Woba Ushobora Kwiyegereza Imana Itaboneka?
Woshobora kubaza uti: ‘Nshobora gute gutsimbataza ubucuti bwa somambike n’umuntu ntashobora kubona?’ Ico gishobora gusa n’ikibazo cumvikana. Mugabo rimbura ibi:
UKUBONA kwoba guhambaye ukungana iki mu vy’ugutsimbataza ubucuti burangwa urukundo kandi buramba? Ubwo ibintu bitaboneka ntivyoba bihambaye nk’ukwo nyene, mbere bikaba binahambaye kuruta? Ego cane! Ku bw’iyo mvo, abantu bamwebamwe baratsimbataje ubucuti bwa somambike n’abandi biciye ku kwandikiranira badahengeshanya—amakete yabo agaserura ata buryarya ivyo bakunda, ivyo banka, imigambi yabo, ingingo bagenderako, ukuntu batwenza, n’ibindi biranga kamere y’umuntu be n’ibimushimisha.
Abantu b’impumyi na bo nyene baragaragaza yuko ukubona atari co kintu nyamukuru mu vy’ugutsimbataza ubucuti bwa somambike n’abandi bantu. Rimbura akarorero k’umugabo umwe yitwa Edward n’umugore yitwa Gwen, impumyi zibiri zubakanye.a Edward yahuriye na Gwen kw’ishure ry’impumyi, aho yari umunyeshure akuze bigana. Yarikuguye kamere za Gwen, canecane ukuntu yari inziraburyarya mu mvugo no mu nyigenzo, be n’inyifato y’akaroruhore yagaragaza ku biraba ibikorwa. Gwen na we yarakwegerewe kuri Edward kubera ikintu uyo Gwen yivugira, mu kugira ati: “Yagaragaza kamere zose narezwe nigishwa ko zihambaye.” Ukureshanya kwaratanguye, maze haciye imyaka itatu barubakana.
Edward yavuze ati: “Igihe muri kumwe, uguhuma mu vy’ukuri nta kintu kugabanya mu vy’ukwubaka ubucuti n’uwundi muntu. Mwoshobora kuba mutabonana, mugabo inyiyumvo ntizihumye.” Ubu haciye imyaka 57, baracakundana urukundo rushika ibwina. Basigura yuko akabanga k’ubucuti bw’akaroruhore bafitaniye karimwo n’imiburiburi ibintu bine: (1) kubona kamere z’uwo wundi muntu, (2) kuzirikana kuri izo kamere no gukwegerwa na zo, (3) kuguma museruranira neza akari ku mutima, be no (4) gukorera ibintu hamwe.
Ivyo bintu bine birahambaye cane ku bucuti bwiza ubwo ari bwo bwose, haba hagati y’abagenzi, y’abubakanye canke, igihambaye kuruta, hagati y’abantu n’Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina yarahinduwe.