‘Umuco utagira agatotsi’ warasiwe kuri Bibiliya uvuye mu bubiko bw’ibitabu bwa kera cane bwo mu Burusiya
INCABWENGE zibiri ziriko zirarondera ivyandiko vya Bibiliya vya kera vyandikishijwe iminwe. Umwumwe wese muri bo arafata urugendo agaca mu bugaragwa, akaza ararondera mu masenga, mu bigo vy’abihebeye Imana, no mu bitandara abantu babamwo kera. Haciye imyaka, inzira bafashe zirahava zigahurira mu bubiko bw’ibitabu bwa kera cane bwo mu Burusiya. Aho ni ho basanga bimwe mu vyandiko vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe, bishimishije kuruta ibindi vyose bimaze kwuburwa mw’isi. Abo bagabo bari bande? Ubutunzi bubuye bwashitse mu Burusiya gute?
Ivyandiko vya kera vyandikishijwe iminwe biraburanira Ijambo ry’Imana
Kugira ngo tumenye umwe muri izo ncabwenge zibiri, dutegerezwa gusubira mu ntango y’ikinjana ca 19, igihe mu Buraya hariko haraba amahinduka akomakomeye kandi anyaruka mu bijanye n’ubumenyi. “Ukumurikirwa” ni ryo jambo rikoreshwa mu kudondora ico gihe c’iterambere mu vy’ubuhinga n’imico kama, catumye abantu bakekeranya ku vyari bisanzwe vyemerwa. Abashakashatsi b’inkuru z’ivya Bibiliya bariko bararondera gutuma Bibiliya itakaza ububasha bwayo. Mu bisanzwe, incabwenge zariko zirakekeranya ku vy’uko igisomwa ca Bibiliya coba ari ic’ukuri.
Ababuranira Bibiliya bamwebamwe b’umutima nziraburyarya baratahuye yuko hariho ibindi bintu vyoburaniye Bibiliya, bigashigikira ivy’uko Ijambo ry’Imana ari iry’ukuri, ivyo na vyo bikaba vyari ivyandiko vya Bibiliya vya kera vyandikishijwe iminwe bitari bwuburwe. Habonetse ivyandiko vyandikishijwe iminwe vya kera cane kuruta ivyari bihasanzwe, vyokwemeje ata jwi bisohoye yuko igisomwa ca Bibiliya kitarimwo amakosa, naho hari haciye igihe kirekire baza baragerageza gutitura canke kugoreka ubutumwa buri muri yo. Ivyandiko nk’ivyo vyari gushobora kandi kwerekana ahantu hakeyi mu gisomwa hahinduwe nabi.
Bimwe mu bihari bishushe bijanye no kumenya nimba Bibiliya ari iy’ukuri, vyabereye mu Budagi. Ng’aho, umwigisha wo kuri kaminuza akiri muto yarahevye ubuzima bwiza yari afise, afata urugendo rwomushikanye ku kwubura bimwe mu vyandiko vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe bihambaye kuruta ivyigeze kwuburwa vyose. Yitwa Konstantin von Tischendorf, akaba yari incabwenge mu vya Bibiliya yiyamirije ubushakashatsi bw’inkuru z’ivya Bibiliya, bigatuma atahukana intsinzi ikomeye mu kuburanira ivy’uko igisomwa ca Bibiliya ari ic’ukuri. Urugendo rwa mbere yagize mu bugaragwa bwa Sinayi mu 1844 rwaravuyemwo ivyiza bitangaje. Igihe yatereza amaso gusa mu kintu batamwo umwavu cari mu kigo c’abihebeye Imana, yasanzemwo ikopi ya kera ya Bibiliya yitwa Septante, canke impinduro y’ikigiriki y’Ivyanditswe vy’igiheburayo, ikaba ari yo yari iya kera cane kuruta izari zimaze kwuburwa zose!
Tischendorf, uwari yishwe n’umunezero, yarashoboye gukuramwo ibipapuro 43. Naho yari yajijutse ko hariyo n’ibindi, igihe yasubirayo mu 1853 yaronse agapande kamwe gusa. None ibindi vyari hehe? Kubera yuko amafaranga yari yamuheranye, Tischendorf yaciye arondera umutunzi yomufasha, aca afata ingingo yo kwongera kuva mu gihugu ciwe c’amavukiro, akaja kurondera ivyandiko vya kera vyandikishijwe iminwe. Mugabo imbere y’uko atangura ico gikorwa, yabanje kwitura umwami w’abami w’Uburusiya.
Umwami w’abami ashima igikorwa ciwe
Tischendorf ashobora kuba yaribaza ingene yokwakiriwe mu Burusiya, igihugu kinini cari caremeye idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya, narirya wewe yari incabwenge y’umuporotisanti. Igishimishije ni uko Uburusiya bwari bwarinjiye mu kiringo ciza aho ibintu vyari vyarahindutse. Ukurushiriza kwitwararika ivy’amashure kwari kwatumye hashingwa Ububiko bw’ibitabu bw’i bwami bw’i Saint-Pétersbourg mu 1795, bushinzwe n’umwamikazi w’abami Gatarina wa kabiri (yitwa kandi Gatarina Mukuru). Kubera yuko bwari bwo bubiko bwa mbere bw’Uburusiya, bwatumye abantu amamiliyoni bashobora kuronka amakuru umuyoro yanditswe.
Naho bwahayagizwa yuko ari bumwe mu bubiko bwiza kuruta ubundi i Buraya, Ububiko bw’ibitabu bw’i bwami bwari n’agahaze. Inyuma y’imyaka 50 yari ihaciye ubwo bubiko bushinzwe, bwarimwo ivyandiko vy’igiheburayo vyandikishijwe iminwe bitandatu gusa. Ntibwashobora kumara akanyota abantu bo mu Burusiya bariko barushiriza kwitwararika ivyo kwiga indimi Bibiliya yanditswemwo be n’indimi yahinduwemwo. Gatarina wa kabiri yari yararungitse incabwenge muri za kaminuza zo mu Buraya kugira ngo bige igiheburayo. Aho izo ncabwenge zihindukiriye, ivyo kwigisha igiheburayo vyaciye bitangura mu maseminari makurumakuru y’aborotodogisi yo mu Burusiya, eka mbere ari bwo bwa mbere, incabwenge z’Abarusiya ziratangura guhindura mu kirusiya Bibiliya itagiramwo amakosa, zifatiye ku gisomwa c’igiheburayo ca kera. Mugabo barahuye n’ingorane yo kubura amahera, eka baranarwanywa n’indongozi z’idini zitashaka ko ibintu bihinduka. Ukumurikirwa nyakuri ntikwari bwatangure ku bariko barondera ubumenyi bwo muri Bibiliya.
Umwami w’abami Alegizandere wa kabiri ntiyatevye gutahura agaciro k’igikorwa ca Tischendorf, aca aramushigikira mu vy’amahera. Naho hari “abagiriye ishari Tischendorf bakongera bakamurwanya birenze urugero”, yaragarutse avuye ku gikorwa yari yagiyeko mu ntara ya Sinayi, aza azanye ibihimba vyari bisigaye vya ya mpinduro Septantea. Iyo mpinduro, iyahavuye yitwa Codex Sinaiticus, iracari imwe mu vyandiko vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe bikiriho. Tischendorf ashitse i Saint-Pétersbourg yaciye anyaragasa aja aho umwami w’abami yaba, ku kirimba umwami w’abami yabamwo mu gihe c’urushana. Yaciye asaba uwo mwami w’abami yuko yoshigikira ico yise “kimwe mu bikorwa bihambaye kuruta ibindi mu vyerekeye kwiga bimwe vyitondewe ibijanye na Bibiliya”, kikaba cari ico gusohora ivyo vyandiko vyari biherutse kwuburwa, ivyahavuye bishirwa muri bwa Bubiko bw’ibitabu bw’i bwami. Uwo mwami w’abami yaciye yemera, Tischendorf na we, uwo akamwemwe kariko karasya, akaba yahavuye yandika ati: “Indavyi yaraduhaye . . . Bibiliya y’i Sinayi, kugira ngo itubere umuco ukwiye kandi utagira agatotsi udufasha kumenya igisomwa nyakuri co mw’Ijambo ry’Imana ryanditse, no kuburanira ukuri [kwa Bibiliya] mu gushira ahabona ukuntu kwari kumeze mu ntango”.
Ubutunzi bwa Bibiliya bwavuye i Kirimeya
Iyindi ncabwenge yariko irondera ubutunzi bwa Bibiliya, yavuzwe mu ntango z’iki kiganiro. Uti yari nde? Imyaka mikeya imbere y’uko Tischendorf asubira mu Burusiya, hari umuntu yabajije Ububiko bw’ibitabu bw’i bwami yuko bwoba bukeneye ivyandiko vyandikishijwe iminwe, ico kikaba cari ikintu kitari citezwe na gato ku buryo umwami w’abami yaciye abona ko bitomujana, vyongera bituma incabwenge zivuye hirya no hino mu Buraya zija mu Burusiya. Erega baraguye mu gahundwe: Imbere yabo hariho ikirundo c’ivyandiko vya kera vyandikishijwe iminwe hamwe n’ibindi vyandiko. Igitigiri cavyo cari gitangaje, cashika ku vyandiko 2.412, harimwo n’ivyandiko vyandikishijwe iminwe be n’imizingo bishika ku 975. Muri ivyo, harimwo ivyandiko vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe bishika 45 vy’imbere y’ikinjana ca 10. Naho vyasa n’ibitangaje, ivyo vyandiko nka vyose vyari vyatororokanijwe n’umuntu umwe yitwa Abraham Firkovich, incabwenge y’Umukarayite yari afise imyaka irenga 70 y’amavuko ico gihe! Ariko none Abakarayite bari bandeb?
Umwami yari ashashaye kumenya inyishu y’ico kibazo. Uburusiya bwari bwaraguye imbibe zabwo bushiramwo n’intara yari yahoze yegukira ibindi bihugu. Ivyo vyari vyatumye muri iyo nganji nganzabami hazamwo iyindi migwi y’amoko. Intara nziza igitangaza ya Kirimeya, iyiri ku nkengera y’Ikiyaga Cirabura, yabamwo abantu wamenga ni Abayuda mugabo bari bafise imigenzo y’Abanyaturukiya, bakaba bavuga ururimi rufitaniye isano n’ururimi rwitwa tatar. Abo Bakarayite bakomotse ku Bayuda bajanywe inyagano i Babiloni aho Yeruzalemu isanganguriwe mu mwaka wa 607 B.G.C. Ariko rero, bobo bari batandukanye n’Abayuda b’abarabi kubera batemera igitabu citwa Talmud, bakaba bashimika cane ku gusoma Ivyanditswe. Abakarayite b’Abanyakirimeya bari bashashaye gushikiriza umwami w’abami ikimenyamenya c’uko batandukanye n’Abayuda b’abarabi, kugira ngo ntabafate nk’Abayuda. Mu gushikiriza ivyandiko vya kera vyandikishijwe iminwe vyari bifiswe n’Abakarayite, bari bizigiye ko bazokwemeza yuko bakomotse ku Bayuda bari baragiye kuba mu ntara ya Kirimeya, inyuma ya bwa bunyagano bw’i Babuloni.
Igihe Firkovich yatangura kurondera ivyandiko vya kera vyandikishijwe iminwe, yahereye mu bitandara abantu bahora babamwo vy’i Chufut-Kale. Abakarayite bari bahoze baba muri utwo tuzu dutoduto dukorogoshowe mu bitandara bakongera bakadusengeramwo. Abakarayite ntibigera batabura canke ngo baturire amakopi ashaje y’Ivyanditswe yariko izina ry’Imana ari ryo Yehova, kubera yuko babona ko gukora ikintu nk’ico ari ukumenja. Ivyo vyandiko vyandikishijwe iminwe babishingura bitonze mu kazu kabikwamwo ibintu kitwa geniza, iryo jambo mu giheburayo rikaba risobanura ngo “aho banyegeza ibintu”. Kubera yuko Abakarayite bubaha cane izina ry’Imana, ivyo vyandiko ntibakunda kubikoma.
Firkovich ntiyateshejwe n’umukungugu wari wagiye urarundana mu binjana n’ibindi; yararondereye yitonze mu bibanza vy’ako kazu kabikwamwo ibintu ari ko geniza. Muri kimwe muri ivyo bibanza, yasanzemwo icandiko candikishijwe iminwe kizwi cane co mu 916 G.C. Ico candiko, (icitwa Codex de Saint-Pétersbourg des derniers prophètes), ni kimwe mu vyandiko vya kera cane kuruta ibindi vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo bikiriho.
Firkovich yarashoboye kuronka ivyandiko umurundo vyandikishijwe iminwe, maze mu mwaka wa 1859, aca afata ingingo yo kubaza bwa Bubiko bw’ibitabu bw’i bwami nimba bukeneye ivyo vyandiko vyinshi cane yari yaregeranije. Mu 1862, Alegizandere wa kabiri yarafashije ubwo bubiko kugura ivyo vyandiko, mu gutanga amahera yari menshi cane ico gihe, ni ukuvuga amahera y’amarusiya ashika 125.000. Ico gihe, amahera yose hamwe ubwo bubiko bwakoresha ku mwaka ntiyarenga amarusiya 10.000! Muri ivyo bintu vyaguzwe harimwo na ca candiko candikishijwe iminwe kizwi cane citwa Codex de Leningrad (B 19A). Ico candiko ni ico mu mwaka wa 1008, kandi ni yo kopi ikwiye ya kera cane kuruta izindi z’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Hari incabwenge imwe yavuze yuko “gishobora kuba ari co candiko conyene ca Bibiliya candikishijwe iminwe gihambaye kuruta ibindi vyose, kubera yuko ari co cafatiweko mu gutunganya igisomwa gihinyanyuye c’impinduro za Bibiliya nyinshi z’igiheburayo zo mu gihe ca none” (Raba uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro.). Muri uwo mwaka nyene, ni ukuvuga mu 1862, Codex Sinaiticus ya Tischendorf yarasohowe, kw’isi yose barayikugura.
Ukumurikirwa mu vy’Imana mu bihe vya none
Ububiko bw’ibitabu basigaye bita Ububiko bw’ibitabu bw’igihugu c’Uburusiya, ni bwo burimwo ivyandiko vyinshi vyandikishijwe iminwe vya kera kuruta ibindi kw’isic. Bivanye n’ukuntu kahise k’Uburusiya kagiye karahinduka, izina ry’ubwo bubiko rimaze guhindurwa incuro indwi mu kiringo c’ibinjana bibiri. Izina benshi bamenyereye ni Ububiko bw’ibitabu bwa Leta bw’i Saltykov-Shchedrin. Naho uruhagarara rwo mu kinjana ca 20 rutabuze kugira ivyo rwonona muri ubwo bubiko, ivyandiko vyandikishijwe iminwe vyarimwo nta co vyigeze biba muri za ntambara zibiri z’isi yose no muri ca gihe igisagara ca Leningrad caterwa. None ivyo vyandiko bidufitiye akamaro akahe?
Ivyandiko vyandikishijwe iminwe vya kera ni vyo masôko yo kwizigirwa abahinduzi bisunga mu guhindura Bibiliya nyinshi zo mu gihe ca none. Bituma abarondera ukuri b’inziraburyarya bashobora kuronka impinduro itarimwo agatotsi y’Ivyanditswe Vyeranda. Icandiko citwa Codex Sinaiticus n’icitwa Codex de Leningrad vyarafashije cane mu guhindura Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, ikaba yabonetse yose uko ingana mu 1961. Nk’akarorero, impinduro yitwa Biblia Hebraica Stuttgartensia n’iyitwa Biblia Hebraica ya Kittel, zikaba zakoreshejwe na Komite ijejwe ivyo guhindura Bibiliya Traduction du monde nouveau, zishingiye kuri Codex de Leningrad kandi zirakoresha za ndome zine zitwa Tetaragarama, ari ryo zina ry’Imana, incuro 6.828 mu gisomwa co mu ntango.
Abasomyi ba Bibiliya bakeyi ni bo batahura ko ivyo basoma babikesha ububiko bw’ibitabu bw’i Saint-Pétersbourg be n’ivyandiko vyandikishijwe iminwe biri muri bwo, bimwebimwe muri vyo bikaba vyitirirwa izina rya kera ry’ico gisagara ari ryo Leningrad. Yamara uwo canecane tubikesha, ni uwandikishije Bibiliya ari we Yehova, we atanga umuco wo mu vy’impwemu. Ni co gituma umwanditsi wa Zaburi yatakamvye ati: “N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre”.—Zaburi 43:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Yarazanye kandi ikopi ikwiye y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu yo mu kinjana ca kane mu G.C.
b Nimba ushaka kumenya ibindi ku Bakarayite, raba ikiganiro kivuga ngo “Abakarayite be n’ingene barondeye ukuri”, mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 15 Mukakaro 1995.
c Vyinshi mu bihimba vya Codex Sinaiticus vyagurishijwe kw’iratiro ry’ivya kera ryo mu Bwongereza (British Museum). Udupande twayo ni two gusa dusigaye mu Bubiko bw’ibitabu bw’igihugu c’Uburusiya.
[Uruzitiro ku rup. 13]
IZINA RY’IMANA RYARAMENYEKANYE RIRONGERA RIRAKORESHWA
Yehova abigiranye ubukerebutsi, yaritwararitse ivy’uko Ijambo ryiwe, Bibiliya, rizigamwa gushika mu bihe vya none. Igikorwa kirangwa n’umwete cakozwe n’abimuzi b’ibisomwa uko imyaka yagiye irarengana, kiri mu vyafashije kurizigama. Mu bakoze ico gikorwa bacitondeye harimwo Abamasoreti, bakaba bari abimuzi b’ibisomwa bakanongoreye b’Abaheburayo bakoze ico gikorwa kuva mu kinjana ca gatandatu gushika mu ca cumi G.C. Igiheburayo ca kera candikwa hatarimwo indome zivuga. Uko igihe cagiye kirarengana, ivyo vyatumye abantu bahakwa rwose kwibagira ingene urwo rurimi rwaturwa kubera yuko igiharameya cariko gisubirira igiheburayo. Abamasoreti barashizeho uburyo bwo kwandika indome zivuga bakoresheje utuburungu two gushira mu gisomwa ca Bibiliya kugira ngo berekane inyaturo nyayo y’amajambo y’igiheburayo.
Birashimishije kubona utuburungu Abamasoreti bakoresheje mu kwerekana indome zivuga muri Codex de Leningrad twerekana inyaturo ya Tetaragarama, za ndome zine z’indagi zo mu giheburayo zigize izina ry’Imana. Zaturwa ngo: Yehwah’, Yehwih’, na Yeho·wah’. Inyaturo y’iryo zina izwi cane muri iki gihe ni “Yehova”. Izina ry’Imana ryarakoreshwa kandi ryari rimenyerewe n’abanditsi ba Bibiliya be n’abandi bantu bo mu bihe vya kera. Muri iki gihe, abantu amamiliyoni bemera icese yuko ‘Yehova ari we wenyene Musumbavyose kw’isi yose’, barazi izina ry’Imana kandi bararikoresha.—Zaburi 83:18.
[Ifoto ku rup. 10]
Icumba kirimwo ivyandiko vyandikishijwe iminwe muri bwa Bubiko bw’ibitabu bw’igihugu
[Ifoto ku rup. 11]
Umwamikazi w’abami Gatarina wa kabiri
[Amafoto ku rup. 11]
Konstantin von Tischendorf (hagati) be n’umwami w’abami w’Uburusiya ari we Alegizandere wa kabiri
[Ifoto ku rup. 12]
Abraham Firkovich
[Abo dukesha ifoto ku rup. 10]
Amashusho yompi: National Library of Russia, St. Petersburg
[Abo dukesha amafoto ku rup. 11]
Gatarina wa kabiri: National Library of Russia, St. Petersburg; Alegizandere wa kabiri: yakuwe mu gitabu citwa Spamers Illustrierte Weltgeschichte, Leipzig, 1898