ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/2 rup. 3
  • Kwemera Imana Dushobora Kuba Tutazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwemera Imana Dushobora Kuba Tutazi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwo koko woba uzi Imana?
  • Woba uzi Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yehova Ni Imana Abantu Bakwiye Kumenya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Woba uzi So wawe wo mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/2 rup. 3

Kwemera Imana Dushobora Kuba Tutazi

MU BANTU bo mu Budagi, babiri kuri batatu baremera Imana. Yamara rero, igihe abarenga igihumbi muri bo basabwa kudondora uko Imana bemera imeze, mu nyishu hafi ya bose batanze, umwe wese yavuze ibitandukanye n’ivy’uwundi. Ikinyamakuru kimwe (FOCUS) kivuga yuko “Umudagi wese afise ivyiyumviro yisangije ku biraba Imana, ku buryo usanga uko Abadagi bangana ari na ko ivyiyumviro bafise ku vyerekeye Imana bingana.” Naho kwemera Imana ari ikintu ciza, none ntivyoba biteye akagongwe umuntu ayemeye atazi uko imeze vy’ukuri?

Mu Budagi si ho gusa dusanga abantu batazi neza ukuntu Imana imeze; no mu yindi mihingo yo mu Buraya bariho. Itohoza ryagizwe mu Buholande, mu Bwongereza no muri Otirishe ryaseruye ko abantu benshi bemera yuko Imana ari “inguvu zikomeye canke ikintu gisiga ubwenge.” No mu bitwa ngo baremera Imana, canecane mu bakiri bato, usanga kuri bo Imana ari ikintu gisiga ubwenge.

Ubwo koko woba uzi Imana?

Hariho itandukaniro rinini hagati yo kumenya ivyerekeye umuntu no kumenya uwo muntu. Kumenya ivyerekeye umuntu, nk’akarorero, umutware udashobora gushikira, umunonotsi rurangiranwa canke umukinyi rurangiranwa w’amasenema, ni ukwemera gusa yuko abaho. Ariko rero, kumenya umuntu ntibigarukira aho gusa. Bisigura kumenya neza kamere ziwe, uburyo yigenza, inyiyumvo ziwe, ivyo akunda n’ivyo yanka be n’imigambi yiwe ya kazoza. Umenye umuntu kanaka, bituma muca muba incuti somambike.

Abantu ibihumbi amajana, bashitse ku ciyumviro c’uko bidahagije kugira iciyumviro kidatomoye ku biraba Imana, ni ukuvuga kumenya ivyayo gusa. Barashitse kure mu kurondera kumenya Imana neza. Boba basanze ari ngirakamaro? Umugabo umwe yitwa Paul, aba mu Buraruko bw’Ubudagi yahoze yemera Imana mu buryo budatomoye, yarafashe ingingo yo kurondera kuyimenya neza. Paul asigura ati: “Kugira ngo umuntu ashike ku kumenya Imana neza, bisaba igihe n’akigoro, mugabo bivamwo ibintu vyiza cane. Kugiriranira n’Umuremyi ubucuti bwa hafi, bituma ubuzima bwa misi yose burushiriza kuba bwiza.”

Umwanya n’akigoro bizogutwara kugira ngo umenye neza Imana, vyoba bizoba impfagusa? Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira.

[Iciyumviro ku rup. 3]

Hariho itandukaniro rinini hagati yo kumenya ivyerekeye umuntu no kumenya uwo muntu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika