ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/11 rup. 4-7
  • Ikibazo kikwerekeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo kikwerekeye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Sinzokwigera mva ku kutadohoka kwanje”
  • Ukuntu ico kibazo catorewe inyishu
  • Ni igiki utegerezwa gukora?
  • Niwirinde ubuhumbu
  • Nuhimbare Imana no mu yindi mice y’ubuzima
  • Urashobora kuguma uri intadohoka
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Nugumane ugutungana kwawe!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Tubeho mu buryo buhimbara Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/11 rup. 4-7

Ikibazo kikwerekeye

WOBA ufise umugenzi canke incuti mushikirana cane kuruta abandi? Vyogenda gute nka hamwe hogira uwukwagiriza ngo ushaka ko muguma mufitaniye n’uwo muntu ubwo bugenzi ubitumwe gusa n’ubwikunzi? Ntiwokwumva none ubabaye, kumbure no gushavura ugashavura? Ivyo ni vyo neza na neza Shetani wa Mucokoranyi yagirije abantu bose bafitaniye na Yehova Imana ubucuti bwa somambike.

Zirikana ku vyabaye igihe Shetani yashobora gutuma umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva barenga kw’itegeko ry’Imana, maze bakifatanya na we mu kugarariza Imana. None ivyo vyabaye, vyoba vyerekana yuko abantu bogumye bagamburukira Yehova igihe gusa ukwo kumugamburukira kwobaye kuri n’ico kubamariye (Itanguriro 3:1-6)? Haheze nk’imyaka 2.500 Adamu agararije, Shetani yaravyuye ico kibazo nyene, ico gihe ho acerekeza ku mugabo yitwa Yobu. Kubera ko ikirego Shetani yavyuye cerekana neza ico kibazo ico ari co, nimuze dusuzume twitonze iyo nkuru yo muri Bibiliya.

“Sinzokwigera mva ku kutadohoka kwanje”

Yobu ni ‘umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha [Imana], akitandukanya n’ikibi’. Ariko rero, Shetani aravuga nabi ukugororoka kwa Yobu. Abaza Yehova ati: “Mbeg’ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?”. Shetani rero aravuga nabi Imana na Yobu mu kwagiriza Yehova yuko ngo Yobu aguma ari intadohoka kuri we kuko amukingira akongera akamuhezagira. Shetani ahigisha Yehova ati: “Pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone”.​—Yobu 1:8-11.

Kugira ngo Yehova yishure ivyo birego, arareka Shetani akagerageza Yobu. Mu kugerageza gutuma uwo mugabo w’intahemuka areka gukorera Imana, Shetani aramuteza ivyago vy’urutavanako. Ubusho bwose bwa Yobu buribwa canke na ho bukicwa, abasuku biwe bakagandagurwa, abana biwe na bo bakicwa (Yobu 1:12-19). Ariko none, Shetani yoba ashika ku co yipfuza? Uwokubesha! Naho Yobu atazi ko Shetani ari we atumye ivyo vyago bimushikira, avuga ati: “Uhoraho ni we yagavye, kand’Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe”.​—Yobu 1:21.

Ivyo biheze, Shetani araza imbere ya Yehova, na we akamubwira ati: “[Yobu] yakomeje [“ukutadohoka”, NW] kwiwe, . . . naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhōye” (Yobu 2:1-3). Ikibazo gihambaye kihari ni icerekeye ukutadohoka kwa Yobu, ukutadohoka na kwo kukaba ari kamere isaba kuba intahemuka ku Mana muri vyose be n’ukwumira ku bugororotsi. Gushika aha, Yobu aramaze gutahukana intsinzi ku bijanye n’ico kibazo c’ukutadohoka. Ariko rero, Shetani ntaheba.

Ubukurikira, Shetani aravyura ikirego cerekeye abantu bose. Abwira Yehova ati: “Amagara akābga ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urābe kw atazokurogotako imbonankubone” (Yobu 2:4, 5). Mu gukoresha imvugo yo muri rusangi ngo “umuntu” aho gukoresha izina Yobu, Shetani aravyura inkeka ku bijanye n’ukutadohoka kw’umuntu uwo ari we wese. Mu bisanzwe, ni nk’aho avuga ati: ‘Umuntu yokora ikintu cose gishoboka kugira ngo akize ubuzima bwiwe. Mpa akaryo urabe ko ntashobora kwonkora abantu bose ku Mana’. None nta muntu n’umwe yoba azoguma ari intadohoka ku Mana mu bintu vyose be no mu bihe vyose yoba arimwo?

Yehova arareka Shetani agateza Yobu indwara ibabaza cane. Yobu aramererwa nabi cane gushika n’aho asenga asaba ko yopfuma apfa (Yobu 2:7; 14:13). Yamara, Yobu avuga ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku [“kutadohoka”, NW] kwanje” (Yobu 27:5). Ivyo Yobu abivuga kubera ko akunda Imana, kandi nta kintu na kimwe gishobora gutuma areka kuyikunda. Yobu arerekana ko ari umuntu w’intadohoka. Bibiliya ivuga iti: “Nuk’Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere” (Yobu 42:10-17). Hoba hari abandi bantu babaye nka Yobu? Ni ibiki vyagiye birigaragaza uko igihe cagiye kirahaca?

Ukuntu ico kibazo catorewe inyishu

Mu kigabane ca 11 c’igitabu co muri Bibiliya c’Abaheburayo, intumwa Paulo aravuga amazina y’abagabo n’abagore b’intahemuka batari bake bo mu gihe c’imbere y’ubukirisu, muri abo hakaba harimwo Nowa, Aburahamu, Sara na Musa. Iyo ntumwa ibandanya ivuga yuko ‘igihe coyirengana idondoye ivy’abandi’ (Abaheburayo 11:32). Abo basavyi b’Imana b’intahemuka bari benshi ku buryo Paulo avuga ku biberekeye ko ari “igipfungu c’ivyabona” kinini, akabagereranya n’igipfungu kinini gikwiye kw’ijuru (Abaheburayo 12:1). Mu vy’ukuri, mu binjana n’ibindi abantu benshi batoshobora guharurwa barakoresheje ubushobozi bafise bwo kwihitiramwo, maze bahitamwo kuguma ari intahemuka kuri Yehova Imana.​—Yosuwa 24:15.

Umwana w’Imana Yezu Kirisitu ni we yatanze inyishu y’agaheta ku vyo Shetani yavuze yuko ngo ashobora gukura abantu bose kuri Yehova. Mbere n’umubabaro mwinshi yagiriye ku giti c’ukubabarizwako ntiwasenyuye ukutadohoka kwiwe ku Mana. Igihe Yezu yagira acikane, yasemereye ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“impwemu”, NW] [y]anje”.​—Luka 23:46.

Uko igihe cagiye kirahaca, vyaragaragaye yuko Shetani atashoboye gutuma abantu bose baheba gukorera Imana y’ukuri. Abantu amasinzi barashoboye kumenya Yehova bongera ‘baramukunda n’umutima wabo wose, n’ubuzima bwabo bwose, n’ubwenge bwabo bwose’ (Matayo 22:37). Kuba barabaye intahemuka kuri Yehova muri vyose vyarerekanye yuko Shetani ari umubeshi ku biraba ca kibazo cerekeye ukutadohoka kw’abantu. Na wewe nyene urashobora kwerekana ko Shetani ari umubeshi mu gihe woguma uri intadohoka.

Ni igiki utegerezwa gukora?

Imana igomba yuko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Uti none ivyo wobigenza gute? Nurondere umwanya wo kwiga Bibiliya, maze ‘umenye Imana yonyene y’ukuri n’uwo yatumye, Yezu Kirisitu’.​—Yohana 17:3.

Shetani yarahigishije ukutadohoka kw’abantu mu kuvyura inkeka ku bijanye n’imvo zituma bakorera Imana. Kugira ngo ubumenyi ufise bugire ico bukoze ku mvo ituma ukora ibintu, butegerezwa kuba bwagushitse ku mutima. Kugira ngo rero ivyo bishoboke, urakeneye gukora n’ibindi uretse gusa kurondera kumenya ibintu binaka vyo muri Bibiliya. Nutsimbataze akamenyero ko kuzirikana ku vyo wiga (Zaburi 143:5). Igihe usoma Bibiliya canke igitabu kinaka gishingiye kuri yo, nurabe neza yuko ufata umwanya ukwiye wo kuzirikana ku bibazo nk’ibi: ‘Ibi nsomye binyigisha iki ku vyerekeye Yehova? Ni kamere izihe z’Imana zaseruwe ngaha? Ni mu mice iyihe y’ubuzima nanje nkeneye kumera gutyo? Ni ibiki Imana ishima canke yanka? Ivyo bigira ico bikoze gute ku kuntu mbona Imana?’. Mwene ukwo kuzirikana kuzotuma ukunda cane Umuremyi wawe wongere umukengurukire.

