ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/6 rup. 4-7
  • Inkomoko y’ikibi ishirwa ahabona

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkomoko y’ikibi ishirwa ahabona
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikibi cuzura mw’isi
  • Wa Mubi ashirwa ahabona bimwe bishitse
  • “Rinda umutima wawe”
  • Ukuntu twonanira akosho kabi ka Shetani
  • Ikibi kigiye kurangira!
  • Ukuntu iciza kizonesha ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Shetani
    Be maso!—2013
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Shetani—Si Igisigo Gisa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/6 rup. 4-7

Inkomoko y’ikibi ishirwa ahabona

MU KINJANA ca mbere, Abayuda benshi bari barindiriye ko Mesiya yasezeranywe ashika (Yohana 6:14). Igihe Yezu yaza kw’isi, yarahumurije abantu yongera aratuma bamurikirwa. Yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, aratururuza ibihuhusi, aranazura abapfuye (Matayo 8:26; 14:14-21; 15:30, 31; Mariko 5:38-43). N’ikindi kandi, yarababwiye ivyo Yehova yavuze yongera aratanga umuhango w’ubuzima budashira (Yohana 3:34). Biciye ku vyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze, yarerekanye neza ko yari we Mesiya, uworokoye abantu akabakurako icaha be n’ingaruka zose zaco.

Birumvikana ko indongozi z’idini ry’Abayuda ari zo zari zikwiye kuba iza mbere mu guha ikaze Yezu, mu kumwumviriza, no mu kwemera ubuyobozi bwiwe zibigiranye umunezero. Yamara, ivyo nta vyo zagize. Ahubwo riho, zaramwanse, ziramuhama zongera zija inama yo kumwica.​—Mariko 14:1; 15:1-3, 10-15.

Birabereye kubona Yezu yariyamirije abo bagabo b’ababisha (Matayo 23:33-35). Ariko rero, yari azi ko hariho uwundi muntu atuma ico kibi kiba mu mitima yabo. Yababwiye ati: “Mwebge mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi [‘ntiyagumye’, UB] mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo” (Yohana 8:44). Naho Yezu yari azi neza ko abantu bashoboye gukora ibibi, yarerekanye ko Shetani wa Mucokoranyi ari we nkomoko nyezina y’ikibi.

Mu kuvuga ko Shetani ‘atagumye mu kuri’, Yezu yari yerekanye ko ico kiremwa c’impwemu cigeze kuba gisukurira Imana kidahemuka, yamara mu nyuma kirata iyo ngendo ibereye. Ni kubera iki none Shetani yagararije Yehova? Ni uko yitsimbatajemwo agatima ko kwibona ko ari agahambaye gushika n’aho yipfuza gusengwa, kandi Imana yonyene ari yo ibikwiriyea.​—Matayo 4:8, 9.

Ubugarariji bwa Shetani bwagaragariye muri rya tongo ry’i Edeni igihe yahenda Eva ngo arye ku camwa cari kibujijwe. Mu kuvuga ico kinyoma cabaye ica mbere be no mu kubeshera Yehova, Shetani yari yigize ‘se w’ibinyoma’. N’ikindi kandi, mu gukwegakwegera Adamu na Eva ku kugambarara, yatumye icaha kibaganza, ivyo amaherezo bituma bapfa vyongera bikwegera urupfu abobakomotseko. Gutyo, Shetani yari yigize kandi “umwicanyi”, aba mbere umwicanyi katwa atari bwigere abaho.​—Itanguriro 3:1-6; Abaroma 5:12.

Ako kosho kabi ka Shetani karashitse no mu karere k’impwemu, aho yoheje abandi bamarayika ngo bamushigikire muri nya bugarariji (2 Petero 2:4). Cokimwe na Shetani, ivyo biremwa vy’impwemu bibi vyaritayeho abantu mu buryo butabereye. Yamara vyovyo vyabitayeho mu vy’uguhuza ibitsina mu buryo bwononekaye, ivyo na vyo bikaba vyagize ingaruka z’agahomerabunwa.

Ikibi cuzura mw’isi

Bibiliya itubwira iti: “Abantu batanguye kugwira . . . bavyara abakobga, abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona [ni] beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose” (Itanguriro 6:1, 2). None abo “bana b’Imana” bari bande? Bari ibiremwa vy’impwemu, ntibari abantu (Yobu 1:6; 2:1). Ivyo tubimenya gute? Ico tuzi co ni uko abantu bari bamaze nk’imyaka 1.500 babirana hagati yabo, akaba ari co gituma bitari bikenewe ko bishimikwako mu buryo budasanzwe. Ku bw’ivyo, mu kuvuga yuko “abana b’Imana” biyambitse umubiri w’abantu bagahuza ibitsina n’“abakobga b’abantu”, iyo nkuru yerekana neza ko bakoze ikintu kidasanzwe c’akataraboneka.

Icerekana ko ico kintu cari ikidasanzwe, ni abana bavuye muri ukwo guhuza ibitsina. Bitwa Abanefili, bakaba bari abantu b’imvange bakura baba ibigatanya. Vyongeye bari abantu b’inkazi bahahaza abandi. Nkako, izina “Abanefili” risobanura “Abagwishi” canke “abantu bagwisha abandi”. Izo nkazi zivugwa ko bari “abahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa”.​—Itanguriro 6:4.

Abo Banefili be na ba se babo batumye ubukozi bw’ikibi bwiyongera bushika ku rugero butari bwigere bushikako. Mw’​Itanguriro 6:11 hagira hati: “Isi [yaro]nonekaye imbere y’Imana, yuzu[ra] umuryano”. Emwe, abantu bariganye inzira zononekaye kandi ziranga ubukazi z’abo Banefili bari babadutsemwo!

Abo Banefili be na ba se babo bagize gute ako kosho kabi kandi gakomeye ku bantu? Babigize mu kubakwegakwega bafatiye ku mpengamiro bafise yo gukora icaha be no ku vyipfuzo vyabo. None ivyo vyavuyemwo iki? “Abari n’umubiri bose bo mw isi . . . bononye ingeso zabo”. Amaherezo, Yehova yarasanganguye abo bantu akoresheje Umwuzure wabaye kw’isi yose, aziguriza gusa umugororotsi Nowa n’umuryango wiwe (Itanguriro 6:5, 12-22). Ariko rero, abo bamarayika bari biyambitse umubiri w’abantu, barasubiye mu karere k’impwemu ari ibimaramare. Ayo madayimoni yacishijwe bugufi yarabandanije kurwanya Imana be n’umuryango wayo ugororotse w’abamarayika b’intahemuka. Biragaragara ko kuva ico gihe, Imana itasubiye kureka ngo ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha vyiyambike umubiri w’abantu (Yuda 6). Naho ari ukwo, vyagumye bigira akosho gakomeye mu vyo abantu bakora.

Wa Mubi ashirwa ahabona bimwe bishitse

Muri 1 Yohana 5:19 harerekana aho akosho kabi ka Shetani kagera, mu kuvuga hati: “Isi yose iri muri wa Mubi” (Ni twe dushimitse.). Shetani ariko arakoresha abantu abigiranye uruyeri kugira ngo atume amarushwa arushiriza kwiyongera. Mu bisanzwe, yiyemeje bimwe bikomeye gukora ikibi kuruta uko yahora. Kubera ki none? Kubera yuko we n’amadayimoni birukanywe mw’ijuru inyuma y’aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mu 1914. Ku bijanye n’ukwo kwirukanwa, Bibiliya yari yaravuze iti: “Ibara rizobonwa n’isi . . . kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito” (Ivyahishuriwe 12:7-12). None Shetani yosha gute abantu muri iki gihe?

Shetani abigira canecane mu gukorereza agatima kosha abantu mu vyo biyumvira no mu vyo bakora. Ku bw’ivyo, mu Banyefeso 2:2 havuga ko Shetani ari “umwami w’abaganza ikirēre, . . . impwemu [canke agatima kiganje] ikorera mu bantu b’intabarirwa”. Aho kuremesha abantu gutinya Imana no gukora iciza, iyo “mpwemu” iva ku madayimoni ibaremesha kugarariza Imana n’ingingo ngenderwako zayo. Gutyo, Shetani n’amadayimoni yiwe barakorereza ikibi abantu bakora, bakanatuma kirushiriza kwunyuka.

