ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/3 rup. 17-21
  • Ukwisamaza kwiza kuruhura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwisamaza kwiza kuruhura
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu twohitamwo ukwisamaza kubereye
  • Ingene twokwisamaza mu buryo bubereye igihe twumva tubikeneye
  • Ibintu bimwebimwe twibutswa be n’ivyo dukwiye kwiyubarako
  • Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukwiruhura
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nimukingire Urugo Rwanyu Ivyorwonona
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • “Urankunda kurusha izi?”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/3 rup. 17-21

Ukwisamaza kwiza kuruhura

“Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana”.​—1 AB’I KORINTO 10:31.

1, 2. Ni kubera iki ivy’ukwinezereza vyoshobora kubonwa ko ari “ingabire y’Imana”, yamara ni ingabisho itomoye iyihe Bibiliya itanga?

KWIPFUZA gukora ibintu bituma turyoherwa, ni ibisanzwe. Ya Mana yacu ihimbawe Yehova, yipfuza ko tunezererwa ubuzima, kandi iratanga ibintu vyinshi cane kugira itume tubunezererwa (1 Timoteyo 1:11; 6:17). Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ndazi yukw ata kintu [kigira] ikimazi kuruta kunezerwa . . . ; kand’ikindi, yuk’[“ingabire y’Imana”, NW] ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose”.​—Umusiguzi 3:12, 13.

2 Mwene ukwo kunezerwa umuntu agira iyo yicaye hamwe kugira azirikane ku bikorwa vyiza yaranguye kuraruhura koko, na canecane iyo yifatanije n’incuti canke abagenzi mu buryo buhimbaye. Ukunezerwa mwene ukwo kwoshobora kubonwa mu buryo bubereye ko ari “ingabire y’Imana”. Ariko ntiwumve, kuba Umuremyi aturonsa ibintu vyinshi cane gutyo ntibica biduha uburenganzira bwo kuja mu vy’ukuryoherwa kutagira akarimbi. Bibiliya iriyamiriza akaborerwe, ugukunda inda be n’ubuhumbu, ikatugabisha yuko abakora mwene ivyo bintu “batazoragwa ubgami bg’Imana”.​—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Imigani 23:20, 21; 1 Petero 4:1-4.

3. Ni igiki kizodufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu no kugumiza ku muzirikanyi wa musi uhambaye wa Yehova?

3 Muri iyi misi y’iherezo, kubaho mu buryo buranga ukwiyubara mw’isi yononekaye umuntu adakora nk’ivyo ikora, usanga ari urugamba ku bakirisu kuruta uko vyahora (Yohana 17:15, 16). Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu bo muri iki gihe basigaye “bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” gushika n’aho ‘batagira ico bamenya’ ku bijanye n’ibimenyamenya vyerekana yuko ya “marushwa ahambaye” buca ashika (2 Timoteyo 3:4, 5; Matayo 24:21, 37-39). Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego” (Luka 21:34). Twebwe abasavyi b’Imana, twiyemeje kwumvira iyo mburi Yezu yatanze. Aho kumera nk’isi idukikije itubaha Imana, turihatira kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu no kugumiza ku muzirikanyi wa musi uhambaye wa Yehova.​—Zefaniya 3:8; Luka 21:36.

4. (a) Ni kubera iki bitoroshe kuronka uburyo bwo kwisamaza bubereye? (b) Ni impanuro iyihe dusanga mu Banyefeso 5:15, 16 dushaka gukurikiza?

4 Kuguma umuntu yirinda ibintu vyononekaye isi ikora si icoroshe narirya Shetani yatumye biba ibikwegera be n’ivyoroshe gushikira. Ivyo usanga canecane bigoye igihe turondera kwinezereza canke kwisamaza. Vyinshi mu vyo isi itanga, usanga bigenewe gukwegera “ivyifuzo vy’umubiri” (1 Petero 2:11). Ukwinezereza kubi usanga kurangwa mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, ariko kandi kurashobora kwinjira no mu mihana biciye ku vyandikano, kuri televiziyo, kuri Internet, no mu mavidewo. Ku bw’ivyo, Ijambo ry’Imana riha abakirisu iyi mpanuro iranga ubukerebutsi igira iti: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, [“mwicungurira umwanya ubereye”, NW], kukw imisi ari mibi” (Abanyefeso 5:15, 16). Dukurikije neza iyo mpanuro ni ho honyene dushobora kwiyemeza neza yuko ukwinezereza kutabereye kutazotwosha nabi, ngo kudutware, canke mbere ngo gusambure ubucuti dufitaniye na Yehova, maze amaherezo dusangangurwe!​—Yakobo 1:14, 15.

5. Ni igiki kituruhurira kuruta ibindi vyose?

5 Kubera ko abakirisu usanga bacurumba muri vyinshi, kuba bishika bakumva bakeneye kwisamaza mu buryo bunaka ni ikintu cumvikana. Nkako, mu Musiguzi 3:4 havuga yuko hari “igihe co gutwenga” n’“igihe co kuvyina”. Urumva rero ko Bibiliya iterekana ko kwisamaza ari ugutakaza umwanya. Yamara, ivy’ukwisamaza bikwiye gutuma twumva turuhuriwe aho gutuma tugeramirwa mu vy’impwemu canke ngo bigende birafata ikibanza kigenewe imirimo yacu yo mu vy’impwemu. Abakirisu bahumuye, bafatiye ku vyo bamaze kwibonera, barazi yuko gutanga ari vyo bizana agahimbare kenshi kuruta. Barashira imbere mu buzima bwabo ugukora ivyo Yehova agomba, maze bakumva ‘ukuruhurirwa’ nyakuri ‘kw’imitima yabo’ mu kwemera ingǒgo itababaza ya Yezu.​—Matayo 11:29, 30; Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

Ukuntu twohitamwo ukwisamaza kubereye

6, 7. Ni ibiki bishobora kugufasha kumenya nimba ukwinezereza kunaka kubereye canke kutabereye?

6 Dushobora gute kumenya neza nimba ukwisamaza kunaka kubereye ku mukirisu? Abavyeyi baraha ubuyobozi abana babo muri ivyo, kandi abakurambere barafasha igihe bikenewe. Ariko mu vy’ukuri, ntibikwiye kuba ngombwa ngo abandi babe ari bo batubwira ko igitabu kinaka, isenema yinaka, umuziki munaka, intambo yinaka, canke indirimbo yinaka bitabereye. Paulo yavuze ko ‘abakuze, ku bwo kwama bakoresha [‘ububasha bwabo bwo gutegera, babumenyereje’, NW] gutandukanya ikibi n’iciza’ (Abaheburayo 5:14; 1 Ab’i Korinto 14:20). Bibiliya iratanga ingingo ngenderwako zo kutuyobora. Ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe n’Ijambo ry’Imana rizogufasha niwaryumviriza.​—1 Timoteyo 1:19.

7 Yezu yavuze yuko “igiti kimenyekanira ku vyo cam[a]” (Matayo 12:33). Nimba ukwisamaza kunaka kwama icamwa kiboze c’ugukwegerwa n’ubukazi, ubuhumbu, canke amareba, ukwiye kukwamirira kure. Ukwisamaza kuba kandi kutabereye mu gihe gutuma ubuzima bw’umuntu canke amagara yiwe bija mu kaga, mu gihe gutuma agira ingorane mu vy’amahera canke agacika intege, cabure mu gihe gutsitaza abandi. Intumwa Paulo yatugabishije yuko mu gihe twokomeretsa ijwi ryo mu mutima ry’umuvukanyi wacu twoba dukoze icaha. Yanditse ati: “Iyo mukoreye icaha bene Data murtyo, mugakomeretsa imitima yabo idakomeye, muba mukoreye icaha Kristo. Ni co gituma namb’ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data”.​—1 Ab’i Korinto 8:12, 13.

8. Gukoresha udukino two mu buhinga bwa none be n’amavidewo birimwo akaga akahe?

8 Amamangazini usanga yuzuyemwo ibintu vy’udukino two mu buhinga bwa none (nk’udukoreshwa kuri orodinateri) be n’amavidewo. Tumwetumwe muri utwo dukino twoshobora kuba dutwenza mu buryo ata co butwaye kandi tugatuma umuntu yumva aruhuriwe. Yamara, mwene utwo dukino two kwinezereza tugenda turushiriza kuba uturimwo ivyo Bibiliya yiyamiriza. Igihe abakina agakino kanaka basabwa gukina nk’aho bariko barakomeretsa umuntu canke barica cabure nk’aho bariko bakora ibiterasoni, tuvugishije ukuri, ntikuba ari ugutwenza ata co gutwaye! Yehova aranka ‘abakunda ubukazi’ (Zaburi 11:5, NW; Imigani 3:31; Ab’i Kolosayi 3:5, 6). Vyongeye, nimba gukina agakino kanaka bigutsimbatazamwo umwina canke ubukazi, bikakuruhisha mu mutima, cabure bigatuma utakaza umwanya w’agaciro, nuce ubona ko bikugirira nabi mu vy’impwemu, uheze ugire ivyo uhinduye.​—Matayo 18:8, 9.

Ingene twokwisamaza mu buryo bubereye igihe twumva tubikeneye

9, 10. Abantu bazi kuraba neza ibintu bashobora gute kwisamaza igihe bumva babikeneye?

9 Rimwe na rimwe, hari abakirisu babaza bati: “Ukwisamaza kubereye ni ukuhe? Ko none usanga vyinshi mu vyo isi itanga biteye kubiri n’ingingo mfatirwako za Bibiliya?”. Shira amazinda, umuntu arashobora kuronka uburyo bwo kwisamaza bumara akanyota, ariko bisaba akigoro. Bisaba ko umuntu avyiyumvira imbere y’igihe akongera akabitegekanya neza, na canecane abavyeyi. Hari abiruhura mu buryo bumara akanyota bari kumwe n’abo mu muryango wabo canke abo mw’ishengero. Kwinovora udufungurwa ata kwihuta mwongera muyaga ku vyabaye kuri uwo musi canke ku kintu kinaka co muri Bibiliya, biraryoshe kandi birubaka. Hoshobora gutegekanywa ivyo kuja gusama akayaga, gukina udukino tubereye, kuja kuraba intara, canke kuba umuntu aragorora amaguru. Ukwisamaza kwiza mwene ukwo kurashobora kuryoha kukongera kugatuma umuntu yumva aheze akanyota.

10 Umukurambere umwe n’umukenyezi wiwe bafise abana batatu bavuga bati: “Abana bacu, kuva bakiri bato cane, bamye bagira ico bavuze mu vy’uguhitamwo aho twoja gutembera mu gihe c’uburuhuko. Hari igihe twabemerera ko umwe wese muri bo atumira umugenzi mwiza afise ngo tujane, ivyo bikaba vyaratuma ukwo gutembera kurushiriza kuryoha. Iyo habaye ikintu gihambaye mu buzima bw’abana bacu, ntibareka kwama bacibuka. Uko haciye igihe, twaza turatumira incuti n’abagenzi bo mw’ishengero bakaza i muhira. Twaratekera hanze tukongera tukarira hanze, eka tugakina n’udukino. Twaraja gutembera mu misozi n’umuduga be n’amaguru, tukaboneraho akaryo ko kwiga ibijanye n’ivyo Yehova yaremye”.

11, 12. (a) Wokora iki kugira ngo ushiremwo abandi bantu igihe utegekanya kuzogira akantu ko kwisamaza umusi munaka? (b) Ni uguhurira hamwe bwoko ki kwabaye intibagirwa ku batari bake?

11 Wewe ubwawe canke uko mugize umuryango, mwoba mushobora kwaguka mugashiramwo n’abandi bantu igihe mutegekanya kuzogira akantu ko kwisamaza umusi munaka? Hari abo wosanga bakeneye indemesho, nk’akarorero umupfakazi, umwirebange canke umuryango urimwo umuvyeyi umwe gusa (Luka 14:12-14). Kumbure woshiramwo n’abashasha bakeyi, yamara ukiyubara kugira ngo ivyo ntibize bitume abandi bagirwako akosho kabi (2 Timoteyo 2:20, 21). Niba hari abafise amagara make batoroherwa no kuja gutembera, kumbure urashobora kuraba ukuntu wozana udufungurwa aho baba mukadusangira.​—Abaheburayo 13:1, 2.

12 Ibihe vyo guhurira hamwe aho usanga abatumire bihereza udufungurwa dusanzwe, bakumva ukuntu abandi bashoboye gucika abakirisu, bakamenya n’icabafashije kuguma ari intahemuka ku Mana, vyarabaye ibihe vy’intibagirwa ku batari bake. Ibintu bijanye na Bibiliya birashobora gushirwa mu kiyago kandi abahari bose, ushizemwo n’abana, bagasabwa ko batokwitinya kugira ico babivuzeko. Ibiyago mwene ivyo birashobora gutuma haba ukuremeshanya mu buryo ngirakamaro, ata n’umwe arinze kwumva afise ubuyega canke ngo yumve ko we ata co ashoboye.

13. Yezu na Paulo batanze gute akarorero mu vyo kugaragariza abandi ubwakiranyi no mu vyo kwemera kubugaragarizwa?

13 Yezu yaratanze akarorero keza mu vyo kugaragaza ubwakiranyi no mu vyo kwemera kubugaragarizwa. Yama akoresha uturyo mwene utwo kugira atange imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu (Luka 5:27-39; 10:42; 19:1-10; 24:28-32). Abigishwa biwe bo mu ntango bariganye akarorero kiwe (Ivyakozwe n’intumwa 2:46, 47). Intumwa Paulo yanditse ati: “Nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe; [“kugira habe ukuremeshanya muri mwebwe, umwe wese aremeshwe n’ukwizera kw’uwundi, ukwanyu n’ukwanje”, NW]” (Abaroma 1:11, 12). Nk’ukwo nyene, ibihe tuba turi kumwe n’abandi bikwiye kuba ibihe bituma haba ukuremeshanya.​—Abaroma 12:13; 15:1, 2.

Ibintu bimwebimwe twibutswa be n’ivyo dukwiye kwiyubarako

14. Ni kubera iki bitoba ari vyiza ivyo kunezeranwa n’abandi bigiyemwo abantu benshi?

14 Ntivyoba vyiza ivyo kunezeranwa n’abandi bigiyemwo abantu benshi narirya guhagarikira ibintu mu gihe nk’ico akenshi usanga bitoroshe. Mu mwanya utari uwo gukora imirimo y’ivy’impwemu, imiryango nk’ingahe irashobora gushima kuja gusama akayaga iri hamwe canke gukina agakino katarimwo ivy’uguhiganwa birenze urugero. Iyo abakurambere, abakozi b’ishengero canke abakirisu bahumuye nka bangahe babaye bahari muri mwene ivyo bihe vyo kunezeranwa n’abandi, baragira akosho keza ku bandi, kandi birashobora kuryoha cane kuruta.

15. Ni kubera iki nyene gutumira abantu akwiye gucungera neza ibintu?

15 Mu bihe vyo kunezeranwa n’abandi, ababiringanije ntibakwiye gufatira mu rwara ivy’uko bihambaye gucungera neza ibintu. Naho biguhimbara kugaragariza abandi ubwakiranyi, ntiwokwumva none ubabaye nka hamwe wokwumva yuko umwe mu batumire bawe yatsitajwe n’ivyabereye mu nzu iwawe, bitumwe n’uko hari ivyo wafashe minenegwe? Raba ingingo ngenderwako ivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 22:8. Umwisirayeli yubaka inzu nshasha yasabwa kwubaka igikugiro gikikuza igisenge kibase c’iyo nzu, aho hakaba harakunda gukoreshwa mu kwakira abatumire. Ni kubera iki none yasabwa kugira ico kintu? Kugira ngo “[ntibihave] bizanira inzu y[i]we guharūrwakw amaraso y’uno akorotse”. Mu buryo nk’ubwo nyene, ivyo ugira mu ntumbero yo gukingira abo watumiye ngo munezeranwe hamwe, ariko ukabigira utarinze gushinga uturimbi turenze urugero, ukwiye kubigira urondera ineza yabo yo ku mubiri n’iyo mu vy’impwemu.

16. Ni ukwiyubara ukuhe umuntu akwiye kugira iyo haramutse hatanzwe inzoga igihe abantu bagiye hamwe kugira binezereze?

16 Haramutse hatanzwe inzoga mu gihe abantu bagiye hamwe kugira binezereze, hakwiye kuba ukwiyubara cane. Abakirisu benshi usanga bafata ingingo yo guha inzoga abatumire babo mu gihe gusa ari bo ubwabo baza kuraba inzoga nya batumire bahabwa canke izo banywa uko zingana. Umuntu ntakwiye kureka ngo hagirwe ikintu na kimwe cohava gitsitaza abandi canke cotuma hagira umuntu n’umwe yoshwa kunywa akarenza urugero (Abanyefeso 5:18, 19). Kubera imvo zitandukanye, hari abatumire bamwebamwe boshima kutanywa inzoga. Mu mihingo imwimwe, usanga hari imyaka umuntu abwirizwa gushikana imbere y’uko amategeko amurekurira kunywa, kandi abakirisu barakurikiza amategeko ya Kayisari n’igihe nyene ayo mategeko asa n’ayarenza urugero.​—Abaroma 13:5.

17. (a) Haramutse havugijwe umuziki igihe abantu bariko baranezererwa hamwe, ni kubera iki bihambaye ko nyene kubatumira arobanura neza imiziki ivuzwa? (b) Haramutse habaye ivy’ugutamba igihe abantu bariko baranezererwa hamwe, ni gute hakwiye kugaragazwa urupfasoni?

