Niwizigamire mu rukundo rw’Imana
‘Bakundwa, mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze ubuzima budashira’.—YUDA 20, 21.
1, 2. Ushobora gute kuguma mu rukundo rw’Imana?
YEHOVA arakunda cane abari mw’isi ku buryo yatanze Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo abamwizera bashobore kuronka ubuzima budahera (Yohana 3:16). Ese ukuntu ari ikintu ciza igitangaza gukundwa gutyo! Niba uri umusavyi wa Yehova, nta gukeka ko wipfuza kuguma ukundwa gutyo ibihe bidahera.
2 Umwigishwa Yuda yarashize ahabona ukuntu ushobora kuguma mu rukundo rw’Imana. Yanditse ati: “[“Mu kwiyubaka”, NW] ku kwizera kwanyu kwera cane, [“no mu gusengera”, NW] mu [m]pwemu [y]era, mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bu[zima] budashira” (Yuda 20, 21). Kwiga Ijambo ry’Imana no kwamamaza inkuru nziza biragufasha kwiyubaka ku ‘kwizera kwera cane’, ukugizwe n’inyigisho za gikirisu. Kugira ngo ugume mu rukundo rw’Imana, utegerezwa gusengera ‘mu mpwemu yera’, ni ukuvuga ugasenga uyobowe na yo. Kugira ngo uze uhezagirwe mu guhabwa ubuzima budahera, utegerezwa no kwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu.—1 Yohana 4:10.
3. Ni kubera iki bamwebamwe batakiri Ivyabona vya Yehova?
3 Hariho bamwebamwe bari bafise ukwizera mugabo batagumye mu rukundo rw’Imana. Kubera ko bahisemwo ingendo y’icaha, ubu ntibakiri Ivyabona vya Yehova. Ushobora gute none kwirinda gushikirwa n’ikintu nk’ico? Kuzirikana ku bintu bikurikira vyoshobora kugufasha kwirinda icaha, maze ukizigamira mu rukundo rw’Imana.
Niwerekane ko ukunda Imana
4. Ni kubera iki bihambaye ko ugamburukira Imana?
4 Niwerekane ko ukunda Imana mu kuyigamburukira (Matayo 22:37). Intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1 Yohana 5:3). Kwama ugamburukira Imana birashobora kugukomeza kugira ngo unanire inyosha mbi kandi birashobora gutuma ugira umunezero. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, . . . Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho”.—Zaburi 1:1, 2.
5. Kuba ukunda Yehova bikuvyurira umutima wo gukora iki?
5 Kuba ukunda Yehova biratuma wirinda gukora icaha gikomeye cosiga iceyi izina ryiwe. Aguri yasenze ati: “Ntumpe ubgoro, ntumpe n’ubutunzi; ungaburire ivyo kurya dukwiranye: sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, ngatukisha izina ry’Imana yanje” (Imigani 30:1, 8, 9). Niwiyemeze ‘kudatukisha izina ry’Imana’ mu kuyisiga iceyi. Niwame nyabuna wihatira gukora ibintu bigororotse biyininahaza.—Zaburi 86:12.
6. Vyogenda gute nka hamwe wokora icaha n’ibigirankana?
6 Niwame usenga Umuvyeyi wawe munyarukundo wo mw’ijuru umusaba ngo agufashe kunanira inyosha mbi zo gukora icaha (Matayo 6:13; Abaroma 12:12). Nubandanye kwumvira impanuro Imana itanga kugira ngo amasengesho utura ntagire ikiyatesha (1 Petero 3:7). Hamwe wokora icaha n’ibigirankana, vyogira ingaruka ziteye agahinda, kubera yuko Yehova adakunda ko abagarariji bamwegera, bikamera nk’aho yikingiriza igicu kugira ngo amasengesho yabo ntamenēre ngo amushikire (Gucura intimba 3:42-44). Nugaragaze rero agatima ko kwicisha bugufi, maze uze urasenga usaba ko hatogira ikintu na kimwe ukora cotuma udashobora kwegera Imana mw’isengesho.—2 Ab’i Korinto 13:7.
Niwerekane ko ukunda Umwana w’Imana
7, 8. Kwumvira impanuro za Yezu bishobora gute gufasha umuntu kwirinda ingendo y’icaha?
7 Niwerekane ko ukunda Yezu Kirisitu mu kugamburuka amategeko yiwe, kuko ivyo biheza bikagufasha kwirinda ingendo y’icaha. Yezu yavuze ati: “Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe” (Yohana 15:10). None gushira mu ngiro ivyo Yezu yavuze bishobora gute kugufasha kuguma mu rukundo rw’Imana?
8 Kwumvira ivyo Yezu yavuze birashobora kugufasha kuguma uri intadohoka mu bijanye n’inyifato runtu. Vya Vyagezwe Imana yaha Isirayeli vyavuga biti: “Ntugasambane” (Kuvayo 20:14). Ariko Yezu yarashize ahabona ingingo ngenderwako iri muri iryo bwirizwa, mu kuvuga ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe” (Matayo 5:27, 28). Intumwa Petero yavuze yuko bamwebamwe mu bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere bari bafise ‘amaso yuzuye ubusambanyi’ kandi ko ‘basukasuka abadashikamye’ (2 Petero 2:14). Ariko weho urashobora kutamera nk’abo, ukirinda ivyaha bijanye n’ubusambanyi nimba ukunda Imana na Kirisitu ukongera ukabagamburukira, ukaba kandi wiyemeje kuzigama ubucuti ufitaniye na bo.
Nureke impwemu ya Yehova ikuyobore
9. Ku bijanye n’impwemu yera, bishobora kugenda gute mu gihe umuntu yobandanya gukora icaha?
9 Nusenge usaba impwemu yera y’Imana, kandi uyireke ikuyobore (Luka 11:13; Ab’i Galatiya 5:19-25). Hamwe wobandanya gukora icaha, Imana yoshobora kugukurako impwemu yayo. Dawidi amaze gukorana icaha na Batisheba, yatakambiye Imana ati: “Ntunte kure yo mu nyonga zawe, ntunkūreko [im]pwemu [y]awe [y]era” (Zaburi 51:11). Umwami Sauli, kubera ko yari umucumuzi w’intigaya, impwemu y’Imana yaramuvuyeko. Yaracumuye mu gutanga ikimazi co kwoswa no mu kutageseza imikuku yose y’ibitungwa be n’umwami w’Abamaleki. Yehova rero yahavuye amukurako impwemu yiwe yera.—1 Samweli 13:1-14; 15:1-35; 16:14-23.
10. Ni kubera iki gukora icaha ukwiye kutanavyiyumvira?
10 Ivyo gukora icaha, n’ukuvyiyumvira ntunavyiyumvire. Intumwa Paulo yanditse ati: “Namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha” (Abaheburayo 10:26-31). Ese ukuntu vyoba biteye agahinda hamwe woguma ukora ivyaha gushika kuri urwo rugero!
Niwerekane ko ukunda abandi vy’ukuri
11, 12. Ni mu buryo ubuhe butandukanye gukunda abandi n’ukububaha bituma umuntu yirinda kwigenza nabi mu bijanye n’ubuhumbu?
11 Gukunda abantu nkawe bizotuma wirinda kwigenza nabi mu bijanye n’ubuhumbu (Matayo 22:39). Urwo rukundo ruzotuma urinda umutima wawe kugira ngo ntukwoshe gukwegēra umugabo canke umugore w’uwundi. Hamwe worondera gukundana n’umugabo canke n’umugore w’uwundi, vyoshobora kugushikana ku caha co kurenga ibigo (Imigani 4:23; Yeremiya 4:14; 17:9, 10). Numere nka wa mugororotsi Yobu, we yari yiyemeje kudashinga ijisho ku wundi mugore kiretse uwiwe gusa.—Yobu 31:1.
12 Kwubaha ubweranda bw’umubano w’abubatse birashobora kugufasha kwirinda gukora icaha gikomeye. Umubano w’abubatse uteye iteka be n’ukurangura amabanga y’abubatse, Imana yabigeneye kuba bwo buryo butuma abantu bashobora kurondoka (Itanguriro 1:26-28). Niwibuke yuko ibihimba vy’irondoka bifitaniye isano n’ubuzima, ubwo na bwo bukaba ari bweranda. Abasambanyi n’abarenga ibigo baragambararira Imana, bagatesha agaciro amabanga mpuzabitsina, ntibubahe ubweranda bw’umubano w’abubatse, kandi bagacumura ku mibiri yabo (1 Ab’i Korinto 6:18). Yamara, gukunda Imana n’abantu nkatwe, bifatanije no kuyigamburukira, biratuma umuntu yirinda inyigenzo yoshobora gutuma acibwa mw’ishengero rya gikirisu.
13. Ni mu buryo ki umuntu arenga ibigo ‘yaya ibintu vy’agaciro’?
13 Turakwiye kwamirira kure ivyiyumviro bijanye no gukora icaha kugira ngo ntituzohave dutuma abacu bagira intuntu. Mu Migani 29:3 havuga hati: “Uwifatanya na ba maraya yaya [“ibintu vy’agaciro”, NW]”. Umugabo arenga ibigo ntiyigaye araya ibintu vy’agaciro kuko yonona ubucuti afitaniye n’Imana be n’ubwo afitaniye n’abo mu rugo rwiwe. Muri ico gihe, umukenyezi wiwe aba afise impamvu yumvikana yotuma yahukana na we (Matayo 19:9). Igihe umubano w’abubatse usambutse bitumwe n’uko umugabo canke umugore yarenze ibigo, birashobora gutuma uwahemukiwe, abana hamwe n’abandi bagira intuntu. Kuba tuzi ko ubuhumbu bwonona gutyo, wumva none bidakwiye gutuma tunanira inyosha mbi yo kugira iyo nyigenzo?
14. Ni icigwa ikihe dushobora gukura mu Migani 6:30-35 ku bijanye no gukora icaha?
14 Kuba ata buryo na bumwe umuntu yoronka bwo kuriha ivyo yononye mu kurenga ibigo, birakwiye gutuma yirinda gukora ico caha c’ubwikunzi butagira izina. Mu Migani 6:30-35 harerekana yuko abantu boshobora kugirira akagongwe igisuma civye kubera inzara, yamara ko uwurenga ibigo wewe bamugaya kubera ko akorana imvo mbi. Aba “arondera guhonnya ubu[zima] bgiwe”. Mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, umuntu nk’uyo yociye yicwa (Abalewi 20:10). Umuntu arenga ibigo yironderera gusa kwimara inambu yiwe y’umubiri aratuma abandi bagira intuntu. Umuntu arenga ibigo ntiyigaye ntaguma mu rukundo rw’Imana, ahubwo riho aracibwa mw’ishengero rityoroye rya gikirisu.
Nugume ufise ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi
15. Ijwi ryo mu mutima ‘ryokejwe icapa’ riba rimeze gute?
15 Nimba dushaka kuguma mu rukundo rw’Imana, ntidukwiye kureka ijwi ryacu ryo mu mutima ngo ritimbe ku bijanye n’icaha. Birumvikana ko dutegerezwa kwirinda kwisunga ivyo isi igenderako bijanye n’inyifato runtu vyatitutse, kandi turakwiye kwiyubara nko mu bijanye n’uburyo duhitamwo abo tugira abagenzi, ivyo dusoma be n’ivy’ukwisamaza. Paulo yagabishije ati: “Mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, ba[shire] umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni, bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi” (1 Timoteyo 4:1, 2). Ijwi ryo mu mutima ‘ryokejwe icapa’ rimeze nk’ahantu ho ku mubiri haturiwe hasigaye hari inkovu kandi hatimvye. Ijwi ryo mu mutima rimeze gutyo ntiryoba rikitugabisha ngo duce kure abahuni be n’ibintu vyose vyoshobora gutuma duta ukwizera.
16. Ni kubera iki bihambaye cane ko tugira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi?
16 Kugira ngo tuze turonke ubukiriro dutegerezwa kuba dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi (1 Petero 3:21). Biciye ku kwizera amaraso ya Yezu yasheshwe, ijwi ryacu ryo mu mutima ryarahumanuwe rirakurwamwo ibikorwa vy’impfagusa, “kugira ngo [t]ubone ingene [d]ukorera Imana nzima” (Abaheburayo 9:13, 14). Hamwe twocumura n’ibigirankana, ijwi ryacu ryo mu mutima ryokwandura kandi ntitwoba tukiri abantu batyoroye babereye gukorera Imana (Tito 1:15). Ariko tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kuguma dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi.
Ubundi buryo bwo kwirinda inyigenzo itabereye
17. ‘Gukurikira Yehova muri vyose’ bigira akamaro akahe?
17 ‘Nukurikire Yehova muri vyose’, nk’uko umwe Kalebu wo muri Isirayeli ya kera yabigize (Gusubira mu vyagezwe 1:34-36, NW). Nukore ivyo Imana igusaba, kandi ntiwigere uniyumvira kurira ku “meza y’abadayimoni” (1 Ab’i Korinto 10:21). Niwamirire kure ubuhuni. Niwihereze n’umutima ushima ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu turonkera ku meza ya Yehova gusa, maze ivyo bitume utazimizwa n’abigisha b’ikinyoma canke ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha (Abanyefeso 6:12; Yuda 3, 4). Nugume witwararika cane ivy’impwemu, nk’ukwiga Bibiliya, ukwitaba amakoraniro, be n’ubusuku bwo mu ndimiro. Niwakurikira Yehova muri vyose ukongera ukagira vyinshi ukora mu gikorwa c’Umukama, ntuzobura guhimbarwa.—1 Ab’i Korinto 15:58.
18. Ugutinya Yehova kuzogira ico gukoze gute ku buryo wigenza?
18 Niwiyemeze ‘gukorera Imana uyubaha, uyitinya’ (Abaheburayo 12:28). Ugutinya Yehova kurimwo ukumwubaha kuzokuvyurira umutima wo kwirinda ingendo iyo ari yo yose yo gukora ivyo wishakiye. Kuzogufasha kwigenza mu buryo buhuye n’iyi mpanuro Petero yahaye abasizwe bagenziwe, igira iti: “Kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya”.—1 Petero 1:17.
19. Ni kubera iki ukwiye kwama ushira mu ngiro ivyo wiga mw’Ijambo ry’Imana?
19 Niwame ushira mu ngiro ivyo wiga mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo bizogufasha kwirinda gukora icaha gikomeye kubera yuko uzogaragaza ko uri mu “bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bu[ka]mogorera gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Aho kwigira sindabibazwa ku bijanye n’imvugo yawe be n’uburyo wigenza, nube maso maze ugende nk’umunyabukerebutsi, “[w]icungurira umwanya ubereye” (NW) muri ino misi mibi. Nubandanye “[gutahura] ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo”, kandi ubandanye kubikora.—Abanyefeso 5:15-17; 2 Petero 3:17.
20. Ni kubera iki ukwiye kwirinda ukwipfuza ivy’abandi?
20 Niwirinde rwose ukwipfuza ivy’abandi. Rimwe muri ya Mabwirizwa Cumi rivuga riti: “Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’umugurano wiwe, cank’umuguranokazi wiwe, cank’inka yiwe, cank’indogoba yiwe, cank’ikintu na kimwe ca mugenzawe” (Kuvayo 20:17). Iryo bwirizwa ryarakingira inzu y’umuntu, umugore wiwe, abagurano biwe, ibitungwa vyiwe, hamwe n’ibindi. Ariko igihambaye kuruta vyose ni uko, nk’uko Yezu yabivuze, ukwipfuza guhumanya umuntu.—Mariko 7:20-23.
21, 22. Ni ingingo izihe zo kwikingira umukirisu yoshobora gufata imbere y’igihe kugira ngo yirinde gukora icaha?
21 Nufate imbere y’igihe ingingo zo kwikingira kugira ngo ukwipfuza ntikugushikane ku caha. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Umuntu wese ageragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. Maz’ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu” (Yakobo 1:14, 15). Nk’akarorero, nk’igihe umuntu yoba yarigeze kugira ingorane mu bijanye no kunywa inzoga, hari aho yoshima kutagira inzoga i muhira iwe. Kugira ngo umukirisu yirinde kwoshwa nabi ku bijanye n’umuntu kanaka badasangiye igitsina, hari aho vyoba ngombwa ko ahindura aho akorera igikorwa ciwe canke abaja gusaba akazi ahandi.—Imigani 6:23-28.
22 Ntukigere utera n’intambwe ya mbere yogushikana ku caha. Gukwegana n’umuntu mudasangiye igitsina canke kwiyumvira ivy’ubushegabo birashobora gutuma umuntu agwa mu busambanyi canke mu kurenga ibigo. Kuvuga utunyoma dutoduto vyoshobora gutuma umuntu yubahuka no kuvuga ibinyoma bikomakomeye, kandi ivyo vyoshobora kumushikana ku caha co kuba umubeshi. Kuza umuntu ariba utuntu womenga nta co tuvuze bituma ijwi ryiwe ryo mu mutima ritimba ku buryo yotangura no kwiba ibintu bikomakomeye. Kuza umuntu aramera nk’uwurenza uruho rw’amazi ku vyiyumviro vy’abahuni vyoshobora gutuma amaherezo acika umuhuni yuzuye.—Imigani 11:9; Ivyahishuriwe 21:8.
Bite ho mu gihe woba wakoze icaha?
23, 24. Amajambo dusanga muri 2 Ngoma 6:29, 30 no mu Migani 28:13, hashobora gute guhumuriza umuntu?
23 Abantu bose ni abanyagasembwa (Umusiguzi 7:20). Ariko mu gihe woba wakoze icaha gikomeye, urashobora guhumurizwa n’isengesho Umwami Salomo yatuye igihe urusengero rwegurirwa Yehova. Salomo yasenze Imana ati: “Hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yiwe n’umubabaro wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro, nuk’uz’uvyumve uri mw ijuru ah’uba, uharire, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu”.—2 Ngoma 6:29, 30.
24 Ni vyo, Imana irazi umutima w’umuntu kandi iraharira. Mu Migani 28:13 hagira hati: “Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, arik’ūvyi[gay]a akabireka azogirirwa ikigongwe”. Mu gihe umuntu yatuye icaha yakoze abigiranye agatima ko kwigaya kandi ntasubire kugikora, Imana irashobora kumugirira ikigongwe. Yamara, nimba ugeze ahanyerera mu vy’impwemu, ni igiki kandi cogufasha kuguma mu rukundo rw’Imana?
Wokwishura gute?
• Dushobora gute kwizigamira mu rukundo rw’Imana?
• Kuba dukunda Imana na Kirisitu bidufasha gute kwirinda ingendo y’icaha?
• Ni kubera iki twovuga ko kuba dukunda abandi vy’ukuri bituma twirinda ubuhumbu?
• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe budufasha kwirinda inyigenzo itabereye?
[Ifoto ku rup. 21]
Yuda aratwereka uburyo dushobora kwizigamira mu rukundo rw’Imana
[Ifoto ku rup. 23]
Igihe umubano w’abubatse usambutse birashobora gutuma uwahemukiwe be n’abana bagira intuntu
[Ifoto ku rup. 24]
Woba ufise umwiyemezo wo ‘gukurikira Yehova muri vyose’, nka kumwe kwa Kalebu?
[Ifoto ku rup. 25]
Niwame usenga usaba imfashanyo yo kunanira inyosha mbi