ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 3
  • Gufata ingingo ni ikintu umuntu adashobora kwirinda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gufata ingingo ni ikintu umuntu adashobora kwirinda
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nufate ingingo zitera iteka Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Nufate ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 3

Gufata ingingo ni ikintu umuntu adashobora kwirinda

“NTA kintu kigoye cane nko kumenya gufata ingingo, ariko rero nta kintu gifise agaciro cane nko kumenya kuyifata”. Ukwo ni ko Napoléon Bonaparte, umwami w’abami w’Ubufaransa wo mu kinjana ca 19 yigeze kuvuga. Ntiwobura kwemera iyo mice yompi ijanye no gufata ingingo, kubera yuko abantu muri rusangi baha agaciro ivy’ukwiyoborera ubuzima bwabo bwite. Muri ico gihe nyene, baramenye yuko gufata ingingo rimwe na rimwe usanga atari ikintu coroshe na gato.

Vyaba vyoroshe canke bigoye, gufata ingingo ni ikintu umuntu adashobora kwirinda. Turahangana n’ico kintu ku musi ku musi. Tumaze kuvyuka, dutegerezwa guhitamwo ivyo twambara, ivyo dufungura mu gatondo, be n’ingene tuza gutunganya ibindi bintu bitari bike kuri uwo musi. Nyinshi muri izo ngingo usanga gusa ari izidahambaye. Usanga ari gake tubanza kuzizirikanako. Ni gake tubuzwa itiro n’ukwibaza nimba zari iziranga ubukerebutsi canke izitaranga ubukerebutsi.

Ku rundi ruhande, ingingo zimwezimwe usanga zigira ico zikoze ku bintu bitari bike. Abakiri bato benshi bo mw’isi ya kino gihe bategerezwa gufata ingingo y’amahangiro bokurikirana. Bashobora kuba babwirizwa gufata ingingo ku vyerekeye amashure bakeneye kwiga ayo ari yo be n’ingene yoba angana. Bitebe bitebuke, abatari bake muri bo bazofata ingingo yuko bokwubaka canke bobandanya kuguma ari abirebange. Abahisemwo kwubaka bategerezwa kwibaza bati: ‘Noba nkuze bihagije kandi mpumuye bihagije kugira nshinge urwanje? Nipfuza uwo twokwubakana ameze gute, canke mbere n’igihambaye kuruta, nkeneye uwo twokwubakana ameze gute?’. Ni ingingo nke mu buzima usanga zigira ikintu kinini zidukozeko nk’uguhitamwo uwo tuzokwubakana.

Mu bintu bihambaye cane, ni nkenerwa yuko dufata ingingo ziranga ubukerebutsi kubera yuko ubuhirwe ahanini bushingiye ku kubigenza gutyo. Hari aho abantu bamwebamwe bokwumva yuko bashoboye gufata mwene izo ngingo maze bakaba bokwanka kwakira imfashanyo igihe bayihawe. Ivyo vyoba biranga ubukerebutsi? Reka tubirabe.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Napoléon: ifoto yakuwe mu gitabu The Pictorial History of the World

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika