Hari Aho Worokora Umuvukanyi Wawe
“Genda umuhanure [“umuhishuke ikosa ryiwe,” “NW”] muri umwe n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye.”—MATAYO 18:15, “Ubwuzure Bushasha.”
1, 2. Yezu yatanze impanuro ngirakimazi iyihe ku vyerekeye amakosa?
HAGISIGAYE umwaka utanakwiye wo kurangura igikenurwa ciwe, Yezu yarahaye ivyigwa bikomakomeye abigishwa biwe. Urashobora kubisoma muri Matayo ikigabane ca 18. Kimwe cari akamaro k’uko twoba abicisha bugufi, kurya kw’abana. Mu nyuma yashimitse ku vy’uko dutegerezwa kwirinda gutsitaza ‘umwe muri abo batobato,’ be n’uko dukwiye kugerageza kugarura ‘abatobato’ bahuvye kugira ngo ntibahone. Maze Yezu yongeyeko impanuro y’agaciro kandi ngirakimazi, ku vyerekeye ugutunganya ingorane hagati y’Abakirisu.
2 Hari aho woba wibuka aya majambo yiwe agira ati: “Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure [“umuhishuke ikosa ryiwe,” NW] muri umwe n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana na wundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire [ishengero]. Ni yanka kwumvira [ishengero], uramuraba nk’[umunyamahanga] canke nk’umutozakori.” (Matayo 18:15-17, UB) Ni ryari dukwiye gukurikiza iyo mpanuro, kandi dukwiye kugira inyifato iyihe mu kugira ivyo?
3. Dukwiye muri rusangi kubona ibintu gute ku vyerekeye amakosa y’abandi?
3 Ikiganiro giheruka cashimitse ku vy’uko, kubera ko twese turi abanyagasembwa tukaba kandi duhengamiye ku gukora amakosa, dukeneye kugira akigoro ko guharira abandi. Ivyo ni ko bimeze na canecane igihe twababajwe n’ikintu uwo dusangiye ubukirisu yavuze canke yagize. (1 Petero 4:8) Kenshi ikirushiriza kuba ciza ni ukwirengagiza iyo nabi—kumuharira, ukibagira. Dukwiye kubona ko kugira ivyo ari nk’uguterera agacumu k’ubumwe ku mahoro mw’ishengero rya gikirisu. (Zaburi 133:1; Imigani 19:11) Yamara harashobora kubaho igihe wokwumva yuko utegerezwa gutunganya ingorane ufitaniye n’umuvukanyi canke umuvukanyikazi wawe yakubabaje. Muri ico gihe, amajambo Yezu yavuze aho haruguru yokuyobora.
4. Ku bwa ngingo, dushobora gute gukurikiza Matayo 18:15 ku vyerekeye amakosa y’abandi?
4 Yezu yahanuye ngo ‘umuhishuke ikosa ryiwe muri umwe n’umwe.’ Ivyo biranga ubukerebutsi. Impinduro zimwezimwe z’Ikidagi zibivuga ngo: mwereke ikosa ryiwe “munsi y’amaso ane,” ni ukuvuga ayawe n’ayiwe. Igihe uvyuye ingorane n’umutima mwiza mwiherereye, mu bisanzwe usanga birushiriza kworoha kuyitunganya. Umuvukanyi yavuze canke yakoze ikintu kibabaje canke kitaranga ubuntu hari aho vyorushiriza kumworohera kwemera ikosa kuri wewe gusa. Hamwe abandi boba bariko barumviriza, bivuye ku gasembwa ka muntu, yoshobora guhakana ko ari mw’ikosa canke akagerageza kwisigura ku vyo yagize. Ariko uvyuye ico kibazo “munsi y’amaso ane,” woshobora gusanga kwabaye ugutahura ibintu ukutariko aho kuba ari icaha canke ikibi yakoze nkana. Mwempi mumaze gutegera ko ari ugutahura ibintu ukutariko, murashobora kubitunganya, ntimureke ngo akagorane ataco kavuze gakure hanyuma ngo konone ubucuti mwari mufitaniye. Ni co gituma ya ngingo iri muri Matayo 18:15 ishobora gukoreshwa no ku dukosa dutoduto two mu buzima bwa misi yose.
Yashaka Kuvuga Iki?
5, 6. Duhuje n’ivyanditswe bihakikije, muri Matayo 18:15 havuga ubuhe bwoko bw’ivyaha, kandi ivyo vyerekanwa n’iki?
5 Mu vy’ukuri, ivyo Yezu yahanuye vyerekeye ingorane zikomakomeye kuruta. Yezu yavuze ati: “Mugenzawe agucumuyeko.” Mu nsobanuro yagutse, “igicumuro” gishobora kuba ikosa iryo ari ryo ryose. (Yobu 2:10; Imigani 21:4; Yakobo 4:17) Ariko rero, imirongo ibikikije yerekana yuko igicumuro Yezu yashaka kuvuga gitegerezwa kuba cari igikomeye. Cari gikomeye bihagije ku buryo cari gutuma uwagikoze abonwa nk’ “[umunyamahanga] canke nk’umutozakori.” None iryo ryungane rishaka kuvuga iki?
6 Abigishwa ba Yezu bumvise ayo majambo bari bazi yuko abanyagihugu baho batokwifatanya n’abo mu bapagani. (Yohana 4:9; 18:28; Ivyakozwe 10:28) Kandi baririnda rwose abatozakori, bakaba bari abantu bavutse ari Abayuda mugabo bahavuye bahinduka abantu bafata nabi abanyagihugu. Muri Matayo 18:15-17 rero herekeza canecane ku vyaha bikomakomeye, si ku dukosa dutoduto canke ibibabaza umuntu, bimwe ushobora gusa guharira ukavyibagira.—Matayo 18:21, 22.a
7, 8. (a) Ni ivyaha bwoko ki bikeneye kwihwezwa n’abakurambere? (b) Ni mwene ibihe vyaha vyoshobora gutunganywa hagati y’Abakirisu babiri twisunze Matayo 18:15-17?
7 Mu gihe c’Ivyagezwe, ivyaha bimwebimwe ntivyari bikeneye gusa uguharirwa n’uwabikorewe. Ukurogota, ubuhuni, ugusenga ibigirwamana, hamwe n’ivyaha bijanye n’igitsina vy’ubusambanyi, ukurenga ibigo, hamwe n’uguhuza ibitsina kw’abagabo ku bandi, vyategerezwa gushikanwa ku bakurambere (canke abaherezi) hanyuma bakavyihweza. Ivyo ni ko bigenda no mw’ishengero ry’Abakirisu. (Abalewi 5:1; 20:10-13; Guharūra 5:30; 35:12; Gusubira mu vyagezwe 17:9; 19:16-19; Imigani 29:24) Urabona mugabo yuko ubwoko bw’ivyaha Yezu avuga ngaha ari ivyashobora gushirwa mu buryo hagati y’abantu babiri. Nk’uturorero: Bivuye kw’ishavu canke ishari, umuntu acokoye mugenziwe. Umukirisu yumvikanye n’umuntu kumukorera igikorwa akoresheje ibikoresho kanaka no kugiheza kw’igenekerezo kanaka. Uwundi Mukirisu yemeye yuko azoriha amahera mu gihe kinaka canke kw’itariki yinaka. Umuntu asezeranye ashimitse yuko mu gihe umukoresha wiwe yomumenyereza atazohiganwa na we (naho yohindura akazi) canke ngo agerageze kumutwara abakiriya mu gihe kinaka bumvikanye, canke mu karere kanaka.b Hamwe umuvukanyi atoshitsa iryo yasezeranye hanyuma ntiyihane ivyo bibi, nticobura kuba ari ikintu gikomeye. (Ivyahishuriwe 21:8) Ariko mwene ivyo bibi vyoshobora gushirwa mu buryo hagati ya babiri vyerekeye.
8 None wobigenza gute kugira ngo utunganye iyo ngorane? Ayo majambo ya Yezu kenshi yabonywe ko ari mu ntambwe zitatu. Reka turimbure imwimwe. Aho kuzibona nk’izidahinduka, nk’izo gukurikizwa mu vy’ubutungane, nurondere gutegera ico asobanura, ntiwigere wibagira ko intumbero ukurikirana iranga urukundo.
Gerageza Kurokora Umuvukanyi Wawe
9. Ni ibiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ku vyerekeye ugukurikiza Matayo 18:15?
9 Yezu yatanguye ati: “Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure [“umuhishuke ikosa ryiwe,” NW] muri umwe n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye.” Birumvikana, iyo si intambwe ishimikiye ku kwicura gusa. Ukwiye kuba ufise ikimenyamenya canke amakuru atomoye ushobora gukoresha kugira ngo ufashe umuvukanyi wawe kubona yuko yakoze inabi, n’uko akeneye gushira ibintu mu buryo. Vyoba vyiza ubigiyemwo udatevye, ntureke ngo iyo ngorane ikure canke ngo ureke umutima wiwe ukomantare. Kandi ntiwibagire yuko kubibīka bishobora na wewe kukugirira nabi. Kubera ko ico kiyago ari ikiba hagati yawe na we mwenyene, niwirinde kubiganirira abandi imbere y’igihe urondera ko bagushigikira canke kurushiriza kwibona neza. (Imigani 12:25; 17:9) Kubera iki? Kubera intumbero ufise.
10. Ni igiki kizodufasha kurokora umuvukanyi wacu?
10 Ukwiye kuba urondera kurokora umuvukanyi wawe, si ukumuhana, kumumaramaza canke kumumerera nabi. Niba vy’ukuri yagize nabi, ubucuti afitaniye na Yehova buzoba buri ku manga. Ico ushaka vy’ukuri ni uko aguma ari uwo muvukana muri Kisiritu. Bizorushiriza gushoboka ko wererwa igihe muri ico kiganiro mugirira mu mwiherero ugumye utekereje, ukirinda amajambo aryagagura canke ukuvuga nk’uwumwagiriza. Muri uwo mubonano mugirana mu rukundo, uribuka yuko mwempi muri abantu b’abanyagasembwa, b’abanyavyaha. (Abaroma 3:23, 24) Niyatahura yuko wewe utamuvuzeko insaku, akanabona yuko ushaka gufasha bivuye ku mutima, umuti urashobora kuboneka bitagoranye. Ukwo gutunganya ibintu kugiranywe umutima mwiza, gutomoye, kuzogaragaza canecane ubukerebutsi nivyaboneka yuko mwempi musangira ikosa ku rugero runaka, canke yuko ukudatahurana ari kwo vy’ukuri kwari kwabaye umuzi w’iyo ngorane.—Imigani 25:9, 10; 26:20; Yakobo 3:5, 6.
11. Naho nyene uwakoze ikosa yoba atatwumvirije, ni igiki twoshobora gukora?
11 Uramutse umufashije kubona yuko ikibi cakozwe, n’uko ari igikomeye, hari aho vyotuma yihana. Mugabo, tutabeshe, ubwibone burashobora kuba intambamyi. (Imigani 16:18; 17:19) Urumva rero ko naho mu ntango atokwemera ko yakoze iyo nabi ngo yihane, urashobora kubanza kurindira imbere yuko ujana iyo ngorane imbere. Yezu ntiyavuze ngo ‘genda rimwe gusa umuhishuke ikosa ryiwe.’ Kubera ko ari icaha ushobora gutunganya, raba yuko utokwongera kumwegera ufise wa mutima uvugwa mu B’i Galatiya 6:1, no “munsi y’amaso ane.” Hari aho wokwererwa. (Gereranya na Yuda 22, 23.) Yamara, vyogenda gute mu gihe uzi neza yuko icaha cakozwe kandi ko atakwumvira?
Rondera Imfashanyo Iva ku Nararibonye
12, 13. (a) Yezu yerekanye intambwe iyihe igira kabiri mu vyo gutunganya amakosa? (b) Ni impanuro ibereye iyihe twokurikiza mu gushira mu ngiro iyo ntambwe?