Ukutadohoka ku Mana ntikugarukira gusa ku vyo umuntu yemera mu vy’idini (1 Abami 9:4). Kugira ugume uri intadohoka kuri Yehova Imana bisaba ko ugira inyifato iroranye mu mice yose y’ubuzima. Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko kuguma uri intadohoka bizoca bikuzitira muri vyose. Yehova ni “Imana ihimbawe” kandi yipfuza ko nawe ubaho uhimbawe (1 Timote 1:11, UB). Ubu na ho, rimbura ingeso zimwezimwe ukwiye kwirinda kugira ugume udahumanye mu vy’inyifato runtu, maze ivyo bitume ugire ubuzima buhimbaye kuruta wongere ushimwe n’Imana.

Niwirinde ubuhumbu

Yehova ubwiwe yarashize mw’Ijambo ryiwe Bibiliya ingingo mfatirwako igenga umubano w’abubatse igira iti: ‘Umuntu azosiga se na nyina, abane n’umugore wiwe akaramata, babe umubiri umwe’ (Itanguriro 2:21-24). Kubera ko abubakanye baba babaye “umubiri umwe”, baba bubashe indinganizo Imana yashizeho yerekeye umubano w’abubatse igihe ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina bigarukira gusa hagati yabo. Intumwa Paulo yavuze ati: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka” (Abaheburayo 13:4). Imvugo ngo ‘uburiri [bw’ababiranye]’ yerekeza ku guhuza ibitsina kw’umugabo n’umugore babiranye mu buryo bwemewe n’amategeko. Umugabo canke umugore aja mu vyo guhuza ibitsina n’umuntu batubakanye aba arenze ibigo kandi ivyo birashobora gutuma Imana imucira rubi.​—Malaki 3:5.

Tuvuge iki ku bijanye n’uguhuza ibitsina imbere y’ukwabirana? Ivyo na vyo nyene birahushanye n’ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu zashizweho na Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Ico Imana igomba . . . [ni u]ko mwirinda ubushakanyi” (1 Ab’i Tesalonike 4:3). Uguhuza ibitsina kw’abasangiye igitsina, ukugoka be n’ukwimarira inambu y’umubiri ku bikoko na vyo nyene n’ivyaha ku Mana (Abalewi 18:6, 23; Abaroma 1:26, 27). Umuntu wese yipfuza guhimbara Imana no kugira ubuzima buhimbaye vy’ukuri, ategerezwa kwamirira kure ingeso z’ubuhumbu.

Tuvuge iki ku bijanye n’ibintu bituma umuntu avyurirwa inambu y’umubiri kandi atarubaka? Inyifato nk’iyo ntihimbara Yehova (Ab’i Galatiya 5:19). Umuzirikanyi na wo nyene utegerezwa kuguma utandujwe n’ivyiyumviro bibi. Yezu yavuze ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe” (Matayo 5:28). Ayo majambo arakora no ku bijanye no kuraba amashusho yerekana ivy’ubushegabo mu bitabu, kuri videwo canke kuri Internet, gusoma inkuru z’ivy’ubushegabo be no kwumviriza imiziki irimwo amajambo ateye isoni. Kwirinda ibintu nk’ivyo birahimbara Imana kandi biragira ikintu ciza biterereye ku buzima bw’umuntu.

Bite ho ku bijanye no gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina? Gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina bidondorwa ko ari inyifato yo “kugaragariza umuntu urukundo ata co ruzoshikako canke kumuvyurira inambu y’umubiri”. Umugabo canke umugore yubatse agaragariza mwene urwo rukundo uwo batubakanye, aba arenze ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kandi ivyo vyerekana ko atubaha Yehova (Abanyefeso 5:28-33). Ese ukuntu vyoba bitabereye ko abatubakanye bagaragarizanya urukundo ata kindi barondera atari ukwinezereza gusa! Vyogenda gute nka hamwe ukwo gukwegana umuntu yogufatana uburemere kuruta uko vyari vyitezwe? Iyumvire nawe intuntu ivyo bishobora gutera. Ikindi kintu cotuma umuntu azirikana yitonze ni uko ukwo gukwegana gushobora kumushikana ku kurenga ibigo canke ku busambanyi. Ku rundi ruhande, gufata abo mudasangiye igitsina mu buryo buranga urupfasoni birongereza icubahiro c’umuntu.​—1 Timoteyo 5:1, 2.

Nuhimbare Imana no mu yindi mice y’ubuzima

Ibinyobwa biboreza usanga ari nywa nawe mu bihugu vyinshi. Vyoba none ari bibi kwihereza ivyo binyobwa? Ivyanditswe ntibibuza kunywa umuvinyu, inzoga canke ikindi kinyobwa ku rugero (Zaburi 104:15; 1 Timoteyo 5:23). Ariko rero, kunywa umuntu akarenza urugero be n’ukuborerwa ni bibi mu nyonga z’Imana (1 Ab’i Korinto 5:11-13). Nta nkeka ko utipfuza kunywa birenze urugero ngo uhave wonona amagara yawe canke ngo uhungabanye ubuzima bwo mu rugo rwawe.​—Imigani 23:20, 21, 29-35.

Yehova ni “Imana y’ukuri” (Zaburi 31:5). Bibiliya ivuga iti: ‘Imana ntibasha kubesha’ (Abaheburayo 6:18). Niba ushaka kwemerwa n’Imana, urakwiye kwirinda kubesha (Imigani 6:16-19; Ab’i Kolosayi 3:9, 10). Bibiliya ihanura abakirisu iti: “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we”.​—Abanyefeso 4:25.

Hariho kandi ingeso yo gukina akamari. Naho usanga gukina akamari ari ikintu abantu bamenyereye mu bantu benshi, ni ubwoko bw’umwina kubera ko ari uburyo bwo kugerageza kuronka amahera biciye ku guhomvya abandi. Yehova ntashima “abifuza inyungu mbi” (1 Timoteyo 3:8). Niba wipfuza guhimbara Yehova, urakwiye rero kwirinda ikintu cose kijanye n’ugukina akamari ushizemwo loteri, urusimbi canke tombora. Wirinze iyo ngeso, woshobora gusanga mu vy’ukuri ufise amahera atari make yo kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye.

Kwiba, ari kwo gutwara ikintu kitari icawe, ni ubundi bwoko bw’umwina. Bibiliya ivuga iti: “Ntukibe” (Kuvayo 20:15). Ni bibi kugura ikintu cibwe kandi ubizi, canke gutwara ibintu vy’umuntu ata ruhusha ubifitiye. Bibiliya ivuga iti: “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye” (Abanyefeso 4:28). Abantu bakunda Yehova barakorana umwete akazi kabo, aho kwiba umwanya abakoresha babo. “[Ba]gomba kugira ingeso nziza muri vyose” (Abaheburayo 13:18). N’ikindi kandi, nta nkeka ko ijwi ryo mu mutima ryiza riri mu bituma umuntu yumva afise amahoro.

Imana ibona gute umuntu akunda gukara? Bibiliya igabisha iti: “Ntugacudike n’ikirandamuke, ntukagendane n’ikigārūke” (Imigani 22:24). Ishavu ridacungerewe akenshi rishikana umuntu ku gukora ivy’ubukazi (Itanguriro 4:5-8). Ku bijanye n’ukwihora, Bibiliya ivuga iti: “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose. Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose. Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize” (Abaroma 12:17-19). Igihe dukurikije iyo mpanuro, turarushiriza kugira amahoro, ayatuma turushiriza kugira agahimbare.

Urashobora kuguma uri intadohoka

Woba ushobora kuguma uri intadohoka ku Mana naho wokwoshwa gukora ibihushanye n’ivyo? Cane nyene! Uribuka yuko Imana igomba ko werekana yuko Shetani ari umubeshi ku bijanye na ca kibazo c’ukutadohoka, kuko Ijambo ryayo rivuga riti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka”.​—Imigani 27:11.

Nusenge Yehova umusaba ko agukomeza kugira ngo ukore ico abona ko ari ciza (Ab’i Filipi 4:6, 7, 13). Ku bw’ivyo, nugire akigoro gakomeye kugira wongereze ubumenyi bwawe bwerekeye Ijambo ry’Imana Bibiliya. Kuzirikana ku vyo wize muri Bibiliya ubigiranye ugukenguruka bizogufasha kurushiriza gukunda Imana, vyongere bikuvyurire umutima wo kuyihimbara. Muri 1 Yohana 5:3 havuga hati: “Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora”. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kugufasha kwiga Bibiliya. Ntiwitinye kuganira na bo, canke kwandikira abasohora iki kinyamakuru.

[Ifoto ku rup. 4]

Yobu yagumye ari intahemuka mu bigeragezo

[Ifoto ku rup. 7]

Kwongereza ubumenyi ufise bwerekeye Ijambo ry’Imana bizokomeza umwiyemezo wawe wo kwihatira gukora iciza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika