ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/8 rup. 14-19
  • “Ibitangaza vy’Imana” Bituma Tugira Ico Dukoze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ibitangaza vy’Imana” Bituma Tugira Ico Dukoze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Baravyuriwe Umutima wo Kugira Ico Bakoze!
  • Ijambo ry’Imana Rirafise Ububasha
  • Baravyurirwa Umutima wo Kwisunga Ingingo Mfatirwako za Yehova
  • “Ntimugakunde Isi”
  • Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kwambara ukikwiza birerekana ukwubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/8 rup. 14-19

“Ibitangaza vy’Imana” Bituma Tugira Ico Dukoze

“Tu[ra]bumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.”​—IVYAKOZWE 2:11.

1, 2. Ni ikintu gitangaje ikihe cabaye i Yeruzalemu kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?

MU GITONDO kimwe co mu mpera y’impeshi yo mu mwaka wa 33 G.C., hari ikintu gitangaje cashikiye umugwi mutoyi w’abagabo n’abagore, ni ukuvuga abigishwa ba Yezu Kirisitu bari bakoraniye hamwe mu nzu y’umuntu i Yeruzalemu. “Haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanije, . . . Bose buzuzwa [im]pwemu [y]era, batangura kuvuga izindi ndimi.”​—Ivyakozwe 2:2-4, 15.

2 Ishengero ryinshi ryarakoraniye imbere y’iyo nzu. Muri bo harimwo Abayuda bavukiye mu mahanga, bakaba bari “abagabo bubaha Imana” bari baje i Yeruzalemu guhimbaza umusi mukuru wa Pentekote. Baratangaye kubera umwe wese muri abo Bayuda yumvise abo bigishwa bavuga mu rurimi rw’i wabo rwa kavukire “ibitangaza vy’Imana.” Ivyo vyoshobotse gute mu gihe abariko baravuga bose bari Abanyagalilaya?​—Ivyakozwe 2:5-8, 11.

3. Ni ubutumwa ubuhe intumwa Petero yashikirije ishengero kuri Pentekote?

3 Umwe muri abo Banyagalilaya yari intumwa Petero. Yasiguye yuko mu mayinga makeyi imbere y’aho, Yezu Kirisitu yari yaragandaguwe n’abantu batari abagororotsi. Ariko rero, Imana yari yarazuye Umwana wayo imukuye mu bapfuye. Inyuma y’aho, Yezu yarabonekeye benshi mu bigishwa biwe, ushizemwo Petero n’abandi bari ngaho ico gihe. Hari haciye imisi cumi gusa Yezu yuriye mw’ijuru. Ni we yari yasutse impwemu yera ku bigishwa biwe. Ivyo vyoba vyari bifise ico bisobanura ku bariko barahimbaza Pentekote? Cane nyene. Urupfu rwa Yezu rwarabashiriyeho ishimikiro ryo guharirwa ivyaha vyabo no kuronka “ingabire, ari yo [m]pwemu [y]era” baramutse bamwizeye. (Ivyakozwe 2:22-24, 32, 33, 38) Ku bw’ico none abavyiboneye bakiriye gute “ibitangaza vy’Imana” bumvise? Kandi iyo nkuru ishobora kudufasha gute gusuzuma agaciro k’umurimo turangurira Yehova?

Baravyuriwe Umutima wo Kugira Ico Bakoze!

4. Ni ubuhanuzi bwa Yoweli ubuhe bwarangutse ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C.?

4 Bamaze kuronka impwemu yera, abigishwa bari i Yeruzalemu baciye ubwo nyene batangura kubwira inkuru nziza y’ubukiriro abandi, bahera kw’ishengero ryari ryakoraniye hamwe muri ico gitondo. Ukwamamaza kwabo kwarashikije ubuhanuzi budasanzwe hari haciye ibinjana umunani bwanditswe na Yoweli, umuhungu wa Petuweli, bugira buti: “Nzosuka [im]pwemu [y]anje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe. Kandi n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’iyo misi nzobasukako [im]pwemu [y]anje . . . hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.”​—Yoweli 1:1; 2:28, 29, 31; Ivyakozwe 2:17, 18, 20.

5. Ni mu buryo ubuhe Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavugishijwe? (Raba akajambo k’epfo.)

5 Ivyo vyoba vyasobanura yuko Imana yari igiye gushinga iyaruka ryose ry’abahanuzi rigizwe n’abagabo n’abagore bameze nka Dawidi, Yoweli na Debora, hanyuma ikabakoresha mu kubura ibizoshika muri kazoza? Eka da. ‘Abahungu n’abakobwa, abagurano b’abahungu n’abagurano b’abakobwa’ bakirisu bovugishijwe mu buryo bw’uko impwemu ya Yehova yobasunikiye ku kuvuga “ibitangaza” Yehova yamaze gukora be n’ivyo akiriko arakora. Bokoze rero ari abavugizi b’Isumba Vyose.a Ariko none, iryo shengero ryavyakiriye gute?​—Abaheburayo 1:1, 2.

6. Bamaze kwumva insiguro ya Petero, ni igiki abantu benshi bo muri iryo shengero bavyuriwe umutima wo gukora?

6 Ishengero rimaze kwumva ivyo Petero asiguye, benshi muri bo baravyuriwe umutima wo kugira ico bakoze. ‘Baremeye amajambo yiwe’ hanyuma “barabatizwa: abongewe kur’uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.” (Ivyakozwe 2:41) Bwa Bayuda b’imvukira be n’abahindukiriye idini y’Abayuda, bo bari bamaze kugira ubumenyi bw’ishimikiro bwo mu Vyanditswe. Ubwo bumenyi, bufatanije n’ukwizera ivyo Petero yigishije, vyarabahaye ishimikiro ryo kubatizwa “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Bamaze kubatizwa, “bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha.” Muri ico gihe nyene, baciye batangura kubwira abandi ukwizera baherutse kuronka. Nkako, “imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, . . . bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose.” Icavuye muri ico gikorwa co gushinga intahe ni uko “Umwami Imana [y]abongera imisi yose abama barakizwa.” (Ivyakozwe 2:42, 46, 47) Amashengero ya gikirisu yarashinzwe ningoga na ningoga mu ntara nyinshi z’aho abo baherutse kwizera baba. Kumbure ku rugero runaka, iryo yongerekana ryari rivuye ku twigoro bagize two gukorana umwete mu kwamamaza ‘ubutumwa bwiza’ igihe bagaruka i muhira.​—Ab’i Kolosayi 1:23.

Ijambo ry’Imana Rirafise Ububasha

7. (a) Ni igiki gikwegera abantu bo mu mahanga yose kw’ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe? (b) Ni ibiki ubona bishobora gutuma hazobaho iyongerekana mu ndimiro yo kw’isi yose no mu karere ubamwo? (Raba akajambo k’epfo.)

7 Tuvuge iki ku bantu bipfuza gucika abasavyi b’Imana muri iki gihe? Na bo nyene barakeneye kwiga Ijambo ry’Imana bavyitondeye. Uko baryiga, barashika ku kumenya Yehova, bakamenya ko ari Imana y’“ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri.” (Kuvayo 34:6, NW; Ivyakozwe 13:48) Bariga intunganyo iranga ubuntu Yehova yagize yerekeye ugucungurwa biciye kuri Yezu Kirisitu, uwo amaraso yiwe yasesetse ashobora kuboza icaha cose. (1 Yohana 1:7) Barashika kandi ku gukenguruka kubera bazi umugambi w’Imana w’uko hazoba “ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Urukundo bakunda Soko w’ivyo ‘bitangaza’ rurabuzuramwo, hanyuma bakavyurirwa umutima wo kwamamaza ukwo kuri kw’agaciro. Mu nyuma baraba abasavyi b’Imana biyeguye, babatijwe maze bakabandanya ‘kugwiza ukumenya Imana.’b​—Ab’i Kolosayi 1:10b; 2 Ab’i Korinto 5:14.

8-10. (a) Ivyabaye ku mugore umwe mukirisu bigaragaza gute yuko Ijambo ry’Imana ‘rifise ububasha’? (b) Ico cabaye cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova hamwe n’uburyo afata abasavyi biwe? (Kuvayo 4:12)

8 Ubumenyi abasavyi b’Imana baronka biciye mu kwiga Bibiliya si ubwo kurenzako. Ubumenyi mwene ubwo burakabura imitima yabo, bugahindura uburyo bwabo bwo kwiyumvira maze bukabagumamwo. (Abaheburayo 4:12) Nk’akarorero, hari umukenyezi yitwa Camille yakoreshwa mu kwitwararika abageze mu zabukuru. Umwe mu bo yafasha yari Martha Icabona ca Yehova. Kubera ko Martha yari yafashwe n’indwara ikomeye y’ibisazi, yari akeneye uwuguma amucungera. Yategerezwa kwibutswa gufungura, eka mbere n’ukumira imfungurwa yaba ariye. Ariko rero, hari ikintu kimwe kitigeze kiva mu muzirikanyi wa Martha, nk’uko tuja kubibona.

9 Umusi umwe, Martha yabonye Camille ariko ararira bivuye ku mubabaro atewe n’ingorane zimwezimwe yari yifitiye. Martha yaciye akikiza amaboko Camille hanyuma amusaba kwigana na we Bibiliya. Ariko none umuntu nka Martha yari ameze gutyo yoba yari gushobora kurongora inyigisho ya Bibiliya? Emwe, yobishoboye! Naho yari yarataye ubwenge, Martha ntiyibagiye Imana yiwe y’igitangaza; eka mbere ntiyari yaribagiye ukuri kw’agaciro yari yarize muri Bibiliya. Mu gihe c’inyigisho, Martha yasavye Camille gusoma ingingo yose, kurondera Ivyanditswe vyatanzwe, gusoma ikibazo kiri ku rupapuro amaja munsi no guca yishura ico kibazo. Ivyo vyarabandanije mu gihe kinaka, maze naho Martha yari afise ubushobozi buke, Camille yarateye imbere mu bumenyi bwa Bibiliya. Martha yaratahuye yuko Camille yari akeneye kwifatanya n’abandi bashimishwa no gukorera Imana. Afise ivyo mu muzirikanyi, Martha yarahaye Camille, uwo bigana Bibiliya, ikanzu n’ibirato kugira ngo ashobore kuronka ikintu co kwambara kibereye igihe yitaba ikoraniro ari bwo bwa mbere ku Ngoro y’Ubwami.

10 Camille yarakozwe ku mutima n’ubwitwararitsi bwa Martha buranga urukundo, akarorero yatanze be n’ukujijuka yari afise. Yashitse ku ciyumviro c’uko ivyo Martha yariko agerageza kumwigisha muri Bibiliya vyari bihambaye cane, kubera Martha yari yaribagiye hafi ibintu vyose kiretse ivyo yari yarize mu Vyanditswe. Mu nyuma, igihe Camille yimurwa akaja gukorera mu yindi nyubakwa, yaratahuye yuko cari igihe c’uko agira ico akoze. Igihe akaryo ka mbere kaboneka, yaragiye ku Ngoro y’Ubwami, yambaye ikanzu n’ibirato Martha yari yaramuhaye hanyuma asaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Camille yaragize iterambere ryiza hanyuma arabatizwa.

Baravyurirwa Umutima wo Kwisunga Ingingo Mfatirwako za Yehova

11. Turetse ukuba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza, dushobora kwerekana gute yuko ubutumwa bw’Ubwami bwatuvyuriye umutima wo kugira ico dukoze?

11 Muri iki gihe, hariho Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu, nk’uko kwa Martha be n’uyo Camille, bariko baramamaza “[u]butumwa bgiza bg’ubgami” kw’isi yose. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, barakorwa ku mutima bimwe bigera ibwina n’“ibitangaza vy’Imana.” Baratahura yuko batewe agateka ko kwitirirwa izina rya Yehova kandi yuko yasutse impwemu yiwe kuri bo. Ku bw’ivyo, baragira akigoro kose gashoboka kugira ngo ‘bagende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, bamunezereza muri vyose,’ bagashira mu ngiro ingingo mfatirwako ziwe mu mice yose w’ubuzima bwabo. Muri ivyo harimwo kwubaha ingingo mfatirwako z’Imana mu nyambaro be no mu kwitunganya.​—Ab’i Kolosayi 1:10a; Tito 2:10.

12. Ni impanuro itomoye iyihe ijanye n’ivyo kwambara no kwitunganya dusanga muri 1 Timoteyo 2:9, 10?

12 Vyemere, Yehova yarashinze ingingo mfatirwako ku biraba ukuntu ubwacu tuboneka. Intumwa Paulo yarerekanye bimwebimwe mu vyo Imana isaba muri ivyo. “N’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, [“babigiranye ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi,” NW] kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.”c Twigira iki kuri ayo majambo?​—1 Timoteyo 2:9, 10.

13. (a) “[Kw]ambara imyambaro biberanye” bisobanura iki? (b) Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko ingingo mfatirwako za Yehova zitegereka?

13 Amajambo ya Paulo arerekana yuko Abakirisu bakwiye “[kw]ambara imyambaro biberanye.” Iyo myambaro itegerezwa kutaba ari mibi, kutaba yanduye canke yafashwe nabi umuntu ayiravye. Abantu nka bose, eka mbere n’abakene, barashobora gushitsa izo ngingo mfatirwako zitegereka mu kuraba neza yuko impuzu zabo ari nziza, zisukuye, kandi zisoneye. Nk’akarorero, uko umwaka utashe Ivyabona bo mu gihugu kimwe co muri Amerika yo mu Bumanuko baragenda ibirometero n’ibirometero baca mw’ishamba ry’inzitane hanyuma bakagenda amasaha n’amasaha mu bwato busozwa kugira ngo bitabe ihwaniro ryabo ry’Intara. Ni ibisanzwe yuko bishika hakagira umuntu agwa mu ruzi canke impuzu ziwe zigatabukira mw’ishamba mu gihe c’urwo rugendo. Igihe rero abitavye ihwaniro bashitse mu karere ihwaniro riberamwo, kenshi hari ukuntu baba banduye. Ni co gituma baca bafata umwanya wo gutera ibifungo, gusanasana imashini z’impuzu, bakamesura kandi bakagorora ivyambarwa baja kwambara kw’ihwaniro. Barashima ubwo butumire bahawe bwo gufungurira ku meza ya Yehova, bigatuma bashaka kwambara mu buryo bubereye.

14. (a) Kwambara tubigiranye ‘ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi’ bisobanura iki? (b) Bidusaba iki kugira ngo twambare nk’‘abantu bavuga ko bubaha Imana’?

14 Paulo yarerekanye kandi yuko dukwiye kwambara tubigiranye ‘ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi.’ Ivyo bisobanura yuko impuzu twambara zidakwiye gukwega amaso y’abandi, kurenza urugero, kuvyurira abandi inambu y’umubiri, kuba izibonerana canke ngo zibe agahararo. Ikigeretseko, dukwiye kwambara mu buryo bugaragaza yuko ‘twubaha Imana.’ Ivyo biratuma tuzirikana, si ko? Si ikibazo gusa kijanye n’ukwambara mu buryo bubereye igihe twitaba amakoraniro y’ishengero hanyuma ngo mu bindi bihe duce twambara uko twishakiye. Ukuntu ubwacu tuboneka gukwiye kwama nantaryo kugaragaza agatima ko gutinya no kwubaha kubera turi Abakirisu n’abasuku amasaha 24 ku musi. Biragaragara yuko impuzu dukorana n’impuzu tujana kw’ishure ziba ziberanye n’ibikorwa tuba turiko turakora. Naho biri ukwo, dukwiye kwambara mu buryo buranga ukwifata ruto kandi burimwo urupfasoni. Nimba uburyo twambara bwama nantaryo bugaragaza ko twizera Imana, ntituzokwigera tugonanwa gushinga intahe akaryo kizanye bitumwe n’ukwumva ubuyega buvuye ku kuntu tuboneka.​—1 Petero 3:15.

“Ntimugakunde Isi”

15, 16. (a) Ni kubera iki bihambaye yuko twirinda kwigana isi mu bijanye n’inyambaro be n’ukwitunganya? (1 Yohana 5:19) (b) Dukwiye kwirinda ibiharawe mu vy’inyambaro no mu vy’ukwitunganya kubera imvo ngirakimazi iyihe?

15 Impanuro yanditse muri 1 Yohana 2:15, 16 na yo nyene iratanga ubuyobozi mu buryo duhitamwo kwambara no kwitunganya. Dusoma duti: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bu[zima], bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.”

16 Ese ukuntu iyo mpanuro ije hageze! Muri iki kiringo aho akosho k’urunganwe gakaze ku rugero rutari bwigere rubaho, dutegerezwa kutareka ngo isi ibe ari yo idutegeka uburyo twokwambara. Imideri y’ivy’ukwambara no kwitunganya yaratitutse muri iyi myaka iheze. Eka mbere n’ivyiyumviro bijanye n’ukwambara vyashinzwe n’abadandaza be na ba karuhariwe mu vy’inyambaro, ntivyama nantaryo bitanga ingingo zo kwizigirwa zijanye n’ikibereye ku Bakirisu. Iyo ni iyindi mvo ituma dukwiye kwama nantaryo twitwararika ivy’uko bikenewe ko “[tuda]shushanyw[a] n’ivy’iki gihe” nimba dushaka kubaho twisunga ingingo mfatirwako z’Imana, maze gutyo “muri vyose [tug]ashariz[a] ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu.”​—Abaroma 12:2; Tito 2:10.

17. (a) Ni ibibazo ibihe dushobora kurimbura igihe ducagura impuzu canke duhitamwo umuderi? (b) Ni kubera iki ba serugo bakwiye kwitwararika uburyo abagize urugo rwabo bambara?

17 Imbere yo gufata ingingo y’ukugura impuzu kanaka, vyoba biranga ubukerebutsi kwibaza uti: ‘Ni kubera iki uyu muderi unkwegera? Woba uzwi ko ari uw’umuririmvyi kanaka wa rurangiranwa, na we akaba ari umuntu nkunda? Woba uranga akagwi k’inkozi z’ikibi zo mw’ibarabara canke akagwi karemesha agatima ko kwigenga, k’ubugarariji?’ Dukwiye kandi kuraba twitonze nya mpuzu. Nimba ari ikanzu canke ijipo, yoba ireha gute? Ishonye gute? Iyo mpuzu yoba iciye bugufi, ibereye kandi iranga urupfasoni canke yoba ifata ku mubiri, ivyurira abandi inambu y’umubiri canke ntigira ifatiro? Niwibaze uti: ‘Nambaye iyi mpuzu yoba izohava iba igitsitaza ku bandi?’ (2 Ab’i Korinto 6:3, 4) Ni kubera iki ivyo dukwiye kuvyitwararika? Ni kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Na Kristo [ntiy]inejereje.” (Abaroma 15:3) Ba serugo bakirisu bategerezwa kwitwararika uburyo abagize urugo rwabo bambara. Babitumwe n’icubahiro bafitiye Imana ininahaye basenga, ba serugo ntibakwiye kugonanwa gutanga impanuro ishikamye kandi iranga urukundo igihe ikenewe.​—Yakobo 3:13.

18. Ni ibiki bigusunikira ku kwitwararika cane uburyo wambara n’uburyo witunganya?

18 Ubutumwa dushikiriza buva kuri Yehova, we karorero ntangere mu vyerekeye urupfasoni n’ubweranda. (Yesaya 6:3) Bibiliya iduhimiriza kumwigana “nk’abana [a]kunda.” (Abanyefeso 5:1) Uburyo twambara n’uburyo twitunganya birashobora gutera iteka canke bigatukisha Data wa twese wo mw’ijuru. Nta gukeka, dushaka gutuma umutima wiwe unezerwa!​—Imigani 27:11.

19. Ni ivyiza ibihe biva ku kumenyesha abandi “ibitangaza vy’Imana”?

19 Wiyumvamwo gute ku vyerekeye “ibitangaza vy’Imana” wize? Mu vy’ukuri, ese ukuntu ari agateka twatewe kubona twaramenye ukuri! Kubera tugaragaza ukwizera mu maraso Yezu Kirisitu yasheshe, ivyaha vyacu biraharirwa. (Ivyakozwe 2:38) Ico bivamwo, turagira umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’Imana. Ntidutinya urupfu nk’uko abatagira icizigiro babigira. Ahubwo, Yezu aradukura amazinda yuko umusi uri izina ‘abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe, bakazivamwo.’ (Yohana 5:28, 29) Yehova yamye ari umugwaneza mu kuduhishurira ivyo bintu vyose. Turetse ivyo, yaradusutseko impwemu yiwe. Ni co gituma ugukenguruka izo ngabirano nziza zose gukwiye kutuvyurira umutima wo kwubaha ingingo mfatirwako ziwe ziri hejuru no kumushemeza tubigiranye umwete, tukamenyesha abandi ivyo ‘bitangaza.’

[Utujambo tw’epfo]

a Igihe Yehova yagena Musa na Aroni ngo baje kuvugira igisata ciwe kwa Farawo, yabwiye Musa ati: “Nkugize nk’imana kuri Farawo, kandi Aroni mwene nyoko azokuvugira.” (Kuvayo 7:1, ni twe tubihiritse.) Aroni yakora bwa muhanuzi, atari mu buryo bw’ukubura ibizoba muri kazoza, ariko mu buryo bw’ukuba umuvugizi wa Musa.

b Mu masinzi n’amasinzi y’abantu bari bahari mw’ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rigirwa uko umwaka utashe ryabaye kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 2002, abantu amamiliyoni ubu ntibaratangura gukorera Yehova babigiranye umwete. Dusenga dusaba yuko umutima w’abantu benshi muri abo bashimishijwe vuba wobasunikira ku kurondera gushikira agateka ko kuba abamamaji b’inkuru nziza.

c Naho amajambo ya Paulo yari yerekeye abagore bakirisu, izo ngingo ngenderwako nyene zirakora no ku bagabo bakirisu hamwe no ku bakiri bato.

Wokwishura Gute?

• Ni “ibitangaza” ibihe abantu bumvise kuri Pentekote yo mu 33 G.C., kandi bavyakiriye gute?

• Umuntu acika gute umwigishwa wa Yezu Kirisitu, kandi ivyo kuba umwigishwa birimwo n’ibiki?

• Ni kubera iki bihambaye kuri twebwe ko twitwararika uburyo twambara n’uburyo twitunganya?

• Ni ibiki dukwiye kurimbura igihe turondera kumenya nimba impuzu kanaka canke umuderi kanaka ubereye?

[Ifoto ku rup. 15]

Petero yaratangaje yuko Yezu yari yarazuwe mu bapfuye

[Amafoto ku rup. 17]

Ukuntu ubwawe uboneka vyoba bigaragaza neza Imana usenga?

[Amafoto ku rup. 18]

Abavyeyi bakirisu bategerezwa kwitwararika ukuntu abagize urugo rwabo bambara

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika