Inkuru y’ubuzima
Narihanganye nk’umusoda wa Kirisitu
NK’UKO VYAVUZWE NA YURII KAPTOLA
“Ubu rero ndajijutse yuko ufise ukwizera koko!” Ayo majambo yavuzwe n’uwo ntari ndayitezeko, uno akaba yari intwazangabo mu nteko z’Abasoviyeti, akaba ari amajambo yangaruriye agatege igihe nyene nari naregeye. Nari ngiye kumara igihe kirekire mu munyororo, nkaba nari natakambiye Yehova n’ubwira bwinshi ngo amfate mu mugongo. Nari ngiye kurwana urugamba rw’igihe kirekire, bikaba vyonsavye ukwihangana be n’umwiyemezo.
NAVUTSE ku wa 19 Gitugutu 1962, nkurira mu gice co mu Burengerazuba c’igihugu ca Ukraine. Muri uwo mwaka nyene ni ho dawe, uwitwa na wene Yurii, yabonana n’Ivyabona vya Yehova. Bidatevye, yaracitse umusavyi wa Yehova wa mbere mu karere iwacu. Igikorwa yakora nticabuze kubonwa n’abategetsi barwanya Ivyabona vya Yehova.
Ariko rero benshi mu babanyi bacu barubaha abavyeyi banje kubera kamere bari bafise za gikirisu, bakabubahira n’ukungene bitaho abandi bantu. Abavyeyi banje barakoresha akaryo kose baba baronse kugira twe na bashikanje batatu batwinjizemwo ugukunda Imana kuva tukiri batoyi, ivyo bikaba vyaramfashije guhangana n’ingorane nyinshi zitoroshe nahura na zo kw’ishure. Imwe muri mwene izo ngorane yavyutse igihe zina munyeshure wese yasabwa kwambara agakarata kamuranga yuko ari uwo mu bitwa Urwaruka rwa Lénine rwo muri Gitugutu. Kubera ukutagira aho mpengamiye kwanje kwa gikirisu, sinambaye nya gakarata, bica bituma nibonekeza ko ntameze nk’abandi.—Yohana 6:15; 17:16.
Mu nyuma igihe nari mu mwaka wa gatatu, abanyeshure bose basabwe kwinjira mu muhari w’urwaruka rw’Abakomunisita witwa Urwaruka rw’abadiridiri. Umusi umwe abo mw’isomero nigamwo barasohowe bajanwa ku mbuga y’ishure mu birori vy’ukwinjira muri uwo muhari. Vyaranteye ubwoba, nitega ko baja kunzomera bakongera bakankarira. Bose, kiretse jewe, bari baje bazanye udufulari twabo dutukura dushasha tw’abadiridiri. Abanyeshure baciye batonda umurongo muremure imbere y’umuyobozi w’ishure, abigisha be n’abanyeshure badukurira. Igihe babwira abanyeshure badukurira ngo batwambike nya dufulari mw’izosi, naciye nunamika umutwe ndaba hasi, nizigiye ko ata n’umwe aza kundaba na gato.
Njanwa mu mabohero ya kure cane
Igihe nari mfise imyaka 18, naraciriwe umunyororo w’imyaka itatu mporwa ukutagira aho mpengamiye kwa gikirisu (Yesaya 2:4). Umwaka wa mbere w’umunyororo nawumaze mu gisagara ca Trudovoye, mu ntara ya Vinnitskaya muri Ukraine. Igihe nari ng’aho, hariho n’ibindi Vyabona vya Yehova bagera kuri 30. Baciye baducamwo imigwi y’abantu babiribabiri badutatanya bakadushira mu yindi migwi itandukanye y’abakozi, kubera ko abakuru batashaka ko tuza turaja hamwe.
Muri Myandagaro 1982, twe n’uwitwa Eduard, uyo na we nyene akaba yari Icabona, twarashizwe mw’igariyamoshi itwara imbohe, batujana mw’ibohero mu misozi ya Oural, turi kumwe n’umugwi w’abandi banyororo. Twaramaze imisi umunani twihanganiye ubushuhe be n’ukudugana bitagira uko vyovugwa, gushika aho dushikiye kw’ibohero ry’i Solikamsk mu ntara y’i Permskaya. Twe na Eduard twashizwe mu dusho dutandukanye. Inyuma y’indwi zibiri, baciye banjana kure amagana mu Buraruko i Vels mu ntara ya Krasnovishersky.
Umuduga watujanye washitse hagati mw’ijoro ry’umwiza w’umuzitanya. Naho hari mu mwiza, intwazangabo imwe yategetse umugwi wacu ko wojabuka uruzi mu bwato. Si nya ruzi, si na nya bwato, nta na kimwe twabona! Mugabo twarakabakavye gushika aho dutsitara kuri nya bwato, maze, naho twari twagize ubwoba, turaraba ukuntu tujabuka urwo ruzi. Tumaze gushika ku nkengera yo hakurya, twaciye tugenda tugana umuco waboneka ku musozi wari mu micungararo, ari na ho twasanze utuzu dukeyi twubakishije amahema. Aho ni ho twari tugiye kuba. Ugereranije, ihema nabamwo ni ryo ryari rinini cane, nkaba naribanamwo n’abandi banyororo 30. Mu gihe c’urushana, twarihanganira ubukanye rimwerimwe bwamanuka bugashika ku ngero za dogere 40 musi y’ubusa, muri nya hema tukaba tutari tworohewe namba. Igikorwa ca mbere imbohe zakora cari ico kwicira ibiti, mugabo jewe nakora mu vyo kwubaka utuzu tw’abanyororo.
Imfungurwa z’ivy’impwemu zishika mu karere ka kure twabamwo
Ni jewe jenyene naba ng’aho ndi Icabona; mugabo Yehova ntiyigeze ampeba. Umusi umwe, hari itu ryashitse rirungitswe na mawe, akaba yari akiba mu Burengerazuba bwa Ukraine. Igihe uwari kw’izamu yatekurura nya tu, ikintu ca mbere yabonye kari akabibiliya gatoyi. Yaragatoye atangura kukazingurura anyaraguritsa. Naciye ngerageza kwiyumvira ico novuga cotuma ubwo butunzi bwo mu vy’impwemu batabugumya. Nya muntu yari kw’izamu yaciye buno nyene ambaza ati: “Iki ni igiki?”. Imbere y’uko no kwiyumvira niyumvira, umugenduzi w’abanyororo yari ahagaze hampande yaciye yishura ati: “Mbega uwuraho! Ico ni igitabu c’inyizamvugo”. Sinakuyeko n’umunwa (Umusiguzi 3:7). Wa mugenduzi yarasatse ibisigaye muri rya tu, aca arabimpereza biri kumwe na ka kabibiliya keza cane. Naranezerewe cane ku buryo namuhayeko imise mikeyi ku yari muri iryo tu ryanje. Aho ndonkeye iryo tu, naciye menya ko Yehova atanyibagiye. Yari yaramvuye ukuboko arandonsa ivyo nkeneye mu vy’impwemu.—Abaheburayo 13:5.
Namamaza ntatezura
Haciye amezi makeyi, naraguye mu gahundwe ngiye mbona ikete rivuye ku muvukanyi mukirisu yari apfungiwe mw’ibohero ryari ku bilometero 400 uvuye aho twari dupfungiwe. Yansavye ko norondera umugabo yari yaragaragaje ugushimishwa, ico gihe agashobora kuba yari mw’ikambi narimwo. Kwandika mwene iryo kete ryibonekeje cari ikintu kitaranga ubukerebutsi, kubera ko amakete twandika babanza kuyasuzuma. Ntibitangaje rero kubona umwe mu ntwazangabo yarandengukije ku biro iwe hanyuma akangabisha rwose ngo sinamamaze. Yaciye antegeka gushira umukono ku cete cavuga ko nohagarika kubwira abandi ivyo nemera. Nishuye yuko ntatahura igituma noshira umukono ku kintu nk’ico, kubera ko ata wutari azi yuko ndi Icabona ca Yehova. Navuze yuko abandi banyororo bashaka kumenya igituma mpfunzwe. None nari kubabwira ngw’iki (Ivyakozwe n’intumwa 4:20)? Nya ntwazangabo yarabonye yuko idashobora kungirako iterabwoba, ari co gituma yahisemwo kunkura ng’aho. Naciye ndungikwa mu yindi kambi.
