Akazi—Ni umuhezagiro canke ni umuvumo?
‘Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kunezererwa ivyiza mu butame bwiwe’.—Umusiguzi 2:24.
“UMUSI w’akazi uhera twarushe twasanzaye”. Mw’itohoza rimwe riherutse kugirwa, ukwo ni ko abakozi bangana na 1 kuri 3 badondoye ukuntu bakunze kwumva bamerewe. Ivyo ntibitangaje uravye ingene abantu barengewe n’amaganya. Barakora bakarenza amasaha y’akazi, kandi bagatahana n’ibindi baja gukorera i muhira, ivyo vyose bakabigira kandi bafise abakoresha babashimira gake kabaho.
Umuzo w’ivyo guhingura ibintu vyinshi icarimwe bakoresheje amamashini, watumye abakozi benshi bumva bameze nk’udukoresho ata co tumaze mw’ishirahamwe ritababaye abakozi baryo, rimeze nk’ikimashini amahero gihingura ibintu vyinshivyinshi. Ubushobozi bwo kwiyumvira no guhingura utuntu dushasha akenshi usanga bunigirwa mu menshi. Ivyo ntibibura kugira ico bihinduye ku kuntu abantu babona akazi. Agatima ko gukunda akazi umuntu akora gaca kadorongera bitagoranye. Icipfuzo co gukoresha neza ubuhinga umuntu afise coshobora gukamangana. Izo nkurikizi zirashobora gutuma umuntu yanka akazi ubwako, kumbure zikanatuma azinukwa akazi akora.
Dusuzume ukuntu tubona akazi
Ego ni ko, ntitwoshobora kwama duhindura ukuntu ivyacu vyifashe. Mugabo none, ntiwemera yuko dushobora guhindura ukuntu tubona akazi? Nka hamwe wosanga hari ukuntu usigaye ubona akazi nabi, vyoba vyiza usuzumye ukuntu Imana ikabona be n’ingingo ngenderwako zijanye na ko (Umusiguzi 5:18). Benshi basanze gusuzuma izo ngingo ngenderwako bibazanira ku rugero runaka umunezero be n’ugushira akanyota mu kazi kabo.
Imana ni yo Mukozi Kaminuza. Imana ni umukozi. Kumbure ntitwahora twiyumvira ko ari ukwo imeze, mugabo ukwo ni ko ibanza kwidondora muri Bibiliya. Inkuru yo mu gitabu c’Itanguriro itangura ivuga ingene Yehova yaremye ijuru n’isi (Itanguriro 1:1). Iyumvire gatoyi uruhara Imana yaranguye mu buryo butandukanye igihe yatangura kurema: yarabaye umucapuzi w’imigero, umuhinga mu kuringaniza ibintu, umuhinga mu vy’ubwubatsi, umuhinguzi w’utugenegene, karuhariwe mu guhitamwo ibikoresho, umuhinga mu vyo gutunganya amaporoje, umuhinga mu vya chimie, umuhinga mu vy’ibinyabuzima, umuhinga mu vy’ibikoko, umuhinga mu vyo gutegekanya ukuntu ibintu bikora, umuhinga mu vy’indimi, twodondagura tukaruha.—Imigani 8:12, 22-31.
None ivyo Imana yakoze vyari bimeze gute? Inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko vyari ‘vyiza’, “vyiza cane” (Itanguriro 1:4, 31). Emwe, ivyaremwe “[bira]tāngāza icubahiro c’Imana”, kandi na twebwe nyene dukwiye kuyishemeza!—Zaburi 19:1; 148:1.
Ariko rero, igikorwa c’Imana nticagarukiye gusa ku kurema ijuru n’isi be n’umugabo n’umugore ba mbere. Umwana wa Yehova ari we Yezu Kirisitu yavuze ati: “Data arakora kugeza n’ubu” (Yohana 5:17). Ego cane, Yehova arabandanya gukora mu kuronsa ibiremwa vyiwe ivyo bikeneye, mu kubungabunga ivyo yaremye, no mu kuzigama abasavyi biwe b’intahemuka (Nehemiya 9:6; Zaburi 36:6; 145:15, 16). Washaka arakoresha n’abantu, ari bo “bakozi bakorana n’Imana”, kugira ngo bafashe mu bikorwa bimwebimwe.—1 Abakorenti 3:9, UB.
Akazi karashobora kuba umuhezagiro. Uti none Bibiliya ntivuga yuko akazi ari umuvumo? Mu gitabu c’Itanguriro 3:17-19 womenga humvikanisha ko Imana yahanye Adamu na Eva kubera ubugarariji bwabo mu kubaremeka umuzigo w’akazi. Igihe Imana yacira urubanza abo bantu ba mbere, yabwiye Adamu iti: “Kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu”. None ivyo vyoba vyerekana ko Imana yari iteye ivyatsi akazi?
Habe na gatoyi. Ahubwo, kubera yuko Adamu na Eva bari bahemutse, igikorwa co kwagura Iparadizo y’i Edeni nticobaye kikiba ico gihe. Ivu ryaciye riba irivumwe n’Imana. Umuntu yokuye mu butaka ico atamira ari uko abanje kubira akuya no gucumukura.—Abaroma 8:20, 21.
Aho kwerekana ko akazi ari umuvumo, Bibiliya yerekana ko akazi ari umuhezagiro ukwiye guhabwa agaciro. Nk’uko twamaze kubibona, Imana ubwayo ni umukozi w’umunyamwete. Kubera yuko Yehova yaremye abantu mw’ishusho yiwe, yarabahaye ubushobozi be n’uburenganzira bwo kuganza ivyo yaremye biri kw’isi (Itanguriro 1:26, 28; 2:15). Ico gikorwa bagishinzwe imbere y’uko Imana ivuga amajambo ari mw’Itanguriro 3:19. Iyaba akazi kari umuvumo be n’ikintu kibi, Yehova ntiyari kwigera aremesha abantu kugakora. Nowa n’umuryango wiwe bari bafise vyinshi bakora imbere n’inyuma y’Umwuzure. Mu gihe c’ubukirisu, abigishwa ba Yezu na bo nyene bararemeshejwe gukora.—1 Ab’i Tesalonike 4:11.
Ariko ntiwumve, nta n’umwe ayobewe ko akazi gashobora kuruhisha muri iki gihe turimwo. Amaganya, impanuka, ukurambirwa, uguhemukiranira, ukurushanywa, uruhendo be n’akarenganyo ni bikeya gusa mu vyogereranywa n’“imikere n’ibitovu” mu bijanye n’akazi. Ariko akazi ubwako nta kibi cako. Mu Musiguzi 3:13, Bibiliya ivuga yuko akazi be n’ivyiza kavamwo ari ingabirano iva ku Mana.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ingene twotsinda ukurengerwa n’amaganya guterwa n’akazi”.
Urashobora kuninahaza Imana biciye ku kazi ukora. Gukora neza no kuryohora ivyo umuntu akora ku kazi vyamye bihayagizwa. Ugukora neza ni kimwe mu bintu nyamukuru biranga ukuntu Bibiliya ibona akazi. Imana ubwayo iraryohora ivyo ikora. Yaraduhaye ububangukirwe be n’ubuhanga, kandi ishaka ko tubukoresha neza. Nk’akarorero, mu gihe c’iyubakwa ry’ihema ry’ibonaniro muri Isirayeli ya kera, Yehova yarujuje abantu nka Besaleli na Oholiyabu ubwenge no gutahura no kumenya, bituma bashobora gukora ibikorwa binaka vy’ubuhanga kandi biri n’akamaro (Kuvayo 31:1-11). Ivyo birerekana yuko Imana yitwararitse bimwe bidasanzwe ingene igikorwa cabo cakozwe, ubuhinga cakoranywe, ukuntu categuwe, be n’utundi tuntu tujanye na co.
Ivyo biragira ikintu gikomeye bihinduye ku kuntu tubona ubuhanga dufise no ku kuntu dusanzwe dukora akazi. Biradufasha kubona ivyo bintu nk’ingabirano ziva ku Mana, zidakwiye gufatwa minenegwe. Ni co gituma abakirisu bahanurwa gukora akazi kabo nk’aho Imana ubwayo yoba iriko irasuzuma igikorwa bakora. Bahanurwa ngo: “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu” (Ab’i Kolosayi 3:23). Abasavyi b’Imana basabwa gukora nk’abikorera, gutyo bagatuma ubutumwa bwa gikirisu bamamaza burushiriza gushimisha abo bakorana be n’abandi.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku kazi”.
Dufatiye kuri ivyo, vyoba ari vyiza twibajije ukuntu igikorwa dukora kimeze be n’ingene umwete tugikorana ungana. Imana yoba yohimbarwa n’igikorwa dukora? Twoba twumva dushize akanyota iyo turavye ukuntu turangura ibikorwa twashinzwe? Nimba atari ukwo biri, hariho ivyo dushobora kuryohora.—Imigani 10:4; 22:29.
Nurimbanye akazi n’ivy’Imana. Naho gukora ugatama ari vyiza, hariho ikindi kintu gihambaye kugira ngo umuntu yumve ko ashize akanyota mu kazi no mu buzima. Ico na co ni ukwitaho ivy’Imana. Umwami Salomo, uwakoze agatama kandi akaba yari afise itunga ryose be n’ibihinda vyose vyo mu buzima, yashitse kuri iki ciyumviro: “Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese”.—Umusiguzi 12:13.
Biraboneka rero yuko dutegerezwa kuzirikana ivyo Imana igomba mu vyo dukora vyose. Twoba turiko dukora duhuza n’ivyo igomba, canke wosanga turiko turabirwanya? Twoba turiko turita ku rutare kugira ngo tunezereze Imana, canke turiko turondera kwinezereza gusa? Tudakoze ivyo Imana igomba, bitebe bitebuke tuzogira umubabaro uva ku kwihebura, kw’irungu no ku kwumva ko vyose ari ubusa gusa.
Steven Berglas yagiriye inama abakoresha bakora bagasanzara yuko ‘borondera igikorwa ciza bakunda cane kikaba ari co bikorera mu buzima bwabo’. Nta gikorwa coza kiba ciza kuruta gukorera uwaduhaye ubuhanga be n’ubushobozi bwo gukora ibikorwa ngirakamaro. Gukora igikorwa kinezereza Umuremyi wacu ntibizobura kutumara akanyota. Kuri Yezu, igikorwa yari yashinzwe na Yehova caramukomeza, kikamumara akanyota, kikanamuhembura nka kurya kw’ibifungurwa (Yohana 4:34; 5:36). Ibuka kandi yuko Imana, yo Mukozi Kaminuza, idutumira ngo tube “abakozi bakorana” na yo.—1 Abakorenti 3:9, UB.
Gusenga Imana no kuba abantu bakomeye mu vy’Imana biradutegura ku bw’igikorwa n’amabanga bimara akanyota. Kubera yuko ku kazi hakunze kuba imikazo, ukutumvikana, kandi hagasaba vyinshi, kugira ukwizera gushinze imizi be no kuba abantu bakomeye mu vy’Imana birashobora kuturonsa inkomezi nyinshi dukeneye uko twinanata ngo turushirize kuba abakozi n’abakoresha beza. Ku rundi ruhande, ibishika mu buzima bwo muri iyi si itibanga Imana birashobora kuduhishurira imice isaba ko tuba abakomeye mu kwizera.—1 Ab’i Korinto 16:13, 14.
Igihe akazi kazoba ari umuhezagiro
Abariko barakorera Imana bagatama muri iki gihe, barashobora kwitegana akamwemwe igihe Imana izogarukana Iparadizo, kw’isi yose hakazoba hari ibikorwa bimara akanyota. Ku bijanye n’ingene ubuzima buzoba bumeze ico gihe, umuhanuzi yavugishwa na Yehova ari we Yesaya yavuze ati: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye . . . , abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo”.—Yesaya 65:21-23.
Ese ingene ico gihe akazi kazoba ari umuhezagiro! Biciye ku kwiga ivyo Imana ishaka ko ukora no mu guhuza na vyo, woshobora kuzokwibera mu bahezagiwe na Yehova, kandi ukama ‘unezererwa ivyiza mu butame bwawe bwose’!—Umusiguzi 3:13.
[Iciyumviro ku rup. 8]
Imana ni yo Mukozi Kaminuza: Itanguriro 1:1, 4, 31; Yohana 5:17
[Iciyumviro ku rup. 8]
Akazi karashobora kuba umuhezagiro: Itanguriro 1:28; 2:15; 1 Ab’i Tesalonike 4:11
[Iciyumviro ku rup. 8]
Urashobora kuninahaza Imana biciye ku kazi ukora: Kuvayo 31:1-11; Ab’i Kolosayi 3:23
[Iciyumviro ku rup. 8]
Nurimbanye akazi n’ivy’Imana: Umusiguzi 12:13; 1 Ab’i Korinto 3:9
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
INGENE TWOTSINDA UKURENGERWA N’AMAGANYA GUTERWA N’AKAZI
Abahinga mu vy’ubuvuzi barashize amaganya aterwa n’akazi mu mugwi w’ingorane zijanye n’akazi. Arashobora gutuma umuntu arwara ibintu vy’ibisebe mu mubiri, agatera intuntu, agashobora no gutuma umuntu yiyahura. Abayapani bayita karoshi, bisobanura ngo “kwicwa n’ugukora birenze urugero”.
Hariho ibintu bitandukanye bijanye n’akazi bishobora gutuma umuntu arengerwa n’amaganya. Muri ivyo harimwo ihinduka ry’amasaha y’akazi canke ry’ukuntu ivy’akazi vyifashe, ukutumvikana n’abakoresha, uguhindurirwa amabanga wari ushinzwe canke gushingwa ikindi gikorwa, ugukukuruka, be n’ugukurwa mu kazi. Mu kuraba ingene bobikika muri ayo maganya, bamwe baca bagerageza kuyahunga mu guhindura akazi canke bakaja gukorera ahandi. Abandi na bo bararondera gukuraho ayo maganya, bagasanga yimukiye mu yindi mice y’ubuzima, akenshi akaba aca yimukira mu muryango. Abantu bamwebamwe baranagira ingorane mu vy’akanyengetera, bigatuma bagira intuntu, canke bakihebura.
Abakirisu barafise ibikenewe vyose bibafasha gutsinda ukurengerwa n’amaganya guterwa n’akazi. Bibiliya iratanga ingingo ngenderwako z’ishimikiro nyinshi zishobora kutuyobora mu bihe bigoye, zigatuma tumererwa neza mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo”. Ayo majambo aturemesha kurazwa ishinga n’ingorane z’uyu musi, ntiturazwe ishinga n’iz’ejo. Gutyo, tuba twirinze gukakamisha ingorane zacu, kubera yuko kuzikakamisha vyongereza umukazo.—Matayo 6:25-34.
Birahambaye ko abakirisu biheka ku nkomezi Imana itanga, ntibiheke ku nkomezi zabo. Iyo twumvise yuko turi mu gusāba kubera amaganya, Imana irashobora kuduha amahoro n’umunezero mu mutima, ikongera ikaduha ubukerebutsi budufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane iyo ari yo yose. Intumwa Paulo yanditse ati: “[“Nimubandanye kwironsa inkomezi”, NW] mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi”.—Abanyefeso 6:10; Ab’i Filipi 4:7.
Mu kurangiza, twomenya yuko n’ibintu bitesha umutwe bishobora kuvamwo ivyiza. Ibigeragezo birashobora gutuma twirukira Yehova mu kumurondera no mu kumwizigira. Biranashobora kutuvyurira umutima wo gutsimbataza kamere ziranga abakirisu be n’ubushobozi bwo gukomera kw’ibanga igihe turi mu mukazo. Paulo aduhanura ati: “Tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba”.—Abaroma 5:3, 4.
Urumva rero ko n’amaganya ashobora gutuma dukomera mu buryo bw’impwemu, aho kudutera umwiheburo n’umubabaro.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]
GUSHIRA MU NGIRO INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA KU KAZI
Ukuntu umukirisu yifata be n’ingene yigenza igihe ari ku kazi, birashobora gutuma abo bakorana hamwe n’abandi bashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Tito, yahanuye abari bameze nk’abakozi ngo “bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guhārīra, badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu”.—Tito 2:9, 10.
Ehe nk’akarorero ivyo umudandaza umwe yandikiye ibiro bikuru vy’Ivyabona vya Yehova: “Ndabandikiye kugira ngo ndabasabe uruhusha rwo gukoresha Ivyabona vya Yehova. Nshaka kubakoresha kubera nzi neza ko ari inzirabugunge, imvugakuri be n’abizigirwa, bakaba badashobora kunyiba. Abantu bonyene nizigiye vy’ukuri ni Ivyabona vya Yehova. Nimuntabare, ndabinginze”.
Uwitwa Kyle, ni umukirisu akora akazi ko kwakira abashitsi kw’ishure rimwe ry’abikorera utwabo. Bitumwe n’uko hari habaye ukudategerana neza, umukozi bakorana yaramutukaguriye imbere y’abanyeshure. Kyle yigana ati: “Nategerezwa kwiyubara kugira ngo sinsige iceyi izina rya Yehova”. Mu misi itanu yakurikiye, Kyle yariyumviriye yitonze ingene yoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Imwe muri izo tuyisanga mu Baroma 12:18, ikaba igira iti: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose”. Yararungikiye uwo mukozi bakorana ikete biciye kuri orodinateri, yongera aramusaba ikigongwe ku matati bafitaniye. Kyle yarasavye uwo mukozi bakorana ngo arindire inyuma y’akazi kugira bayage maze batunganye iyo ngorane. Bamaze kuyitunganya, uwo mukozi yaraturuye, yongera ariyemerera ko Kyle yakoresheje ubukerebutsi mu kuyitorera umuti. Yabwiye Kyle ati: “Ivyo utegerezwa kuba wavyigishijwe n’idini ryanyu”, aca aramugumbira n’igishika igihe bariko basezerana bipfurizanya ijoro ryiza. None Kyle yashitse ku kihe ciyumviro? Agira ati: “Nta ho bitugendera nabi dushize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya”.
[Ifoto ku rup. 4, 5]
Abakozi benshi bumva bameze nk’udukoresho ata co tumaze mw’ishirahamwe ritababaye abakozi baryo rimeze nk’ikimashini amahero
[Abo dukesha ifoto]
Japan Information Center, Consulate General of Japan in NY
[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]
Umubumbe: NASA photo