Twungukire ku Buntu-Mvarukundo bwa Yehova
“Ūgira ubgenge . . . [a]zokwitegereza [“ibikorwa vya Yehova biranga ubuntu-mvarukundo,” “NW”].”—ZABURI 107:43.
1. Ni ryari ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” ryatanguye gukoreshwa muri Bibiliya, kandi ni ibibazo ibihe tuza kurimbura vyerekeye iyo kamere?
UBU haraciye imyaka nk’4.000 Loti umuhungwabo na Aburahamu avuze ivyerekeye Yehova ati: ‘Ungwijijeko ubuntu-mvarukundo bwawe.’ (Itanguriro 19:19) Iyo ni yo ncuro ya mbere ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” muri ico canditswe riboneka muri Bibiliya. Yakobo, Nawomi, Dawidi, n’abandi basavyi b’Imana na bo nyene baravuze ivyerekeye iyo kamere ya Yehova. (Itanguriro 32:10; Rusi 1:8; 2 Samweli 2:6) Kukaba nkako, iryo jambo ry’Igiheburayo riza nk’incuro 250 mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’Igiheburayo. Ariko none ubuntu-mvarukundo bwa Yehova ni iki? Ni bande babugaragarijwe muri kahise? Kandi tubwungukirako gute muri iki gihe?
2. Ni kuki ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” rigoye gusigura, kandi ni ubundi buryo bubereye ubuhe bwo kurihindura?
2 Mu Vyanditswe, “ubuntu-mvarukundo” ni impinduro y’ijambo ry’Igiheburayo risobanura vyinshi ku buryo indimi nyinshi zidafise ijambo rimwe ritanga neza na neza insobanuro yaryo yuzuye. Ni co gituma impinduro nk’izi ngo “urukundo,” “imbabazi” be n’“ukwizigirwa” zitadoma neza na neza ku nsobanuro yaryo yose uko iri. Ariko rero, igitabu kimwe (Theological Wordbook of the Old Testament) kivuga yuko impinduro ngo “ubuntu-mvarukundo” ryagutse kuruta, ko “itari kure y’insobanuro nyayo y’iryo jambo.” Impinduro imwe (Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau—avec notes et références) yerekana ko ijambo “urukundo rudahemuka” ari ubundi buryo bubereye bwo guhindura ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo.”—Kuvayo 15:13; Zaburi 5:7; NW, akajambo k’epfo.
Riratandukanye n’Urukundo be n’Ukudahemuka
3. Ubuntu-mvarukundo butandukaniye hehe n’urukundo?
3 Ubuntu-mvarukundo, canke urukundo rudahemuka birafitaniye isano cane na kamere y’urukundo be n’ukudahemuka. Yamara, biratandukanye n’izo kamere mu buryo buhambaye. Rimbura ukuntu ubuntu-mvarukundo butandukanye n’urukundo. Umuntu arashobora gukunda ibintu canke ivyiyumviro. Bibiliya iravuga ivyerekeye ‘ugukunda vino n’amavuta’ n’ivyerekeye ‘ugukunda ubwenge.’ (Imigani 21:17; 29:3) Mugabo ubuntu-mvarukundo bukoreshwa ku bantu, ntibukoreshwa ku vyiyumviro canke ku bintu bitagira ubuzima. Nk’akarorero, abantu ni bo biraba igihe muri Kuvayo 20:6 havuga yuko Yehova ‘agaragariza ubuntu-mvarukundo urunganwe uko rugenda rukurikirana gushitsa ku gihumbi.’
4. Ubuntu-mvarukundo butandukaniye hehe n’ukudahemuka?
4 Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” risobanura vyinshi kuruta kandi ijambo “ukudahemuka.” Mu ndimi zimwezimwe, “ukudahemuka” kenshi rikoreshwa ku bijanye n’agatima umuntu mutoyi akwiye kugaragariza umuntu wo hejuru. Mugabo nk’uko umushakashatsi umwe abivuga, dufatiye kuri Bibiliya, ubuntu-mvarukundo “kenshi bwerekeza ku gihushane c’ibikunda kugirwa: ni igihe umuntu ahambaye aba intahemuka ku muntu nyarucari canke ku mukene canke ku muntu ataco yishoboje.” Umwami Dawidi yarashoboye rero kwinginga Yehova ati: “Umurikishirize umusavyi wawe mu nyonga hawe, unkize kubg’[ubuntu-mvarukundo bw]awe.” (Zaburi 31:16) Yehova we nyene kugira ububasha, hano asabwa kugaragariza ubuntu-mvarukundo ari rwo rukundo rudahemuka umukene Dawidi. Kubera yuko umukene ata bukuru afise ku muntu w’umunyabubasha, ubuntu-mvarukundo bugaragazwa muri ico gihe buba bugaragajwe umuntu avyigombeye, ata gahato karimwo.
5. (a) Ni ibintu ibihe biranga ubuntu-mvarukundo bw’Imana vyibonekeza mw’Ijambo ryayo? (b) Ni uburyo ubuhe Yehova aseruramwo ubuntu-mvarukundo tuja kurimbura?
5 Umwanditsi wa Zaburi yagize ati: “Ūgira ubgenge wese . . . [a]zokwitegereza [“ibikorwa vya Yehova biranga ubuntu-mvarukundo,” NW].” (Zaburi 107:43) Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova burashobora kuvamwo ukubohorwa no kuzigamwa. (Zaburi 6:4; 119:88, 159) Ni uburinzi kandi ni ikintu gituma umuntu aremururwa imyitwarariko. (Zaburi 31:16, 21; 40:11; 143:12) Kubera iyo kamere, umuntu arashobora gukira agakurwa mu vyaha. (Zaburi 25:7) Nitwihweza inkuru zimwezimwe zo mu Vyanditswe tukongera tugasuzuma twitonze ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya, turaja kubona yuko ubuntu-mvarukundo bwa Yehova (1) bugaragarira mu bikorwa bifadika n’uko (2) abasavyi biwe b’abizerwa babugaragarizwa.
Ukubohorwa Ni Uburyo bwo Guserura Ubuntu-Mvarukundo
6, 7. (a) Ku bijanye na Loti, Yehova yagwijije ubuntu-mvarukundo gute? (b) Ni ryari Loti yacishije mu kanwa ivyerekeye ubuntu-mvarukundo bwa Yehova?
6 Kumbure uburyo burushirije kuba bwiza bwo kumenya aho ubuntu-mvarukundo bwa Yehova bugera, ni mu gusuzuma inkuru zo mu Vyanditswe zivugwamwo iyo kamere. Mw’Itanguriro 14:1-16, tubona yuko Loti, umuhungwabo wa Aburahamu yanyurujwe n’ingabo z’abansi. Mugabo Aburahamu yarabohoje Loti. Ubuzima bwa Loti bwarasubiye kuja mu kaga igihe Yehova yafata ingingo yo gusangangura igisagara cuzuye ububisha c’i Sodomu, aho Loti n’umuryango wiwe baba.—Itanguriro 18:20-22; 19:12, 13.
7 Imbere gatoyi yuko i Sodomu hasagangurwa, abamarayika ba Yehova baraherekeje Loti n’umuryango wiwe bava muri ico gisagara. Muri ico gihe, Loti yavuze ati: “Umusavyi wawe ko ngiriwe akagongwe imbere yawe, kand’ukaba ungwijijekw [ubuntu-mvarukundo bwa]we, [ubw]o ungiriye ng’ukize ubugingo bganje.” (Itanguriro 19:16, 19) Mu kuvuga ayo majambo, Loti yaremeye icese yuko Yehova yari yamugiriye ubuntu-mvarukundo budasanzwe mu kumurokora. Muri ico gihe, ubuntu-mvarukundo bw’Imana bwaseruwe biciye mu kumurokora no mu kumuzigama.—2 Petero 2:7.
Ubuntu-Mvarukundo bwa Yehova n’Ubuyobozi Atanga
8, 9. (a) Ni ibanga irihe umusuku wa Aburahamu yashinzwe? (b) Ni kuki nya musuku yasenze asaba ubuntu-mvarukundo bw’Imana, kandi ni ibiki vyashitse igihe yariko arasenga?
8 Mw’Itanguriro ikigabane ca 24, tuhasoma ivyerekeye ubundi buryo ubuntu-mvarukundo bw’Imana canke urukundo rudahemuka rwayo vyaseruwe. Iyo nkuru yigana yuko Aburahamu yashinze umusuku wiwe ibanga ryo gufata urugendo aja mu gihugu incuti za Aburahamu zibamwo, kuronderera Isaka umukenyezi. (It 24 Umurongo wa 2-4) Ico gikorwa nticari coroshe, mugabo uwo musuku yari azi ata mazinda yuko umumarayika wa Yehova yomuyoboye. (It 24 Umurongo w’7) Amaherezo nya musuku yashitse kw’iriba riri inyuma y’“igisagara Nahori yabamwo” (i Harani canke mu micungararo yaho) igihe nyene abagore bariko baregereza baza kuvoma. (It 24 Umurongo wa 10, 11) Igihe yabona abagore begereza, yaciye amenya yuko ubutigu bugeze. Mugabo yari gushobora gute gutoramwo umugore abereye?
9 Kubera yari azi yuko akeneye imfashanyo iva ku Mana, uwo musuku wa Aburahamu yaciye asenga ati: “Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze, mpa kugira amahirwe uyu musi, ugirire [ubuntu-mvarukundo] databuja Aburahamu.” (It 24 Umurongo wa 12) Yehova yoseruye ubuntu-mvarukundo bwiwe gute? Nya musuku yasavye ikimenyetso gitomoye cari kumufasha kumenya nya nkumi Imana yahisemwo. (It 24 Umurongo wa 13, 14) Hari umwigeme umwe yakoze neza na neza ivyo uwo musuku yari yasavye Yehova. Emwe, wamenga ni nk’aho uwo mwigeme yari yamwumvise igihe yatura isengesho! (It 24 Umurongo wa 15-20) N’ugutangara kwinshi, nya musuku “amushinga ijisho anumye.” Mugabo, hari ibintu bimwebimwe bihambaye yari akeneye kumenya. Uwo mwigeme w’akaranga yoba yari uwo mu ncuti za Aburahamu? Kandi yoba yari atararongorwa? Ni co gituma nya musuku yagumye “anumye, kugira ngw amenye yuk’Uhoraho yahaye urugendo rwiwe umugisha, cank’ata wo.”—It 24 Umurongo wa 16, 21.
10. Ni kuki umusuku wa Aburahamu yashitse ku ciyumviro c’uko Yehova yari yagiriye ubuntu-mvarukundo shebuja?
10 Inyuma y’aho gatoyi, nya mwigeme yaridondoye ko ari “mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori [mwenewabo na Aburahamu].” (Itanguriro 11:26; 24:24) Muri uwo mwanya uwo musuku yaciye amenya yuko Yehova yari yishuye isengesho ryiwe. Yarumiwe, aca arunama hanyuma avuga ati: “Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira [ubuntu-mvarukundo] databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.” (It 24 Umurongo wa 27) Mu kurongora uwo musuku, Imana yaragiriye ubuntu-mvarukundo shebuja, ari we Aburahamu.
Ubuntu-Mvarukundo bw’Imana Buzana Ukuruhurirwa n’Ugukingirwa
11, 12. (a) Ni mu bigeragezo ibihe Yozefu yiboneye ubuntu-mvarukundo bwa Yehova? (b) Ubuntu-mvarukundo bw’Imana bwagaragarijwe gute Yozefu?
11 Ubukurikira, nimuze turimbure Itanguriro ikigabane ca 39. Gishingiye kuri Yozefu, umwuzukuruza wa Aburahamu, uwari yaragurishijwe mu buja mu Misiri. Naho ari ukwo, “Uhoraho [y]abana na Yosefu.” (It 39 Umurongo wa 1, 2) Kukaba nkako, na shebuja wa Yozefu w’Umunyamisiri, ari we Potifari, yavuze yuko Yehova yari kumwe na Yozefu. (It 39 Umurongo wa 3) Ariko rero, Yozefu yarahanganye n’ikigeragezo gikomeye cane. Yaradenderejwe y’uko yashatse gufata ku nguvu umugore wa Potifari, hanyuma atabwa mw’ibohero. (It 39 Umurongo w’7-20) Hari “m[w’i]bohero” aho “bababarisha ibirenge vyiwe iminyororo, bamushira mu vyuma.”—Itanguriro 40:15; Zaburi 105:18.
12 Ni ibiki vyashitse muri ico gihe kidasanzwe yariko ashikirwa n’ibintu bibabaza? “Uhoraho [y]aba kumwe na Yosefu, amugirira [ubuntu-mvarukundo].” (It 39 Umurongo wa 21a) Hariho igikorwa kidasanzwe kiranga ubuntu-mvarukundo catanguje urukurikirane rw’ibintu vyatumye mu nyuma Yozefu akurwa mu magorwa yarimwo. Yehova yarahaye Yozefu “gutona ku murinzi w’ibohero.” (It 39 Umurongo wa 21b) Ku bw’ivyo, nya murinzi yaciye ashinga Yozefu ibanga ryo kugaba abandi. (It 39 Umurongo wa 22) Ubukurikira, Yozefu yarahuye n’umugabo yahavuye amumenyekanisha kwa Farawo, umutegetsi wo mu Misiri. (Itanguriro 40:1-4, 9-15; 41:9-14) Nya mwami na we yarashize hejuru Yozefu gushika n’aho amugira icegera ciwe mu Misiri, bituma akora igikorwa kirokora ubuzima muri nya gihugu co mu Misiri cari gitewe n’amapfa. (Itanguriro 41:37-55) Yozefu yatanguye gucumukura igihe yari afise imyaka 17 kandi yacumukuye imyaka irenga cumi n’ibiri! (Itanguriro 37:2, 4; 41:46) Mugabo muri iyo myaka yose y’ivyago n’amarushwa, Yehova Imana yaragaragarije Yozefu ubuntu-mvarukundo mu kumukingira ubutindi bukomeye no mu kumuzigama kubera uruhara ruhambaye yogize mu mugambi w’Imana.
Ubuntu-Mvarukundo bw’Imana Ntibwigera Bunanirwa
13. (a) Ni uburyo ubuhe dusanga muri Zaburi y’136 Yehova yaseruyemwo ubuntu-mvarukundo? (b) Ubuntu-mvarukundo mu vy’ukuri ni iki?
13 Yehova yaragaragarije kenshi ubuntu-mvarukundo Abisirayeli uko bari ihanga. Zaburi y’136 yigana yuko mu buntu-mvarukundo bwayo, yababohoje (Zb 136 Umurongo wa 10-15), arabayobora (Zb 136 Umurongo wa 16), arabakingira. (Zb 136 Umurongo wa 17-20) Imana yaragiriye kandi ubuntu-mvarukundo abantu umwumwe ukwiwe. Umuntu agaragariza ubuntu-mvarukundo abantu nka we abigira mu kubakorera ibikorwa avyitumye, afise intumbero yo gushitsa ivyo bakeneye bihambaye. Ku vyerekeye ubuntu-mvarukundo, igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kivuga giti: “Ni igikorwa kizigama ubuzima canke kigatuma busagamba. Ni ugufasha umuntu ari mu vyago canke mu ngorane.” Incabwenge imwe ibudondora ko ari “urukundo rugaragarizwa mu bikorwa.”
14, 15. Ni kuki dushobora kudakeka yuko Loti yari umusavyi w’Imana yemewe?
14 Inkuru zo mw’Itanguriro twasuzumye ziratwereka yuko Yehova atigera ananirwa kugaragariza ubuntu-mvarukundo abamukunda. Loti, Aburahamu na Yozefu babayeho mu bintu bitandukanye kandi bahanganye n’ibigeragezo bitandukanye. Bari abantu badatunganye, mugabo bari abasavyi ba Yehova bemewe, kandi bari bakeneye imfashanyo y’Imana. Turashobora guhumurizwa n’uko Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo agaragariza ubuntu-mvarukundo abantu nk’abo.
15 Loti yarafashe ingingo zimwezimwe zitaranga ubukerebutsi zamushikanye ku magume. (Itanguriro 13:12, 13; 14:11, 12) Yamara, yaragaragaje kandi kamere zo gushimwa. Igihe abamarayika babiri b’Imana bashika i Sodomu, Loti yarabagaragarije igishika abaha indaro. (Itanguriro 19:1-3) Abigiranye ukwizera yaraburiye abakwe biwe ku vyerekeye isangangurwa ryari ryimirije gushikira Sodomu. (Itanguriro 19:14) Uburyo Imana yabona Loti, tubusanga muri 2 Petero 2:7-9, aho dusoma duti: “[Yehova a]karokora Loti, umugororotsi, yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda—kuk’uyo mugororotsi, aho yaba muri bo, yagira akabonge uko bukeye mu mutima wiwe ugororoka kubg’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji yabona, akumva;—Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza.” Egome, Loti yari umuntu w’umugororotsi, kandi ayo majambo hano yerekana yuko yari umuntu yubaha Imana. Cokimwe nawe, Imana iratugaragariza ubuntu-mvarukundo uko dukora ibikorwa biranga ‘ingeso zera n’ukwubaha Imana.’—2 Petero 3:11, 12.
16. Ni mu majambo meza ayahe Bibiliya ivuga ivyerekeye Aburahamu na Yozefu?
16 Inkuru yo mw’Itanguriro ikigabane ca 24, iratomora neza yuko Aburahamu na Yehova bari bafitaniye ubucuti bwa somambike. Umurongo wa mbereIt 24:1 uvuga yuko “Uhoraho yari yarahaye Aburahamu umugisha muri vyose.” Umusuku wa Aburahamu yise Yehova “Imana ya databuja Aburahamu.” (It 24 Umurongo wa 12, 27) Umwigishwa Yakobo na we avuga yuko Aburahamu “yiswe umugororotsi” (NW) yongera “yitwa umukunzi w’Imana.” (Yakobo 2:21-23) Ivyo ni ko biri no kuri Yozefu. Ubucuti bwa hafi Yehova na Yozefu bari bafitaniye burashimikwako mu nkuru yose yo mw’Itanguriro ikigabane ca 39. (It 39 Umurongo wa 2, 3, 21, 23) Vyongeye, umwigishwa Stefano yaravuze ku vyerekeye Yozefu ati: “Imana [ya]bana na we.”—Ivyakozwe 7:9.
17. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Loti, Aburahamu na Yozefu?
17 Abantu duhejeje kurimbura bagiriwe ubuntu-mvarukundo n’Imana, bari abantu bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova Imana kandi baranguye umugambi w’Imana mu buryo bunaka. Barahanganye n’intambamyi batari gushobora gusimba ari bo bonyene. Ivyari bigeramiwe, bwari ubuzima bwa Loti vyasaba ko buzigamwa, ukubandanya kurondoka kw’umuryango wa Aburahamu n’uruhara Yozefu yogize. Yehova wenyene ni we yoshoboye gushitsa ivyo abo bagabo batinya Imana bari bakeneye, kandi ivyo yabigize igihe yabagarukira mu kubakorera ibikorwa biranga ubuntu-mvarukundo. Nimba dushaka kugirirwa ubuntu-mvarukundo na Yehova Imana ibihe vyose, na twebwe dutegerezwa kugiranira nawe ubucuti bwa hafi kandi dutegerezwa kubandanya gukora ivyo agomba.—Ezira 7:28; Zaburi 18:50.
Abasavyi b’Imana Baratoneshwa
18. Ivyanditswe bitandukanye vyo muri Bibiliya vyerekana iki ku biraba ubuntu-mvarukundo bwa Yehova?
18 Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova ‘bwuzuye isi yose’ kandi ese ukuntu dukenguruka iyo kamere y’Imana! (Zaburi 119:64) Turitabira n’umutima wacu wose icitabirizo c’Umwanditsi wa Zaburi kigira giti: “Abo ni bashimire Uhoraho [ubuntu-mvarukundo b]wiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!” (Zaburi 107:8, 15, 21, 31) Turanezerwa kubona Yehova ashikana ubuntu-mvarukundo bwiwe ku basavyi biwe yemera, yaba ari umwumwe ukwiwe canke uko bagize umugwi. Mw’isengesho, umumenyeshakazoza Daniyeli yavuze Yehova ko ari ‘Imana nkuru y’igitinyiro, wewe yama ashitsa isezerano, akagirira ubuntu-mvarukundo abamukunda bakitondera ivyagezwe vyiwe.’ (Daniyeli 9:4) Umwami Dawidi yasenze agira ati: “Hora ushishikara gusēsekaza [ubuntu-mvarukundo] ku bakuzi.” (Zaburi 36:10) Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona Yehova agaragariza ubuntu-mvarukundo abasavyi biwe!—1 Abami 8:23; 1 Ngoma 17:13.
19. Mu kiganiro gikurikira, ni ibibazo ibihe birimburwa?
19 Mu vy’ukuri, twebwe abasavyi ba Yehova turatoneshejwe! Turetse ko twungukira ku rukundo Imana igaragariza umuryango w’abantu muri rusangi, turinovora n’imihezagiro idasanzwe iva ku buntu-mvarukundo bwa Data wa twese wo mw’ijuru, ari rwo rukundo rudahemuka rwiwe. (Yohana 3:16) Mu gihe turi n’ivyo dukeneye, ni ho canecane twungukira kuri iyo kamere y’agaciro ya Yehova. (Zaburi 36:7) Mugabo dushobora kwigana ubuntu-mvarukundo bwa Yehova Imana gute? Twoba ubwacu umwumwe ukwiwe tugaragaza iyo kamere idasanzwe? Ivyo bibazo hamwe n’ibindi bifitaniye isano birarimburwa mu kiganiro gikurikira.
Woba Uvyibuka?
• Mu Vyanditswe, ni irihe rindi jambo rihindurwa kimwe n’“ubuntu-mvarukundo”?
• Ubuntu-mvarukundo butandukaniye hehe n’urukundo be n’ukudahemuka?
• Ni mu buryo ubuhe Yehova yagaragarije ubuntu-mvarukundo Loti, Aburahamu na Yozefu?
• Uburyo Yehova yagaragaje ubuntu-mvarukundo muri kahise bishobora kudukura amazinda mu biki?
[Ifoto ku rup. 10]
Woba uzi ukuntu Imana yagaragarije ubuntu-mvarukundo Loti?
[Amafoto ku rup. 12]
Mu buntu-mvarukundo bwiwe, Yehova yarayoboye umusuku wa Aburahamu
[Amafoto ku rup. 13]
Yehova yaragaragaje ubuntu-mvarukundo mu gukingira Yozefu