”

Umwe wese ku giti ciwe ni we yifatira ingingo yo kugamburukira Yehova canke kutamugamburukira mu bijanye no guhitamwo abo yifatanya (Gus. 30:19, 20). Ni co gituma dukeneye kwibaza duti: ‘Mbega nifatanya na bande mu gihe mba ndiko ndinezereza? Mbega bafise imico imeze gute kandi bifata gute? Boba basenga Yehova? Kwifatanya na bo vyoba bizotuma ndushiriza kuba umukirisu mwiza?

Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Hahirwa abagenda batunganye, bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho. Hahirwa abitondera ivyo yihanikirije, bakamurondeza umutima wose” (Zab. 119:1, 2). Nkako, “hahirwa uwubaha Uhoraho wese, akagendera mu nzira ziwe” (Zab. 128:1). Ku bijanye no guhitamwo abo twifatanya, ese twokura icigwa ku makosa y’Abisirayeli, maze tukagamburukira Yehova bimwe vyuzuye.​—Imig. 13:20.

[Ifoto ku rup. 26]

Gucudika n’abantu badakunda Yehova birashobora kudushikana ku gusenga ibigirwamana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika