‘Genda wiyuhagire mu kidengeri ca Silowamu’
YEZU ahejeje gusiga impumyi utubumba tworoshe cane ku maso, yaciye ayibwira ati: “Genda wiyuhagire mu kidengeri [ca] Silowamu”. Uwo muntu yaramwumviye maze aca “agaruka abona” (Yohana 9:6, 7). None ico Kidengeri ca Silowamu cari giherereye hehe? Ubucukuzi buherutse kugirwa buratanga amakuru mashasha ku bijanye n’aho cari kiri.
Ingenzi nyinshi ziramaze kugendera ikibanza c’i Yeruzalemu kizwi ko ari ho hahoze ca Kidengeri ca Silowamu, ico bibaza ko ari kimwe nyene kivugwa muri Yohana 9:7. Ico kibanza giherereye amaja mu mpera y’umugende wa Hezekiya, uwo ukaba wari umugende w’amazi uca mu kuzimu wari ufise uburebure bw’imetero 530 wimbwe mu kinjana c’umunani imbere y’igihe cacu. Ariko rero, ikidengeri izo ngenzi zagiye kuraba ni ico mu kinjana ca kane mu gihe cacu. Cubatswe n’abiyita abakirisu bo muri Bizanse bihenze bavuga ko kimwe kivugwa mu Njili ya Yohani ari co coba cari giherereye amaja mu mpera y’uwo mugende.
Ariko rero mu 2004, abacukuzi barubuye ico bahavuye bemeza ko ari ca Kidengeri ca Silowamu cariho igihe Yezu yari ngaha kw’isi. Ico kidengeri kiri nko ku metero 100 mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa ca kibanza bihenze bavuga ko ari co nya Kidengeri ca Silowamu. None ivyo babitoye gute? Abategetsi b’ico gisagara bari bakeneye gusanura umuringoti watwara umwanda wo muri ako karere, akaba ari co gituma baciye barungika abakozi hamwe n’ibikoresho bikomakomeye. Umucukuzi umwe yariko akorera hafi y’aho hantu, yaritegereje ingene bimba maze aza abona bashikiriye amanenge abiri. Ico gikorwa caciye gihagarikwa, maze urwego rumwe (Israeli Antiquities Authority) rutanga uburenganzira bw’uko aho hantu hafururwa. Uruhande rumwe rw’ico kidengeri, urwari rufise uburebure bw’imetero nka 70, be n’imfuruka zibiri zaco vyari bimaze gufururwa.
Hari ibingorongoro vyakoreshwa mu mwaka wa kabiri, wa gatatu n’uwa kane Abayuda bamaze baragararije Uburoma vyatowe mu gihe c’iryo fururwa. Ubwo bugarariji bwabaye hagati y’umwaka wa 66 na 70 G.C. Ivyo bingorongoro biratanga ikimenyamenya cerekana yuko ico kidengeri cakoreshejwe gushaka mu 70 G.C., igihe ingabo z’Abaroma zasangangura Yeruzalemu. Ikinyamakuru kimwe (Biblical Archaeology Review) gisozera kivuga giti: “Ico kidengeri rero carakoreshejwe gushika aho ubwo bugarariji burangiriye, maze inyuma y’aho nticasubiye gukoreshwa. Ako karere, akari gasanzwe kari ku rugero rwo hasi kuruta utundi turere twose tw’i Yeruzalemu, kagumye atawukabamwo gushika mu gihe c’Abanyabizanse. Uko umwaka utashe, inkukura yaterwa n’imvura yo mu rushana yaratembera muri ako kabande ikaza irakukumura muri ico kidengeri ivyondo. N’ikindi kandi, inyuma y’aho Abaroma basanganguriye ico gisagara, ico kidengeri nticabaye kigisukurwa. Uko ibinjana vyagiye birakurikirana, ico kidengeri caguma cuzuramwo ivyondo vyinshi ku buryo cahavuye kizimangana. Hari ibice bimwebimwe abacukuzi basanze ico kidengeri cararengewe n’ubutaka gushika nko ku metero zitatu”.
Ni kubera iki none abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete bitwararitse cane kumenya aho ico Kidengeri ca Silowamu cari giherereye? Ni uko bibafasha kumenya neza kuruta ingene mu kinjana ca mbere akarere k’i Yeruzalemu kari kameze, nk’uko gakunze kuvugwa mu nkuru dusanga mu Njili zerekeye ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye.
[Ifoto ku rup. 7]
Iki ni ikibanza giheruka kwuburwa cahoramwo ca Kidengeri ca Silowamu
[Credit]
© 2003 BiblePlaces.com