17 Nyene gutumira abandi akwiye kuraba neza yuko umuziki uwo ari wo wose, intambo iyo ari yo yose, canke uburyo bwo kwinezereza ubwo ari bwo bwose, bihuje n’ingingo ngenderwako za gikirisu. Abantu usanga badakunda imiziki imwe, kandi hariho imiziki y’ubwoko bwinshi. Yamara rero, myinshi mu miziki yo muri iki gihe usanga iremesha agatima k’ubugarariji, agatima k’ubuhumbu be n’agatima k’ubukazi. Birakenewe rero ko umuntu arobanura. Umuziki ubereye si ngombwa ngo ube ari urya uyengera, ariko kandi ntibisobanura ko ukwiye kuba uwuvyura inambu y’umubiri canke uwurimwo ibishegu, canke ngo ube ari urya usanga uvuza urwamo rwinshi cabure urimwo umudundo munini. Uraraba neza ntureke ngo umuntu ataratahura igituma bikenewe ko ijwi ry’umuziki riguma ku rugero rugereranye, abe ari we aja ku buhinga bw’ivyuma. Intambo itarimwo urupfasoni, iyo usanga itambwa mu kuzungagiza ibisusu n’amabere mu buryo bukabura inambu y’umubiri, biraboneka ko itoba ibereye ku mukirisu.​—1 Timoteyo 2:8-10.

18. Abavyeyi bashobora gute gukingira abana babo mu kuraba neza ivyo bajamwo mu ntumbero yo kunezeranwa n’abandi?

18 Abavyeyi bakirisu barakwiye kurondera kumenya ibitegekanywa kugirwa mu vyo abana babo batumirwamwo mu ntumbero yo kunezeranwa n’abandi, kandi vyoba biranga ubukerebutsi akenshi bagiye barajana na bo. Ikibabaje ni uko hari abavyeyi bamwebamwe baretse abana babo baragenda mu biteramo bitari bicungerewe, aho benshi mu bari bahari bohejwe gukora ivy’ubuhumbu be n’izindi ngeso zitabereye (Abanyefeso 6:1-4). N’igihe nyene abana baba bageze mu myaka ya nyuma y’ubuyabaga bakaba kandi bamaze kwerekana ko bashoboye gukoresha ubukerebutsi, biba bigikenewe ko hagira uwubafasha ‘guhunga ukwifuza kw’ubusore’.​—2 Timoteyo 2:22.

19. Ni igiki gishobora kudufasha kwitaho cane ivyo dukwiye ‘kubanza kwitwararika’?

19 Kuza umuntu aracishamwo akisamaza akongera akinezereza mu buryo bwiza kandi bumara akanyota, birashobora gutuma ubuzima burushiriza kuryoha. Yehova ntatubuza ico kintu kiryoshe, yamara turazi ko mu vy’ukuri ivyo kwinezereza ubwavyo bitadufasha kwirundaniriza ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu mw’ijuru (Matayo 6:19-21). Yezu yarafashije abigishwa biwe gutahura yuko ikintu gihambaye mu buzima ari ‘ukubanza kwitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo’, atari ivyo twoshobora kurya canke kunywa cabure kwambara, ‘ivyo abanyamahanga bitwararika’.​—Matayo 6:31-34.

20. Ni ibintu vyiza ibihe biva kuri wa Mutanzi Mukuru abasavyi b’intahemuka ba Yehova bashobora kwitega?

20 Ni vyo, haba iyo ‘turya, canke tunywa, canke dukora ikindi kintu cose’, turashobora ‘gukorera vyose gushimisha Imana’, gutyo tugashimira uwo Mutanzi Mukuru ku bw’ibintu vyose turyoherererwa mu buryo buri ku rugero (1 Ab’i Korinto 10:31). Mw’isi y’Iparadizo agiye kuzana, hazoba hari uturyo umuyoro two kunezererwa bimwe bishitse ugutanga cane kwa Yehova, twifatanya mu buryo bubereye n’abantu bose bashitsa ivyo asaba bigororotse.​—Zaburi 145:16; Yesaya 25:6; 2 Ab’i Korinto 7:1.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki bitoroshe ku bakirisu kuronka uburyo bwiza bwo kwisamaza muri iki gihe?

• Ni uburyo ubuhe bwo kwisamaza imiryango y’abakirisu imwimwe yasanze bumara akanyota?

• Igihe turiko twisamaza mu buryo bwiza, ni ivyibutswa ibihe be n’ivyo kwiyubarako ibihe dukwiye kugumiza ku muzirikanyi?

[Ifoto ku rup. 18]

Nuhitemwo ukwisamaza kwama ivyamwa vyiza

[Ifoto ku rup. 19]

Ni ukwisamaza bwoko ki abakirisu bamirira kure?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika