ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/8 rup. 13-15
  • Ni ryari gushavura vyoba bifise ishingiro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ryari gushavura vyoba bifise ishingiro?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu vyashavuje Yehova
  • Ibicumuro bikomakomeye bikorerwa abantu
  • Ibibi bidahambaye
  • Kubabarira abandi bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/8 rup. 13-15

Ni ryari gushavura vyoba bifise ishingiro?

MU MUSIGUZI 7:9, Bibiliya ivuga iti: “Uburake bgama mu mushaha w’ibipfu” (Ni twe dushimitse.). Uwo murongo werekana ko tudakwiye kubabara birenze urugero igihe hagize umuntu adushavuza; aho gushavura, dukwiye riho kuba abaharira abandi.

Ariko none, mu Musiguzi 7:9 hoba hashaka kuvuga ko tudakwiye kwigera dushavuzwa n’ikintu na kimwe canke n’umuntu n’umwe, ko dukwiye guharira abantu ku bintu bibabaza vyose botugirira, tutiriwe turaraba ukuntu bihambaye canke incuro bikozwe, tukavyihoza? Twoba dukwiye gufata minenegwe ivyo gushavuza abandi mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora ngo ni uko tuzi ko uwagiriwe nabi akwiye guharira uwamugiriye nabi? Ivyo si ko bikwiye kumera.

Yehova Imana ni we karorero ntangere k’urukundo, imbabazi ikigongwe n’ukwihangana. Yamara, muri Bibiliya hariho ahantu henshi avugwa ko yashavuye. Igihe caba ari igicumuro gikomeye, yarahana ababa bagikoze. Rimbura uturorero tumwetumwe.

Ibintu vyashavuje Yehova

Inkuru iri mu 1 Abami 15:30 iravuga ivyaha Yerobowamu yakoze “akabikwegeramwo n’Abisirayeli, [kandi] kubg’umwikomo yateye Uhoraho Imana . . . , akamuratsa”. Mu 2 Ngoma 28:25, Bibiliya ivuga ivyerekeye Umwami Ahazi w’i Buyuda, iti: “Atabamw’ibitabo vy’aho kwosereza imibavu izindi mana, atera umwikomo Uhoraho Imana ya ba sekuruza”. Akandi karorero tugasanga mu Bacamanza 2:11-14, ahagira hati: “Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali; . . . , [baratsa] Uhoraho. . . . Uburake bg’Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’abanyazi”.

Hariho ibindi bintu vyashavuje Yehova bituma afata ingingo ruhasha. Nk’akarorero, muri Kuvayo 22:18-20, dusoma duti: “Umurozikazi ntimuze mumureke ngw abeho. Ūzoryamana n’igitungano ntaz’abure kwicwa. Ūzotanga ikimazi, akagiha iyindi mana, atari jewe Uhoraho jenyene, az’arandurwe rwose”.

Yehova ntiyabandanije guharira Abisirayeli ba kera ku bicumuro bikomakomeye bakora, igihe baguma bamushavuza ntibagaragaze ukwigaya nyakuri. Igihe abantu banka kwigaya vy’ukuri ntibakore n’ibintu vyerekana ko bahindukiye bakareka kugambararira Yehova, amaherezo Imana yaratumye abo banyavyaha barandurwa. Ivyo vyashikiye ihanga ryose uko ringana mu 607 B.G. C., igihe ryasangangurwa n’Abanyababiloni, no mu 70 G.C., igihe ryasangangurwa n’Abaroma.

Egome, Yehova arababazwa n’ibintu bibi abantu bavuga canke bakora, mbere arica abacumuzi b’intigaya bakora ivyaha bikomakomeye. Mugabo none, ivyo vyoba bituma aca aja mu mugwi wa bamwe bavugwa mu Musiguzi 7:9? Haba n’intete! Arafise imvo yumvikana yo kubabazwa n’ivyaha bikomakomeye kandi yama nantaryo aca izibereye. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova iti: “Igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri”.​—Gusubira mu vyagezwe 32:4.

Ibicumuro bikomakomeye bikorerwa abantu

Mu gihe ca vya Vyagezwe Imana yari yarahaye Isirayeli ya kera, umuntu acumuye ku bantu ibicumuro bikomakomeye vyaramuviramwo ingaruka zikomeye. Nk’akarorero, umusuma aramutse yinjiye mu nzu mw’ijoro maze mwene inzu akamwica, ayo maraso ntiyaja ku gatwe ka mwene inzu. Uwo mwene inzu yaba yakorewe ikibi gikomeye ata co azira. Ku bw’ivyo, dusoma duti: “Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe [mwene inzu] amaraso yiwe ntaz’amukore”.​—Kuvayo 22:2.

Umugore yaba yafashwe ku nguvu yari afise imvo yumvikana yo gushavurira rwose uwamufashe ku nguvu, kubera ko ico ari icaha gikomeye mu nyonga z’Imana. Mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, umugabo yafata umugore ku nguvu yategerezwa kwicwa nka kurya nyene vyagenda ku “muntu avira hasi uwundi, akamwica” (Gusubira mu vyagezwe 22:25, 26). Naho tutakigengwa n’ico Cagezwe, biratwereka ukuntu Yehova abona ivyo gufata abantu ku nguvu, ico kikaba ari ikibi kibishe.

No muri iki gihe cacu, ugufata abantu ku nguvu ni icaha gikomeye gihanwa bimwe bikaze. Uwafashwe ku nguvu arafise uburenganzira bwo kuja kwitwara muri polisi. Muri ubwo buryo, abategetsi babijejwe barashobora guhana nyene gukora ico caha. Igihe na ho nyene gufatwa ku nguvu ari umwana ataragera mu bigero, abavyeyi biwe boshobora kuba ari bo baca babimugiramwo.

Ibibi bidahambaye

Ariko rero, si ibibi vyose bisaba ko abategetsi bagira ico bakoze. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kubabazwa cane n’udukosa abandi bakora tuboneka ko ari dutoduto, ahubwo dukwiye kubaharira. Dukwiye guharira abandi akangana iki? Intumwa Petero yabajije Yezu ati: “Mushingantahe, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?”. Yezu yamwishuye ati: “Jeho sinkubgira yuk’ugeza indwi, arik’ugeze indwi-indwi gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi”.​—Matayo 18:21, 22.

Ku rundi ruhande, turakeneye kubandanya kuryohora kamere yacu ya gikirisu kugira tugabanye rwose ivyo gushavuza abandi. Nk’akarorero, igihe uri kumwe n’abandi, woba rimwe na rimwe uvuga ushibaguzwa, ata bugenge canke utukana? Bene ubwo buryo bwo kuvuga bwoshobora kubabaza abandi. Aho kunebagura umuntu ngo ni uko yashavuye, kandi ukabona ko ari we riho ategerezwa guharira uwamushavuje, wewe nyene kumushavuza ukwiye kubona ko ari wewe watumye ashavura. Nyene kumushavuza arakeneye gukora uko ashoboye kugira acungere ivyo akora be n’ivyo avuga kugira ngo areke kuza arashavuza abandi. Ako kigoro kazogabanya incuro tubabaza inyiyumvo z’abandi. Bibiliya itwibutsa iti: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra” (Imigani 12:18). Igihe tubabaje abandi, naho nyene vyoba vyashitse tutabishaka, gusaba imbabazi vyotuma ibintu bisubira kuja mu buryo.

Ijambo ry’Imana rirerekana ko dukwiye “[gukurikira] ivy’amahoro n’ivyo gukomezanya” (Abaroma 14:19). Igihe tugengeza kandi tukagira umutima mwiza, tuba dushize mu ngiro uyu mugani ugira uti: “Ijambo rivuzwe [“ku gihe kibereye”, NW] ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza” (Imigani 25:11). Ese ukuntu ivyo bituma umuntu yumva aryohewe kandi ahimbawe! Imvugo irimwo ukwiyorosha kandi irimwo ubugenge irashobora mbere gutuma abantu bagoye bahindura inyifato. Nakare “ururimi rwiyoroheje rujanjagura igufa”.​—Imigani 25:15.

Ku bw’ivyo, Ijambo ry’Imana riduhanura riti: “Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese” (Ab’i Kolosayi 4:6). Imvugo ngo “zirunzwe umunyu” isobanura ko twotuma ivyo tuvuga biba ibiryohera abandi, gutyo tukaba tugabanije ivyo guhava dushavuza abandi. Haba mu mvugo canke mu ngiro, abakirisu bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bakurikize iyi mpanuro Bibiliya itanga igira iti: ‘Rondera amahoro, uyakurikire’.​—1 Petero 3:11.

Gutyo rero, mu Musiguzi 7:9 hategerezwa kuba hasobanura ko dukwiye kwirinda gushavuzwa n’ivyaha biboneka ko ari bitobito abandi batugirira. Hari aho ivyo vyaha vyoba vyatewe n’agasembwa twebwe abantu dufise, canke naho mbere umuntu yoba yabikoze n’ibigirankana, bikaba bidahambaye. Mugabo rero, igihe ari icaha gikomeye, birumvikana ko uwakigiriwe yoshobora kubabara maze agahitamwo gutangura gukora ibibereye kugira asubize ibintu mu buryo.​—Matayo 18:15-17.

[Ifoto ku rup. 14]

Yehova yararetse Abisirayeli batigaya barasangangurwa n’Abaroma mu 70 G.C.

[Ifoto ku rup. 15]

‘Ijambo rivuzwe ku gihe kibereye ni nk’amacungwa y’izahabu’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika