Ivy’impwemu be n’ukumererwa neza kwawe
USHOBORA kuba umara igice kinini c’umwanya wawe witwararika amagara yawe y’umubiri. Ku musi ku musi, ushobora kuba umara amasaha ashika ku munani usinziriye, amasaha nk’angahe uteka canke ufungura be n’amasaha umunani canke arenga ukora akazi kugira ngo uronke amahera yo kuriha aho ukika umusaya n’ayo ugura ivyo ufungura. Bishitse ukarwara, kumbure urakoresha umwanya n’amahera kugira ngo ubonane na muganga canke utegure umuti w’ikirundi. Urasukura inzu, ukiyoga eka mbere ushobora kuba ugira n’imyimenyerezo yo kwinonora imitsi ubudahorereza, ivyo vyose ukabigira kugira ngo ugire amagara meza.
Ariko rero, kuguma ufise amagara meza birasaba n’ibindi uretse ukwitwararika gusa ivyo ukeneye ku mubiri. Hari ikindi kintu gifise uruhara ruhambaye mu vy’ukumererwa neza kwawe. Ubushakashatsi mu vy’ubuvuzi bwerekanye yuko amagara yawe y’umubiri afitaniye isano cane n’amagara yawe yo mu vy’impwemu, ni ukuvuga yuko amagara yo mu vy’impwemu agira ico akoze ku magara y’umubiri.
Isano rirashe
Porofeseri Hedley G. Peach wo kuri kaminuza y’i Melbourne muri Ositaraliya avuga ati: “Ibiganiro vya mbere na mbere vy’ubushakashatsi vyanditswe kuri ico kintu, vyerekanye ko hariho isano rirashe hagati y’ukwongereza kamere y’ivy’impwemu be n’ukurushiriza kugira amagara meza”. Ikinyamakuru kimwe (The Medical Journal of Australia) caragize ico kivuga kuri ivyo bintu batoye, kigira giti: “Kuba umuntu akunda ivy’Imana vyamye bivugwa yuko bituma . . . umutima udatera cane, ibinure bigabanuka . . . mbere bikagabanya uguhakwa kurwara kanseri ifatira mu rura rukuru”.
No muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari itohoza ryagizwe mu 2002 ku bantu 6.545 ryari rihagarikiwe na Kaminuza y’i Kaliforoniya muri Berkeley, ryasanze “abantu baja gusenga rimwe mu ndwi ata ngeramizi nini bafise yo guhitanwa n’urupfu ugereranije n’abantu bajayo gake canke batigera bajayo”. Doug Oman, uwari ahagarikiye iryo tohoza akongera akaba n’umwigisha wo kw’Ishure riraba ivy’amagara y’abantu ry’i Berkeley rikukira Kaminuza y’i Kaliforoniya, yavuze ati: “Twarabonye iryo tandukaniro n’inyuma y’aho dusuzumiye ibintu bimwebimwe nk’ubucuti bwo mu kibano be n’inyifato z’amagara, ushizemwo kunywa itabi be no kugira imyimenyerezo yo kunonora imitsi”.
Mu kwerekana ibindi vyiza ababona ubuzima mu buryo bw’impwemu baronka, ca kinyamakuru twabona kivuga giti: “Amatohoza yagizwe muri Ositaraliya yasanze yuko mu bantu bijukiye ivy’idini harushiriza kuba itekane mu mibano y’ababiranye, imborerwa n’abihereza ibiyayura umutwe bitemewe baba bake, abokwiyumvira kwiyahura barushiriza kugabanuka, amaganya n’akabonge biba bike n’ubwikunzi bukagabanuka”. Vyongeye, ikinyamakuru kimwe (icahora citwa The British Medical Journal) kivuga giti: “Abantu bafise ivyo bemera mu vy’Imana bikomeye bisa n’uko igihe babuze umuntu somambike, intuntu yabo ihera ningoga kandi igahera buhere kuruta uko bigenda ku bantu badafise ivyo bemera mu vy’Imana”.
Hariho ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ico ari co kamere nyakuri y’ivy’impwemu. Yamara, uko ivyawe vyifashe mu vy’impwemu biragira ico bikoze ku magara yawe y’umubiri no mu mutwe. Ivyo birahuje n’amajambo yavuzwe na Yezu Kirisitu, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000. Yavuze ati: “Hahirwa aboro mu mitima yabo [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu”, NW]” (Matayo 5:3). Kubera yuko amagara yawe be n’agahimbare kawe biva ku kuntu wifashe mu vy’impwemu, birumvikana ko wokwibaza uti: ‘Ni hehe nokura ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bwo kwizigirwa? Kandi kugira umuntu abe uwukomeye mu vy’impwemu bisaba iki?’.
[Abo dukesha amafoto ku rup 2]
Abo dukesha amafoto: Rup 18: Mao Tse-tung and Golda Meir: Hulton/Archive by Getty Images; Francis Ferdinand: From the book The War of the Nations; Hirohito, Lindbergh, & Einstein: U.S. National Archives photo; Stalin: U.S. Army photo; Roosevelt: Franklin D. Roosevelt Library; Churchill: The Trustees of the Imperial War Museum (MH 26392)