Ingene ibara ryaguye
AGAHUNGU k’imyaka ibiri n’igice kitwa Owen kariko karakinira mu bwogero bw’inzu yabo. Karashoboye kwurira karashikira akabati babikamwo imiti kari ahantu abavyeyi biwe biyumvira ko katoshika. Muri ako kabati, Owen yasanzemwo agacupa kamushimishije. Yaruguruye nya gacupa araheza anywa ivyarimwo. Ibara ryaciye rigwa.
Nya gacupa karimwo aside ikaze, kandi ikibabaje ni uko ka Owen kaciye gapfa. Abavyeyi bako barishwe n’intuntu. Se wako ari we Percy, yararondereye mw’idini yarimwo icomuhumuriza. Yabajije umukuru w’idini yarimwo ati: “Ni kubera iki ivyo vyashitse?”. Yamwishuye ati: “Imana yari ikeneye akandi kamarayika mw’ijuru”. N’intuntu n’akantu, uwo muvyeyi yabonye yuko ivyo ari akarenganyo gakomeye. Ubwo koko Imana yari yagabiye yuko ibara nk’iryo rigwa? N’ingene Percy yari yavunitse umutima, yaciye afata ingingo yo kuvavanura n’idini yarimwo.
Percy yarazirikanye kuri ico kintu cari cabaye, yibaza ati: ‘Agahungu kanje koba kakiriko karacumukura? Noba nzokwigera nongera kukabona?’.
Na wewe nyene ushobora kuba umaze kwibaza uko bigenda iyo umuntu apfuye be n’uko vyoba bizoshoboka ko usubira kubonana n’abawe bapfuye. Ijambo ry’Imana Bibiliya ririshura ivyo bibazo. Ririmwo inyishu zitomoye kandi zihumuriza kuri abo bose bashikiwe n’ibara nk’iryo. N’ikiruta ivyo, rirahishura icizigiro c’akaroruhore Imana yasezeranye, ni ukuvuga izuka.
Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira kugira ngo umenye vyinshi ku vyerekeye ico cizigiro c’akaroruhore.