Nimuriwe mu karere ka Vaya, ku bilometero 200 uvuye aho nahora. Ng’aho, abahagarikizi barubahirije impagararo yanje ya gikirisu, banshinga gukora ibikorwa bitajanye n’ivya gisirikare: ubwa mbere banshinze gukora ivy’ukubaza, hanyuma banshinga ivy’umuyagankuba. Mugabo ivyo bikorwa vyari n’ingorane vyisangije. Igihe kimwe, bambwiye ngo ntore ibikoresho vyanje ngende ku mugwi wakorera mu gihugu hagati. Ndahashitse, abasoda bo muri uwo mugwi barahimbawe no kumbona. Ingorane bari bafise yari iy’uko amatara yo gushariza ibimenyetso binyuranye vya gisirikare ataka neza. Bashaka ko ndabafasha gukwamura ibintu bimwebimwe kubera ko bariko bitegurira guhimbaza umusi mukuru w’ivya politike wa buri mwaka witwa uw’Ingabo zitukura (Armée Rouge). Maze kwiyumvira njanisha n’isengesho ico nokora, nababwiye ko ntashobora gukora mwene ico gikorwa. Naciye ndabaha vya bikoresho vyanje, hanyuma ndikurira meza. Baciye baja kundega ku cegera c’umukuru w’abasoda. Icantangaje ni uko yumvirije ivyo bandega, agaca avuga ati: “Ico kintu ndakimwubahira. Ni umuntu agendera ku ngingo”.
Indemesho yavuye ku wo ntari ndayitezeko
Ku wa 8 Ruheshi 1984, ni ukuvuga maze neza na neza imyaka itatu mpfunzwe, nararekuwe. Aho nsubiriye muri Ukraine, nabwirijwe kwiyandikisha ku basoda, yuko nahora ndi imbohe. Abategetsi bambwiye yuko nokwongeye gusambishwa inyuma y’amezi atandatu, bikaba rero vyombera vyiza mvuye muri iyo ntara buhere. Nuko nca mva muri Ukraine maze ndahava ndonka akazi muri Letoniya. Naramaze igihe namamaza nongera nifatanya n’umugwi mutoyi w’Ivyabona waba ku mugwa mukuru i Riga no mu micungararo yaho. Mugabo rero inyuma y’umwaka umwe gusa, narongeye gutumwako ngo nje mu gisirikare. Ku biro bijejwe abinjira mu gisirikare, nabwiye intwazangabo yuko imbere yaho nari naranse kuja mu gisirikare. Mu kunyishura, yaratontomwe ati: “Ubwo wewe urazi ivyo uriko uragira? Hinge turabe ico uja kubwira liyetena-koloneli!”.
Yaciye anshorera anjana ku cumba kimwe mw’igorofa ya mbere aho uwo muliyetena-koloneli yari yicaye inyuma y’imeza ndende. Yaranteze ugutwi yitonze igihe nariko ndasigura impagararo yanje, maze ambwira yuko ngifise umwanya wo gusubira kuzirikana ku ngingo nafashe imbere y’uko ndenguka imbere ya komite ijejwe abinjira mu gisirikare. Aho tuviriye ku biro vya nya muliyetena-koloneli, ya ntwazangabo yari yankariye ubwa mbere yariyemereye ati: “Ubu rero ndajijutse yuko ufise ukwizera koko!”. Igihe narenguka imbere ya komite ya gisirikare, narasubiye kuvuga impagararo yanje y’uko ntagira aho mpengamiye, ico gihe baca barandekura.
Muri ico gihe, naba mu nyubakwa ingenzi zakamwo indaro. Umusi umwe ku mugoroba, sinzi umuntu numvise adodora buhorobuhoro ku rugi. Naruguruye, nsanga ni umuntu yambaye igositime, afise n’akavalisi. Mu kunyidondora, yavuze ati: “Ndi uwo mu mugwi wa Leta ucungera umutekano. Ndazi yuko ufise ingorane be n’uko ugiye kuzosambishwa muri sentare”. Ndamwishura nti: “Egome, ivyo ni vyo”. Nya mugabo arashishikara ati: “Turashobora kugufasha hamwe woba wemeye gukorana natwe”. Nanje ndishura nti: “Oya, ivyo ntibishoboka. Sinzodohoka ku kwemera kwanje kwa gikirisu”. Ata n’akandi kigoro agize ngo abinyumvishe, yaciye agenda.
Nsubira mu munyororo, nsubira kwamamaza
Ku wa 26 Myandagaro 1986, Sentare y’igihugu y’i Riga yanciriye kumara imyaka ine nkora ibikorwa vy’umuruho, ku bw’ico nca njanwa kw’ibohero rikuru ry’i Riga. Banshize mu gasho kanini ndi kumwe n’abandi banyororo 40, nca ngerageza kubwira inkuru nziza imbohe yose yari muri ako gasho. Bamwe bavuga ko bemera Imana, abandi bakitwengera gusa. Nari nabonye yuko nya bantu bari bakoranijwe mu migwi, hanyuma inyuma y’indwi zibiri indongozi z’iyo migwi zimbwira yuko ntarekuriwe kwamamaza, kubera ko ntakurikiza amabwirizwa yabo ata ho yanditse. Nasiguye yuko icari catumye mpfungwa yari iyo mvo nyene, y’uko hari ayandi mabwirizwa nisunga.
Narabandanije kwamamaza niyubara, maze aho mboneye abasa n’uko bakunda ivy’impwemu, duca turigana Bibiliya na bane muri bo. Mu gihe twaba turiko turaganira, baza barandika mu dukarine inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Inyuma y’amezi makeyi, narungitswe mw’ikambi icungerewe cane y’i Valmiera, aho nakoze ivy’umuyagankuba. Ng’aho narashoboye kwigana Bibiliya n’uwundi mufundi w’ivy’umuyagankuba, inyuma y’imyaka ine akaba yahavuye acika Icabona ca Yehova.
Ku wa 24 Ntwarante 1988, barankuye muri iyo kambi icungerewe cane banjana mw’ikambi yo mu micungararo, haba ari ho mba. Uwo wari umuhezagiro vy’ukuri, kuko vyandonsa umwidegemvyo wisumbuye. Nashinzwe gukora ku mashantiye anyuranye y’ubwubatsi, nkaguma ndondera uturyo two kwamamaza. Akatari gake nakunda kuba ndi kure y’ikambi, nkamamaza gushika mw’ijoro, mugabo sinigeze ngira ingorane n’imwe igihe naba nsubiye ku ndaro.
Yehova yarahezagiye utwigoro twanje. Muri ako karere ico gihe hari Ivyabona bakeyi, mugabo mu gisagara ubwaho hari Icabona umwe gusa, ari we Vilma Krūmin̗a, akaba yari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru. Twe n’umuvukanyikazi Krūmin̗a twaratanguye kurongorera abakiri bato benshi inyigisho za Bibiliya. Rimwe na rimwe, abavukanyi n’abavukanyikazi baragira ingendo bavuye i Riga, kugira ngo bagire uruhara mu busuku, hakaba n’abatsimvyi basanzwe bamwebamwe baza bavuye i Leningrad (ubu hakaba hitwa Saint-Pétersbourg). Yehova yarafashije turatanguza inyigisho za Bibiliya zitari nke, mu nyuma na ho ndasaba kwinjira mu murimo w’ubutsimvyi, buri kwezi nkaza ndahebera amasaha 90 igikorwa co kwamamaza.
Ku wa 7 Ndamukiza 1990, urubanza rwanje rwarasubiriye guhamagarwa ngo rusubirwemwo muri Sentare y’abanyagihugu y’i Valmiera. Igihe rwatangura kwumvirizwa, umushikirizamanza naramumenye. Yari umusore twari twahoze tuganira kuri Bibiliya! Na jewe yaramenye, aca aramwenyura, mugabo nta kintu yavuze. N’ubu ndacibuka ivyo umucamanza yambwiye igihe nariko ndasambishwa uyo musi. Yavuze ati: “Yurii, ingingo yafashwe yo kugupfunga kuva imyaka ine iheze yari iteye kubiri n’amategeko. Ntibari bakwiye kugupfungisha”. Ntari ndanavyiteze, baciye bandekura!
Umusoda wa Kirisitu
Muri Ruheshi 1990, vyarongeye gukenerwa ko niyandikisha ku biro bijejwe abinjira mu gisirikare kugira ngo ndonke urukaratasi runyemerera kuba i Riga. Narinjiye muri vya biro nyene vyarimwo ya meza nyene ndende, ha hantu hari haciye imyaka ine mbwiriye umuliyetena-koloneli yuko ntashobora kuja mu gisirikare. Ico gihe hoho yarahagurutse kundamutsa, ankora mu minwe n’igishika, ambwira ati: “Birateye isoni kubona wiriwe uragirirwa ivyo vyose. Ndababajwe no kubona vyakugendeye gutyo”.
Nishuye nti: “Jewe ndi umusoda wa Kirisitu, kandi ntegerezwa kubaho nshitsa ibanga njejwe. Ufashijwe na Bibiliya, na wewe urashobora kuzokwironkera ivyo Kirisitu yasezeraniye abayoboke biwe, ni ukuvuga ubuzima bwiza na kazoza k’ibihe bidahera” (2 Timoteyo 2:3, 4). Uwo mukoloneli yanyishuye ati: “Mperuka kugura Bibiliya, kandi ubu ndiko ndayisoma”. Nari mfise ca gitabu kivuga ngo Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isia. Narakizinguruye ku kigabane kivuga ikimenyetso kiranga imisi y’iherezo, ndamwereka ingene ubuhanuzi bwa Bibiliya bujanye n’igihe turimwo. Uwo mukoloneli yarakengurutse cane, yongera kunkora mu minwe n’igishika, aca anyipfuriza kuroranirwa mu gikorwa canje.
Mugabo ico gihe muri Letoniya indimiro yari yeze vy’ukuri, ikeneye kwimburwa (Yohana 4:35). Mu 1991, ni ho natangura gukora bwa mukurambere w’ishengero. Mu gihugu cose hari abakurambere babiri gusa bagenywe! Haciye umwaka, iryo shengero rimwe rudende ryo muri Letoniya ryaragabuwemwo kubiri, rivamwo ishengero rikoresha ururimi rw’ikinya Letoniya be n’ishengero rikoresha ururimi rw’ikirusiya. Naratewe agateka ko gukorana n’ishengero rikoresha ikirusiya. Iyongerekana ryarihuse cane ku buryo mu mwaka wakurikiye, ishengero ryacu ryagabuwemwo amashengero atatu! Ntereje amaso inyuma, biratomoye yuko Yehova ubwiwe yariko arayobora intama ziwe azerekeza kw’ishirahamwe ryiwe.
Mu 1998, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe mu gisagara ca Jelgava, ku bilometero 40 amagana mu Bumanuko bushira Uburengero bw’i Riga. Muri uwo mwaka nyene, ni je muntu wa mbere wo muri Letoniya yatumiwe kwitaba Ishure rimenyereza abasuku rigirwa mu rurimi rw’ikirusiya ahitwa Solnechnoye, hakaba ari hafi y’i Saint-Pétersbourg mu Burusiya. Igihe nari kuri iryo shure, nariboneye ukuntu bihambaye kugira agatima ko gukunda abantu kugira ngo turoranirwe mu busuku. Icankoze ku mutima cane kuruta ibintu vyose twigishijwe kuri iryo shure, ni urukundo be n’ubwitwararitsi twagiriwe n’umuryango wa Beteli be n’abigisha bo muri iryo shure.
Nateye iyindi ntambwe y’intibagirwa mu buzima mu mwaka wa 2001, aho nubakana na Karina, umukenyezi mukirisu w’igikundiro. Karina yarifatanije nanje mu murimo udasanzwe w’igihe cose, kandi imisi yose ndaremeshwa no kubona ingene umukenyezi wanje ataha anezerewe cane iyo avuye mu murimo wo mu ndimiro. Si ivy’imbeshere, gukorera Yehova biratera akanyamuneza kenshi. Ibintu vy’agacavutu vyanshikiye ku ntwaro y’Abakomunisita vyaranyigishije kwizigira Yehova ngaherezako. Nta kintu na kimwe umuntu atoheba igihe yipfuza kuguma acuditse na Yehova no gushigikira ukugaba n’ukuganza kwiwe. Gufasha abandi kumenya ivyerekeye Yehova vyarampaye intumbero mu buzima. Vyarambereye agateka ntangere gukorera Yehova nk’“umusoda mwiza wa Kristo”.—2 Timoteyo 2:3.
[Akajambo k’epfo]
a Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu kikaba kitagicapurwa.
[Ifoto ku rup. 10, 11]
Naciriwe kumara imyaka ine nkora ibikorwa vy’umuruho mpfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Riga
[Ifoto ku rup. 12]
Ndi kumwe na Karina mu busuku