Ubwiza bw’ibiremwa vya Yehova
‘Uri uw’ubwiza bwinshi kurusha imisozi’
KWITEGEREZA ingene izuba ririko riraseruka ku Musozi Fuji, ni ikintu c’intibagirwa. Izuba ribengerana riraseruka i buheramaso, rikamurika shelegi yera be n’igitandara c’ikivuvu kigizwe n’ibirunga vyumye. Uko bugenda buraca, igitutu c’uwo musozi mu mwanya muto kiba camaze gukwira ku mitumba n’imyonga, gushika ku bilometero vyinshi.
Nka kurya kw’Umusozi Fuji, iryo jambo rikaba ryandikwa mu ndome zisobanura ngo “ntangere”, imisozi y’akaroruhore yama nantaryo idutangaza. Emwe twoshobora kwumva duciye bugufi turavye ingene iyo misozi ari amahanga! Hari imisozi usanga ari mininiminini ku buryo kera abantu benshi bari bazi ko imana ziba ku masonga yayo, kenshi akaba ariko ibipfungu canke ibicu.
Nta yindi Mana ishemezwa vy’ukuri n’amasonga y’imisozi atari Umuremyi wayo w’umuhanga Yehova. Ni we wenyene “yabumvye imisozi” (Amosi 4:13). Hafi ica kane c’isi kigizwe n’imisozi, kandi igihe Imana yarema umubumbe wacu, yarashizeho inguvu zitangaje zahavuye zituma haba imisozi miremire y’akaroruhore be n’urunani rw’imisozi (Zaburi 95:4). Nk’akarorero, bivugwa yuko urunani rw’imisozi rwitwa Himalaya be n’urwitwa Andes, zavutse bivuye ku gusurirana gukomeye kw’ibiri mu nda y’isi be n’ukuntu ibihimba vy’isi bigenda vyimuka.
Twebwe abantu ntidutahura neza ukuntu imisozi yavutse n’igituma yavutse. Kukaba nkako, ntidushobora kwishura ibi bibazo vyabajijwe wa mugororotsi Yobu bigira biti: “Mbega wewe wari hehe, igihe [jewe Yehova] nashirah’amatanguriro y’isi? . . . Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbururiwe mu ki?”.—Yobu 38:4-6.
Ariko rero, turazi yuko imisozi ifise uruhara ruhambaye ku buzima bwacu. Yiswe amatangi kama y’amazi, kubera yuko amazi yose yisuka mu nzuzi zose nkurunkuru ava mu masoko yo mu misozi, kandi ica kabiri c’abantu baba kw’isi amazi baronka bakaba bayakesha imisozi (Zaburi 104:13). Nk’uko ikinyamakuru kimwe (New Scientist) kibivuga, “mu biterwa 20 nyamukuru bitanga ibifungurwa, bitandatu biva mu misozi”. Igihe ibidukikije bizoba biri ku burimbane mu gihe ca ya si nshasha Imana yasezerana, “Hazokwera impeke habe n’agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi”.—Zaburi 72:16; 2 Petero 3:13.
Kuri benshi, uvuze imisozi baca babona rwa runani rw’imisozi rw’i Buraya rwitwa Alpes. Iyo misozi miremire, iyirimwo n’Umusozi Civetta werekanywe ngaha, irashingira Umuremyi wayo intahe iteye umunezero (Zaburi 98:8). Irashemeza Yehova, umwe ‘ashimangirisha imisozi inkomezi ziwe’.—Zaburi 65:6a.
Mu vy’ukuri, ubwiza bw’urwo runani rw’imisozi ruratangaje kubera ko rugizwe n’imisozi yuzuyeko ibibarafu, impinga z’iyo misozi zikaba zuzuyeko shelegi, imyonga n’ibiyaga tutibagiye n’inyovu. Umwami Dawidi yavuze ko Yehova ari we ‘ameza ubwatsi ku misozi’.—Zaburi 147:8.
Urunani rw’imitumba nka ya mitumba y’i Guilin mu Bushinwa ishobora gusa n’aho itanganya ubwiza na ya misozi igize urunani rw’imisozi rwitwa Alpes, yamara rurafise ubwiza rwisangije. Iyo mitumba iri ku nkengera y’Uruzi Li, iyigizwe n’imirongo myinshi y’ibitandara vy’amabuye amasonga yavyo agizwe n’ingwa, iratangaza ingenzi kubera ubwiza bwayo. Kwitegereza ingene amazi y’umusarara atemba muri iyo mitumba yuzuyemwo ibipfungu, bishobora gutuma umuntu aca yibuka amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Uhoraho [a]rungika amariba mu myonga, imigezi i[ga]temba hagati y’imisozi”.—Zaburi 104:10.
Mu buryo bubereye, turatangazwa n’imisozi kubera yuko tuzi neza ko iri mu vyo Umuremyi yatunganije mu buryo buranga urukundo kugira ngo abantu bamererwe neza bongere bahimbarwe. Ariko rero, naho imisozi ishobora kuba iteye akoba, ntishobora kugereranywa n’ubwiza bwa Yehova. Mu vy’ukuri afise ‘ubwiza bwinshi kurusha imisozi’.—Zaburi 76:4.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2004, Mars/Avril (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2004, Ntwarante/Ndamukiza).
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]
Ibice cumi kw’ijana vy’abantu bo kw’isi, baba mu turere tugizwe n’imisozi. Mugabo iyo misozi si ikintu kibera intambamyi abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ngo kibabuze kuhashika. Abo basuku bakirisu bariko barakorana umwete mwinshi muri izo ntara zo mu misozi. Nakare, “Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’agakiza!”.—Yesaya 52:7.
Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Imisozi miremire n’iy’impene z’inyeshamba” (Zaburi 104:18). Impene z’inyeshamba zo mu misozi, nk’iyi yitwa bouquetin de Nubie ifise amahembe ateye igomwe, ziri mu nyamaswa ziba mu misozi zibangukirwa no kuyigendagendamwo kuruta izindi. Ziragendagenda mu tuyira twaga cane ku buryo biboneka ko ata coducamwo. Iyo mpene yo mw’ishamba yo mu misozi iremwe ku buryo ishobora kuba mu turere tugoye gushikamwo. Ukuntu ibinono vyayo bimeze ni kimwe mu bituma ishobora kuba aho hantu. Iyo mpene ihonyoye ku mugaga, urashobora guca waguka kubera uburemere bwayo, bigatuma ironka aho ihonyora neza mu gihe iba ihagaze canke iriko iragendagenda mu tuyira twaga two ku bitandara vy’amabuye. Mu vy’ukuri iyo mpene yo mw’ishamba iba mu misozi, ni ikiremwa c’akaroruhore.
[Ifoto ku rup. 9]
Umusozi Fuji uri mw’izinga rya Honshu ryo mu Buyapani