12 Mbega woshima ko abandi baca baguheba ningoga hamwe woba wagirwa n’ikibi gikomeye? Eka data. Muri ubwo buryo nyene, Yezu yerekanye yuko udakwiye guca uheba hanyuma y’intambwe ya mbere yo kugarura umuvukanyi wawe, kugira ngo mugume mufatanye mu nda nawe be n’abandi, mu gusenga Imana mu buryo ishima. Yezu yarerekanye intambwe igira kabiri ati: “Akwankiye, jana na wundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe [“rishingwe,” NW] imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.”
13 Yavuze “[uku]jana na wundi umwe canke babiri.” Ntiyavuze yuko umaze gutera intambwe ya mbere ata cokubuza kwiganira abandi benshi iyo ngorane, kwitura umucungezi w’ingenzi, canke kwandikira abavukanyi ku vy’iyo ngorane. Naho ushobora kuba uzi neza ivy’ico kibi gute, kiba kitaremezwa vy’ukuri. Ntiwoshima gukwiragiza inkuru zivuga uwundi nabi zohava zikuviramwo ubucokoranyi. (Imigani 16:28; 18:8) Mugabo Yezu yavuze yuko wojana na wundi umwe canke babiri. Kubera iki? Kandi boshobora kuba ba nde?
14. Ni ba nde dushobora kujana kugira ngo dushitse intambwe igira kabiri?
14 Uriko uragerageza kurokora umuvukanyi wawe mu kumwumvisha yuko icaha cakozwe, no mu gutuma yigaya kugira ngo ashobore kugiranira amahoro na wewe be n’Imana. Kugira ngo ivyo bishikweko, icoba ciza ni uko uwo wundi “umwe canke babiri” boba ari abiboneye ico kibi. Kumbure ni ho bari igihe vyaba, canke bakaba bafise amakuru y’imvaho y’ivyagizwe (canke ibitagizwe) mu bijanye n’ubucuruzi. Mu gihe ayo masura ata yariho, abo uzana boshobora kuba bazi utuntu n’utundi mu vy’ico kibazo maze bagashobora rero gushinga yuko icabaye coba cari ikibi koko. Vyongeye, hamwe mu nyuma vyokenerwa, boshobora kuba amasura y’ivyavuzwe, bakemeza ibimenyamenya vyatanzwe hamwe n’akigoro kagizwe. (Guharūra 35:30; Gusubira mu vyagezwe 17:6) Urumva rero ko badapfa kuba abatagira aho bahagaze canke abahagarikizi; ahubwo baba bahari ngo bafashe kugira ngo hagarurwe umuvukanyi wawe akaba n’umuvukanyi wabo.
15. Ni kuki Abakurambere b’Abakirisu boshobora kuba ngirakamaro nimba dutegerezwa gutera intambwe igira kabiri?
15 Ntiwirirwe uriyumvira yuko abo uzana bategerezwa kuba ari abakurambere mw’ishengero. Ariko rero, abagabo b’inararibonye b’abakurambere boshobora guterera agacumu k’ubumwe bivuye kuri kamere zabo zo mu buryo bw’impwemu. Mwene abo bakurambere bameze “nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; [b]azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:1, 2) Baramenyereye ivy’ukuzirikana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo no kubabogora. Kandi uwakoze ikibi arafise impamvu nziza zo kwizigira mwene abo “bantu b’ingabirano.”c (Abanyefeso 4:8, 11, 12, NW) Kuganira ico kibazo imbere y’izo nararibonye tukongera tukifatanya na bo mw’isengesho, birashobora kuzana akayaga gashasha kandi bigatunganya ivyasa n’ibitoshobora gutunganywa.—Gereranya na Yakobo 5:14, 15.
Akigoro ka Nyuma ko Kumurokora
16. Intambwe igira gatatu Yezu yerekanye ni iyihe?
16 Mu gihe intambwe ya kabiri inaniwe gutunganya iyo ngorane, ni ho rero abacungezi b’ishengero bajamwo nya kujamwo mu ntambwe igira gatatu. “Akaramuka atabumviye naho, ubibwire [ishengero]. Ni yanka kwumvira [ishengero], uramuraba nk’[umunyamahanga] canke nk’umutozakori.” Ivyo birimwo iki?
17, 18. (a) Ni icitegererezo ikihe kidufasha gutahura ico ‘kubwira ishengero’ bisigura? (b) Dukurikiza gute iyo ntambwe muri iki gihe?
17 Ntitubitahura yuko ari itegeko ryo kuvyura ca caha canke ca kibi mw’ikoraniro risanzwe canke mw’ikoraniro ridasanzwe ry’ishengero ryose ryakoranye. Turashobora kumenya inzira ibereye bicamwo turavye mw’Ijambo ry’Imana. Raba ivyategerezwa kugirwa muri Isirayeli ya kera igihe habaye ubugarariji, ubukunzi bw’inda, n’akaborerwe: “Umuntu ni yagira umwana w’intabarirwa w’ikigāba, atumvira se na nyina, naho bomukubita agakomeza kutumva; se na nyina baze bamufate, bamushīre abakuru bo mu gisagara cabo kw irembo; baheze babarire abo bakuru bo mu gisagara, bat’Uyu mwana wacu n’intabarirwa kandi n’ikigāba, ntakunda kutwumvira; n’umunyangeso mbi kandi yama aborerwa. Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye.”—Gusubira mu vyagezwe 21:18-21, Ni twe tubihiritse.
18 Ivyaha vy’uwo muntu ntivyumvirizwa hanyuma ngo bicirwe urubanza n’ihanga ryose uko ringana, eka mbere n’abo mu muryango akomokamwo. Ahubwo, “abakuru” bemewe ni bo bavyihweza bwa bantu baserukira ishengero. (Gereranya na Gusubira mu Vyagezwe 19:16, 17 ku vyerekeye ikibazo catunganijwe n’ ‘abaherezi be n’abacamanza bakora muri iyo misi.’) No muri iki gihe, iyo bikenewe ko haterwa iyo ntambwe igira gatatu, abakurambere, ari bo baserukira ishengero, ni bo bihweza ico kibazo. Intumbero ni ya yindi nyene: kurokora wa muvukanyi basangiye ubukirisu nimba bishoboka. Ivyo babigaragaza mu gucisha aho ukuri kuri, ntibagire umwikeko canke ngo bagire nkunzi.
19. Abakurambere bagenywe kwumviriza ico kibazo bazokwihatira gukora iki?
19 Bazogerageza gushira ku munzane ibintu no kwumviriza amasura akenewe kugira ngo bashinge nimba icaha vy’ukuri cakozwe (canke ko kibandanya gukorwa). Bashaka gukingira ishengero ntiryononekare, no kugira ngo impwemu y’isi ntiryinjiremwo. (1 Ab’i Korinto 2:12; 5:7) Mu buryo buhuye na kamere zabo zo mu buryo bw’impwemu, barihata “guhanura mu nyigisho nzima no guhinyuza abah[arira].” (Tito 1:9, UB) Turizigiye yuko uwakoze ikibi atazomera nk’Abisirayeli, abo umuhanuzi wa Yehova yavuzeko ibi bikurikira: “[Narahamagaye ntimwitavye], n’igihe navuga [ntimw]umvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera.”—Yesaya 65:12.
20. Yezu yavuze ko ari ibiki bitegerezwa gushika igihe uwakoze icaha yanse kwumva no kwigaya?
20 Ariko rero, ugereranije ni nka gake usanga uwakoze icaha agaragaza agatima nk’ako. Muri ico gihe, ubuyobozi Yezu yatanze buratomoye. Na bwo si ubundi: “uramuraba nk’[umunyamahanga] canke nk’umutozakori.” Umukama ntiyategetse yuko twoba abatagira impuhwe canke ngo habe inabi twipfuza kugirira umuntu. Mugabo rero ubuyobozi bwatanzwe n’intumwa Paulo buratomoye, bwo gukura mw’ishengero abakora ivyaha ntibihane. (1 Ab’i Korinto 5:11-13) N’ivyo nyene vyoshobora kuvamwo ukurokora uwakoze icaha.
21. Ni akaryo akahe kaguma kahari ku bakuwe mw’ishengero?
21 Ivyo turashobora kubona ko bishoboka dufatiye mu mugani wa Yezu wa wa mwana w’igishushungwe. Nk’uko biri mu kigereranirizo, amaze igihe aba hanze y’abandi bagize inzu ya se, uwo mucumuzi ‘yarisubiyeko.’ (Luka 15:11-18) Paulo yabwiye Timoteyo yuko abakora ibibi bamwebamwe haciye igihe bokwihanye hanyuma “bigarure mu bwitonzi mu kuva mu mitego ya shetani.” (2 Timote 2:24-26, UB) Twokwizigira tudakeka yuko abantu bose bakora ivyaha ntibigaye hanyuma bagategerezwa kwirukanwa mw’ishengero bazokwumva ko bahomvye—bagahomba ugushimwa n’Imana be n’ubucuti bari bafitaniye n’Abakirisu b’abizigirwa, kandi ntibabe bacifatanya na bo—maze rero baheze bigarure.
22. Ni mu buryo ki n’aha nyene twoshobora kurokora umuvukanyi wacu?
22 Yezu ntiyafata abantu b’abanyamahanga n’abatozakori nk’aho bitoshoboka ko bacungurwa. Umwe muri abo, ari we Matayo Lewi, yarihanye, ‘arakurikira Yezu’ bivuye ku mutima, kandi aranatorwa ngo abe intumwa. (Mariko 2:15; Luka 15:1) Ku bw’ivyo rero, muri iki gihe iyo uwakoze icaha ‘atumvirije n’ishengero’ hanyuma agakurwa muri ryo, turashobora kurindira tukaraba nimba yoteba akihana hanyuma akagorora inzira akwiye gucamwo. Niyabigira hanyuma akongera kuba uwo mu bagize ishengero, ico gihe tuzonezerwa n’uko twarokoye umuvukanyi wacu agasubira mu ruhongore rw’ugusenga kw’ukuri.
[Utujambo tw’epfo]
a Igitabu Cyclopedia ca McClintock na Strong kivuga giti: “Abatozakori bo mw’Isezerano Rishasha babonwa nk’abaguranyi n’abahuni, bahumanijwe n’ukwama bagenderanira n’abashenzi, bakabonwa nk’ibikoresho vyoroshe vy’abanyagahotoro. Wasanga bashirwa hamwe n’abanyavyaha. . . . Kubera ko bakumirwa, abantu babaho rupfasoni ntibifatanya na bo, abagenzi babo canke abo vyagendana wabasanga mu bari barahariwe ivomo nka bo.”
b Ivy’ubucuruzi canke ivy’amahera birimwo urugero runaka rw’ububeshi, forode, canke uruyeri birashobora guharurwa mu vyaha Yezu yashaka kuvuga. Ikivyerekana, Yezu amaze gutanga ubuyobozi bwanditswe muri Matayo 18:15-17, yaciye atanga ikigereranirizo c’abashumba (abakoreshwa) bari baheranye amahera hanyuma bakananirwa kuyariha.
c Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze iti: “Rimwe na rimwe birashika yuko uwakoze ikibi yorushiriza kwumvira babiri canke batatu (na canecane iyo ari abantu bakwiriye icubahiro) kuruta uko yokwumvira umwe, na canecane igihe uwo muntu ari uwo bagize ico batumvikanako.”
Woba Uvyibuka?
◻ Ni ivyaha bwoko ki muri Matayo 18:15-17 herekeye ubwa mbere na mbere?
◻ Ni ibiki dukwiye kwibuka nimba dutegerezwa gutera intambwe ya mbere?
◻ Ni ba nde boshobora gufasha nimba dutegerezwa gutera intambwe ya kabiri?
◻ Ni ba nde bajamwo mu gihe c’ugutera intambwe ya gatatu, kandi n’aha nyene dushobora gute kumbure kurokora umuvukanyi wacu?
[Ifoto ku rup. 16]
Abayuda baririnda abatozakori. Matayo yaravuye mu nzira ziwe hanyuma arakurikira Yezu
[Ifoto ku rup. 18]
Kenshi turashobora gutunganya ingorane “munsi y’amaso ane”