Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire
Ingaruka ziteye umunezero ziva mu kwihangana no mu gukomera ku muheto
YEZU KIRISITU yabuye yuko mu misi y’iherezo “urukundo rw’abenshi r[wotimvye]”. Ivyo bica bituma mu mihingo myinshi y’isi muri iki gihe, abantu muri rusangi batanegwa ivyerekeye inkuru nziza y’Ubwami. Bamwebamwe mbere barasuzugura ivy’Imana.—Matayo 24:12, 14.
Naho bimeze gutyo, abamamaji b’Ubwami babigiranye ukwizera n’ukwihangana, baratsinda iyo ngorane, nk’uko icabonywe gikurikira co muri Repubulika ya y’Abaceke kivyerekana.
Ivyabonakazi babiri baraganirije umukenyezi umwe yari yigumiye mu nzu yugaye. Hashize akanya, yarakinguruye urugi gatoyi, atuma ukuboko yakira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! ivyo Vyabona bari bamuhaye. Nya mukenyezi avuga ngo “murakoze” aca arugara urugi. Ivyo Vyabona baribajije bati: “Ubwo vyoba bikwiriye ko tugaruka?”. Umwe muri bo, akaba yari umutsimvyi, ari we musuku w’igihe cose, yafashe ingingo yo gusubirayo, mugabo bisubira kumera nka kumwe kwa mbere, kandi ivyo vyabandanije umwaka wose.
Kubera yuko uwo mutsimvyi yari yiyemeje guhindura uburyo avyifatamwo, yarasenze Yehova amusaba imfashanyo. Ikindi gihe azaniye nya mukenyezi ibinyamakuru, yamubajije mu buryo bwa kigenzi ati: “Amakuru maki? Vya binyamakuru wabibonye gute?”. Ubwa mbere, nta co yishuye, mugabo amaze gusubira kumugendera imisi mikeyi, wa mukenyezi yaciye atangura kugira igishika. Igihe kimwe yaruguruye rwose urugi, ariko ikiyago kiba kigufi.
Nya mutsimvyi amaze kubona ko uwo mukenyezi adashaka yuko baganirira ku muryango, yaciye afata ingingo yo kumwandikira agakete amusigurira intumbero ituma amugendera yongera amusaba ko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya. Amaherezo, haciye umwaka n’igice nya mutsimvyi agira akigoro yongera yihangana, yarashoboye gutanguza inyigisho ya Bibiliya na nya mukenyezi. Yaratangaye ariko kandi biramuremesha igihe mu nyuma nya mukenyezi yamubwira ati: “Natanguye kwemera Imana kuva igihe mwanzanira ibinyamakuru”.
Si ivy’imbeshere, ukwihangana be n’ugukomera ku muheto biravamwo ingaruka ziteye umunezero mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.—Matayo 28:19, 20.