“Rinda umutima wawe”

Kimwe mu bintu bigaragaza iyo “mpwemu” ni amashusho yerekana ubushegabo yiraye muri iki gihe, ayo na yo akaba atuma abantu barushiriza kugira inambu y’umubiri itabereye, kandi agatuma ingeso ziteye isoni ziboneka nk’aho zihimbaye (1 Ab’i Tesalonike 4:3-5). Gufatwa ku nguvu, kunezerezwa n’uko abandi bariko barababara, gusambanywa n’abantu benshi, kwimarira inambu ku bikoko be no kwonona abana, ni bimwebimwe mu bintu vyerekanwa mu mashusho y’ivy’ubushegabo mu buryo bwo kwinezereza. Mbere n’amashusho yoba asa n’ayateruye, arizizira cane abayaraba canke abasoma ibitabu arimwo akongera akabagirira nabi, agatuma bacika abantu baryoherwa n’ukuvyurirwa inambu y’umubiri mu kuyarabab. Amashusho yerekana ivy’ubushegabo ni ikibi conona ubucuti umuntu afitaniye n’abandi be n’ubwo afitaniye n’Imana. Ayo mashusho agaragaza ivyiyumviro vyononekaye vy’amadayimoni akorereza ubushegabo, ayo madayimoni akaba ari ba bagarariji batanguje ivyipfuzo bibi vyo guhaza inambu y’umubiri mu bantu babayeho imbere ya wa Mwuzure waba mu gihe ca Nowa.

Birabereye kubona wa mugabo w’inkerebutsi Salomo yahanuye ati: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubugingo bududubiriza” (Imigani 4:23). Tubivuze mu buryo butomoye, worinda umutima wawe kugira ntugwe mu mutego wo kuraba amashusho yerekana ubushegabo mu guhindura umurongo wa televiziyo canke mu kuzimya orodinateri igihe ubonye haje amashusho yotuma uvyurirwa inambu y’umubiri. Kandi, birahambaye yuko ugira ico ukoze udatebaganye, ata kwijijanya imitima. Nufate ko woba uri umusoda, ukaba uriko uragerageza kuzibukira umuntu agomba kukurasa ku mutima. Shetani atumbereza ku mutima wawe w’ikigereranyo, ni ukuvuga harya nyene ibikuvyurira ingiro yo gukora ibintu be n’ivyipfuzo vyawe biri, arondera kuwonona.

Urakeneye kandi kurinda umutima wawe ivyo gukunda ubukazi, kubera ko Shetani azi yuko Yehova ‘yanka ukunda [“ubukazi”, NW]’ (Zaburi 11:5). Si ngombwa ngo Shetani arinde kuguhindura inkozi y’ikibi katwa kugira ngo ube umwansi w’Imana. Ahubwo, akeneye gusa kugutsimbatazamwo ugukunda ubukazi. Kuba ubukazi, ubukunze kuba buri kumwe n’ibiganiro bivuga ivy’ubupfumu, bwuzuye mu bimenyeshamakuru abantu bahurumbira cane, si ikintu gipfa kwizana. Ba Banefili barapfuye, ariko ingeso bari bafise be n’inyigenzo yabo nta ho vyaroye. Uburyo bwo kwisamaza uhitamwo bwoba bwerekana ko unanira amayeri ya Shetani?​—2 Ab’i Korinto 2:11.

Ukuntu twonanira akosho kabi ka Shetani

Inguvu zidusunikira gukora ikibi zishobora kuba zigoye cane gutsinda. Bibiliya ivuga yuko abariko bagwa bavyuka kugira ngo bahimbare Imana ‘banigana n’ibinyankomezi vy’impwemu bibi’, tutibagiye ko banyinyana n’umubiri wabo munyagasembwa. Kugira ngo dutsinde iyo ntambara maze dushimwe n’Imana, turakeneye kwungukira ku ntunganyo nyinshi yadushiriyeho.​—Abanyefeso 6:12, NW; Abaroma 7:21-25.

Muri izo ntunganyo harimwo impwemu yera y’Imana, iyo na yo ikaba ari inguvu ikomeye kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe [i]mpwemu [i]va ku Mana” (1 Ab’i Korinto 2:12). Abayoborwa n’impwemu y’Imana bararushiriza gukunda ivyo Imana ikunda no kwanka ivyo yanka (Amosi 5:15). Umuntu ashobora gute kuronka impwemu yera? Ahanini ayironka biciye kw’isengesho, ku kwiga Bibiliya, narirya Bibiliya ubwayo yabonetse biciye kuri iyo mpwemu yera, hamwe no ku kwifatanya n’abakunda Imana vy’ukuri.​—Luka 11:13; 2 Timoteyo 3:16; Abaheburayo 10:24, 25.

Mu gihe wungukiye kuri izo ntunganyo, uba utanguye kwambara “ibirwanishwa vyose vy’Imana”, ivyo na vyo bikaba ari bwo burinzi bwonyene bwo kwizigirwa bukingira umuntu “ubugunge bga wa Murwanizi” (Abanyefeso 6:11-18). Gukoresha neza izo ntunganyo birihutirwa cane ubu kuruta ikindi gihe cose. Uti kubera iki?

Ikibi kigiye kurangira!

Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Iy’abanyakibi bārutse nk’ubgatsi, kand’inkozi z’ibibi zose iyo zitotahaye, n’ukugira ngo barandurwe gushitsa ibihe vyose” (Zaburi 92:7). Mu vy’ukuri, nk’uko vyagenze mu gihe ca Nowa, kuba ikibi kiriko kirongerekana ni icerekana ko urubanza rw’Imana ruri hafi. Imana ntizoshitsa urubanza rwayo ku bantu b’abanyakibi gusa, ariko kandi izorushitsa kuri Shetani n’amadayimoni yiwe, abazotererwa mu gisumanyezi aho ata kintu na kimwe bazoba bagishoboye, amaherezo ivyo bikazobashikana ku kurandurwa (2 Timoteyo 3:1-5; Ivyahishuriwe 20:1-3, 7-10). Ni nde azoshitsa urwo rubanza? Nta wundi atari Yezu Kristu, uwo dusoma ku bimwerekeye duti: “Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi”.​—1 Yohana 3:8.

Woba wipfuza rwose ko ikibi kirangira? Niba uvyipfuza, urashobora guhumurizwa n’imihango dusanga muri Bibiliya. Nta kindi gitabu na kimwe gishira ahabona uwatanguje ikibi, ari we Shetani, kandi nta kindi gitabu na kimwe cerekana ukuntu Shetani agiye gukurwaho hamwe n’ibikorwa vyiwe bibi vyose. Tukuremesheje kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya kugira ngo wikingire ubu utwosho tubi twa Shetani, wongere uzigame icizigiro co kuba mw’isi itazoba irimwo ikibi.​—Zaburi 37:9, 10.

[Utujambo tw’epfo]

a Nta wuzi ukuntu uwo mumarayika yahavuye aba Shetani yitwa imbere y’uko agarariza. Izina “Shetani” risobanura “Umurwanizi”. Shetani yitwa kandi Mubesheranyi. Mu buryo bunaka, ingendo ya Shetani irasa n’iyo umwami wa kera w’i Tiro yagize (Ezekiyeli 28:12-19). Abo bompi batanguye ari intungane ariko bahavuye bagwa mu mutego w’ubwibone.

b Raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “La pornographie: inoffensive ou néfaste?” biri muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro 2003, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]

Inkuru zirimwo ibintu bimwebimwe vy’ukuri

Inkuru zivuga ibijanye n’ibimana-bantu, ibigatanya be n’umwuzure ukomeye wabaye turazisanga mu bitito vya kera vyo hirya no hino kw’isi. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’ibitito vy’Abanyakadi kivuga ivy’ubuhizi bwa Gilgamesh kiravuga ivyerekeye umwuzure, ubwato be n’abantu barokotse. Gilgamesh ubwiwe adondorwa ko yari ikimana-muntu c’igihumbu kandi c’inkazi. Ibitito vy’Abaziteki biravuga ibijanye n’isi ya kera yabamwo ibigatanya, bikavuga n’ivyerekeye umwuzure ukomeye wabaye. Inkuru z’ibitito zo mu Buraya bwo mu Buraruko ziravuga ivyerekeye ubwoko bw’abantu b’ibigatanya be n’ivyerekeye umuntu w’umunyabukerebutsi yitwa Bergelmir yubatse ubwato bunini akarokokana n’umugore wiwe. Ivyo bimenyamenya vyose hamwe vyo muri mwene ivyo bitito birashigikira ibimenyamenya vyo muri Bibiliya vyemeza ko abantu bose bakomotse ku bantu barokotse umwuzure watikije isi mbi ya kera.

[Picture]

Aka ni agasate kanditseko za nkuru zivuga ivy’ubuhizi bwa Gilgamesh

[Abo dukesha ifoto]

The University Museum, University of Pennsylvania (neg. # 22065)

[Ifoto ku rup. 5]

Ingeso za ba Banefili ziribonekeza mu bantu muri iki gihe

[Ifoto ku rup. 7]

Ubumenyi butarimwo amakosa buradukingira utwosho tubi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika